Niwiyegereze Imana
“Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova”
HAMWE wosabwa guhitamwo ijambo rimwe gusa kugira udondore Yehova Imana, ni ukuvuga ukuntu ameze canke kamere yiwe, ni ijambo irihe wohitamwo? Mu kinjana c’umunani B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”), umuhanuzi Yesaya yareretswe n’Imana, mu vyo yeretswe akaba yarumvise ibiremwa vy’impwemu bihayagiza Yehova bikoresheje ijambo rishira ahabona kimwe mu bintu bihambaye biranga ukuntu ameze, na co kikaba ari ubweranda. Ivyo Yesaya yabonye be n’ivyo yumvise bikwiye gutuma twubaha Yehova bimwe bigera kure ariko kandi bigatuma turushiriza kumwiyegereza. Uko twihweza ibivugwa muri Yesaya 6:1-3, sa n’uwubona ko nawe ari ho uri.
None Yesaya abona iki? Atwiganira ati: “Mbona Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami ikirurutse kandi ishizwe hejuru.” (Umurongo wa 1) Mu vy’ukuri, Yesaya ntariko arabona bubone Umukama Segaba Yehova. Amaso y’umuntu buntu ntashobora kubona ivyo mu karere k’impwemu. Bibiliya ivuga itomora iti: “Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana.” (Yohani 1:18) Ivyo Yesaya abona, abibona mw’iyerekwa nk’aho yoba ariko abona ibintu mu ndoto.a Naho ari ukwo, ivyo abona ni ibintu bitangaje cane, ibintu womengo ariko arabibona n’amaso yiwe bwite, ku buryo aca ajumararirwa, akamera nk’aho ariko abona Yehova ubwiwe.
Ubukurikira, Yesaya aritegereza ibintu ata wundi muntu n’umwe yoba amaze guterwa agateka ko kubona mw’iyerekwa. Yandika ati: “Abaserafi bari bahagaze hejuru [ya Yehova]. Umwe wese yari afise amababa atandatu. Abiri yaguma ayapfukishije mu maso hiwe, yandi abiri akaguma ayapfukishije ibirenge vyiwe, yandi abiri na yo akayagurukisha.” (Umurongo wa 2) Abaserafi ni ibiremwa vy’impwemu bifise ikibanza co hejuru cane. Yesaya ni we mwanditsi wa Bibiliya wenyene abavuga. Abaserafi bama biteguriye gukora ikintu cose Imana igomba ko bakora. Barapfuka mu maso habo be n’ibirenge vyabo, gutyo bakaba berekanye ko Uwo batewe agateka ko gukorera imbere yiwe bamuha icubahiro kigera kure akwiriye.
Yesaya ntajorezwa gusa n’ivyo abona, ariko kandi arajorezwa n’ivyo yumva. Abaserafi barikora mu gahogo bakaririmba bagize umugwi w’abaririmvyi wo mw’ijuru. Yesaya yandika ati: “Uyu yarahamagara uriya ati: ‘Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova nyen’ingabo.’” (Umurongo wa 3) Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “mweranda” ritanga iciyumviro c’ukudahumana n’ugutyoroka. Iryo jambo ririmwo n’“iciyumviro c’ukuba ikintu kinaka ata caha na gitoyi gifise, kikaba kandi ata co gisa gisana na co.” Abo baserafi, abashobora kuba bariko baririmba bitabirana, bararirimba ijambo “mweranda” incuro zitatu, ivyo bikaba bishimika ku kuba Yehova ari mweranda ku rugero rw’agaheta. (Ivyahishuwe 4:8) Ubweranda rero ni kimwe mu bintu nyamukuru biranga Yehova. Aratyoroye, ntahumanye kandi ntagira agahonzi ku rugero rwuzuye rubaho.
Kumenya ko Yehova ari mweranda bikwiye kutuvyurira umutima wo kurushiriza kumwiyegereza. Uti kubera iki? Yehova ntameze nk’abategetsi b’abantu bashobora kumera nabi kandi bagafata abandi nabi; we nta caha na gitoyi afise. Ubweranda bwiwe buradukura amazinda rero yuko azokwama ari Umuvyeyi ntangere, Umutegetsi agororotse n’Umucamanza atagira nkunzi. Turi n’imvo yumvikana yo kwizigira yuko Imana, yo irangwa n’ubweranda, itazokwigera iduhemukira.
Aho turemeshejwe gusoma muri Kigarama:
[Akajambo k’epfo]
a Igitabu Étude perspicace des Écritures gisigura giti: “Igihe umuntu yaba yeretswe n’Imana adasinziriye, biboneka ko ivyo yerekwa yabibonera mu bwenge bwaba buriko burakora neza bikiyandikayo. Mu nyuma, yaribuka ivyo yeretswe agaheza akabidondora canke akavyandika mu majambo yiwe bwite.”—Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 26]
Kumenya ko Yehova ari mweranda bikwiye kutuvyurira umutima wo kurushiriza kumwiyegereza