Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Ni kubera iki twokoresha izina ry’Imana nimba ukuntu ryaturwa bitazwi?
Nta n’umwe muri iki gihe azi neza na neza ukuntu izina ry’Imana ryaturwa mu giheburayo ca kera. Ariko rero igishimishije, ni uko izina ry’uruharo ry’Imana riboneka mu gisomwa co muri Bibiliya nk’incuro 7.000. Yezu yarahishuye izina ry’Imana igihe yari ngaha kw’isi kandi yarigishije abigishwa biwe gusenga basaba ko ryokwezwa. (Matayo 6:9; Yohani 17:6) Ku bw’ivyo turabona ko gukoresha izina ry’Imana ari ikintu gihambaye cane ku bakirisu. Ni kubera iki none inyaturo yo mu ntango y’iryo zina itazwi muri kino gihe? Hariho imvo nyamukuru zibiri zabitumye.
Imvo ya mbere ni iy’uko mu myaka nk’ibihumbi bibiri iheze, mu Bayuda hadutse umugenzo ushingiye ku kwemera ibintazi w’uko ngo vyari bibi kuvuga izina ry’Imana. Umusomyi aramutse ashitse ahanditse izina ry’Imana mu gisomwa co muri Bibiliya, yociye arisubiriza n’ijambo “Umukama.” Muri ubwo buryo, inyuma y’ibinjana bitari bike izina ry’Imana ryamaze ridakoreshwa, ukuntu ryaturwa vyahavuye vyibagirana.
Imvo igira kabiri ni iy’uko igiheburayo ca kera candikwa hadakoreshejwe indome zivuga. Igihe umusomyi yaba ariko arasoma igisomwa canditse, ahatagira indome zivuga yaca azishiriramwo we ubwiwe. Mu nyuma, harashinzwe uburyo bwotumye inyaturo y’amajambo y’igiheburayo itibagirana buhere. Utumenyetso tw’indome zivuga twarongerwa kuri buri jambo muri Bibiliya y’igiheburayo. Ariko rero ku bijanye n’izina ry’Imana, hongerwako utumenyetso tw’indome zivuga tw’ijambo “Umukama,” kugira ngo bibutse umusomyi guca yatura iryo jambo basubirije izina ry’Imana, canke na ho ntibanatwongereko.
Ico vyavuyemwo ni uko za ndome zine z’indadi zitwa Tetaragarama ari zo zonyene zitibagiranywe, inyizamvugo imwe ikaba izidondora ko ari “indome zine z’igiheburayo [zikunda] guhindurwa ngo YHWH canke JHVH zigize izina ry’uruharo ry’Imana riboneka muri Bibiliya.” Biroroshe kubona ukuntu indadi YHWH, zongewemwo indome zivuga zica zicika “Yehova,” iryo rikaba ari ryo zina rimenyerewe cane mu kirundi.
Ariko rero, incabwenge zimwezimwe zivuga ko inyaturo y’ukuri ari “Yahweh.” Yoba ihuye n’inyaturo yo mu ntango? Nta n’umwe abizi. Nkako, izindi ncabwenge zaratanze imvo zo kudakoresha iyo nyaturo. Vy’ukuri, amazina yo muri Bibiliya, igihe avuzwe mu rurimi rwo muri iki gihe, birashoboka ko ataturwa nko mu giheburayo co mu ntango, kandi abantu nka bose ntibabihakana. Ivyo ni ukwo biri kubera ko ayo mazina dusigaye tuyakoresha mu rurimi rwacu kandi bikaba vyoroshe kuyamenya. Ni ko biri no ku bijanye n’izina Yehova.
Abakirisu bo mu ntango bitwa ko ari igisata ku bw’izina ry’Imana. Barabwira abandi ibijanye n’iryo zina bakongera bakabaremesha kuryambaza. (Ibikorwa 2:21; 15:14; Abaroma 10:13-15) Vy’ukuri, birahambaye yuko dukoresha izina ry’Imana mu rurimi urwo ari rwo rwose tuvuga, tukamenya insobanuro yaryo tukongera tukabaho duhuza na yo.
[Ifoto ku rup. 31]
Birashimishije kubona izina ry’uruharo ry’Imana riboneka mu gisomwa co muri Bibiliya nk’incuro 7.000