Ibirimwo
15 Ruheshi 2010
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
26 Mukakaro 2010–1 Myandagaro 2010
Nuronkere ugutekanirwa mu basavyi b’Imana
URUPAPURO 6
2-8 Myandagaro 2010
URUPAPURO 10
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 67, 213
9-15 Myandagaro 2010
‘Nugume utsinda ikibi’ mu gucungera ishavu
URUPAPURO 15
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 124, 178
16-22 Myandagaro 2010
Imvugo y’igikundiro iratuma haba imigenderanire myiza
URUPAPURO 20
23-29 Myandagaro 2010
Nuronkere ukuruhurirwa mu bintu vy’impwemu
URUPAPURO 25
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 175, 55
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1, 2 URUPAPURO 6-14
Ivyo biganiro bizotuma turushiriza gukenguruka imihezagiro turonka kubera ko turi mw’ishengero rya gikirisu. Tuzobona kandi imice twebwe ubwacu dushobora gukomezamwo abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero dukukira be n’iyo dushobora kubafashamwo.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3, 4 URUPAPURO 15-24
Ivyo biganiro birerekana ukuntu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora kudufasha kuguma turi abanyamahoro naho dufise udusembwa, n’abandi bakaba badufise. Birerekana kandi ukuntu gukoresha imvugo y’igikundiro bishobora kugira ikintu kinini biterereye mu gutuma haba imigenderanire myiza.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 5 URUPAPURO 25-29
Isi ibona mu buryo bugoramye ibijanye n’ibintu bituma umuntu aruhurirwa, ikaba ishimikira ku bikorwa bihimbara umubiri. Abasavyi b’Imana bobo baronkera ukuruhurirwa mu bintu vy’impwemu. Iki kiganiro kirerekana ukuntu tworonka umunezero mwinshi tukongera tugashira akanyota cane kandi ivyo bikamara igihe kirekire.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI:
Bunze ubumwe mu rukundo—Raporo y’ikoraniro rigirwa buri mwaka 3
Kwihanganira uguhemukirwa n’uwo mwubakanye 29