Bunze ubumwe mu rukundo—Raporo y’ikoraniro rigirwa buri mwaka
AKAMWEMWE kari kose ku Ngoro y’amateraniro y’Ivyabona vya Yehova iri mu gisagara ca Jersey, i New Jersey, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ku wa 3 Gitugutu 2009 mu gitondo, abantu barenga 5.000 bari bakoraniye hamwe ku bw’ikoraniro rigirwa buri mwaka rya 125 ry’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova (Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania). Abandi bantu ibihumbi barumvirije bongera bararaba iyo porogarama biciye ku buhinga bwo kurungika amajwi n’amasanamu bwakoreshejwe kugira ngo abari ku nyubakwa zigize Amabeteli atatu yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no kuri Beteli yo muri Kanada bakurikirane iyo porogarama. Bose hamwe, uko bari 13.235 bunze ubumwe kubera urukundo bakunda Yehova, barinovoye iryo koraniro ryamaze amasaha atatu.
Umuvukanyi Geoffrey Jackson wo mu bagize Inama Nyobozi ni we yari umuhagarikizi. Yatanguje iyo porogarama mu guha ikaze umugwi w’abaririmvyi b’Abanyabeteli baririmvye indirimbo zikuwe muri ca gitabu cacu gishasha c’indirimbo. Uwo mugwi w’abaririmvyi wari uhagarikiwe n’uwundi muvukanyi wo mu bagize Inama Nyobozi ari we David Splane, uno akaba yaravuze muri make akamaro umuziki ufise mu gusenga gutyoroye. Abari kuri iryo koraniro barasabwe kuririmba indirimbo nshasha zitatu. Wa mugwi w’abaririmvyi ni wo watanguye kuziririmba, maze uwo mugwi hamwe n’abari ng’aho baca baziririmbira hamwe. Ivyo gukoresha umugwi w’abaririmvyi vyagizwe gusa kubera uwo mutororokano udasanzwe; ntibikwiye kubonwa ko ari akarorero gakwiye kwisungwa mu mashengero, mu mizunguruko, canke mu ntara.
Amaraporo avuye ku biro vy’amashami
Abari mu bagize komite z’amashami zo mu bindi bihugu b’abashitsi baratanze amaraporo avuye ku biro vy’amashami bitanu. Umuvukanyi Kenneth Little yavuze yuko vuba Kanada izotangura kwicapurira no gucapurira Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyinshi mu binyamakuru bakoresha, ivyo bikaba bizotuma ibinyamakuru iryo shami ricapura vyongerekana incuro cumi. Kugira ngo ivyo babishikeko, imashini yo gucapura baheruka kuronka izoza irakora ibiringo bibiri vy’amasaha umunani-munani, yose hamwe akazoba ari amasaha 16 ku musi.
Umuvukanyi Reiner Thompson yaratanze raporo y’igikorwa c’Ubwami kirangurirwa muri République Dominicaine, umuvukanyi Albert Olih na we arasigura ibikorwa turangurira muri Nijeriya. Umuvukanyi Emile Kritzinger wo muri Mozambike yasiguye yuko inyuma y’imyaka mirongo iheze Ivyabona vya Yehova bahamwa muri ico gihugu, bemewe n’amategeko mu 1992. Ivyo bihugu vyose uko ari bitatu biherutse kugira iyongerekana rinini ry’igitigiri c’abamamaji. Umuvukanyi Viv Mouritz wo ku biro vy’ishami vyo muri Ositaraliya yaravuze ibijanye n’iterambere ririko riraba muri Timor yo mu Buseruko, ino ikaba yitwararikwa n’abavukanyi bo muri Ositaraliya.
Amakomite y’Inama Nyobozi
Mu 1976, ibikorwa vyose vy’Ivyabona vya Yehova vyaratanguye guhagarikirwa n’amakomite atandatu y’Inama Nyobozi. Mu nyuma, abo mu mugwi w’izindi ntama baragenywe kugira ngo bafashe. Ubu abashika 23 barafasha mu gikorwa kiriko kirarangurwa. Batandatu muri bo barabajijwe ibibazo. Bose hamwe bamaze imyaka 341 mu gikorwa c’igihe cose, ni ukuvuga incahagati y’imyaka 57 kuri umwumwe wese.
Umuvukanyi Don Adams, uno akaba yaje muri Beteli mu 1943, yasiguye yuko Komite y’abahuzabikorwa igizwe n’abahuzabikorwa bo mu yandi makomite atanu, ikaba yitwararika ivy’uko ayo makomite yose uko ari atanu akorana neza. Iyo komite iritwararika ibintu bihambaye biba vyihutirwa, ibijanye n’uruhamo, imanza, ivyago, be n’ibindi bintu vyihutirwa biba biriko birashikira Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi.
Umuvukanyi Dan Molchan yarasiguye ibijanye n’igikorwa ca Komite nshingwabakozi, ino ikaba yitwararika ivyerekeye ukumererwa neza mu vy’impwemu no ku mubiri kw’Abanyabeteli 19.851 bo hirya no hino kw’isi. Umuvukanyi David Sinclair yaravuze ibijanye n’ukuntu Komite nshingwasohora yitwararika ivyerekeye kugura ivyo ibiro vy’amashami bikeneye. Ubukurikira, umuvukanyi Robert Wallen, uno akaba amaze hafi imyaka 60 akorera kuri Beteli, yaravuze ukuntu Komite y’umurimo ihagarikira igikorwa abasavyi ba Yehova barangura mu ndimiro no mu mashengero. Umuvukanyi William Malenfant yaravuze ibijanye n’igikorwa kitoroshe Komite nshingwanyigisho ikora mu gutegura porogarama y’ihwaniro. Amaherezo, umuvukanyi John Wischuk yarasiguye ingene Komite nshingwayandika ihagarikira ivyo gutegura bimwe vyitondewe amayagwa yo mu bisohokayandikiro vyacu be n’ivyo kuyashira muri orodinateri kugira ngo akoreshwe.a
Icanditswe c’umwaka co mu 2010 kirashimika ku rukundo
Insiguro zitatu zakurikiye zatanzwe n’abo mu bagize Inama Nyobozi. Umuvukanyi Gerrit Lösch yatanguye n’ikibazo kigira giti: “Woba wipfuza ko abandi bagukunda?” Yasiguye ko urukundo ari ikintu nyamukuru abantu bakeneye, be n’uko twese turyoherwa igihe turugaragarijwe. Ukuba turiho tubikesha urukundo kubera ko Yehova yaturemye abitumwe n’urukundo ruzira ubwikunzi. Imvo nyamukuru ituma twamamaza tukongera tukigisha ni urukundo dukunda Yehova.
Urukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako ntiturugaragariza gusa bagenzi bacu ariko turarugaragariza n’abansi bacu. (Mat. 5:43-45) Abari ng’aho bararemeshejwe kurimbura ivyo Yezu yaciyemwo ku bwacu, akaba yaratonaguwe, aratyekezwa, aracirwako amate, yongera aracumitwa. Naho yashikiwe n’ivyo bintu, yarasenze asabira ba basoda bamumanika. Ivyo none ntibituma turushiriza mbere kumukunda? Umuvukanyi Lösch yaciye amenyesha icanditswe c’umwaka co mu 2010, ari co 1 Abakorinto 13:7, 8, kikaba kigira giti: ‘Urukundo rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.’ Uretse ko twiteze kubaho ibihe bidahera, turiteze kandi gukunda no gukundwa ibihe bidahera.
Woba uriko uragendera mu muduga ugira ukame igitoro?
Umuvukanyi Samuel Herd yatanguye insiguro yiwe n’ikigereranyo. Dufate yuko hari umugenzi aguhitanye ngo mujane ku rugendo rw’ibilometero 50. Wicaye muri irya ntebe y’ingenzi, uravye kuri ka kantu kerekana aho igitoro kigera, urabonye ko kigira gikame. Urabibwiye umugenzi wawe. Aciye akubwira ngo ntuhagarike umutima; ngo haracarimwo nk’amalitiro ane. Ariko rero bidatevye igitoro kirakamye. Umuntu yoba akwiye kugendera mu muduga ugira ukame igitoro, agahava ahakwa kudashika iyo ariko araja? Ese ukuntu vyoba vyiza kuruta umuntu agumye afise igitoro cuzuye! Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, turakeneye kuguma dufise igitoro cuzuye, ico gitoro kikaba ari ubumenyi dufise bwerekeye Yehova.
Kugira ngo ivyo tubishikeko, turakeneye gushiramwo igitoro kandi tukabigira tudahorereza. Ivyo tubigira mu buryo bune. Ubwa mbere, ni ukwiyigisha, tukamenyera Bibiliya mu kuyisoma ku musi ku musi. Uretse gusoma amajambo gusa, dutegerezwa gutahura ivyo dusoma. Ubwa kabiri, ni ugukoresha neza umugoroba ugenewe Ugusenga kwacu kwo mu muryango. Twoba duhora duhagarara buri ndwi maze tukuzuza igitoro canke twoba dushiramwo igitoro gikeya gusa? Ubwa gatatu, ni ukwitaba amakoraniro y’ishengero. Ubwa kane, ni ukuzirikana dutekanye kandi ata kidusamaza, tukiyumvira ivyerekeye inzira za Yehova. Muri Zaburi 143:5 havuga hati: “Nibutse imisi ya kera; ndimbūra ivyo wakoze vyose.”
“Abagororotsi bazokayangana”
Umuvukanyi John Barr yarashikirije insiguro igira gatatu ari na yo ya nyuma, ino ikaba yasigura ca kigereranyo ca Yezu cerekeye ingano n’icatsi kibi. (Mat. 13:24-30, 38, 43) Ico kigereranyo cerekeza kw’“iyimbura” aho “abana b’ubwami” batororokanywa, icatsi kibi na co kigashirwa ku ruhande kugira ngo giturirwe.
Umuvukanyi Barr yaratomoye ko iryo tororokanywa ritobandanije ibihe vyose. Yarerekeje kuri Matayo 24:34, ahavuga hati: “Iri yaruka [ntiri]zogenda rivuyeho ivyo bintu vyose bitabaye.” Yarasomye incuro zibiri aya majambo agira ati: “Biboneka ko Yezu yashaka kuvuga ko abarobanuwe bari bariho igihe nya kimenyetso catangura kwibonekeza mu 1914 bobayeho mu kiringo nyene abandi barobanuwe bazobona intango ya ya makuba akomeye bobaye bariho.” Ntituzi neza na neza ukuntu “iri yaruka” rireha mugabo ririmwo abo muri iyo migwi ibiri, bamwe bakaba bobayeho mu kiringo nyene abandi bobaye bariho. Naho abarobanuwe bafise imyaka itandukanye, abo muri iyo migwi ibiri bagize iryo yaruka babaho mu gihe kimwe c’imisi ya nyuma. Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko abarobanuwe bakiri bato kuruta babaho mu gihe kimwe n’abarobanuwe bakuze kuruta batahuye ca kimenyetso igihe cagaragara guhera mu 1914, batazopfa bose imbere y’uko ya makuba akomeye atangura!
“Abana b’ubwami” bararindiranye umushasharo impêra yabo yo mw’ijuru, mugabo twese dutegerezwa kuguma turi abizigirwa, tugakayangana cane gushika kw’iherezo. Ese ukuntu dufise agateka ko kubona itororokanywa ry’“ingano” ririko riraba mu gihe cacu.
Ururirimbo rusozera rurangiye, isengesho ryo gusozera ryashikirijwe na Theodore Jaracz wo mu bagize Inama Nyobozi. Ese ukuntu iyo porogarama y’ikoraniro rigirwa buri mwaka yari iyubaka!
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya ukuntu ayo makomite atandatu y’Inama Nyobozi akora, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2008, urupapuro rwa 29.
[Uruzitiro ku rup. 5]
ISHURE RIGENEWE ABAKURAMBERE
Kuri iryo koraniro rigirwa buri mwaka, umuvukanyi Anthony Morris wo mu bagize Inama Nyobozi, yaramenyesheje yuko hobayeho ukumenyerezwa kubandanya kugenewe abakurambere b’ishengero. Ishure rigenewe abakurambere bo muri Leta Zunze Ubumwe ryaratanguye mu ntango ya 2008 kuri ca kigo gitangirwamwo inyigisho c’i Patterson, muri New York. Umugwi ugira 72 wari uherutse kurangiza ivyigwa, abakurambere 6.720 bakaba ari bo bamaze kumenyerezwa gushika ubu. Haracariho vyinshi vyo gukora. Muri Leta Zunze Ubumwe honyene, hari abakurambere barenga 86.000. Ku bw’ivyo, Inama Nyobozi yaremeye ko i Brooklyn, muri New York hagirirwa irindi shure, guhera ku wa 7 Kigarama 2009.
Mu kiringo c’amezi abiri, abacungezi b’ingenzi bane babwirizwa kumenyerezwa i Patterson kugira ngo babe abigisha. Abo bociye barungikwa i Brooklyn kugira ngo baje kwigisha, maze abandi bane bagaca bamenyerezwa. Bociye rero bigisha ishure ry’i Brooklyn, ba bandi bane ba mbere na bo bakigisha amashure abera ku Ngoro z’amateraniro no ku Ngoro z’Ubwami. Ivyo vyogumye bigirwa gushika habonetse abigisha 12 bogiye barigisha amashure atandatu buri ndwi mu congereza muri Leta Zunze Ubumwe. Abigisha bane bociye bamenyerezwa kugira ngo bigishe mu gisupanyoli. Iryo shure ntirizosubirira rya Shure ry’ubusuku bw’Ubwami risanzwe rigirwa; intumbero ni iyo gutuma abakurambere barushiriza gukomera mu vy’impwemu. Ibiro vy’amashami vyo hirya no hino kw’isi bizotangura kugira ayo mashure abera ku Ngoro z’amateraniro no ku Ngoro z’Ubwami mu mwaka w’umurimo wa 2011.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 4]
Rya koraniro rigirwa buri mwaka ryatanguwe mu kuririmba mu gitabu cacu c’indirimbo gishasha gifise umutwe uvuga ngo “Ririmbira Yehova”