ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/12 rup. 16-17
  • Igituma Dawidi ata bwoba yari afise

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma Dawidi ata bwoba yari afise
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Dawidi ntiyagira ubwoba
    Niwigishe abana bawe
  • Dawidi na Goliyati
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Dawidi na Goliyati
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • ‘Urugamba ni urwa Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/12 rup. 16-17

Niwigishe abana bawe

Igituma Dawidi ata bwoba yari afise

VYOBA biragushikira ukagira ubwoba?​—a Abenshi muri twebwe birabashikira rimwe na rimwe. None igihe ufise ubwoba, wokora iki?​— Urashobora kurondera imfashanyo ku muntu akuze kandi akomeye kugusumba. Kumbure mama wawe canke papa wawe barashobora kugufasha. Turashobora kwigira ibintu vyinshi kuri Dawidi ku bijanye n’aho tworonderera imfashanyo. Yaririmbiye Imana ati: “Nzokwizigira. . . . Imana ni yo nizigiye, sinzotinya.”​—Zaburi 56:3, 4.

Wibaza ko Dawidi yigiye kuri nde ivyo kudatinya? Ku bavyeyi biwe?​— Birashoboka. Se wiwe, ari we Yese, yari sekuruza w’umwizigirwa wa Yezu Kristu, “Umukama w’amahoro” Imana yari yarasezeranye. (Yesaya 9:6; 11:1-3, 10) Se wa Yese, ni ukuvuga sekuru wa Dawidi, yari Obedi. Hariho igitabu co muri Bibiliya citirirwa nyina wa Obedi. Woba uzi izina ryiwe?​— Yitwa Rusi, uno akaba yari umukenyezi w’intahemuka yari afise umugabo yitwa Bowazi.​—Rusi 4:21, 22.

Ni ivy’ukuri yuko Rusi na Bowazi bapfuye kera cane imbere yuko Dawidi avuka. Woshobora kuba uzi izina rya nyina wa Bowazi, ni ukuvuga inakuruza wa se wa Dawidi. Yaba i Yeriko kandi yarafashije mu kurokora Abisirayeli bamwe bari baje kuhatata. Igihe impome z’i Yeriko zasenyuka, umuryango wiwe warakingiwe kubera yuko yari yamanitse kw’idirisha ryiwe umugozi utukura ukayangana. Yitwa nde?​— Yitwa Rahabu, uno akaba yahavuye aba umusavyi wa Yehova, kandi ni akarorero abakirisu bokwigana mu bijanye n’uburindutsi.​—Yosuwa 2:1-21; 6:22-25; Abaheburayo 11:30, 31.

Turashobora kwemera tudakeka ko se wa Dawidi be na nyina wiwe, bamwigishije ibintu vyose bijanye n’abo basavyi ba Yehova b’abizigirwa kubera yuko ico gihe abavyeyi bategekwa kwigisha abana babo mwene ivyo bintu. (Gusubira mu vyagezwe 6:4-9) Harageze igihe umuhanuzi w’Imana Samweli ategekwa guhitamwo Dawidi, umuhungu w’umuhererezi wa Yese, ngo abe ari we azoba umwami wa Isirayeli.​—1 Samweli 16:4-13.

Umusi umwe, Yese ararungika Dawidi ngo ashire imfungurwa bakuruwe batatu bari ku rugamba kurwanya abansi b’Imana, bano bakaba bari Abafilisitiya. Dawidi ashitse, ariruka yerekeza aho ingabo ziri maze akumva ca kigatanya Goliyati kiriko kiracokora “ingabo z’Imana nzima.” Bose baratinya kwemera ivyo Goliyati avuga abacokora ngo hagire uwuza kurwana na we. Umwami Sauli arumva ko Dawidi yemeye kugenda kurwana na we, agaca amuhamagara. Ariko Sauli abonye Dawidi, avuga ati: ‘Uracari umwana.’

Dawidi arasigurira Sauli yuko yishe intambwe be n’idubu vyagerageje gutwara intama zo mu muryango wabo. Dawidi avuga ko na Goliyati “azopfa nka kimwe muri vyo.” Sauli yishura ati: “Nuko genda; Uhoraho abane nawe.” Dawidi aratora amabuye atanu yiburungushuye, akayashira mu gasaho kiwe k’abungere, agatora umugozi wiwe, maze agaca aja kurwana na ca kigatanya. Goliyati abonye agahungu kakiri gato ari ko kaje, asemerera ati: “Ngwino nkubāgire ibisīga.” Dawidi yishura ati: “Jewe nje kukurwanya mw izina [“rya Yehova,” NW],” maze agaca asemerera ati: “Ngira nkwice.”

Dawidi aca yiruka yerekeza aho Goliyati ari, agakura ibuye rimwe muri ka gasaho kiwe, akarishira muri wa mugozi wiwe, maze akaritera Goliyati rigaca rimugema mu gahanga. Abafilisitiya babonye ko ca kigatanya gipfuye, baratekerwa n’ubwoba bagaca bahunga. Abisirayeli baraboma inyuma maze bagatsinda urugamba. Turagusavye usomere hamwe n’umuryango wawe iyo nkuru yose muri 1 Samweli 17:12-54.

Kubera yuko ukiri muto, woshobora rimwe na rimwe kugira ubwoba bwo gukurikiza amategeko y’Imana. Yeremiya yari uwukiri muto kandi yabanje kugira ubwoba, ariko Imana yamubwiye iti: “Ntuz’ugire ubgoba . . . kuko nzoba ndi kumwe nawe.” Yeremiya yaratsinze ubwoba maze aramamaza nk’uko Imana yamutegetse kubigira. Nk’ukwo kwa Dawidi na Yeremiya, nimba wizigira Yehova, na wewe nyene urashobora kwiga kutagira ubwoba.​—Yeremiya 1:6-8.

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’abana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukerekeza ivyo bibazo kuri bo.

Ibibazo:

  • Igihe Goliyati yacokora ingabo z’Imana, Dawidi yagize iki?

  • Dawidi yatsinze gute Goliyati?

  • Dushobora gute kwiga kutagira ubwoba muri kino gihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika