Ni kubera iki wogumana ugutungana kwawe?
‘Ncira urubanza, Yehova we, nk’uko ugutungana kwanje kuri.’—ZAB. 7:8, NW.
1, 2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bikunze gushika bibangamira ugutungana kw’umukirisu?
NIWIHE ishusho y’ibi bintu bitatu: Umuhungu umwe ariko aratyekezwa n’abanyeshure bigana. Bariko bagerageza kumusomborotsa kugira ngo ashavure, kumbure ace atukana canke arwane. None yoba aza kubasubiza, canke yoba aza kwigumya maze akigira? Umunega umwe ariko aragira ubushakashatsi bunaka kuri Internet ari wenyene i muhira. Kuri orodinateri yiwe haciye hibonekeza amakuru amuremesha kwinjira mu muhora umwe urimwo ibintu vy’ubuhumbu. Yoba aza kwoshwa maze agaca yinjira muri uwo muhora, canke yoba aza gufata ingingo yo kuwirinda? Umuvukanyikazi umwe ariko arayaga n’abandi bavukanyikazi igihe ico kiyago gihinduka kikaba kibi, maze kigacika urusaku rwerekeye umuvukanyikazi wo mw’ishengero. Yoba aza kugira uruhara muri ico kiyago kibi, canke yoba aza kugerageza gutuma bahindura ivyo bariko baraganirako?
2 Naho ivyo bintu bitandukanye, hariho ikintu bihuriyeko. Vyose birerekana ko umukirisu bimubera urugamba kuguma afise ugutungana. Woba uguma uzirikana ku gutungana kwawe igihe uhanganye n’ibikuraje ishinga, igihe uri n’ivyo ukeneye be n’igihe wishingira imigambi mu buzima? Ku musi ku musi, usanga abantu baguma barazwa ishinga n’ukuntu basa, amagara yabo, ingorane z’ukuronka icorirenza, ubucuti bafitaniye n’abandi buza burahindagurika, uyu musi bukamera neza ejo bukamera nabi, kumbure bakanarazwa ishinga n’ivy’urukundo. Twoshobora gusanga ivyo bintu ari vyo twashizeko umutima cane. Ariko none, ni igiki Yehova yitwararika bimwe bidasanzwe igihe asuzuma imitima yacu? (Zab. 139:23, 24) Ni ugutungana kwacu.
3. Ni ingabirano izihe Yehova yaduhaye, kandi ni ibiki tuza kurimbura muri iki kiganiro?
3 Yehova, we Mutanzi w’“ingabirano nziza yose be n’impano itunganye yose,” yarahaye umwe wese muri twebwe ingabirano zitandukanye. (Yak. 1:17) Ni we dukesha mwene izi ngabirano: Umubiri, umuzirikanyi, amagara, be n’ububangukirwe bw’uburyo butandukanye. (1 Kor. 4:7) Yamara rero, Yehova ntaduhata na gato ngo tugaragaze ugutungana. Aratureka tukihitiramwo niba tuzotsimbataza iyo kamere. (Gus. 30:19) Turakeneye rero gusuzuma ugutungana ico ari co. Turaza kandi kurimbura imvo zitatu zituma iyo kamere iba iyihambaye cane.
Ugutungana ni iki?
4. Ugutungana gusobanura iki, kandi twokwigira iki kw’itegeko Yehova yatanze ryerekeye ibitungwa vyatangwako ibimazi?
4 Abantu benshi basa n’abadatahura neza ico ugutungana bisobanura. Nk’akarorero, igihe abanyapolitike bishimira ugutungana kwabo, akenshi basa nk’aho baba bashaka kuvuga ko ari inzirabugunge. Iyo kamere irahambaye, ariko ni umuce umwe gusa mu yigize kamere yo gutungana. Twisunze ukuntu iryo jambo rikoreshwa muri Bibiliya, ugutungana gusobanura ukuba uwutagira agahaze canke uwuroranye mu vy’inyifato runtu. Amajambo yo mu giheburayo afitaniye isano n’ijambo “ugutungana” akomoka kw’ijambo risobanura ikintu kiroranye, kitagira agahaze canke kitagira akanenge. Rimwe ryose muri ayo majambo rirakoreshwa ku bijanye n’ibimazi vyashikanirwa Yehova. Igitungwa catangwako ikimazi cemerwa na Yehova igihe gusa caba kitagira akanenge. (Soma Abalewi 22:19, 20.) Yehova yarakariye cane abirengagije ubuyobozi yatanze mu gushikana ibimazi vy’ibitungwa bicumbagira, birwaye, canke bihumye.—Mal. 1:6-8.
5, 6. (a) Ni uburorero ubuhe bwerekana yuko akenshi usanga duha agaciro ikintu kitagira agahaze? (b) Ku vyerekeye abantu b’abanyagasembwa, ugutungana kwoba gusobanura ukutagira agasembwa? Sigura.
5 Ibijanye n’ukurondera be n’uguha agaciro ikintu kitagira akanenge canke agahaze, si ikintu gitangaje. Nk’akarorero, niwihe ishusho y’umuntu akunda kurondera hirya no hino ibitabu azi ko bifise akamaro, akaba aronse igitabu c’agaciro yari amaze igihe kirekire arondera, mugabo agaca asanga hari impapuro z’agaciro zitari nke gihajije. Kubera ukuvunika umutima, yoshobora guca agisubiza aho cari kiri. Canke na ho, niwihe ishusho y’umukenyezi ariko ararondera amagi mw’isoko. Kubera ugutangarira ubwinshi be n’ubwiza bw’ayo magi, aza arunama kugira ngo yihweze rimwerimwe muri yo. None ni amagi ameze gute aza gutwara? Aza gutwara ayatagira akanenge, atarononekara. Mu buryo busa n’ubwo, Imana irondera abantu bafise iyo kamere yo kuba abatagira akanenge canke agahaze.—2 Ngo. 16:9.
6 Ariko rero, woshobora kwibaza niba ugutungana gusaba ko umuntu aba uwutagira agasembwa. Kubera ko icaha be n’agasembwa vyatumye tuba abononekaye, twoshobora kwiyumvira yuko hari ukuntu tumeze nk’igitabu gihajije impapuro canke irigi ryononekaye. Vyoba bishika nawe ukumva umerewe gutyo? Nuhere amazinda ko Yehova atitega ko tuba abatunganye ijana kw’ijana. Ntiyigera atwitegako ivyo tudashoboye.a (Zab. 103:14; Yak. 3:2) Naho biri ukwo, yiteze ko tuguma dufise ugutungana. None hoba hariho itandukaniro hagati y’ukutagira agasembwa be n’ugutungana? Ririho nyene. Reka tubitangire akarorero: Hari umusore akunda inkumi akaba ategekanya kuzokwubakana na yo. Ntivyoba biranga ubukerebutsi yiteze ko iyo nkumi iba iyitagira agasembwa. Ariko rero, vyoba biranga ubukerebutsi yiteze ko imukunda n’umutima wayo wose, ni ukuvuga, ikamukunda itamubangikanije. Mu buryo busa n’ubwo, Yehova ni “Imana isaba ukwiheberwa yonyene gusa.” (Kuv. 20:5, NW) Ntiyiteze ko tuba abatagira agasembwa, ariko yiteze ko tumukunda n’umutima wacu wose, akaba ari we dusenga wenyene.
7, 8. (a) Yezu yatanze akarorero akahe mu bijanye n’ugutungana? (b) Twisunze ico Ivyanditswe bivuga, ugutungana bisobanura iki vy’ukuri?
7 Twoshobora kuba twibuka inyishu Yezu yatanze igihe bamubaza ibwirizwa riruta ayandi yose iryo ari ryo. (Soma Mariko 12:28-30.) Yezu ntiyatanze inyishu gusa ahubwo yabayeho yisunga ivyo yavuze muri iyo nyishu. Yaratanze akarorero ntangere mu bijanye no gukunda Yehova n’umuzirikanyi wiwe wose, n’umutima wiwe wose, n’ubuzima bwiwe bwose be n’inkomezi ziwe zose. Yarerekanye ko ugutungana kutagaragarira mu jambo gusa ariko ko kugaragarira mu bikorwa umuntu akora abitumwe n’imvo zityoroye. Igihe tugumye dufise ugutungana bituma dukurikira intambuko za Yezu.—1 Pet. 2:21.
8 Ng’uku uko Ivyanditswe bisobanura ugutungana kwacu: Ni ukwihebera Yehova Imana ari mw’ijuru, ukihebera ivyo yavuze ko agomba be n’umugambi wiwe ubigiranye umutima wawe wose. Kuguma dufise ugutungana bisobanura yuko mu buzima bwacu bwa misi yose, turondera imbere ya vyose guhimbara Yehova Imana, ivyo ashira imbere bikaba ari vyo natwe dushira imbere mu buzima bwacu. Nimuze turimbure imvo zitatu zifasha kubona igituma ico kintu gihambaye cane.
1.Ugutungana kwacu be n’ikibazo c’uwukwiye kuba Segaba
9. Ugutungana kwacu gufitaniye isano gute n’ikibazo c’uwukwiye kuba Segaba w’ijuru n’isi?
9 Ubusegaba bwa Yehova ntiburiho kubera ugutungana kwacu. Ubusegaba bwiwe buratunganye, bwamaho kandi bukwiye hose. Bizokwama ari ukwo biri naho ibiremwa vyose vyovuga iki canke bigakora iki. Yamara rero, ubusegaba bw’Imana bwarasizwe iceyi bimwe vy’akamaramaza mw’ijuru no kw’isi. Ni co gituma ubukuru bwayo bukwiye kwemezwa imbere y’ibiremwa vyose bifise ubwenge, ni ukuvuga, bukagaragazwa ko bugororotse, butarenganya kandi burangwa urukundo. Twebwe Ivyabona vya Yehova turakunda kuyaga n’uwo ari we wese yipfuza kutwumviriza, ibijanye n’ubusegaba bw’Imana bukwiye hose. Ariko none dushobora gute kwerekana aho twebwe ubwacu duhagaze ku bijanye n’ico kibazo? Twerekana gute ko twahisemwo Yehova kugira ngo abe ari we atubera Segaba? Ni mu kuguma dufise ugutungana.
10. Ni ikirego ikihe Shetani yavyuye ku bijanye n’ugutungana kw’abantu, kandi wewe ubona wovyifatamwo gute?
10 Rimbura ukuntu ico kibazo cerekeye ugutungana kwawe. Ni nk’aho Shetani yavuze yuko ata muntu n’umwe ashobora gushigikira ubusegaba bw’Imana, ko ata n’umwe ashobora gukorera Yehova atabitumwe n’ubwikunzi. Imbere y’isinzi rinini ry’ibiremwa vy’impwemu, wa Mubesheranyi yabwiye Yehova ati: “Amagara akābwa ayandi! Mber’ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4) Urabona yuko Shetani atagarukirije ako gacokoro kuri wa mugororotsi Yobu gusa, ariko ko yemeje yuko ari ikintu cerekeye abantu bose muri rusangi. Birabereye kubona Bibiliya yita Shetani “umwagiriji w’abavukanyi bacu.” (Ivyah. 12:10) Aracokora Yehova mu kuvuga yuko ngo abakirisu, na wewe urimwo, batoshobora kuguma ari intahemuka. Shetani avuga yuko wohemukira Yehova kugira ngo ukize igufa. Wumva none umerewe gute ku bijanye n’ibirego nk’ivyo biriko bicucakigirwa kuri wewe? None hamwe woronka akaryo ko kugaragaza ko Shetani ari umubeshi, ntiwobigira? Ivyo urashobora kubishikako mu kugumana ugutungana kwawe.
11, 12. (a) Ni uturorero utuhe twerekana ingene amahitamwo tugira mu bibazo duhura na vyo ku musi ku musi afitaniye isano n’ikibazo kijanye n’ugutungana kwacu? (b) Ni kubera iki ukuguma dufise ugutungana ari agateka?
11 Ico kibazo cerekeye ugutungana kwawe gituma rero inyifato ugira buri musi be n’amahitamwo ugira biba ibihambaye cane. Nusubire kuzirikana kuri vya bintu bitatu vyavugwa mu ntango. Ni igiki cokwemeza ko barya bantu uko ari batatu bafise ugutungana? Wa muhungu yariko aratyekezwa n’abo bigana arumva umengo yoca agera ingere ku yindi, ariko aribuka iyi ngabisho igira iti: “Ntimwihore, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake; kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhora ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’” (Rom. 12:19) Aciye yigira. Wa mugabo ariko arakoresha Internet yari gushobora kuraba ibintu bikabura inambu y’umubiri, ariko aciye yibuka ingingo ngenderwako iboneka mu majambo Yobu yavuze, igira iti: “Nasezeranye isezerano n’amaso yanje; none noshobora nte gushira ijisho ku mwigeme?” (Yobu 31:1) Muri ubwo buryo nyene, uwo mugabo arabuza amaso yiwe kwitegereza amashusho atabereye, akirinda ibintu mwene ivyo nk’aho bwoba ari ubumara. Wa muvukanyikazi yariko arayaga n’abandi maze akumva bavuga utujambo tw’insaku, arazibukira kubera yuko yibuka ubuyobozi bugira buti: “Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe mu vyiza ku bw’ukwubakwa kwiwe.” (Rom. 15:2) Urwo rusaku yari kuvuga ntirwubaka. Ntirwoshobora gutera iteka umuvukanyikazi wiwe eka kandi ntirwoshobora gutuma Se wiwe wo mw’ijuru ahimbarwa. Ku bw’ivyo aragumya ururimi rwiwe maze agahindura ivyo bariko barayagako.
12 Muri ivyo bintu vyose, umukirisu aragira ihitamwo risa nk’aho aba avuze ati: ‘Yehova ni we Mutegetsi wanje. Ndaza kugerageza gukora ibimuhimbara ku bijanye n’iki kibazo.’ Woba nawe ubigenza gutyo igihe ugira amahitamwo yawe bwite canke igihe ufata ingingo? Uramutse ubigize, urashobora vy’ukuri kubaho wisunga ya majambo y’inkoramutima dusanga mu Migani 27:11, agira ati: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.” Ese ukuntu ari agateka twatewe kuba dushobora kunezereza umutima w’Imana! Ntibibereye none ko twita ku rutare kugira ngo tugumane ugutungana kwacu?
2.Ni ikintu Imana yisunga mu guca imanza
13. Ivyo Yobu na Dawidi bavuze vyerekana gute yuko ugutungana ari kwo Yehova yisunga mu kuducira urubanza?
13 Turabona yuko ugutungana kudufasha gushigikira ubusegaba bwa Yehova. Ni co gituma ari ikintu Imana yisunga mu kuducira urubanza. Yobu yaratahura neza ukwo kuri. (Soma Yobu 31:6.) Yobu yari azi yuko Imana igera abantu bose ku “munzane w’ukuri,” ikoresheje ingingo ngenderwako zayo zitunganye kugira ngo irabe niba tuguma mu gutungana kwacu. Mu buryo busa n’ubwo, Dawidi yavuze ati: “Yehova ubwiwe azocira urubanza ibisata vy’abantu. Ncira urubanza, Yehova we, nk’uko ubugororotsi bwanje buri, nk’uko kandi ugutungana kwanje kwo muri jewe kuri. . . . Kandi Imana, yo igororotse, isuzuma umutima n’amafyigo.” (Zab. 7:8, 9; NW) Turazi yuko Imana iraba kure i bwina mu muntu w’imbere, ari wo “mutima n’amafyigo” vy’ikigereranyo. Ariko rero, turakeneye kwibuka ico irondera ico ari co. Nk’uko Dawidi yabivuze, Yehova aducira urubanza yisunze ugutungana kwacu.
14. Ni kubera iki tudakwiye kwigera twibwira yuko ukuba turi abanyagasembwa tukaba n’abacumuzi bitubuza kugumana ugutungana kwacu?
14 Niwihe ishusho Yehova Imana ariko arasuzuma imitima amamiliyaridi y’abantu muri kino gihe. (1 Ngo. 28:9) Ni kangahe asanga hariho umuntu aguma afise ugutungana kwa gikirisu? Emwe, bisa n’uko ari gake kabaho! Yamara rero, ntidukwiye kwibwira yuko turi babi cane ku buryo tutozigama ugutungana kwacu. Ahubwo nyabuna, nk’uko Dawidi na Yobu babigize, turi n’imvo zumvikana zo kwizigira yuko Yehova ashobora gusanga tukizigama ugutungana kwacu, naho turi abanyagasembwa. Uribuka yuko ukutagira agasembwa atari co kintu cemeza yuko tugumana ugutungana kwacu. Abantu batatu batagira agasembwa ni bo bonyene bigeze kuba ngaha kw’isi, kandi babiri muri bo, ari bo Adamu na Eva, barananiwe kuguma bafise ugutungana. Yamara rero, abantu amamiliyoni menshi b’abanyagasembwa barashoboye kubigira. Na wewe urabishoboye.
3.Ni ikintu nyamukuru ku bijanye n’icizigiro cacu
15. Dawidi yerekanye gute ko ugutungana ari kamere ihambaye ku bijanye n’icizigiro cacu ca kazoza?
15 Kubera yuko ugutungana ari co kintu Yehova yisunga kugira ngo aducire urubanza, kurahambaye cane mu bijanye n’icizigiro cacu ca kazoza. Dawidi yari azi ko ivyo ari ukuri. (Soma Zaburi 41:12.) Yaraha agaciro icizigiro yari afise c’uko Imana yomwitwararitse ikamuraba ryiza ibihe bidahera. Cokimwe n’abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe, Dawidi yari yizigiye kuzobaho ibihe bidahera, akabandanya kwiyegereza Yehova Imana igihe yobaye ariko aramusukurira. Dawidi yari azi yuko yobwirijwe kuzigama ugutungana kugira ngo icizigiro ciwe kiranguke. Muri ubwo buryo nyene, Yehova aradushigikira, akatwigisha, akatuyobora kandi akaduhezagira uko tubandanya kugumana ugutungana kwacu.
16, 17. (a) Ni kubera iki wiyemeje kwama na ntaryo wumiye ku gutungana kwawe? (b) Ni ibibazo ibihe ikiganiro gikurikira gica irya n’ino?
16 Icizigiro ni ntahara kugira ngo turonke agahimbare muri kino gihe. Kirashobora kuturonsa umunezero dukeneye kugira ngo tuvyifatemwo neza mu bihe bigoye. Icizigiro kandi kirashobora gukingira ivyiyumviro vyacu. Niwibuke ko Bibiliya isanisha icizigiro n’inkofero. (1 Tes. 5:8) Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe w’umusoda mu ntambara, icizigiro kirakingira umuzirikanyi wacu ivyiyumviro bibi bitera kwihebura Shetani akorereza muri iyi si ishaje igeze ahatemba. Nkako, ubuzima nta co buba bumaze igihe ata cizigiro dufise. Turakeneye kwisuzuma tutibesha, tukarimbura twitonze aho ugutungana kwacu kugera be n’icizigiro bijanye. Ntiwibagire ko mu kuguma ufise ugutungana uba uriko urashigikira ubusegaba bwa Yehova wongera uzigama icizigiro c’agaciro ca kazoza ufise. Ese wokwama nantaryo wumira ku gutungana kwawe!
17 Kubera ko ugutungana ari kamere ihambaye cane, hariho ibindi bibazo dukeneye kurimbura. Twotsimbataza gute ugutungana? Dushobora gute kukuzigama? Kandi ni igiki cokorwa bishitse hakagira umuntu ananirwa kukugumana? Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino ivyo bibazo.
[Utujambo tw’epfo]
a Yezu yavuze ati: “Mutegerezwa rero kuba abatunganye, nk’uko So wo mw’ijuru atunganye.” (Mat. 5:48) Birumvikana ko yatahura yuko n’abantu b’abanyagasembwa bashobora kuba abatagira ico bahajije canke abatunganye ku rugero runaka. Turashobora gushitsa itegeko ridusaba gukunda abandi duherejeko, gutyo tukanezereza Imana. Yamara rero, Yehova ni uwutunganye bimwe bitagira agahaze. Igihe ijambo “ugutungana” ryerekejwe kuri we, rica kandi risobanura ukutagira agasembwa.—Zab. 18:30.
Wokwishura gute?
• Ugutungana ni iki?
• Ugutungana gufitaniye isano gute n’ikibazo kijanye n’uwuri Segaba w’ijuru n’isi?
• Ni gute ugutungana gutuma tugira icizigiro ca kazoza?
[Ifoto ku rup. 4]
1.Ugutungana kwacu be n’ikibazo c’uwukwiye kuba Segaba
[Ifoto ku rup. 5]
Ugutungana kwacu kurahura n’ingorane nyinshi zo mu buzima bwa misi yose
[Ifoto ku rup. 6]
2.Ni ikintu Imana yisunga mu guca imanza
[Ifoto ku rup. 6]
3. Ni ikintu nyamukuru ku bijanye n’icizigiro cacu