ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/7 rup. 4-6
  • Ni nde yumva amasengesho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni nde yumva amasengesho?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibimenyamenya vyerekana ko hariho Umuremyi
  • Umwe yumva amasengesho ameze gute?
  • Shemeza Yehova, umwe yumva amasengesho
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Niwiyegereze Umwe yumva amasengesho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nugume usenga usaba gushimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/7 rup. 4-6

Ni nde yumva amasengesho?

NIMBA hariho Uwumva amasengesho, ategerezwa kuba ari we Muremyi. Hari uwundi none yomenya ivyiyumviro vyawe atari Uwahinguye ubwonko bw’umuntu? Hari uwundi yokwishura amasengesho akongera agafasha umuryango w’abantu? Ariko woshobora kubaza uti: ‘Vyoba vyumvikana kwemera ko hariho Umuremyi?’

Abantu benshi biyumvira ko kugira ngo umuntu yemere ko hariho Umuremyi, bisaba ko ahakana ibimenyamenya vy’ubuhinga bwa siyansi bwa none. Mugabo iciyumviro c’uko ngo kwemera Imana biteye kubiri na siyansi si co. Raba aka karorero:

◼ Icigwa giherutse kugirwa ku bigisha 1.646 ba siyansi bo ku makaminuza 21 akomakomeye yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika cerekanye yuko ica gatatu cabo ari bo bavuze ko batemera Imana.

Ibimenyamenya vyerekana ko abanyasiyansi batari bake bemera ko Imana ibaho.

Ibimenyamenya vyerekana ko hariho Umuremyi

Twoba tubwirizwa gupfa kwemera ko hari Uwumva amasengesho kandi ata bimenyamenya biboneka dufise? Habe namba. Iciyumviro c’uko ukwizera ari ugupfayo kwemera si co. Bibiliya ivuga ko ukwizera ari “iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa.” (Abaheburayo 11:1) Iyindi Bibiliya ivuga ko ukwizera “[ari] co kimenyamenya c’ivyo tutabona.” (Ubwuzure Bushasha) Nk’akarorero, ntushobora kubona ingene amajwi y’insamirizi aca mu kirere akaza mw’iradiyo yawe, mugabo kuba ushobora kwumviriza iradiyo yawe birerekana neza ko abaho, akaba ari co gituma wemera ko abaho. Muri ubwo buryo nyene, naho tudashobora kubona Uwumva amasengesho, turashobora kwihweza ibimenyamenya biriho bishobora kutujijura yuko ategerezwa kuba abaho.

Ni hehe twosanga ibimenyamenya vyerekana yuko Imana ibaho? Dukira gusa kuraba ibidukikije. Bibiliya ivuga iti: “Nkako, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.” (Abaheburayo 3:4) Woba nawe ubona ko ivyo vyumvikana? Kumbure iyo uzirikanye urutonde rurangwa mu biriho vyose, inkomoko y’ubuzima canke ukuntu ubwonko bw’umuntu buhinguwe, ari na bwo kintu gihanitse kurusha ibindi vyose biri kw’isi, uca ushika ku ciyumviro c’uko hategerezwa kuba hariho ikintu kirengeye abantu.a

Mugabo rero, ibidukikije ntibishobora kutwigisha vyose ku vyerekeye Imana. Kwihweza ibimenyamenya vyo mu vyaremwe vyerekana ko Imana ibaho ni nko kuba uri mu cumba cugaye ukumva intambuko z’umuntu ariko araza ku rugi. Urazi ko hari umuntu, ariko ntuzi uwo ari we. Kugira umumenye, urakeneye kwugurura urugi. Turakeneye kugira ikintu nk’ico kugira tumenye Uwaremye ibiriho vyose uwo ari we.

Bibiliya ni urugi rudushikana ku kumenya Imana. Wuguruye urwo rugi ukihweza bumwebumwe mu buhanuzi bwo muri yo buvuga ibintu ido n’ido be n’iranguka ryabwo, uzobona ibimenyamenya bikwereka ko Imana ibaho.b N’ikiruta ivyo, inkuru ivuga ivyo Imana yagiriye abantu irerekana neza uko iyo Mana yumva amasengesho imeze.

Umwe yumva amasengesho ameze gute?

Bibiliya irerekana ko Umwe yumva amasengesho ari ikinyabuzima kibaho gifise akamere n’ubwenge, ukaba ushobora kumumenya. Nta gukeka ko uwufise akamere n’ubwenge ari we wenyene ashobora kwumviriza atahura. Birahumuriza gusoma aya majambo agira ati: “Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe.” (Zaburi 65:2) Arumviriza abamusengana ukwizera. Kandi arafise izina. Bibiliya ivuga iti: “Yehova ari kure y’ababisha, mugabo yumva isengesho ry’abagororotsi.”​—Imigani 15:29.

Yehova arafise inyiyumvo. Ni “Imana y’urukundo” akaba kandi yitwa “Imana ihimbawe.” (2 Abakorinto 13:11; 1 Timoteyo 1:11) Bibiliya iravuga ukuntu Yehova yumvise amerewe igihe ubukozi bw’ikibi bwari bwiraye mw’isi bimwe bidasanzwe, iti: “Biramubabaza mu mutima.” (Itanguriro 6:5, 6) Iciyumviro c’uko Imana ituma abantu bashikirwa n’imibabaro kugira ibageze si co. Bibiliya ivuga iti: “Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha.” (Yobu 34:10) Ariko rero woshobora guca ubaza uti: ‘Nimba Imana ari yo Muremyi mushoboravyose, kubera iki none ireka abantu bakabandanya gushikirwa n’imibabaro?’

Yehova Imana yarahaye abantu ubushobozi bwo kwihitiramwo, kandi ivyo biri n’ico bitwereka ku kuntu ameze. None ubushobozi dufise bwo kwihitiramwo uburyo tubaho si ikintu duha agaciro? Ariko ikibabaje ni uko abantu benshi bakoresha nabi ubwo bushobozi maze bakikwegera imibabaro, bakayikwegera n’abandi. Ng’iki ikibazo rero bibereye ko umuntu azirikanako cane: Imana yokuraho gute imibabaro itarinze kwaka abantu ubwo bushobozi bafise bwo kwihitiramwo? Turihweza ico kibazo mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Ushaka ikiganiro kivuga ido n’ido ibimenyamenya vyerekana ko Imana ibaho, raba agatabu Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie hamwe n’igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?, vyompi bikaba vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Ivyabona vya Yehova barasohoye agatabu Un livre pour tous be n’igitabu La Bible:Parole de Dieu ou des hommes? kugira bigufashe kurimbura ibimenyamenya vyerekana yuko Bibiliya yahumetswe n’Imana.

[Uruzitiro ku rup. 5]

Idini ryoba rituma ukekeranya?

Birababaje kubona idini ari ryo rituma abantu benshi bakekeranya ko hoba hariho Imana y’impuhwe yumva amasengesho. Kuba idini rigira uruhara mu ntambara no mw’iterabwoba be n’ukuntu rirenza uruho rw’amazi ku mabi akorerwa abana vyatumye n’abantu bakunda gusenga bavuga ko batemera Imana.

Kubera iki idini akenshi rituma haba amabi? Tubivuze muri make, hari abantu babi bakoze amabi kw’izina ry’idini. Bibiliya yari yaravuze ko hari abokwigaruriye ubukirisu bakabukoresha mu gukora ibibi. Intumwa Paulo yabwiye abacungezi b’abakirisu ati: “Muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.”​—Ivyakozwe 20:29, 30.

Imana irashishwa n’idini ry’ikinyoma. Nkako, Ijambo ry’Imana Bibiliya rivuga ko idini ry’ikinyoma ari ryo ribazwa “amaraso . . . y’abishwe kw’isi bose.” (Ivyahishuwe 18:24) Kubera ko idini ry’ikinyoma ritigishije ivyerekeye Imana y’ukuri, imwe irangwa n’urukundo, riragirwa n’amaraso mu nyonga zayo.​—1 Yohani 4:8.

Umwe yumva amasengesho arumvira impuhwe abagirirwa nabi n’idini rirangwa agahahazo. Kubera urukundo Imana ikunda abantu, vuba igiye gucira urubanza abanyamadini bose b’abiyorobetsi biciye kuri Yezu. Yezu yavuze ati: “Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: ‘Mukama, Mukama, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe?’ . . . Nanje nzoca ndababwira icese nti: Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe.”​—Matayo 7:22, 23.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika