“Ntibishoboka!”—Bisobanura iki?
IMERI yitwa Titanic yagiye mu mazi ari bwo bwa mbere mu 1912. Yari yo meri nini kandi imeze neza kurusha izindi meri zose zagira ingendo ndende ico gihe. Kubera ko yari yakoranywe ubuhinga buhanitse, yabonwa ko idashobora kunyika. Ariko ivyayishikiye birazwi. Mu rugendo rwayo rwa mbere, yarasetse ikibarafu kingana umusozi cari mw’Ibahari Atlantike yo mu Buraruko ica itangura kunyika, inyikana n’abantu nka 1.500 mu bari muri yo. Mu masaha makeyi gusa, imeri yavugwa ko idashobora kunyika yari igeze mu nda y’ibahari.
Ijambo “ntibishoboka” rishobora gusobanura ibintu vyinshi. Dushobora kuvuga ko ikintu kidashoboka dushaka kuvuga ko tubona yuko kirengeye ubushobozi bwacu, ko tutoshobora kugikora canke kugitahura. Vyinshi mu bintu ubuhinga bwa none bwashitseko vyarigeze kuba bibonwa ko bidashoboka kubera ko ico gihe abantu batari bashoboye kubikora canke mbere ntibabone mu bwenge ko bizoteba bikabaho. Nk’akarorero, kurungika abantu ku kwezi, kurungika ikigendajuru ku mubumbe wa Mars maze kikayoborwa n’abantu bibereye kw’Isi, gushira ahabona ibigize twa tugingo ngengakamere tw’umuntu (code génétique), no kurorera mu makuru ikintu kiriko kiraba muri uwo mwanya nyene mu gisagara kinaka canke kw’isi, ivyo vyose ni ibintu bibaho ubu. Ariko aho hambere, dusubiye inyuma nk’imyaka 50 gusa, twari kuvuga ko bidashoboka. Ronald Reagan, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ni we yabivuze muri make mw’ijambo yashikirije umugwi w’ibihangange mu mice itandukanye y’ubuhinga bwa siyansi, ati: “Mwebwe abari imbere mu bijanye n’ubuhinga bwa none, ibintu ejo bundi vyabonwa ko bidashoboka mwaratumye biba ibintu bibaho kandi bimenyerewe cane.”
Kubera ibintu vyinshi bitangaje biba, umwigisha wo kuri kaminuza yitwa John Brobeck yavuze ati: “Umuhinga mu vya siyansi ntagishobora kuvuga atihenze ko ikintu kinaka kidashoboka. Ashobora gusa kuvuga ko gisa n’ikitoshoboka. Mugabo yoshobora kuvuga ko bidashoboka ko gisigurwa dufatiye ku bumenyi tugezeko ubu.” Nk’uko uwo mwigisha abandanya abivuga, igihe tubona umengo ikintu kinaka ntigishoboka, “ikindi kintu umuntu [akwiye guca azirikana] ni isôko ry’inkomezi tutazi mu buhinga bwacu bwa siyansi bujanye n’ibinyabuzima be n’ukuntu bikora. Mu Vyanditswe vyacu [Vyeranda], iryo sôko ry’inkomezi ryitwa ububasha bw’Imana.”
Ku Mana vyose birashoboka
Kera rwose imbere y’uko uwo mwigisha Brobeck avuga ico kintu, Yezu w’i Nazareti, uwiswe umuntu ahambaye kuruta ababaye bose, yavuze ati: “Ibidashoboka ku bantu birashoboka ku Mana.” (Luka 18:27) Impwemu nyeranda y’Imana ni yo nguvu ikomeye kuruta izindi zose kw’isi no mw’ijuru. Nta buhinga bwa none na bumwe bushobora kuyipima. Impwemu nyeranda irashobora gutuma dukora ibintu bitoshoboka ku nkomezi zacu bwite.
Twebwe abantu akenshi turashikirwa n’ibintu tubona ko bidashobora gutorerwa umuti. Nk’akarorero, turashobora kubura uwacu canke tugateshwa umutwe n’ubuzima bwacu bwo mu muryango ku buryo tubona ko ubuzima budashobora kubandanya. Kumbure ubuzima bwacu bugeze habi ku buryo tubona ko ata cizigiro na gitoyi gisigaye. Twumva twihebuye, ata co turi bukore. None twoca tubigenza gute?
Uwizera Mushoboravyose kandi agasenga amusaba impwemu nyeranda, akaba kandi akora uko ashoboye kwose kugira amuhimbare, Bibiliya itubwira yuko Mushoboravyose ashobora kumufasha kwihanganira canke gutsinda n’ibintu abona umengo biramurengeye. Yezu yadusubirije umutima mu nda ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko uwo wese azobwira uyu musozi ati: ‘Shinguka utererwe mu kiyaga,’ kandi akaba adakekeranya mu mutima wiwe, mugabo akizera yuko ivyo avuze biba, bizomugendera kuno.” (Mariko 11:23) Turetse ububasha bw’Ijambo ry’Imana n’impwemu yayo bikayobora ubuzima bwacu, nta kintu na kimwe tutazoshobora kwihanganira canke gutsinda.
Rimbura nk’aka karorero k’umugabo yabuze umukenyezi wiwe ahitanywe n’indwara ya kanseri, bakaba bari bamaranye imyaka 38. Yarishwe n’intuntu n’agahinda. Yabona ko bidashoboka yuko yihanganira ico kintu. Vyarashika akumva yokwipfira hako abandanya kubaho atari kumwe n’umukenyezi wiwe. Yavuze yuko yumva umengo ariko araca mu “mubande w’igitutu kizitanye.” (Zaburi 23:4) Atereje amaso inyuma, arabona neza ko amasengesho yaturanye akababaro ku mutima, ugusoma Bibiliya ku musi ku musi be n’ukuntu yaronderanye ubwira ubuyobozi bw’impwemu y’Imana, vyamufashije kwihanganira ico kintu yabona mu ntango ko atoshobora kwihanganira.
Hari umugabo n’umugore bari bafise ingorane zikomeye mu mubano wabo. Umugabo yari inkazi akagira n’ingeso mbi nyinshi. Umukenyezi wiwe yabona ko ubuzima budashoboka. Yaciye agerageza kwiyahura. Mu nyuma, umugabo wiwe yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ivyo yiga vyaramufashije guheba za ngeso mbi na bwa bukazi. Umukenyezi wiwe yaratangaye abonye ku mugabo wiwe ayo mahinduka yibaza ko atoshoboka.
Uwundi mugabo avuga ko yari arembejwe n’umwiheburo igihe yari abayeho yihereza ibiyayuramutwe yongera aja mu buhumbu. Avuga ati: “Nta cubahiro nari ngifise.” Yaciye atakambira Imana ati: “Mana, ndazi ko ubaho. Ndakwinginze umfashe!” Iryo sengesho ryamushikanye ku kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova maze atangura kugira amahinduka mu buzima bwiwe yasa n’ayatoshoboka. Avuga ati: “Vyarashitse akatari gake ndumva niyagirije kandi ndumva umengo nta co maze. Rimwe na rimwe narumva nihebuye rwose. Ariko Ijambo ry’Imana ryaramfashije kurwanya izo nyiyumvo zibuza umuntu amahoro. Mw’ijoro naba nabuze itiro, naca nsubiramwo imirongo yo muri Bibiliya naba narize, nkayiyibutsa. Ukwo kwikuramwo ivyiyumviro bitameze neza biramfasha cane.” Uwo mugabo ubu arubatse kandi arahimbawe. We n’umukenyezi wiwe barakorana umwete mu gufasha abandi kwizigira ububasha bw’Ijambo ry’Imana. Akiri umusore arembejwe n’ingorane, yari kubona ko ubuzima afise ubu butokwigeze bushoboka.
Ivyo bintu vyashikiye abo bantu birerekana ko Ijambo ry’Imana rifise koko ububasha be n’uko impwemu yayo ishobora gukora mu buzima bwacu ibintu twabona ko bidashoboka. Ariko hari aho woca uvuga uti: “Emwe, ivyo bisaba ukwizera!” Ni vyo. Nkako, Bibiliya ivuga iti: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose.” (Abaheburayo 11:6) Vyiyumvire muri ubu buryo: Umugenzi mwiza, kumbure umuyobozi w’ibanki canke umuntu w’umukuru, akubwiye ati: “Ntuhagarike umutima. Hagize ico ukenera, uzoce uza umbwire.” Nta gukeka ko woca wumva uremye. Ariko ikibabaje, abantu akenshi ntibashitsa ivyo twari tubitezeko. Uwo mugenzi wawe yoshobora kumbure gushikirwa n’ibintu bituma bidashoboka ko ashitsa ivyo yagusezeraniye n’umutima mwiza. Bishitse agapfa, wa mutima mwiza na bwa bushobozi yari afise bwo kugufasha vyoba birangiye. Ariko Imana yoyo, nta kintu na kimwe muri mwene ivyo bintu bishobora gushikira abantu cogira ico gikoze kuri yo. Bibiliya idukura amazinda yuko “atakinanira Imana.”—Luka 1:37, Ubwuzure Bushasha.
“Uremera ivyo?”
Hari ibintu vyinshi vyabaye dusanga muri Bibiliya vyemeza ko ayo majambo yo muri ico canditswe ari ay’ukuri. Ng’ubu uburorero bumwebumwe:
Umugore umwe w’imyaka 90 yitwa Sara yaratwenze igihe yabwirwa ko azokwibaruka umwana, ariko kuba ihanga rya Isirayeli ryarabayeho ni icemeza ko yamwibarutse. Hari umugabo yamizwe n’urufi amahero, amara imisi itatu mu nda yarwo ariko ntiyagira ico aba, ku buryo yashoboye kwandika inkuru vy’ivyo bintu vyamushikiye. Uwo mugabo yitwa Yona. Wa muganga Luka, uwari azi gutandukanya uwataye ubwenge n’uwapfuye, yaranditse ukuntu umusore umwe yitwa Eyutiko yakorotse avuye kw’idirisha ry’icumba co mw’igorofa maze arapfa, mugabo akaba yahavuye asubira kuba muzima. Izo nkuru si imigani. Usuzumye imwimwe yose muri zo witonze uribonera ko zivuga ukuri.—Itanguriro 18:10-14; 21:1, 2; Yona 1:17; 2:1, 10; Ivyakozwe 20:9-12.
Yezu yabwiye umugenzi wiwe Marita aya majambo atangaje agira ati: “Uwuriho wese akanyizera ntazokwigera apfa.” Kuri uwo muhango wamengo ntushoboka, Yezu yaciye yongerako iki kibazo catuma umuntu yirimbura kigira giti: “Uremera ivyo?” Birahambaye ko natwe muri iki gihe turimbura twitonze ico kibazo.—Yohani 11:26.
Kubaho ibihe bidahera kw’isi coba ari ikintu kidashoboka?
Icigwa kimwe cagizwe ku bijanye n’ukuramba cavuze giti: “Igihe c’uko dushobora kubaho igihe kirekire cane kuruta ubu, kumbure ibihe bidahera, gishobora kuba kitari kure.” Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The New Encyclopædia Britannica) gisigura yuko ugupfa kw’utugingo ngengabuzima (cellules), ukuntu umubiri wacu ugenda uraruha kubera ugukoreshwa canke ibindi bintu, atari vyo bituma umuntu apfa; ngo ahubwo bisa n’uko hari ikintu kitazwi gituma umubiri udakora neza canke ureka gukora.a Ico gitabu cerekana yuko imibiri yacu idasaza kubera gusa ukuruha, ahubwo ko biterwa n’ikindi kintu gituma umubiri ureka gukora neza.
Naho ivyo vyose bishimishije kubimenya, Bibiliya iratanga imvo yo kwizera ko umuntu azobaho ibihe bidahera ikomeye rwose kuruta ikindi kintu cose ubuhinga bwa siyansi canke ubwenge bw’abantu bishobora kwerekana. Umuremyi wacu Yehova Imana, we Sôko ry’ubuzima, adusezeranira ko “urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera.” (Zaburi 36:9; Yesaya 25:8) Uremera ivyo? Uwo muhango ni Yehova yawutanze, na we bikaba bidashoboka ko abesha.—Tito 1:2.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ikiganiro kivuga ido n’ido ivyerekeye ugusaza n’ukuramba, raba urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Combien de temps pouvez-vous vivre?” (Ushobora kubaho igihe kingana gute?) muri Be maso! (mu gifaransa) yo muri Rusama 2006, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 27]
“Ibintu ejo bundi vyabonwa ko bidashoboka [bisigaye ari] ibintu bibaho kandi bimenyerewe cane.”—RONALD REAGAN
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 28]
Igihe ubona umengo ubuzima ntibushoboka, ni nde witura?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 27]
Ifoto ya NASA