ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/6 rup. 26
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 3
    Be maso!—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/6 rup. 26

Wari ubizi?

Kubera iki Abayuda bitaho cane ivy’amamuko yabo?

▪ Inzandiko zerekana ingene imiryango yagiye irakurikirana zarakenerwa cane kugira umuntu amenye urugo canke umuryango akomokamwo. Zarakenerwa no mu vyo kugabura amatongo n’intoranwa. Urukurikirane rw’umuryango rwari ruhambaye bimwe bidasanzwe rwari urw’imiryango yakomotsemwo umwe Mesiya yari yarasezeranywe. Abayuda bari bazi neza ko Mesiya yokomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, uno na we akaba yakomoka mu muryango wa Yuda.​—Yohani 7:42.

Vyongeye, nk’uko incabwenge Joachim Jeremias ibivuga, “kubera ko ibanga ry’ubuherezi n’iry’Ubulewi yari amabanga umuntu atorana, . . . vyari bihambaye rwose ko umuryango uguma utavanze.” Abagore b’Abisirayelikazi babirwa mu miryango y’abaherezi basabwa kwerekana ibimenyamenya vyemeza amamuko yabo kugira ngo ubuherezi bugume “butavanze kandi butyoroye.” Mu gihe ca Nehemiya, hari imiryango uko yakabaye y’Abalewi yakuwe mu buherezi kubera ko “barondeye igitabu banditswemwo kugira ngo bemeze icese amamuko yabo, mugabo nticaboneka.”​—Nehemiya 7:61-65.

N’ikindi kandi, rya Tegeko rya Musa ryavuga ko ata “mwana w’ikivyarwa” canke “Umwamoni canke Umunyamowabu ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova.” (Gusubira mu vyagezwe 23:2, 3) Ku bw’ivyo, nk’uko Jeremias abandanya abivuga, “kugira ngo umuntu ashobore gukoresha uburenganzira na bumwe afise mu kibano, habwirizwa kuboneka ivyemeza ko amamuko yiwe atavanze, ico kintu kikaba gishigikira iciyumviro twashitseko c’uko . . . n’Umwisirayeli asanzwe wasanga azi ba sekuru biwe ba hafi kandi agashobora kuvuga umuryango yegukira muri ya miryango cumi n’ibiri.”

Ni gute Abayuda begeranya bakongera bakazigama inzandiko z’ivy’amamuko y’imiryango yabo?

▪ Abanditsi b’Injili Matayo na Luka baradondaguye ido n’ido ba sekuru na ba sekuruza ba Yezu. (Matayo 1:1-16; Luka 3:23-38) Ariko hariho n’izindi nzandiko z’ivy’amamuko mwene izo zazigamwe. Nk’akarorero, icandikano kimwe c’Abayuda gisigura ivya Bibiliya kivuga ibi bikurikira ku bijanye n’umurabi yitwa Hillel wo mu gihe ca Yezu: “Hari umuzingo w’ivy’amamuko wubuwe i Yeruzalemu, ukaba wari wanditswemwo yuko Hillel yakomoka kuri Dawidi.” Umutohozakahise w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe, mu gitabu yanditse cigana ivy’ubuzima bwiwe (Autobiographie), yavuze yuko ba sekuru na ba sekuruza biwe bari abaherezi be n’uko afatiye ku mamuko ya nyina, yari “uwo mu nda y’ingoma.” Yavuze yuko ayo makuru yasanze “yanditse mu nzandiko za Leta.”

Nayo ku bijanye no kuzigama inzandiko z’imiryango y’abaherezi, Josèphe yavuze mu kindi gitabu yanditse (Contre Apion) yuko igihugu ciwe cashinga ico gikorwa “abagabo b’ijunja n’ijambo.” Igitabu c’inkoranyabumenyi c’Abayuda (The Jewish Encyclopedia) kivuga giti: “Bisa n’uko hari umukuru adasanzwe yazezwa izo nzandiko, kandi bivugwa yuko i Yeruzalemu hashinzwe sentare yakira ibibazo bijanye n’ivy’amamuko.” Abayuda batari abo mu miryango y’abaherezi biyandikisha mu bisagara ba se bavukiyemwo. (Luka 2:1-5) Ubushinguro bwa Leta bw’izo nzandiko, biboneka ko abanditsi b’Injili baburondeyemwo amakuru. Bisa n’uko hari n’inzandiko z’amamuko zitari iza Leta zagiye zirazigamwa n’imiryango.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika