Nushire ku Mutima Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana
“Turafise ijambo ry’[“ubuhanuzi,” “NW”], ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’umutima.”—2 PETERO 1:19.
1, 2. Ni akarorero akahe ka mesiya w’ikinyoma woshobora kwigana?
MU BINJANA n’ibindi, ba mesiya b’ikinyoma baragerageje kubura ibizoba. Mu kinjana ca gatanu G.C., hari umugabo yiyita Musa yemeje Abayuda bo mw’izinga ry’i Kirete ko yari mesiya n’uko yobakuje mu gacinyizo. Ku musi washinzwe wo kubohorwa kwabo, baramukurikiye gushika ahantu hakirurutse hejuru y’Ikiyaga Mediterane. Yavuze yuko bari bakwiye gusa kwita muri ico kiyaga, maze kikigaburamwo kubiri imbere yabo. Benshi cane muri abo bidwibitse muri ayo mazi barasomye nturi, uwo mesiya w’ikinyoma na we aca aranyika.
2 Mu kinjana ca 12, hari “mesiya” yadutse mu gihugu c’i Yemeni. Kalifu, ni ukuvuga umutegetsi w’aho, yaramusavye ikimenyetso kigaragaza ko ari mesiya. Uyo “mesiya” yatanze iciyumviro c’uko uwo kalifu yomucisha umutwe. Yabuye yuko yoca azuka ubwo nyene bikababera ikimenyetso. Uwo kalifu yaremeye uyo mugambi, maze ivy’uyo “mesiya” biherera aho.
3. Mesiya nyakuri ni nde, kandi ubusuku bwiwe bwagaragaje iki?
3 Ba mesiya b’ikinyoma n’ubuhanuzi bwabo ntaco bivamwo na gato, mugabo nta muntu yigera ataha zirayoye igihe ashira ku mutima ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana. Mesiya w’ukuri ari we Yezu Kirisitu, yari iranguka rizima ry’ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya. Nk’akarorero, mu gusubiramwo ubuhanuzi bwa Yesaya, umwanditsi w’Injili Matayo yanditse ati: “Igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali, aherekeye ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya h’abanyamahanga, abantu bāri bicaye mu mwiza, babonye umuco mwinshi, kand’abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo, umuco urasiye kuri bo. Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi.“ (Matayo 4:15-17; Yesaya 9:1, 2) Yezu ni we yari uwo “muco mwinshi,” kandi ubusuku bwiwe bwagaragaje ko yari wa Muhanuzi yabuwe na Musa. Abokwanka gutega ugutwi Yezu bosanganguwe.—Gusubira mu Vyagezwe 18:18, 19; Ivyakozwe 3:22, 23.
4. Yezu yaranguye gute Yesaya 53:12?
4 Yezu yararanguye kandi amajambo y’ubuhanuzi yo muri Yesaya 53:12 agira ati: “Yasutse ubugingo bgiwe, akageza ku gupfa, agaharūranwa n’abanyabicumuro: yamar’ubgiwe yishizekw icaha ca benshi, kand’asabira abanyabicumuro.” Kubera ko Yezu yari azi yuko hasigaye igihe gito ngo atange ubuzima bwiwe kw’incungu, yarakomeje ukwizera kw’abigishwa biwe. (Mariko 10:45) Ivyo yabigize mu buryo bwibonekeje biciye kuri kwa guhinduka ukundi.
Kwa Guhinduka Ukundi Kurakomeza Ukwizera
5. Ukoresheje amajambo yawe bwite, wodondora gute kwa guhinduka ukundi?
5 Kwa guhinduka ukundi cari ikintu menyeshakazoza kibaye. Yezu yavuze ati: “Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; . . . Ndababgire ukuri: Mur’aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.” (Matayo 16:27, 28) Mu vy’ukuri none, hoba hariho zimwe mu ntumwa zabonye Yezu aza mu Bwami bwiwe? Muri Matayo ikigabane ca 17:1-7 havuga hati: “Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na mwene nyina Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene. Ahinduka ukundi imbere yabo.” Ese ukuntu hari habaye ikintu c’akaroruhore! “Mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco. Maze Mose na Eliya barababonekera, bavugana na we.” Ikindi, “igicu gikayangana, [carabateye] igitūtu,” bongera bumva ijwi ry’Imana ubwayo rigira riti: “Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve. Abigishwa bavyumvise, bubama hasi baratinya cane. Yesu arabēgēra, abakorako, ati Ve hasi, ntimutinye.”
6. (a) Ni kuki kwa guhinduka ukundi Yezu yakwise iyerekwa? (b) Kwa guhinduka ukundi kwari intangamarara y’iki?
6 Birashoboka ko ico kintu cabaye giteye akoba coba cabereye kuri imwe mu mpinga z’Umusozi Herumoni, aho Yezu n’izo ntumwa zitatu bamaze iryo joro. Bigaragara yuko ukwo guhinduka ukundi kwabaye mw’ijoro, ivyo bituma habengagira bimwe bidasanzwe. Imvo imwe yatumye Yezu avyita iyerekwa ni uko abo bari bamaze igihe kirekire barapfuye, ari bo Musa na Eliya, batari bahari buhabe. Kirisitu wenyene ni we yari ahari vy’ukuri. (Matayo 17:8, 9) Ukwo kurabagirana kwatumye Petero, Yakobo na Yohani babona mu buryo butangaje intangamarara y’ukuhaba kwa Yezu afise ubuninahazwa mu bubasha bw’Ubwami. Ivya Musa na Eliya birangukira ku baraganwa na Yezu basizwe, kandi iryo yerekwa ryashimitse bikomeye ku ntahe Yezu yashinze ku vyerekeye Ubwami no ku kuba Umwami kwiwe muri kazoza.
7. Tuzi gute ko Petero yibuka neza ivya kwa guhinduka ukundi?
7 Ukwo guhinduka ukundi kwarafashije gukomeza ukwizera kw’izo ntumwa zitatu zari ziraririye kugira uruhara rw’ubuyobozi mw’ishengero rya gikirisu. Mu maso ha Kirisitu haca ibibatsi, impuzu ziwe zikayangana be n’ijwi ry’Imana ubwayo ryatangaje yuko Yezu ari Umwana wayo mukundwa bakwiye kwumvira—ivyo vyose vyarashikije intumbero yavyo mu buryo kirumara cane. Mugabo izo ntumwa nta muntu n’umwe zari zikwiye kwiganira ivy’iryo yerekwa gushika aho Yezu yozukiye. Inyuma y’imyaka nka 32, Petero yari acibuka neza ivy’iryo yerekwa. Yaradomye urutoke kuri ryo no ku co risobanura, yandika ati: “Kuko tutākurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no [kuhaba] kwiwe; ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye. Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara. Iryo jwi twaryumvise rivuye mw’ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera.”—2 Petero 1:16-18.
8. (a) Ivyo Imana yatangaje vyerekeye Umwana wayo vyashimika ku biki? (b) Ca gicu caseruka muri kwa guhinduka ukundi cerekanye iki?
8 Ivyari ngirakamaro cane ni ivyo Imana yatangaje igira iti: “Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.” Ayo majambo ashimika kuri Yezu bwa Mwami yimitswe w’Imana, uwo ivyaremwe vyose bitegerezwa kugamburukira. Ico gicu cabatwikiriye cerekana yuko iranguka ry’iryo yerekwa ryari kuzoba mu buryo butaboneka. Ryoshoboye kubonwa gusa n’amaso yo gutahura n’abokwemeye icese “ikimenyetso” c’ukuhaba mu buryo butaboneka kwa Yezu mu bubasha bw’Ubwami. (Matayo 24:3) Mu vy’ukuri, kubona Yezu yarabihanikirije kugira uwo babwira ivy’iryo yerekwa gushitsa aho azukira mu bapfuye, bigaragaza ko ugushirwa hejuru kwiwe n’ukuninahazwa kwiwe vyoje inyuma y’izuka ryiwe.
9. Ni kuki kwa guhinduka ukundi gukwiye gukomeza ukwizera kwacu?
9 Petero amaze kwerekeza kuri ukwo guhinduka ukundi, yavuze ati: “Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu: irya mbere mukwiye kumenya, n’ukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uk’umuntu avyigombera, kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe n’[im]pwemu [y]era.” (2 Petero 1:19-21) Ukwo guhinduka ukundi kwashimangiye ivy’uko ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ari iryo kwizigirwa. Dutegerezwa gushira ku mutima iryo jambo, atari ku “migani yaremwe n’akenge,” idashigikiwe canke ngo ishimwe n’Imana. Ukwizera ijambo ry’ubuhanuzi kwacu gukwiye gukomezwa n’ukwo guhinduka ukundi kubera yuko iryo yerekwa ryabonywe imbere y’igihe ry’ubuninahazwa n’ububasha bw’Ubwami vya Yezu ryabaye ikirukuri. Egome, turafise ikimenyamenya kidaharirwa c’uko Kirisitu muri iki gihe ahari bwa Mwami wo mw’ijuru w’umunyabubasha.
Ukuntu ca Kinyenyeri co mu Gaturuturu Giseruka
10. Ca “kinyenyeri co mu gaturuturu” Petero yavuga ni nde canke ni igiki, kandi ni kuki wishuye urtyo?
10 Petero yanditse ati: “Mugira neza ko [mu]shirak’umutima [ijambo ry’ubuhanuzi], ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira.” Ico “kinyenyeri co mu gaturuturu” ni nde canke ni igiki? Mu ndimi z’intango, muri Bibiliya imvugo ngo “ikinyenyeri co mu gaturuturu” iseruka rimwe gusa, kandi isobanura kimwe n’imvugo “inyenyeri yo mu mutwenzi.” Mu Vyahishuriwe 22:16 (UB) hita Yezu Kirisitu “inyenyeri yo mu mutwenzi isayangana.” Mu biringo bimwebimwe vy’umwaka, bene izo nyenyeri ni zo ziseruka ubwa nyuma i buheramaso mu buseruko. Ziseruka neza na neza imbere y’uko izuba riseruka, maze gutyo zikaba zitangiye imbere urukerere rw’umusi mushasha. Petero yakoresheje imvugo ngo “ikinyenyeri co mu gaturuturu” yerekeza kuri Yezu inyuma y’aho aronkeye ububasha bw’Ubwami. Muri ico gihe, Yezu yaraserutse mu vyaremwe vyose, harimwo n’isi tubako! Kubera ko ari Mesiya ca Kinyenyeri co mu gaturuturu, yitangira imbere ubuca bw’umusi mushasha, canke ikiringo gishasha, ku bw’abantu bagamburuka.
11. (a) Ni kuki muri 2 Petero 1:19 hadasobanura ko “ikinyenyeri co mu gaturuturu” giseruka mu mitima nya mitima y’abantu? (b) Wosigura gute 2 Petero 1:19?
11 Impinduro nyinshi za Bibiliya zishigikira iciyumviro c’uko amajambo intumwa Petero yavuze yanditse muri 2 Petero 1:19 yerekeza ku mutima nyamutima w’umuntu. Umutima w’umuntu akuze upima gusa hagati y’amagarama 250 n’300. None, Yezu Kirisitu ubu ari ikiremwa c’impwemu c’ubuninahazwa kidahwera co mw’ijuru, yoshobora gute guseruka muri ivyo bihimba vy’umubiri w’umuntu bitobito? (1 Timoteyo 6:16) Birumvikana ko ivyo vyerekeye imitima yacu y’ikigereranyo, kubera yuko ari yo dukoresha mu gushira ku mutima ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana. Mugabo, itegereze witonze muri 2 Petero 1:19, muri Traduction du monde nouveau, maze uca ubona ko iyo mpinduro ikoresha udukwabu kugira ngo itandukanye amajambo acishijwemwo agira ngo “rikageza ah’ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira” n’amajambo avuga ngo “mu mitima yanyu.” Uyo murongo wari ukwiye gushikirizwa muri ubu buryo: ‘Turafise ijambo ry’ubuhanuzi ryakomejwe kurushiriza; kandi mugira neza ko murishira ku mutima nk’itara ryakira ahacuze umwiza, ni ukuvuga mu mitima yanyu, kugeza aho ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira.’
12. Imitima y’abantu muri rusangi imeze gute, mugabo ku Bakirisu nyakuri ibintu vyifashe gute?
12 Imitima y’ikigereranyo y’abantu b’abanyavyaha muri rusangi imeze gute? Urabona, imitima yabo iri mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu! Ariko rero niba turi Abakirisu b’ukuri, ni nk’aho dufise itara ryaka mu mitima yacu, iyocura umwiza ritariyo. Nk’uko vyerekanywe n’amajambo ya Petero, Abakirisu nyakuri bashize ku mutima ijambo ry’ubuhanuzi ritumurikira ry’Imana, ni ho bogumye bari maso kandi bamurikirwa gushika mu rukerere rw’umusi mushasha. Bomenye neza yuko ca kinyenyeri co mu gaturuturu caserutse, atari mu mitima y’inyama y’abantu, mugabo ko caserutse imbere y’ibiremwa vyose.
13. (a) Ni kuki dushobora kudakeka yuko ca Kinyenyeri co mu gaturuturu camaze guseruka? (b) Ni kuki Abakirisu bashobora kwihanganira ibihe bigoye Yezu yabuye ko vyobaye muri iki gihe cacu?
13 Ca kinyenyeri co mu gaturuturu caramaze guseruka! Dushobora kudakeka kuri ivyo, mu gushira ku mutima ubuhanuzi buhambaye bwa Yezu bwerekeye ukuhaba kwiwe. Muri iki gihe, turiko turibonera iranguka ryabwo mu bintu bishika bitari bwigere bibaho, nk’intambara, amapfa, vya nyamugigima, be n’iyamamazwa ryo kw’isi yose ry’inkuru nziza. (Matayo 24:3-14) Naho ibintu bigoye Yezu yabuye bigira ico bikoze kandi kuri twebwe Abakirisu, turashobora kwihangana dufise amahoro n’umunezero vyo mu mutima. Kubera iki? Kubera yuko dushira ku mutima ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana kandi tukaba twizera ivyo yasezeranye ku bwa kazoza. Turazi ko turi kw’iyinjiriro ry’ibihe vyiza kuruta kubera yuko tugeze kure mu “misi y’iherezo”! (Daniyeli 12:4) Isi iri mu bihe vy’umwiheburo vyabuwe muri Yesaya 60:2, ahagira hati: “Rāba, umwiza uzotwikira isi, umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga.” Umuntu yobona gute inzira acamwo muri uwo muzimagiza? Umuntu akwiye gushira ku mutima yicishije bugufi ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ubu, imbere y’uko amazi arenga inkombe. Abantu b’imitima nziraburyarya barakeneye guhindukirira Yehova Imana, we Soko ry’ubuzima n’umuco. (Zaburi 36:9; Ivyakozwe 17:28) Mu gukora ivyo ni ho gusa umuntu wese ashobora kumurikirwa vy’ukuri kandi akagira icizigiro co kuzokwinovora kazoza k’igitangaza Imana ifitiye umugambi ku bw’abantu b’abagamburutsi.—Ivyahishuriwe 21:1-5.
“Umuco Waje mw Isi”
14. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo twibonere iranguka ry’ubuhanuzi bw’akaroruhore bwo muri Bibiliya?
14 Ivyanditswe biratomora yuko ubu Yezu Kirisitu aganza ari Umwami. Kubera yuko yagiye ku ngoma mu 1914, hari ubuhanuzi bw’akaroruhore bukiraririye kuranguka. Kugira ngo twibonere iranguka ryabwo, dutegerezwa kuba abicisha bugufi bagaragaza ukwizera Yezu Kirisitu, tukigaya ibikorwa vy’icaha n’ivyo twakoze bitewe n’ukutamenya. Ego ni ko, abakunda umwiza ntibazoronka ubuzima budahera. Yezu yavuze ati: “Uku ni kwo gutsindwa, kuk’umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi. Kuk’ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe. Arik’ūkora ivy’ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.”—Yohana 3:19-21.
15. Bizogenda bite turamutse dufashe minenegwe ubukiriro Imana yatumye bushoboka biciye ku Mwana wayo?
15 Umuco wo mu buryo bw’Impwemu waje mw’isi biciye kuri Yezu, kandi kumutega amatwi ni ngirakamaro cane. Paulo yanditse ati: “Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi, mur’iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose.” (Abaheburayo 1:1, 2) Bizogenda gute nitwatera akagere agakiza Imana yatumye gashoboka biciye ku Mwana wayo? Paulo yabandanije avuga ati: “Kw ijambo ryavugiwe mu kanwa k’abamarayika ryagumyeho, kand’ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye, tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise, Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire z[’im]pwemu [y]era zagabanganijwe nk’uko yagomvye.” (Abaheburayo 2:2-4) Egome, Yezu ni we muntu nyamukuru mu vy’iyamamazwa ry’ijambo ry’ubuhanuzi.—Ivyahishuriwe 19:10.
16. Ni kuki dushobora kwizigira vy’uzuye ubuhanuzi bwose bwa Yehova Imana?
16 Nk’uko twabibonye, Petero yavuze ati: “[N]ta jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uk’umuntu avyigombera.” Abantu ubwabo ntibashobora gushikiriza ubuhanuzi bw’ukuri, mugabo turashobora kwizera vyuzuye ubuhanuzi bw’Imana bwose. Ubwo bukomoka kuri Yehova Imana ubwiwe. Akoresheje impwemu yera, yarashoboje abasavyi biwe gutahura ukuntu ubuhanuzi bwa Bibiliya buriko buraranguka. Nkako, turakurira Yehova ubwatsi kubona twarabonye iranguka ry’ubuhanuzi bwinshi nk’ubwo guhera mu mwaka 1914. Kandi nta nkeka dufise ko ubuhanuzi busigaye bwerekeye iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu rubi, bwose buzoranguka. Birahambaye cane ko tubandanya gushira ku mutima ivyo Imana yabuye mu gihe tureka umuco wacu ukabonesha. (Matayo 5:16) Ese ukuntu dukenguruka yuko Yehova ariko aratuma ‘umuco uturasirira mu mwiza w’umuzitanya’ utwikiriye isi muri iki gihe!—Yesaya 58:10.
17. Ni kuki dukeneye umuco wo mu buryo bw’impwemu uva ku Mana?
17 Umuco nya muco udushoboza kubona. Utuma kandi ibiterwa bituronsa ibifungurwa vy’ubwoko butandukanye bishobora gukura. Ntidushobora kumara kabiri ata muco nya muco uhari. Tuvuge iki ku vyerekeye umuco wo mu buryo bw’impwemu? Uraduha uburongozi ukongera ukatwereka kazoza nk’uko kavuzwe imbere y’igihe mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. (Zaburi 119:105) Yehova Imana n’urukundo rwinshi ‘ararungika umuco wiwe n’ukuri kwiwe.’ (Zaburi 43:3) Nta nkeka, dukwiye kugaragaza ko dukenguruka cane ivyo bintu turonswa. Nimuze rero dukore uko dushoboye kwose kugira twihereze uwo muco w’‘ubumenyi bw’Imana buninahaye’ kugira ngo umurikire imitima yacu y’ikigereranyo.—2 Ab’i Korinto 4:6; Abanyefeso 1:18.
18. Ubu ca Kinyenyeri co mu gaturuturu ca Yehova kigabirije gukora iki?
18 Ese ukuntu duhezagiwe kubona tuzi yuko mu 1914 Yezu Kirisitu, ca Kinyenyeri co mu gaturuturu, yaserutse mu vyaremwe vyose kandi yatanguye kurangura rya yerekwa ry’uguhinduka ukundi! Ca Kinyenyeri co mu gaturuturu ca Yehova ubu turareha, kigabirije gushitsa umugambi w’Imana mu rindi ranguka rya kwa guhinduka ukundi—ni ukuvuga ya “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.” (Ivyahishuriwe 16:14, 16) Uru runkwekwe rushaje rumaze gukurwaho, Yehova azorangura umuhango wiwe w’“Ijuru risha n’isi nsha” aho dushobora kumushemeza ibihe bidahera bwa Mukama Segaba w’ibiriho vyose akaba n’Imana y’ubuhanuzi bw’ukuri. (2 Petero 3:13) Mu kurindira uwo musi uhambaye, nimuze tugume tugendera mu muco w’Imana mu gushira ku mutima ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana.
Wokwishura Gute?
• Wodondora gute kwa guhinduka ukundi kwa Yezu?
• Kwa guhinduka ukundi gukomeza gute ukwizera?
• Ca Kinyenyeri co mu gaturuturu ni nde canke ni igiki, kandi caserutse ryari?
• Ni kuki dukwiye gushira ku mutima ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana?
[Ifoto ku rup. 21]
Woba ushobora gusigura ico kwa guhinduka ukundi gusobanura?
[Ifoto ku rup. 23]
Ca Kinyenyeri co mu gaturuturu caramaze guseruka. Woba uzi ukuntu caserutse n’igihe caserukiyeko?