Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mw’ikete rya Yakobo no mu makete ya Petero
HACIYE hafi imyaka nka 30 Pentekoti yo mu 33 G.C. ibaye, umwigishwa Yakobo, uno akaba yari asangiye nyina na Yezu, arandikira ikete “imiryango cumi n’ibiri” ya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Yak. 1:1) Intumbero yiwe ni iyo kubahimiriza ngo bakomere mu kwizera kandi bihangane igihe bashikiwe n’ibigeragezo. Aratanga kandi impanuro kugira ngo akosore ibintu bitesha umutwe bimaze gutsimbatara mu mashengero.
Gatoyi imbere y’uko Umwami w’abami w’Umuroma Nero agira isekeza ryo guhama abakirisu mu 64 G.C., intumwa Petero arabandikira ikete ryiwe rya mbere, abaremesha ngo bahagarare bashikamye mu kwizera. Mw’ikete ryiwe rya kabiri, iryo yanditse inyuma y’aho yandikiye iryo rya mbere, Petero araremesha abo basangiye ukwemera ngo bitwararike ijambo ry’Imana akongera akababurira ku bijanye n’ukuza kw’umusi wa Yehova. Mu vy’ukuri, turashobora kwungukira ku gushira umutima ku butumwa buri muri iryo kete rya Yakobo no muri ayo ya Petero.—Heb. 4:12.
IMANA IRARONSA UBUKEREBUTSI ‘ABABUSABA BIZEYE’
Yakobo yandika ati: “Hahiriwe umuntu aguma yihanganiye ikigeragezo, kuko niyashimwa azoronka urugori rw’ubuzima.” ‘Abaguma basaba bizeye,’ Yehova arabaronsa ubukerebutsi bakeneye kugira ngo bihanganire ibigeragezo.—Yak. 1:5-8, 12.
‘Abacika abigisha’ mw’ishengero na bo nyene barakeneye ukwizera n’ubukerebutsi. Ahejeje kwerekana ko ururimi ari “agahimba gatoyi” gashobora ‘gutosekaza umubiri wose,’ Yakobo aratuburira ku bijanye n’impengamiro zo mw’isi zishobora kwonona ubucuti umuntu afitaniye n’Imana. Arerekana kandi intambwe umuntu wese arwaye mu vy’impwemu akwiye gutera kugira ngo akire.—Yak. 3:1, 5, 6; 5:14, 15.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:13—Ni mu buryo ki ‘imbabazi zihaya ku rubanza zigina intsinzi’? Igihe biba bibaye ngombwa ko tubazwa n’Imana ku bitwerekeye, irafatira ku mbabazi twagiriye abandi maze ikatubabarira yishimikije inkuka y’incungu y’Umwana wayo. (Rom. 14:12) Iyo none si imvo imwe yotuma kugira imbabazi biba kamere yiganje mu buzima bwacu?
4:5—Ni icanditswe ikihe ngaha Yakobo ariko asubiramwo mu majambo? Nta canditswe kandondwa na kimwe Yakobo ariko arasubiramwo mu majambo. Ariko, ayo majambo yahumetswe n’Imana ashobora kuba ashingiye ku ciyumviro co muri rusangi giseruka muri ibi vyanditswe: Itanguriro 6:5; 8:21; Imigani 21:10; n’Abagalatiya 5:17.
5:20—“Uwugaruye umucumuzi akava mu buzimire bw’inzira yiwe,” ni ubuzima bwa nde azokiza urupfu? Umukirisu agaruye umucumuzi akava mu ngendo yo gukora ibicumuro, aba akijije ubuzima bw’uwo muntu yigaye urupfu rwo mu buryo bw’impwemu kandi kumbure akabukiza ukurandurwa kw’ibihe vyose. Uwo muntu afasha umucumuzi muri ubwo buryo “azopfuka [kandi] ibicumuro indiri” vy’uwo mucumuzi.
Ivyigwa tuhigira:
1:14, 15. Igicumuro gitangurira ku vyipfuzo bibi. Ku bw’ivyo rero, ntidukwiye kwitsimbatazamwo ivyipfuzo bibi mu kuguma tuvyiyumvira. Ahubwo riho, dukwiye ‘kubandanya twiyumvira’ ibintu vyubaka, akaba ari vyo twuzuza mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu.—Flp. 4:8.
2:8, 9. “Kugira nkunzi” birateye ku biri na “rya tegeko ry’i bwami” ry’urukundo. Ni co gituma abakirisu b’ukuri batagira nkunzi.
2:14-26. ‘Dukizwa biciye mu kwizera,’ ntidukizwa ‘bivuye ku bikorwa’ vy’Itegeko rya Musa canke ivyo twebwe abakirisu turangura. Ukwizera kwacu gukwiye kutaba ukwo ku karimi gusa. (Ef. 2:8, 9; Yoh. 3:16) Gukwiye kutuvyurira umutima wo gukora ivyo Imana igomba.
3:13-17. Ata gukeka, “ubukerebutsi buva hejuru” buraruta ubukerebutsi bwo “kw’isi, bw’ibikoko, bw’amadayimoni.” Turakwiye ‘kuguma turondera ubukerebutsi buva ku Mana nka kurya kw’amatunga yanyegejwe.’—Imig. 2:1-5, NW.
3:18. Urubuto rw’inkuru nziza y’Ubwami “rubibwa mu mahoro ku bariko baremesha amahoro.” Birahambaye yuko tuba abaremesha amahoro aho kuba abanyabwibone, abanyabihari canke abatera akajagari.
‘DUHAGARARE DUKOMEYE MU KWIZERA’
Petero aributsa abo basangiye ukwemera ibijanye n’“icizigiro kizima” bafise co kuzoronka intoranwa mw’ijuru. Petero ababwira ati: “Mwebwe muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda.’” Ahejeje gutanga impanuro zidomako zijanye n’ukuyoboka, arahimiriza bose ngo ‘bahuze ivyiyumviro, bagira impuhwe, bagira igishika ca kivukanyi, bagira impuhwe z’ikibabarwe, bicisha bugufi mu muzirikanyi.’—1 Pet. 1:3, 4; 2:9; 3:8.
Kubera ko ‘umuhero w’ibintu [vy’Abayuda] wegereje,’ Petero arahanura abavukanyi ngo ‘babe abaroranye mu muzirikanyi kandi barikanure ku bw’amasengesho.’ Ababwira ati: “Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso. . . . Murwanye [Shetani], mukomeye mu kwizera.”—1 Pet. 4:7; 5:8, 9.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
3:20-22—Ibatisimu idukiza gute? Ibatisimu ni igisabwa ku barondera ubukiriro. Ariko rero, ibatisimu ubwayo si yo idukiza. Ubukiriro mu vy’ukuri buboneka “biciye kw’izuka rya Yezu Kristu.” Umuntu yiteguriye kubatizwa ategerezwa kwizera yuko ubukiriro bushoboka gusa kubera ko Yezu yapfuye urupfu rwo kwitangako inkuka, ko yazuwe kandi ko “ari iburyo bw’Imana,” akaba afise ubukuru ku bazima n’abapfuye. Ibatisimu ishingiye kuri ukwo kwizera ni yo igereranya ‘abantu umunani, bakijijwe biciye mu mazi.’
4:6—Abo “bapfuye” bamenyeshejwe “inkuru nziza” ni bande? Abo bari ‘abapfiriye mu makosa yabo n’ibicumuro vyabo,’ canke abari barapfuye mu buryo bw’impwemu, imbere y’uko bumva inkuru nziza. (Ef. 2:1) Ariko, inyuma y’aho bizereye inkuru nziza, baratanguye kuba “bazima” mu buryo bw’impwemu.
Ivyigwa tuhigira:
1:7. Kugira ngo ukwizera kwacu kugire agaciro kanini, gutegerezwa kuba gufise agaciro kagejejwe. Ukwizera gukomeye mwene ukwo mu vy’ukuri ‘kurazigama ubuzima.’ (Heb. 10:39) Dutegerezwa kudasubira inyuma ngo duhunge ibigerageza ukwizera kwacu.
1:10-12. Abamarayika baripfuje kwihweza bitonze no gutahura ukuri kwimbitse kwo mu vy’impwemu abahanuzi b’Imana ba kera banditse ku bijanye n’ishengero rya gikirisu ry’abasizwe. Ariko rero, ukwo kuri kwashizwe ahabona igihe gusa Yehova yatangura gukorana n’iryo shengero. (Ef. 3:10) Ntidukwiye none kwigana ako karorero k’abamarayika, maze tukihata kugira dusesangure “ibintu vyimbitse vy’Imana”?—1 Kor. 2:10.
2:21. Mu kwigana Yezu Kristu we Karorero kacu, turakwiye kwemera kubabazwa gushika mbere no ku rupfu kugira ngo dushigikire ubusegaba bwa Yehova.
5:6, 7. Igihe dutereye amaganya yacu kuri Yehova, aradufasha kuguma dushira imbere ugusenga kw’ukuri mu buzima bwacu, aho kurazwa ishinga birenze urugero n’ibizoba ejo.—Mat. 6:33, 34.
“UMUSI WA YEHOVA UZOZA”
Petero yandika ati: “Ubuhanuzi [n]ta gihe bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” Kwitwararika ijambo ry’ubuhanuzi birashobora kudukingira “abigisha b’ikinyoma” be n’abandi bantu bonona.—2 Pet. 1:21; 2:1-3.
Petero agabisha ati: “Mu misi ya nyuma hazoza abashinyaguzi n’agashinyaguro kabo.” Yamara “umusi wa Yehova uzoza nk’igisuma.” ‘Abarindiriye kandi bamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’uwo musi,’ Petero asozera ikete ryiwe mu kubaha impanuro yumvikana.—2 Pet. 3:3, 10-12.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:19—“Inyenyeri y’umutwenzi” ni nde, aseruka ryari, kandi tumenya gute ko ivyo vyabaye? Iyo “nyenyeri y’umutwenzi” ni Yezu Kristu ari mu bubasha bw’Ubwami. (Ivyah. 22:16) Mu 1914, Yezu yaraserutse imbere y’ivyaremwe vyose ari Mesiya Umwami, aramenyekanisha ko umusi mushasha utamanzuye. Kwa guhinduka ukundi kwa Yezu kwaratumye ubuninahazwa be n’ububasha bw’Ubwami yogize vyibonekeza imbere y’igihe, ivyo biba bihishuye ko ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ari iryo kwizigirwa. Gushira umutima kuri iryo jambo biramurikira imitima yacu, maze bigatuma tumenya neza yuko iyo Nyenyeri yo mu mutwenzi yamaze guseruka.
2:4—“Tarutaro” ni iki, kandi ni ryari abamarayika b’abagarariji bayijugunyiwemwo? Tarutaro ni imero yo kuba nka kurya kw’uwupfunzwe, ikaba idashirwamwo abantu, ariko ikaba ishirwamwo gusa ibiremwa vy’impwemu. Ni ukuba mu mwiza w’umuzitanya ku vyerekeye imigambi ikayangana y’Imana. Abari muri Tarutaro ntibagira icizigiro ca kazoza namba. Imana yajugunye abo bamarayika b’abagambarazi muri Tarutaro mu gihe ca Nowa, kandi bazoguma muri iyo mero yo gushirwa hasi gushika baranduwe.
3:17—Petero yashaka gusobanura iki igihe yavuga ngo “musanzwe muzi ivyo”? Petero yariko yerekeza ku vyo abakirisu bari basanzwe bazi ku bijanye n’ivyari biraririye gushika, we hamwe n’abandi banditsi ba Bibiliya bakaba bari babihawe biciye ku guhumekerwa. Kubera ko ubwo bumenyi bwari n’aho bugarukira, kubugira ntivyatumye abakirisu bo mu ntango bamenya ibintu vyose vy’ido n’ido ku bijanye n’ivyari biraririye gushika. Bari bafise gusa iciyumviro co muri rusangi c’ivyo bari gushobora kwitega.
Ivyigwa tuhigira:
1:2, 5-7. Uretse ko kwihata tubigiranye ubwira kugira ngo dutsimbataze kamere nk’ukwizera, ukwihangana be n’ukwihebera Imana bidufasha kwongereza “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana n’ubwerekeye Yezu,” birashobora kandi gutuma ‘tutaba abantu ata co bakora canke barumvye’ ku bijanye n’ubwo bumenyi.—2 Pet. 1:8.
1:12-15. Kugira ngo tugume “[du]shinzwe bimwe bishikamye mu kuri,” turakeneye ivyibutswa bihozako, nka birya turonka biciye ku makoraniro y’ishengero, ku kwiyigisha no ku gusoma Bibiliya.
2:2. Turakwiye kwiyubara kugira ngo inyifato yacu ntisige iceyi Yehova n’ishirahamwe ryiwe.—Rom. 2:24.
2:4-9. Twihweje ivyo Yehova yakoze muri kahise, turashobora kwemera tudakeka ko “[azi] kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana, mugabo akamenya kubikira abantu batagororotse umusi w’urubanza ngo barandurwe.”
2:10-13. Naho “abanyabuninahazwa,” ni ukuvuga abakurambere bakirisu, bakora amakosa kandi bishika bagahuba, dutegerezwa kutabavuga nabi.—Heb. 13:7, 17.
3:2-4, 12. Kwitwararika cane “amajambo yavuzwe kera n’abahanuzi beranda na rya bwirizwa ry’Umukama akaba n’Umukiza” bizodufasha kuguma tubona ko umusi wa Yehova wegereje.
3:11-14. Twebwe ‘abarindiriye kandi bamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova,’ dutegerezwa (1) ‘kuba beranda mu ngeso’ zacu, tukaguma tudahumanye ku mubiri, mu bwenge, mu nyifato runtu no mu vy’impwemu; (2) kugwiza ibikorwa bigaragaza “ukwihebera Imana,” nk’ibijanye na ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa; (3) kuguma dufise inyifato be na kamere ‘bitagira agatosi,’ bitandujwe n’isi; (4) ‘kutagira ikirabagu,’ tugakora ibintu vyose tubitumwe n’imvo zityoroye; be no (5) kuba “mu mahoro,” ni ukuvuga kugiranira amahoro n’Imana, abavukanyi bacu be n’abantu nkatwe.