Ni igiki gituma ubuzima bugira ico buvuze?
“Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo.”—UMUS. 12:13.
1, 2. Dushobora kwungukira gute ku kurimbura igitabu c’Umusiguzi?
NIWIHE ishusho y’umuntu bisa n’uko ata kintu na kimwe abuze. Uwo muntu ni umutegetsi azwi cane, ni umwe mu batunzi karuhariwe bo kw’isi, akaba n’incabwenge ikomeye kuruta abandi bose bo mw’iyaruka ryiwe. Ariko rero naho amaze gushika ku bintu umuyoro, mu vy’ukuri aguma yibaza ati: ‘Ni igiki gituma ubuzima bugira ico buvuze?’
2 Mwene uwo muntu yarabayeho vy’ukuri, ubu hakaba haciye nk’imyaka ibihumbi bitatu abayeho. Izina ryiwe ni Salomo, kandi mu gitabu c’Umusiguzi turabona ukuntu adondora ingene yarondeye ugushira akanyota. (Umus. 1:13) Hariho ibintu vyinshi dushobora kwigira ku vyashikiye Salomo. Nkako, ubukerebutsi dusanga mu gitabu c’Umusiguzi burashobora kudufasha kwishingira imigambi izotuma ubuzima bwacu bugira ico buvuze vy’ukuri.
“Uguhahamira umuyaga”
3. Ku bijanye n’ubuzima bw’umuntu, ni ukuri ukuhe gutuma umuntu azirikana twese dutegerezwa kwitaho?
3 Salomo arasigura yuko Imana yaremye umukimba w’ibintu vyiza cane kw’isi, ivyo bikaba bigize isôko ritigera rikama kandi ritangaje ry’ibintu vyama nantaryo bidushimisha bikongera bikaduhimbara. Ariko rero, kubera yuko ubuzima bwacu bumara igihe gito cane, ntidushobora vy’ukuri kumenya vyose ku bijanye n’ivyo Imana yaremye. (Umus. 3:11; 8:17) Nk’uko Bibiliya ibivuga, ubuzima bwacu bumara imisi mike kandi iyo misi ikanyaruka guhera. (Yobu 14:1, 2; Umus. 6:12) Ukwo kuri gutuma umuntu azirikana, kurakwiye kutuvyurira umutima wo gukoresha ubuzima bwacu mu buryo buranga ubukerebutsi. Ico si ikintu coroshe, kubera yuko isi ya Shetani yoshobora kutwerekeza mu nzira itabereye.
4. (a) Ijambo “ubusa” ryerekeza ku ki? (b) Tugiye kurimbura ibintu ibihe abantu bakurikirana mu buzima?
4 Kugira ngo Salomo ashire ahabona akaga kari mu gupfisha ubusa ubuzima bwacu, mu gitabu c’Umusiguzi akoresha ijambo “ubusa” nk’incuro 30. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ubusa” ryerekeza ku kintu kigaragara, ata co kimaze, ata co kivuze, ata kamaro gifise canke kidafise agaciro karamba. (Umus. 1:2, 3) Hari aho Salomo akoresha ijambo “ubusa” nk’ijambo risobanura kimwe no “guhahamira umuyaga.” (Umus. 1:14; 2:11) Birumvikana ko ukugerageza gufata umuyaga ari ivy’ubusa. Umuntu wese yogerageza gufata umuyaga yosanga yaruhiye ubusa. Gukurikirana imigambi itaranga ubukerebutsi nta co bimaze uretse ko bishikana ku kuruhira ubusa gusa. Ubuzima tubaho mw’isi ya kino gihe ni bugufi cane ku buryo umuntu adakwiye kubupfisha ubusa mu gukurikirana ibintu bituma ataha imvumure. Ku bw’ivyo, kugira ngo twirinde kugwa muri uwo mutego, nimuze turimbure uburorero bumwebumwe Salomo atanga bw’ibintu abantu bakunda gukurikirana mu buzima. Ubwa mbere, turaza kurimbura ibijanye no gukurikirana ibinezereza be n’amatungo. Mu nyuma, turaza kurimbura ibijanye n’agaciro k’igikorwa.
Gukurikirana ibinezereza vyoba bizotuma tugira agahimbare?
5. Ni hehe Salomo yarondereye ugushira akanyota?
5 Nk’uko abantu benshi babigira muri kino gihe, Salomo yaragerageje kurondera ugushira akanyota biciye ku gukurikirana ubuzima bwo kwinezerererwa. Avuga ati: “Sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe.” (Umus. 2:10) None ni hehe yarondereye ivyomunezereza? Twisunze ikigabane ca 2 c’igitabu c’Umusiguzi, ‘yanezeresheje umubiri wiwe vino,’ muri ico gihe nyene akaba yaguma yitwararika kwigerera, kandi yarakurikiranye ivyo gukora ibindi bikorwa nko gutunganya ubusitani bwizabwiza, kwiyubakira ingoro zitandukanye, kwumviriza akaziki be no kwinovora ibifungurwa biryoshe.
6. (a) Ni kubera iki atari bibi kuryohererwa ibintu bimwebimwe vyiza mu buzima? (b) Mu bijanye no kwiruhura, ni uburimbane ubuhe bukenewe?
6 Bibiliya yoba yiyamiriza ko umuntu aryoherwa ari kumwe n’abagenzi? Na buhoro! Nk’akarorero, kwihereza udufungurwa mu buryo bwo kwiruhura inyuma y’ibikorwa bitoroshe umuntu aba yakoze ku musi, Salomo avuga yuko ari ingabire y’Imana. (Soma Umusiguzi 2:24; 3:12, 13.) N’ikindi kandi, Yehova ubwiwe aratera akamo abakiri bato ngo ‘banezerwe kandi umutima wabo ubanezereze,’ bakabigira mu buryo buranga ko hari ico bazobazwa. (Umus. 11:9) Turakeneye kwiruhura no kwinezereza mu buryo bubereye. (Gereranya na Mariko 6:31.) Ariko rero, ukwiruhura ntigukwiye kuba co kintu nyamukuru twitwararika mu buzima. Ahubwo riho, ukwiruhura gukwiye kumera nka twa tuntu umuntu yihereza arenza ku vyo yariye, atari birya bifungurwa nyamukuru. Urashobora kwemera yuko naho wokwihereza incuro zingana iki mwene utwo tuntu dusosa, tutoteba kukuduhira mu gihe ata kindi kintu woba ufungura, kandi ko mu mubiri wawe tutokuronsa ivyankenerwa bikwiye. Muri ubwo buryo nyene, Salomo yasanze gushingira ubuzima ku binezereza ari “uguhahamira umuyaga.”—Umus. 2:10, 11.
7. Ni kubera iki dukwiye guhitamwo tuvyitondeye ukuntu twokwiruhura?
7 Bisubiye, si ubwoko bwose bw’ukwiruhura usanga ari bwiza. Ubutari buke muri bwo usanga bwonona cane mu vy’impwemu no mu bijanye n’ukwigenza runtu. Ni abantu amamiliyoni angana iki bikwegeye ukwihebura mu buzima kubera gusa ko bipfuje ivyo bita ngo ni ukwiryohererwa, bakisuka mu vyo gufata ibiyayuramutwe, kunywa bakarenza urugero, canke gukina akamari? Yehova aratuburira abigiranye ubuntu yuko mu gihe tworeka umutima wacu be n’amaso yacu bikatwerekeza mu gukora ibintu vyonona, dutegerezwa kwitega gushikirwa n’ingaruka zavyo.—Gal. 6:7.
8. Ni kubera iki biranga ubukerebutsi ko tuzirikana ku buryo tubayeho?
8 N’ikindi kandi, gukurikirana ibinezereza mu buryo butagiramwo uburimbane bizotuma tutitwararika neza ibintu bihambaye kuruta. Urama wibuka yuko ubuzima bumara umwanya urume rumara, kandi ko ata cemeza yuko ubuzima bwacu bugufi buzokwama nantaryo burangwa n’ukugira amagara meza be n’ukutagira ingorane. Ni co gituma, nk’uko Salomo yabandanije abivuga, dushobora kwungukira cane ku kuja mu birori vy’amaziko, canecane ay’umuvukanyi canke umuvukanyikazi yabaye intahemuka, kuruta kuja “mu nzu y’ibikino.” (Soma Umusiguzi 7:2, 4.) Uti kubera iki? Ni kubera yuko igihe twumviriza insiguro y’amaziko tukongera tukazirikana ku buryo uwo musavyi wa Yehova aba yapfuye yabayeho ari umwizigirwa, bishobora kutuvyurira umutima wo gusuzuma uburyo twebwe ubwacu tubayeho. Ivyo vyoheza bigatuma dushika ku ciyumviro c’uko dukeneye kugira ivyo duhinduye mu migambi dufise, kugira ngo dushobore gukoresha mu buryo buranga ubukerebutsi imisi dusigaje kubaho.—Umus. 12:1.
Amatungo y’ivy’umubiri yoba azotuma dushira akanyota?
9. Ni igiki Salomo yabonye ku bijanye no kuba umuntu afise ubutunzi?
9 Igihe Salomo yandika igitabu c’Umusiguzi, yari umwe mu batunzi karuhariwe bo kw’isi. (2 Ngo. 9:22) Yari afise uburyo bwo kwironsa ikintu cose yaba yipfuza. Yanditse ati: “Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima.” (Umus. 2:10) Naho ari ukwo, yasanze kugira amatungo vyonyene bidatuma umuntu ashira akanyota. Yashitse kuri iki ciyumviro: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu.”—Umus. 5:10.
10. Ni igiki gituma umuntu ashira akanyota vy’ukuri kandi akaronka ubutunzi nyakuri?
10 Naho ubutunzi bumara igihe gito, burashobora kubandanya gukwegakwega abantu bimwe bikomeye. Mw’itohoza rimwe riherutse kugirwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, basanze ibice 75 kw’ijana vy’abanyeshure bose bari mu mwaka wa mbere muri kaminuza bavuga ko ihangiro ryabo nyamukuru mu buzima ari iry’uko boba “abatunzi karuhariwe.” None naho boshikira iryo hangiro ryabo, boba bazoca baba abahimbawe vy’ukuri? Si ngombwa! Abashakashatsi basanze ugushimikira ku kwironkera amaronko, ari ikintu nyabuna kibera intambamyi uguhimbarwa be n’ugushira akanyota. Haraheze imyaka myinshi cane Salomo ashitse kuri ico ciyumviro nyene. Yanditse ati: “Kandi nirundiye ifeza n’izahabu, bo n’itunga riherereye ku bami . . . kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga.”a (Umus. 2:8, 11) Igitandukanye n’ivyo, nitwakoresha ubuzima bwacu mu gusukurira Yehova tubigiranye umutima wacu wose, gutyo tugahezagirwa na we, tuzoronka ubutunzi nyakuri.—Soma Imigani 10:22.
Ni igikorwa ikihe kizana ugushira akanyota nyakuri?
11. Ivyanditswe bivuga iki ku bijanye n’agaciro ko gukora?
11 Yezu yavuze ati: “Data aguma akora gushika ubu, nanje nguma nkora.” (Yoh. 5:17) Nta gukeka ko ibikorwa Yehova na Yezu bakora bituma bumva bahimbawe. Bibiliya irerekana ingene Yehova yahimbawe n’igikorwa ciwe co kurema, igihe ivuga iti: “Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane.” (Ita. 1:31) Abamarayika ‘barasesereje impundu’ igihe babona ivyo Imana yari yakoze vyose. (Yobu 38:4-7) Na Salomo nyene yarabona ko igikorwa gifise intumbero ari ico agaciro.—Umus. 3:13.
12, 13. (a) Abantu babiri baseruye gute ugushira akanyota baronkera mu gukorana ubwira? (b) Ni kubera iki rimwe na rimwe igikorwa c’ivy’umubiri gishobora kuba isôko ry’umubabaro?
12 Abantu benshi usanga batahura agaciro k’igikorwa kiba cakoranywe ubwira. Nk’akarorero, uwitwa José, uno akaba akora ibintu vy’utugenegene bimwinjiriza amahera menshi, avuga ati: “Igihe uba ushoboye gucapura ku bitambara ishusho y’ikintu ufise mu bwenge, ukongera ukayisiga irangi, uca wiyumva nk’aho uhejeje kuduga umusozi muremure.” Uwitwa Miguelb na we, uno akaba ari umudandaza, avuga ati: “Gukora biratuma ushira akanyota bitumwe n’uko bigushoboza kuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye. Birashobora kandi gutuma wumva yuko hari ikintu washitseko.”
13 Ku rundi ruhande, ubuzi butari buke usanga busaba umuntu kuguma akora vya bindi nyene, gutyo bugatuma aronka uturyo dukeya two kugira ibindi bintu bishasha ashitseko. Rimwe na rimwe usanga aho umuntu akorera hashobora kuba isôko ry’ibintu bibabaza, eka mbere n’akarenganyo. Nk’uko Salomo avyerekana, ikinebwe coshobora kwigarurira impera y’umuntu akora agatama, kumbure kubera yuko kiba cungukira ku bucuti gifitaniye n’abantu bafise ubukuru. (Umus. 2:21) Hariho n’ibindi bintu bishobora gutuma umuntu aruhira ubusa. Igikorwa c’ubucuruzi gitanguye kibonwa ko kizogenda neza cane coshobora kuvamwo uruhombo bivuye ku kuba amahera yataye agaciro canke bivuye ku bintu bishika ata wari avyiteze. (Soma Umusiguzi 9:11.) Akenshi, umuntu yita ku rutare kugira ngo ivyiwe bigende neza, usanga uburuhiro acika inkokora kandi akababara, kubera yuko ateba agatahura ko “yaruhiye umuyaga.”—Umus. 5:16.
14. Ni igikorwa ikihe cama nantaryo kizana ugushira akanyota nyakuri?
14 None hoba hariho igikorwa kinaka kitigera gituma umuntu aruhira ubusa? José, wa wundi twavuga akora ivy’utugenegene, avuga ati: “Uko imyaka igenda irarengana, amashusho yahinguwe arashobora kwononekara canke kuzimangana. Mugabo ukwo si ko bimeze ku bijanye n’ibintu turangura mu vy’impwemu. Biciye ku kugamburukira Yehova mu kwamamaza inkuru nziza, narafashije mu gukora igikorwa kivamwo ikintu camaho, ni ukuvuga gituma haboneka abakirisu bameze neza cane batinya Imana. Ico ni ikintu c’agaciro ntangere.” (1 Kor. 3:9-11) Miguel na we avuga yuko kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami bituma ashira akanyota karuta kure n’iyo ako igikorwa ciwe c’ivy’umubiri comuzanira. Avuga ati: “Nta kintu coza gisubirira umunezero ugira iyo wabwiye umuntu ukuri kwo mu Vyanditswe kandi ukaba ubona ko ukwo kuri kwamushitse ku mutima.”
“Terera ivyo kurya vyawe”
15. Ni igiki gituma ubuzima bugira ico buvuze vy’ukuri?
15 Mu gusozera, ni igiki none gituma vy’ukuri ubuzima bugira ico buvuze? Turaronka ugushira akanyota nyakuri igihe dukoresha ubuzima bwacu bwo muri kino gihe bumara igihe gito, kugira ngo dukore ivyiza twongere duhimbare Yehova. Turashobora gutsimbataza ubucuti somambike n’Imana, turashobora guha abana bacu iragi ry’ingingo ngenderwako z’ivy’impwemu, turashobora gufasha abandi kugira ngo bamenye Yehova, kandi turashobora gutsimbataza ubucuti buramba n’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu. (Gal. 6:10) Ivyo bintu vyose ni ivy’agaciro kamaho kandi biratuma ababishikako bironkera imihezagiro. Salomo yarasanishije ibintu mu buryo bushimishije kugira ngo yerekane agaciro ko gukora ivyiza. Yavuze ati: “Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi.” (Umus. 11:1) Yezu yahimirije abigishwa biwe ati: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.” (Luka 6:38) N’ikigeretseko, Yehova ubwiwe asezerana guha impera abakorera ivyiza abandi.—Imig. 19:17; soma Abaheburayo 6:10.
16. Igihe kibereye co gutegekanya ukuntu tuzokoresha ubuzima bwacu ni ikihe?
16 Bibiliya iduhimiriza ko mu gihe twoba tukiritera tukarisama, twofata ingingo ziranga ubukerebutsi ku bijanye n’ukuntu tuzokoresha ubuzima bwacu. Muri ubwo buryo, tuzokwirinda kwicuza mu myaka iri imbere. (Umus. 12:1) Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe twopfisha ubusa imyaka yacu y’agaciro gusumba iyindi mu buzima, mu kwiruka inyuma y’ibikwegakwega vy’isi, kugira ngo amaherezo tuzosange twahahamiye umuyaga gusa!
17. Ni igiki kizogufasha guhitamwo uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose?
17 Nka kurya kw’umuvyeyi wese w’umunyarukundo, Yehova akwipfuriza ko wonezererwa ubuzima, ugakora ivyiza, ukongera ukirinda kuvunika umutima bitari bikenewe. (Umus. 11:9, 10) Ni igiki none kizogufasha kubishikako? Niwishingire imigambi y’ivy’impwemu kandi ukorane umwete kugira ngo uyirangure. Haraciye nk’imyaka 20 bibaye ngombwa ko uwitwa Javier ahitamwo ico yari gukora hagati y’umwuga wo kuvura wari kumuronsa amahera menshi be n’umurimo w’igihe cose. Avuga ati: “Naho igikorwa c’umudogoteri gishobora gutuma yumva ashize akanyota, nta kintu na kimwe cogereranywa n’umunezero nagize igihe nafasha abantu batari bake bakamenya ukuri. Igikorwa c’igihe cose caratumye mpimbarirwa ubuzima bimwe bishitse. Ico nicuza ni kimwe gusa; ni uko ntatanguye ico gikorwa hakiri kare.”
18. Ni kubera iki ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi bwabaye uburi n’ico buvuze cane?
18 None ni ikintu ikihe c’agaciro gusumba ibindi vyose dukwiye kwihatira kuronka? Igitabu c’Umusiguzi kivuga ku bijanye n’ukwihesha izina giti: “Ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako.” (Umus. 7:1) Nta kindi coza cerekana ukuntu ayo majambo ari ay’ukuri, kuruta ubuzima Yezu yaciyemwo. Nta gukeka ko Yezu yihesheje izina ridasanzwe kuri Yehova. Igihe Yezu yapfa ari umwizigirwa, yari aburaniye ubusegaba bwa Se yongera atanga inkuka y’incungu, iyatumye turonka akaryo ko kuzorokoka. (Mat. 20:28) Mu kiringo gitoya yamaze ng’aha kw’isi, Yezu yaratanze akarorero katagira agahaze ku bijanye n’ubuzima buri n’ico buvuze vy’ukuri, ako tugwa tuvyuka kugira ngo twigane.—1 Kor. 11:1; 1 Pet. 2:21.
19. Ni impanuro iyihe iranga ubukerebutsi Salomo yatanze?
19 Na twebwe turashobora kwihesha izina ryiza ku Mana. Kubonwa neza na Yehova biri n’agaciro cane kuri twebwe kuruta ukuronka amatungo. (Soma Matayo 6:19-21.) Ku musi ku musi, turashobora kuronka uturyo two gukora ibintu vyiza mu nyonga za Yehova kandi vyotuma ubuzima bwacu burushiriza kugira ico buvuze. Nk’akarorero, turashobora kubwira abandi inkuru nziza, tugakomeza umubano wacu be n’umuryango wacu, tukongera tugatsimbataza kamere yacu y’ivy’impwemu biciye ku kwiyigisha no ku kwitaba amakoraniro. (Umus. 11:6; Heb. 13:16) None, ubwo woba wipfuza kugira ubuzima buri n’ico buvuze vy’ukuri? Nimba uvyipfuza, nugume ukurikiza iyi mpanuro ya Salomo igira iti: “Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.”—Umus. 12:13.
[Utujambo tw’epfo]
a Buri mwaka Salomo yaronka n’imiburiburi italanto 666 z’inzahabu (ni ukuvuga ibilo birenga 22.000).—2 Ngo. 9:13.
b Si ko yitwa.
Wokwishura gute?
• Ni igiki gikwiye gutuma tuzirikana ata gufyina ku bijanye n’imigambi dufise mu buzima?
• Dukwiye kubona gute ibijanye no gukurikirana ibinezereza be n’amatungo?
• Ni igikorwa ikihe kizotuma turonka ugushira akanyota kuramba?
• Ni ikintu ikihe c’agaciro dukwiye kwihatira kuronka?
[Ifoto ku rup. 23]
Ukwiruhura gukwiye kugira ikibanza ikihe mu buzima bwacu?
[Ifoto ku rup. 24]
Ni igiki gituma igikorwa co kwamamaza kiba ikimara akanyota cane?