Naripfuza kubaho ngendera ku makurudumu
Nk’uko vyavuzwe na Zoya Dimitrova
Igihe nari mfise imyaka 15 naranezerezwa cane n’uko icipfuzo canje cariko kiraranguka kubera ko nariko ndakorana ivy’agatebetebe n’umugwi umwe nongera njana na wo kuremesha ibiteramo hirya no hino. Ni ho ku wa 4 Nyakanga 1970 ibara ryagwa. Nariko ndagurukira mu kirere nk’inyoni nginze ntya nsanga natibukiye hasi nk’iragarira.
NAVUTSE ku wa 16 Kigarama 1952 nkaba nabana n’abavyeyi banje be na mukuru wanje i Sofia muri Biligariya. Ico gihe igihugu ca Biligariya catwarwa n’abakomunisita, ivyo gusenga bikaba vyari vyemewe ariko bitaremeshwa na gato. Abantu benshi wasanga batemera Imana, n’abayemera ugasanga benshi muri bo bahitamwo guhisha ivyo bemera. Naho umuryango wacu wavuga ko uri mw’idini ry’aborotodogisi, nta bintu bijanye n’idini bigeze banyigisha kandi ivy’Imana ntivyanza no mu bwenge.
Nkiri umwana mutoyi, vyaribonekeje yuko nakunda vy’ukuri ivy’inkino z’ubwoko bwose na canecane ivyo kwinonora imitsi. Igihe nari mfise imyaka 13, hari umugabo umwe yaje kw’ishure iwacu arondera umwigeme yomenyerezwa ivyo gukina agatebetebe. Umwigisha wacu w’ivyo kwinonora imitsi yaciye andata. Naranezerejwe cane no kuba baciye bantwara mu modoka y’umugabo yari abihagarikiye, ikaba yari imodoka y’Abanyamerika, kugira ngo abamenyereza bambaze ibibazo bongere bankoreshe imyimenyerezo. Narahimbawe no kubona barangomwe. Ico gihe naciye ntangura kugira ata gufyina imyimenyerezo ikomakomeye yamaze imyaka irenga ibiri. Igihe na ho nari mfise imyaka 15, nararangije ivyo kumenyerezwa maze ntangura ico nokwita ubuzima bwo kugendera ku makurudumu, ni ukuvuga ubuzima bwo kuzungurukana hirya no hino na wa mugwi wakina ivy’agatebetebe tuja kuremesha ibiteramo. Mu ntango, naratembereye hirya no hino muri Biligariya, mu nyuma na ho nshika mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, ndashika no muri Alijeriya, Hongiriya no mu cahoze citwa Yugosilaviya.
Namaze imyaka itatu mu munezero ntangere, ndiko ndashitsa ca cipfuzo nari mfise mu buzima. Ni ho igihe kimwe ndiko ndagira ivy’agatebetebe i Titov Veles muri Maseduwane, rya sanganya ryadondowe mu ntangamarara ryashika. Nariko ndagirira agatebetebe hejuru y’isinzi ry’abantu. Umugabo twariko turabikorana yariko arenena umutwe uraba hasi. Yaranterera mu kirere nkizunguriza, agaca ansama. Narahushije amaboko yiwe, maze umugozi umfata umaze gucika, nca ntibukira hasi mvuye ku metero 6. Baciye banyarukana ku bitaro, baca basanga navunitse ukuboko, imbavu zitari nke be n’uruti rw’umugongo. Naramaze imisi mikeyi meze nk’uwataye ubwenge, ntibuka n’ivyabaye ivyo ari vyo. Maze gusubirana mu bwenge, nasanze namugaye guhera mu kiyunguyungu kumanuka. Ariko rero kubera ko nari nkiri muto, nagumanye icizigiro c’uko abaganga bamvuye canke bakankora, nosubiye gutambuka bishobotse mbere ngasubira gukora ivy’agatebetebe.
Mu myaka ibiri n’igice yakurikiye, naravuriwe mu bitaro bitari bike, nkaguma mfise ikizigizigi c’uko nokize. Mugabo mu nyuma, narabwirijwe kwemera ko ivya ca cipfuzo canje vyari vyarangiye. Wa wundi ati: “Akabi gatwengwa nk’akeza,” nabwirijwe kumenyera ubuzima bwo kugendera ku makurudumu butandukanye cane na bwa bundi nari naripfuje, mbaho ngendera ku makurudumu y’agakinga k’ibimuga.
Ntangura ubuzima bushasha
Inyuma ya kwa kubaho mfise vyinshi nkora, nabona ko kumenyera ubwo buzima bitashoboka. Kubera ko ata cizigiro nari ngifise, naciye ndwara akabonge. Ni ho mu 1977 umusore yitwa Stoyan yadodora i muhira. Maze kumenya ko yari musaza w’umwe mu bo twahoze dukorana, naciye ndamuha ikaze ubwo nyene. Igihe twariko turayaga, yarambajije nimba nari mfise icizigiro co gukira. Kubera ko ivyo nari niteze ku buzima bitarangutse nkavunika umutima, namwishuye ko ata cizigiro cari kikiriho. Igihe yambarira ko Imana yonyene ari yo yari ishoboye kumfasha, naciye ndamwishura n’akababaro kenshi nti: “Uti Imana! Nimba Imana iriho, ni kubera iki none merewe uku?”
Stoyan amaze gutanguza ico kiyago, aho akaba yari aherutse kuba Icabona ca Yehova igihe yakorera ivy’agatebetebe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yaransiguriye abigiranye umutima mwiza cane imihango myiza igitangaza Bibiliya itanga ku bwa kazoza. Narahimbawe cane no kumenya ko vuba isi izocika Iparadizo. Narakozwe ku mutima n’umuhango ugira uti: “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuwe 21:4) Naripfuza cane gusubira kugira amagara meza. Ubwo nyene naciye nemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya idahorereza. Nari ntanguye rero ubuzima bushasha. Emwe, naza naronka ishingiro ry’icizigiro nyakuri!
Buri ndwi, si je nabona harageze ko niga Bibiliya. Natanguye nigana na Stoyan maze mu nyuma nigana na Totka, Icabona ca Yehova w’umutima mwiza cane. Totka yaramfashije ndongereza ningoga ubumenyi bw’ukuri kwo muri Bibiliya, ndaheza ndegurira Yehova Imana ubuzima bwanje. Ico gihe, nta n’umwe yariho i Sofia akwije ibisabwa ngo ambatize, nca rero mbwirizwa kurindira ko tugenderwa n’umuvukanyi avuye muri Maseduwane. Ku wa 11 Nyakanga 1978, haheze nk’umwaka umwe ntanguye kwiga Bibiliya, narabatirijwe mu kintu bogeramwo kimeze nk’ubwato co mu nzu yanje. Igihe nabatizwa ngacika Icabona ca Yehova vyaranteye umunezero mwinshi cane, ubuzima bwanje na bwo buragira intumbero nyakuri.
Ukuri kwo muri Bibiliya nari nize kwararurumba muri jewe nk’umuriro. Umuntu wese aje iwanje naramubwirana igishika cinshi icizigiro nari mperutse kuronka. Ikibabaje ni uko ata n’umwe yasa n’uwufatana uburemere ivyo navuga, kumbure bakibaza ko ntari nkomeye neza kubera rya sanganya nari naragize.
Nkora ikosa rikomeye
Ico gihe, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe muri Biligariya, kandi mu gihugu cose hari Ivyabona vya Yehova bake cane. Nta makoraniro y’ishengero nashobora kwitaba kandi sinakunda kuronka abo dusangiye ukwizera twokwifatanya. Ivyo hamwe n’ukutabona ingeramizi zo kwifatanya cane n’abagenzi batisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyatumye nkora ikosa rikomeye.
Ijwi ryo mu mutima ryagumye rimbuza amahoro, kandi narashikiwe n’umubabaro utagira uko ungana wo gutandukana na Yehova Imana. Narishwe n’ukwiyagiriza be n’isoni, ndasukira Yehova amagorwa yanje mw’isengesho ndamutakambira ngo ambabarire. Mu nyuma, mfashijwe n’abakurambere bakirisu buzuye urukundo, narasubiye kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, ndasubira kuronka umunezero wo kumukorera. Ese ingene nkenguruka cane agateka ko gukorera Yehova mfise ijwi ryo mu mutima rityoroye nifatanije n’ishirahamwe ryiwe rityoroye!
Ndahimbawe naho mfise intambamyi
Isanganya haheze imyaka 40 ngize ryararwije n’ubusa icipfuzo nari mfise co kubaho ngira agatebetebe nongera mfata ingendo, nsigara ntakivana n’agakinga k’ibimuga. Yamara rero, iyo nsubije amaso inyuma sinicwa n’intuntu canke ngo nicuze, nk’aho umengo ubuzima bwanje bwose nta co bumaze. Ukuri kwo muri Bibiliya kwaramfashije kubona ko icipfuzo canje co kubaho mpimbawe kandi ndoraniwe kubera agatebetebe cari gishingiye ku bintu bitagira agaciro karamba. Nariboneye ukuntu abo twahoze dukorana babandanije ivy’agatebetebe bahavuye bavunika umutima cane mu buzima bwabo. Ariko narubuye ubutunzi buruta vyose, ni ukuvuga ukugiranira ubucuti n’Umuremyi wanje Yehova Imana. Vyaratumye ngira umunezero uruta kure n’iyo umunezero uwo ari wo wose noshoboye kuronkera mu kubaho ngira ivy’agatebetebe.
Vyongeye, narironkeye umunezero wo kubona abandi benshi bamenya ukuri kwo muri Bibiliya maze bakegurira ubuzima bwabo Imana yacu yuzuye urukundo Yehova. Igihe natangura kwiga Bibiliya mu 1977, muri Biligariya hari Ivyabona vya Yehova bari ku rushi. Mbere no mu 1991 igihe Ivyabona vya Yehova bemererwa imbere y’amategeko ari bwo bwa mbere inyuma y’aho intwaro y’abakomunisita itembagariye, mu gihugu cose hari Ivyabona vya Yehova batarenga ijana. Mbega umunezero nagize wo kubona ukuntu igitigiri c’abamamaji b’Ubwami cabandanije kwongerekana ku buryo ubu twashikiriye igitigiri kitari bwigere gishikwako c’abamamaji 1.800!
Haracariho vyinshi vyo gukora muri Biligariya. Abantu benshi bariko bararondera ubumenyi bwo mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo biribonekeza dufatiye ku bantu bashika 3.914 bari bitavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu mu 2010. Ndahimbarwa cane no kwibonera ico kimenyamenya c’uko Yehova yahezagiye abo bantu batanguye ari bake muri Biligariya. Ubwanje nariboneye ukuntu “uwo hasi” yacitse “ihanga rikomeye,” nk’uko vyari vyaravuzwe muri Yesaya 60:22.
Ikindi kintu catumye ngira umunezero kandi c’intibagirwa mu buzima bwanje ni isohorwa rya Bibiliya y’isi nshasha mu kinyabiligariya. Yasohowe muri Myandagaro mu 2009 kuri rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Mugume muri maso!” ryabereye i Sofia. Isohorwa ry’iyo Bibiliya mu rurimi nonse yari indoto irangutse! Nta gukeka ko ari igikoresho ngirakamaro kizofasha abandi benshi kuronka ubumenyi bwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya muri Biligariya.
Naho ubumuga bwanje butuma nkora bike mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ndaronka umunezero mwinshi mu kubwira ukuri kwo muri Bibiliya ababanyi hamwe n’uwuza iwanje wese. Igihe kimwe, nari kw’ibaraza ry’igorofa mbamwo, mpamagara umubanyi yariko ararengana. Naramuhaye ikaze mu nzu aremera, mu nyuma nca ndamubwira ivyiyumviro bitari bike vyo muri Bibiliya biremesha, ubwo nyene aca aremera ko noza ndamuyoborera inyigisho ya Bibiliya. Nararengewe n’umunezero igihe mu nyuma yabatizwa akaba mwenewacu mu vy’Imana. Naratewe agateka ko gufasha abantu bane gushika aho begurira Yehova ubuzima bwabo.
Novuga ko umunezero n’indemesho bisumba ibindi vyose ndabironka bivuye ku kwitaba amakoraniro ya gikirisu ntahorereza ndi kumwe n’abavukanyi barenga ijana, bano bakaba bamaze kumbera nk’umuryango. Kubera yuko mba mu gihugu kidatunganya uburyo budasanzwe bwo kwunguruza abageze mu zabukuru n’abamugaye, birambera urugamba kuja ku makoraniro y’ishengero. Ariko rero ndakenguruka cane ukuntu umuvukanyi umwe akiri muto anyitwararikana urukundo. Kuri buri koraniro, arankura mu nzu mbamwo akanshikana ku modoka yiwe, akongera akankura ku modoka yiwe akanshikana mu Ngoro y’Ubwami, no mu gutaha akabigenza gutyo nyene. Urazi ingene nkengurukira Yehova ku gateka yanteye ko kuba muri uwo muryango urangwa urukundo w’abo dusangiye ukwemera!
Iyo nsubije amaso inyuma, ndabona ko mu buzima bwanje ibintu vyabaye mu buryo butandukanye cane n’uko navyipfuza mu buto bwanje. Gukorera Yehova vyaratumye ngira agahimbare kenshi gashoboka muri iki gihe be n’icizigiro ciza igitangaza c’ubuzima budahera. Ndakenguruka umuhango Imana yatanze w’uko mw’isi y’iparadizo, “uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri.” (Yesaya 35:6) Ndarindiranye igishika n’icizigiro cinshi umusi nzosimba nkava mu gakinga kanje k’abamugaye, nsigaye mfise amagara n’inguvu bitagira agahaze.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 30]
“Umunezero n’indemesho bisumba ibindi vyose ndabironka bivuye ku kwitaba amakoraniro ya gikirisu ntahorereza”
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 31]
“Ikintu . . . c’intibagirwa mu buzima bwanje ni isohorwa rya Bibiliya y’isi nshasha mu kinyabiligariya”
[Ifoto ku rup. 29]
Natanguye kugira ivy’agatebetebe mfise imyaka 15