Ivyo twigira kuri Yezu
Ku bijanye n’Ubwami bw’Imana
Ubwami bw’Imana ni iki?
Ubwami bw’Imana ni intwaro izoganza isi yose. Yezu yavuze ati: “Nuko rero musenge mutya: . . . ‘Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.’”—Matayo 6:9, 10; Daniyeli 2:44.
Ni bande bazoba abategetsi b’Ubwami bw’Imana?
Yezu yavutse kugira ngo azobe Umutegetsi w’Ubwami bw’Imana. Umumarayika umwe yabwiye nyina wa Yezu ati: “Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza.” (Luka 1:30-33) N’ikindi kandi, Yezu yaratoye bamwebamwe mu bigishwa biwe kugira ngo bazofadikanye na we gutegeka. Yabwiye intumwa ziwe ati: “Ni mwebwe mwumiye kuri jewe mu bigeragezo vyanje; nanje ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Data yagiraniye isezerano nanje, ku bw’ubwami.” (Luka 22:28, 29; Daniyeli 7:27) Abayoboke 144.000 ba Yezu ni bo bazofadikanya na we gutegeka.—Ivyahishuwe 5:9, 10; 14:1.
Ubwo Bwami buzotegeka buri hehe?
Ubwami bw’Imana buzotegeka buri mw’ijuru. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Nimba ngiye nkabategurira ikibanza [mw’ijuru], ndiko ndagaruka kandi nzobakira i muhira iwanje, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba. . . . Ndiko nja kwa Data.”—Yohani 14:2, 3, 12; Daniyeli 7:13, 14.
Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’ubukozi bw’ikibi?
Yezu azotyorora isi ayikureko abantu b’inkozi z’ikibi. Yezu yavuze ati: “Umwana w’umuntu [Yezu] niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa. Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe; hanyuma azotandukanya abantu n’abandi . . . Hanyuma abo [abanyakibi] bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera, mugabo abagororotsi baje mu buzima budahera.”—Matayo 25:31-34, 46.
Ni bande bazoba kw’isi ari abatwarwa b’ubwo Bwami?
Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Matayo 5:5; Zaburi 37:29; 72:8) Isi izoba yuzuyeko abantu mbere no muri kino gihe bariko bariga gukundana. Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”—Yohani 13:34, 35.
Ubwami bw’Imana buzokorera iki abantu bazoba baba kw’isi?
Yezu azokiza abantu indwara. Igihe Yezu yari kw’isi, yarabwiye amasinzi y’abantu “ivyerekeye ubwami bw’Imana, yongera akiza abari bakeneye gukizwa.” (Luka 9:11) Inyuma yaho intumwa Yohani aboneye mw’iyerekwa Yezu uwari amaze kuzurwa, yavuze ati: “Mbona ijuru rishasha n’isi nshasha . . . numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: ‘Ehe! Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu . . . Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho.’”—Ivyahishuwe 21:1-4.
Ubwami bw’Imana buzotuma isi isubira kuba Iparadizo. Umuntu umwe w’inkozi y’ikibi yiciwe hamwe na Yezu, yavuze ati: “Yezu, urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” Yezu yaciye amubwira ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”—Luka 23:42, 43; Yesaya 11:4-9.
[Iciyumviro ku rup. 17]
Nimba ushaka kumenya vyinshi, nurabe ikigabane ca 8 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?a
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.