ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/7 rup. 3-4
  • Ubuzima bwoba bufise intumbero koko?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuzima bwoba bufise intumbero koko?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwoba buzokwama busa n’ubutagira intumbero?
  • Ubuzima Bwawe—Bufise Intēgo Nki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • ‘Ibibwirizwa Rwose Umuntu Wese’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ni igiki gituma ubuzima bugira ico buvuze?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Kubera iki ubuzima busa n’ubutagira intumbero?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/7 rup. 3-4

Ubuzima bwoba bufise intumbero koko?

“UBUZIMA bwoba bufise intumbero?” Abantu batagira uko bangana barabajije ico kibazo. Ikibabaje, benshi uko bazirikana ku buzima kwose, basanga ubuzima bwabo burangwa n’ico Viktor E. Frankl umuhinga mu vy’indwara zifatira mu bwonko wo muri Otirishe yise “ukwumva umengo [ubuzima] ntibugira intumbero kandi nta co bumaze.”

Ni kubera iki abantu benshi biyumva gutyo? Kimwe coco, abantu amamiliyoni kw’isi yose babayeho mu buryo buteye ikigongwe n’agahinda udashobora kwibaza. Uko bukeye uko bwije, ubuzima bwabo usanga burangwa n’ubukene, indwara, ukugirirwa ivy’ubukazi ata co bazira, n’agacinyizo. Vy’ukuri, ubuzima bwabo “[bw]uzuye umudugararo,” nk’uko n’umwe Yobu yabayeho kera yavuze ku bijanye n’imibabaro ishikira abantu. (Yobu 14:1) Ikintu nyamukuru barondera ni ukuronka gusa icorikesha.

Abandi amamiliyoni usanga batunganiwe mu vy’ubutunzi ku rugero runaka. Basa n’abafise ibikenewe vyose kugira bumve bahimbawe vy’ukuri mu buzima. Ariko benshi muri bo nta gahimbare bararonka. Uti kubera iki? Kubera ko incuro n’izindi “ivyago n’ibibi,” nk’akarorero ugutakaza ubutunzi utari uvyiteze canke ivyago bibabaje, nko kubura umwana, bituma ivyizigiro vyabo n’ivyipfuzo vyabo bikamangana.​—Zaburi 90:10.

Hariho n’ikindi kintu gituma abantu benshi barushiriza kwumva umengo ubuzima “ntibugira intumbero kandi nta co bumaze.” Uti ico na co ni igiki? Ni ukuntu ubuzima ari bugufi cane. Abantu benshi ntibatahura na gato ukuntu abantu bamara akanya gato kandi bari bafise ubushobozi bwo gushika ku bintu vyinshi. Birabagora gutahura iki kintu kibabaje kidushikira twese mu buzima: Naho tutoshikirwa n’ivyago bibabaje kuruta ibindi bishikira umuryango w’abantu, bitebe bitebuke urupfu ruraza rukatunyaga vyose.​—Umusiguzi 3:19, 20.

Ubuzima bwoba buzokwama busa n’ubutagira intumbero?

Wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera ni we yabidondoye neza muri make. Yarabona ukuntu abantu bo mu gihe ciwe bakora bagatama bakoresheje ubuhanga bwabo n’ubushobozi bwabo mu kurima, mu gutera, mu kwubaka amazu no mu kwitaho imiryango yabo, nk’uko nyene natwe tubigira muri iki gihe. Yabaye rero nk’uwubaza ati: ‘None amaherezo ivyo vyose bimaze iki?’ Yashitse ku ciyumviro c’uko ibintu vyose abantu bakora ari “ubusa no guhahamira umuyaga.”​—Umusiguzi 2:17, Bibiliya Yera.

Ariko none, Umwami Salomo yoba yabona ko ibintu vyose abantu bakora vyokwamye ari “ubusa no guhahamira umuyaga”? Oya. Yariko gusa arerekana ukuntu mu vy’ukuri ubuzima bwo muri iyi si idatunganye bumeze. Yamara, Ijambo ry’Imana ryahumetswe rirashobora kugusubiriza umutima mu nda yuko ibintu bitazokwama bimeze uku!

Ni igiki cotuma usubiza umutima mu nda? Turagusavye usome ibiganiro bibiri bikurikira. Birashobora kugufasha gutahura igituma ubuzima busa n’ubutagira intumbero, ukuntu ivyo bizotorerwa umuti be n’ukuntu ushobora kugira ubuzima bufise intumbero no muri iki gihe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika