Nashaka kuba nka wa mukobwa wa Yefuta
Nk’uko vyavuzwe na Joanna Soans
Nkiri umuyabaga, naratanguye kwipfuza cane kuba nka wa mukobwa wa Yefuta. Reka ndababwire ivyiyumviro nari mfise hamwe n’ukuntu nahavuye mba nka we.
MU 1956, naritavye ari ryo rya mbere ikoraniro rinini ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Bombay (ahasigaye hitwa Mumbai) mu Buhindi, kandi ivyo vyaragize ico bihinduye mu buzima bwanje. Narakozwe ku mutima cane n’insiguro yahashikiririjwe yavuga ivy’umukobwa wa Yefuta.
Nk’uko ushobora kuba umaze kuvyisomera muri Bibiliya, igihe umukobwa wa Yefuta yari akiri umuyabaga yaremeye kutubaka. Ivyo vyatumye bikunda ko se ashitsa ivyo yari yaraganiye Imana. Yahavuye rero akorera mu nzu ya Yehova (yitwa itaberenakulo) ubuzima bwiwe bwose ari umukobwa atubatse.—Abacamanza 11:28-40.
Ntiworaba ukuntu nipfuza kumera nka we! Ariko rero, nari mpanzwe n’ingorane idasanzwe: Ico gihe, kuguma utubatse vyari bitandukanye n’imico yacu y’Abahindi.
Umuryango nakuriyemwo
Papa yitwa Benjamin Soans, mama na we akitwa Marcelina. Twavukana turi abana batandatu, nkaba nagira gatanu. Twavukiye i Udipi, igisagara co ku nkengera y’Ubuhindi yo mu burengero. Ururimi twonse ni igitulu, rukaba ruvugwa n’abantu nk’imiliyoni zibiri. Ariko rero, cokimwe n’abantu benshi bo muri Udipi, kw’ishure batwigisha mu rurimi rwo mu Buhindi rwitwa igikanada.
Muri ako karere, ivyo kwubaka no kuvyara vyamye bibonwa ko bihambaye cane mu buzima. Ngerageje kwibuka igihe nari nkiri muto, sinibaza ko nigeze menya amajambo yo mu gitulu bakoresha bashaka kuvuga “ukubaho utubatse,” “irungu” canke “ugukumbura i muhira.” Ivyo bintu wamengo ntibinabaho. Nk’akarorero, umuryango wacu wabana mu nzu imwe na sokuru na nyokuru bavyara papa, sokuru na nyokuru bavyara mama, ba marume, senge n’umugabo wiwe, ba mamawacu, hamwe n’abandi cumi na babiri bagizwe na bavyaranje na bene mamawacu!
Mu mico yacu, abana wasanga baharurwa ku muryango w’umugore. Amamuko y’umwana bayafatira kuri we, kandi abakobwa ni bo baronka umuturi munini mu ntoranwa. Mu bigwati bimwebimwe vy’Abatulu, inyuma y’ubugeni umukobwa yabandanya kubana na nyina, umugabo akaja kuba iwabo w’umukobwa.
Kubera ko abagize umuryango wacu bari basigaye bari mw’idini rimwe ry’abakirisu, hari ivyo twagira bitandukanye n’ivyo abandi bagira. Imisi yose ku mugoroba, sogokuru avyara dawe yaratuja imbere mu vy’ugusenga, agatura isengesho akongera akadusomera n’ijwi ryumvikana Bibiliya yo mu gitulu. Igihe cose yaba azinguruye Bibiliya yiwe ishaje kugira adusomere, wamengo yuguruye agasandugu k’udusharizo bambara tw’agaciro. Ntiworaba ukuntu vyari biryoshe! Amajambo yo muri Zaburi 23:1 yaranzazanira, na yo akaba agira ati: “Yehova ni Umwungere wanje. Nta co nzobura.” Naribaza nti: ‘None uwo Yehova ni nde? Kubera iki yitwa umwungere?’
Wamengo ibigaragamba bimvuye ku maso
Kubera amagume y’ivy’ubutunzi yakurikiye ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, twaciye twimukira i Bombay, ku bilometero birenga 900. Aho i Bombay, Ivyabona vya Yehova babiri baragendeye dawe mu 1945 bamusigira agatabu gashingiye kuri Bibiliya. Dawe yaragafyese nka kurya ubutaka bwagataye bunywa amazi y’imvura, hama aca atangura kubwira abavuga igikanada ubutumwa buri muri ko. Mu ntango z’imyaka ya 1950, umugwi mutoyi w’abatohoza Bibiliya wari umaze kwaguka uvamwo ishengero rya mbere ry’i Bombay rikoresha igikanada.
Dawe na mawe baratwigishije twebwe abana babo kuba abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete n’abigisha beza. Ku musi ku musi, bararondera uturyo two kwigira hamwe natwe no gusengera hamwe natwe. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7; 2 Timoteyo 3:14-16) Umusi umwe ndiko ndasoma Bibiliya, naratahuye ko Yehova agereranywa n’umwungere kubera ko ayobora abasavyi biwe, akabagaburira akongera akabakingira. Wamengo ibigaragamba bimvuye ku maso!—Zaburi 23:1-6; 83:18.
Yehova yaramfashe ukuboko
Nabatijwe inyuma gatoyi ya rya hwaniro ntazopfa nibagiye ryabera i Bombay mu 1956. Haciye amezi atandatu, naragize nka musazanje mukuru Prabhakar, mba umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose. Naho nari nshashaye kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya, ngize ngo ndateranuye akanwa, iminwa yaca yuma. Naragigimiza, ijwi rikajugumira. Nararira niganyira nti: ‘Je ni ukuri nta vyo nopfa nshoboye Yehova atamfashije!’
Yehova yaramfashije biciye ku bamisiyonari Homer McKay n’umukenyezi wiwe Ruth bo muri Kanada, bano bakaba bari baritavye mu 1947 ishure rimenyereza abamisiyonari ry’Ivyabona vya Yehova ribera i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Babaye nk’abamfata ukuboko uko nagwa mvyuka ngerageza gutera intambwe za mbere igihe natangura umurimo w’igihe cose. Ruth yama agirana nanje imyimenyerezo yo kwamamaza inzu ku nzu. Yari azi neza ukuntu yomfasha guturura. Igihe naba ndiko ndajugumira mu minwe, yaramfata amaboko akambwira ati: “Ntuhagarike umutima ncuti yanje. Reka tugerageze ku nzu ikurikira.” Ijwi rihumuriza yakoresha ryarandemesha.
Hinge rero umusi umwe bamenyeshe ko umupfasoni anduta kandi amenyereye cane ivyo kwigisha abandi Bibiliya yitwa Elizabeth Chakranarayan, ari we tugiye kuzoza turakorana mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Nkivyumva, naciye nibaza nti: “None ga yemwe uwo muntu andusha imyaka myinshi cane tuzobana gute?” Ariko nahavuye nsanga ari we nyene nari nkeneye.
“Mu vy’ukuri ntitwigera tuba twenyene”
Ahantu ha mbere twarungitswe gukorera ni muri ca gisagara ca Aurangabad kizwi cane mu nkuru za kahise, kiri nko ku bilometero 400 mu buseruko bwa Bombay. Ntitwatevye gutahura ko ari twebwe gusa twari Ivyabona vya Yehova mu gisagara cose c’abantu hafi umuliyoni. Iruhande y’ivyo, nabwirizwa kwiga ikimarati, ururimi rwakoreshwa cane muri ico gisagara.
Vyarashika nkumva nishwe n’irungu, bigatuma ndira nsevagura nk’umwana atagira nyina. Ariko Elizabeth akoresheje ijwi rya kivyeyi, yarandemesha. Yarambwira ati: “Vyoshika tukumva irungu, ariko mu vy’ukuri ntitwigera tuba twenyene. Naho uri kure cane y’incuti n’abagenzi, Yehova yama ari kumwe nawe. Pfa kumugira umugenzi, iryo rungu ntuzomenya n’iyo ryaciye.” Iyo mpanuro yampaye, n’ubu ndacayiha agaciro.
Igihe amahera yo kwiyunguruza yaba ari ku mushiro, imisi yose twaragenda ibilometero 20 duca mu nzira irimwo umukungugu n’ivyondo, ubushuhe n’imbeho. Mu ci, harakunda gushuha gushika kuri dogere 40. Mu gihe c’imvura nyinshi, ibice bimwebimwe vy’ako karere vyaramara amezi menshi ari urushanga. Yamara, ivyiyumviro bishingiye ku mico kama vy’abantu baho akenshi ni vyo vyatugora kwihanganira gusumba ukuntu ikirere caba cifashe.
Nk’akarorero, carazira ko abagore bayagisha abagabo ku mugaragaro kiretse gusa hari ico bapfana, kandi ni gake wasanga abagore bigisha abantu b’abagabo. Ivyo vyatuma rero badutyekeza bakanadufata nabi. Mu mezi atandatu ya mbere, amakoraniro yo kwiga Bibiliya twagira buri ndwi twayitaba turi babiri batarenga. Haciye igihe, abantu bashimishijwe n’inkuru nziza barifatanije natwe. Budakeye na kabiri, umugwi mutoyi wari warashinzwe. Bamwebamwe mbere barifatanije natwe mu gikorwa co kwamamaza.
“Nugume ukarisha ubuhanga bwawe”
Haciye nk’imyaka ibiri n’igice, twaciye dusubira kurungikwa i Bombay. Elizabeth yaciye abandanya igikorwa co kwamamaza, nanje nsabwa gufasha dawe kuko ico gihe ari we wenyene yahindura ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya mu gikanada. Imfashanyo yanje yayakirije yompi, narirya yari afise amabanga menshi mw’ishengero.
Mu 1966, abavyeyi banje barafashe ingingo yo gusubira i Udipi aho twari twahoze tuba. Igihe dawe yava i Bombay, yambwiye ati: “Mwananje, nugume ukarisha ubuhanga bwawe. Nuze urahindura igisomwa mu buryo bworoshe kandi bwumvikana. Wirinde kwiyizigira, ugume wicisha bugufi. Wame wiheka kuri Yehova.” Iyo ni yo mpanuro ya nyuma yansigiye, kuko aho asubiriye i Udipi atatevye guhwera. Emwe, ivyo ni vyo nagumye nihatira gukora mu gikorwa canje c’ubuhinduzi gushika n’uno musi.
“Wewe ntushaka gutekanirwa nk’abandi?”
Mu mico kama y’Abahindi, abavyeyi baratunganya ivy’uko abana babo bubaka bakiri bato bakongera bakabaremesha kuvyara abana. Akenshi wasanga rero abantu bambaza bati: “Wewe ntushaka gutekanirwa nk’abandi? Ni nde none azokwitwararika niwagera mu zabukuru? Ntuzohava wumva irungu?”
Rimwe na rimwe ayo majambo baguma bambwira yaratuma numva ndundumiwe mu mutima. Ndi mu bantu nariyumanganya, ariko napfa gusa kuba ndi jenyene ngaca nsukira Yehova akari ku mutima. Nararemeshwa no kumenya yuko atabona ko hari ico mpajije kubera ko ntubatse. Kugira nkomeze umwiyemezo wanje wo kumukorera ata kinsamaza, narazirikana wa mukobwa wa Yefuta hamwe na Yezu; bompi ntibigeze bubaka kandi bagumye bihebeye ugukora ivyo Imana igomba.—Yohani 4:34.
Ingabirano ivuye kuri Yehova
Twe na Elizabeth twamaze imyaka hafi 50 turi abagenzi somambike. Yapfuye mu 2005, afise imyaka 98. Igihe ubusaza bwari bumurembeje, atagishobora gusoma Bibiliya kubera ko atari akibona neza, igice kinini c’umusi yakimara atura Imana amasengesho maremare, ayiyagira akari ku mutima. Vyarashika nkibaza yuko hari umuntu mu cumba ciwe bariko baraganira ku canditswe kinaka, ariko ngasanga yariko abwira Yehova. Yehova ntiyari umugani kuri we, kandi uravye ukuntu yabaho, wamengo Yehova yama ari iruhande yiwe. Nasanze ako ari ko kabanga gafasha umuntu kuguma akorera Imana ashikamye nka wa mukobwa wa Yefuta. Sinoronka ukuntu nkengurukira Yehova kuba yarandonkeje umuntu nk’uyo ahumuye kandi anduta kugira ambere umurezi mu gihe c’ubuto bwanje no mu ngorane zose naciyemwo.—Umusiguzi 4:9, 10.
Ntiworaba ntuze imihezagiro nironkeye mu gukorera Yehova nka wa mukobwa wa Yefuta! Kuguma ntubatse no gukurikiza impanuro Bibiliya itanga biratuma ngira ubuzima buhimbaye koko, uko ‘nguma nkorera Umukama ata kinsamaza.’—1 Abakorinto 7:35.
[Ifoto ku rup. 28]
Dawe ariko ashikiriza insiguro i Bombay mu myaka ya 1950
[Ifoto ku rup. 28]
Aha nari kumwe na Elizabeth gatoyi imbere y’urupfu rwiwe
[Ifoto ku rup. 29]
I Bombay mu 1960, turiko dutangaza ivyerekeye insiguro ishingiye kuri Bibiliya
[Ifoto ku rup. 29]
Ndi kumwe n’abo dukorana mu biro vy’ubuhinduzi