ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/5 rup. 13-15
  • Hatera icago mu mazinga ya Salomo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hatera icago mu mazinga ya Salomo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Nyamugigima!
  • Haciye hatera ibisebuzi
  • Utwigoro two gutabara
  • Ugukezwa n’abariko baravyitegereza
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/5 rup. 13-15

Hatera icago mu mazinga ya Salomo

Ku wa mbere, igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2007, ca nyamugigima cari gifise urugero rwa 8,1 carateye ibice bitandukanye vy’amazinga ya Salomo, ano akaba agizwe n’umugwi w’amazinga matomato ari mu karere gashushe ko mu Buraruko bushira Ubuseruko bwa Ositaraliya. Mu mwanya mutoya, ibipfunda amahanga, bikaba bivugwa yuko bimwebimwe vyari bifise uburebure bw’igihagararo bw’imetero cumi, vyarisutse muri ayo mazinga mu ntara yo mu Burengero, birahitana abantu 52 vyongera bisiga abandi 6.000 batagira aho bakika umusaya.

Mu bisagara vyabangamiwe cane harimwo icitwa Gizo, kino kikaba ari igisagara kibamwo abantu nka 7.000, kiri ku nkengera y’ikiyaga mw’izinga ryitwa Ghizo, iriri ku bilometero 45 gusa uvuye aho ico kinyamugigima catanguriye. Ishengero ritoya ry’Ivyabona vya Yehova ry’aho i Gizo ryariko riritegurira ibijanye no guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu kigirwa buri mwaka, icari kuba kuri uwo mugoroba. (1 Abakorinto 11:23–26) Uwo musi wari watanguye haka akazuba keza utoraba kandi n’ikiyaga cari gitekanye. Isaha imwe yo mu gitondo irenga iminuta 39, ni ho ico kinyamugigima caca gitera.

Nyamugigima!

Umukurambere umwe w’ishengero yitwa Ron Parkinson be n’umukenyezi wiwe Dorothy, bariko barategura udufungurwa two kwitanga umusase igihe ico kinyamugigima catera. Ron avuga ati: “Inzu yacu ishaje yaguma ihungabana nk’ikigazi, mugabo yagumye ihagaze. Urwamo rwari rwinshi bimwe bidasanzwe. Ububati, amameza n’intebe, amasahani, ibikombe n’ibirahuri, ipiyano be n’ibindi bikoresho umuntu ashobora guterura, vyaratembagariye hasi. Twarinanase turayanyaga tuja hanze. Dorothy yarakomerekejwe munsi y’ibirenge n’ikirahuri cari camenetse.”

Abamisiyonari Tony na Christine Shaw, bano bakaba baba hafi y’aho hantu, na bo nyene barayanyaze mu gusohoka hanze. Christine avuga ati: “Isi yaragigimvye cane ku buryo ninaze hasi bikananira no kuvyuka. Uravye mu kiyaga wabona amazu areremba ku mazi. Ibipfunda bininibinini vyari vyayasituranye n’imishinge. Abantu bariko barasoza ubwato bihebuye baca mu bisigarira vy’ayo mazu, barondera abacitse kw’icumu. Ikindi kinyamugigima gikomeye caciye gitera, mu nyuma na ho ikindi ngo natanzwe. Utundi tunyamugigima dutoduto twarabandanije mu kiringo c’imisi itanu. Emwe, vyari biteye ubwoba!”

Haciye hatera ibisebuzi

Igihe ico kinyamugigima catera, uwitwa Patson Baea yari mw’izinga yabamwo ryitwa Sepo Hite, aho hakaba ari nko ku bilometero bitandatu uvuye i Gizo. None ni ibiki vyashikiye Patson n’umuryango wiwe igihe ico cago catera?

Mu kwibuka ayo makuba Patson avuga ati: “Narirutse njana inkengera y’ikiyaga nerekeza aho umukenyezi wanje Naomi be n’abana bacu bane bari bari. Bari binaze hasi, ariko nta co bari babaye. Abo bana bariko barajugumira, kandi bamwe muri bo bariko bararira. Jewe na Naomi twaciye twihutira kubahumuriza.

“Narabonye ko imipfunda y’ikiyaga itari imeze nk’uko yahora. Vyaragaragara ko hagira hatere igisebuzi. Vyarashoboka ko akazinga kacu kari kurengerwa n’amazi. Mawe, uwitwa Evalyn, akaba yaba ku kandi kazinga ko hafi yacu, na we nyene yari mu kaga. Naciye nshira ntatebaganye abagize umuryango wanje mu bwato bwacu bwari bufise imoteri, maze duca dufata inzira tuja kumutabara.

“Tumaze kugira urugendo rutoya, igipfunda amahero caraciye munsi y’ubwato bwacu. Ikiyaga cariko kirasebura. Igihe twashika aho mawe yari, twasanze yajorewe kandi yataye umutwe, kandi yari yatekewe n’ubwoba ku buryo atashoboye kwinjira mu mazi. Naomi be na Jeremy, uno akaba ari umuhungu wacu w’imyaka 15, baritaye muri ayo mazi yarimwo imipfunda maze baramufasha kwoga gushika kuri ubwo bwato. Naciye ncanira imoteri ndayiha umuriro mwinshi, duca twerekeza mu kiyaga hagati.

“Ico gihe amazi y’ikiyaga yari yaragabanutse bimwe bidasanzwe ku buryo ibisigarira vy’udukoko two mu mazi vyari bisigaye vyibonekeza ku nkengera z’ayo mazinga. Bukwi na bukwi, harateye ibipfunda amahanga, bituma ayo mazinga yompi arengerwa n’amazi. Akazu twakiriramwo abashitsi kari ku nkengera y’ikiyaga karasenyutse ubutagisubira gusanurwa. Amazi yarateye mu nzu twabamwo aronona vyinshi mu bintu twari dutunze. Igihe amazi yagabanuka, twarashoboye gukura muri iyo nzu yacu yari yasenyutse amabibiliya be n’ibitabu vy’indirimbo, maze duca dufata inzira tuja i Gizo.”

Ibintu n’abantu vyari vyayogeye ku nkengera yose y’ico kiyaga. Igice co mu Burengero bw’izinga rya Ghizo ni co cari casinzikaye gusumba ibindi. N’imiburiburi, ibisagara bitobito 13 vyarazimanganijwe n’ibipfunda bivugwa yuko vyari bifise uburebure bw’igihagararo bungana n’imetero zitanu.

Kuri uwo mugoroba, abantu 22 bari bakoraniye mu Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova y’i Gizo kugira ngo bahimbaze Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Igishimishije ni uko ata n’umwe muri bo yakomeretse bimwe bikomeye bivuye kuri ico cago. Ron, umwe twamara kuvuga, yigana ati: “Nta muyagankuba wari uhari, kandi n’amatara yacu ya peteroli yari yamenaguritse. Ni co gituma umuvukanyi Shaw yashikirije insiguro yifashishije itoroshi. Muri uwo mwiza, twararirimvye indirimbo zo gukengurukira Yehova dukoresheje amajwi akomeye, atandukanye mugabo ahuza.”

Utwigoro two gutabara

Igihe amakuru yerekeye ico cago yashika i Honiara ku murwa mukuru w’ayo mazinga, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri ayo mazinga vyaciye bigira ico bikoze bidatebaganye kugira ngo bitange imfashanyo zihuta. Ibiro vyaratelefonye maze bidatevye biraronka amakuru yemeza ko Ivyabona nka bose bo muri utwo turere twari twatewe n’ico cago ata co bari babaye. Abantu b’abizigirwa bararungitswe kuja kurondera Icabona umwe yaba ahantu ha wenyene mw’izinga ryitwa Choiseul. Bahavuye bamutora, basanga adora. Aho i Gizo hararungitswe kandi amahera yo kugura ibintu bigenewe gutabara vyihuta.

Abantu baserukiye ishami barashitse i Gizo ku musi wa kane batwawe n’indege ya mbere yatanguye kuguruka. Uwitwa Craig Tucker, uno akaba ari umwe mu bagize Komite y’ishami, avuga ati: “Twagiye dutwaye amakarato menshi arimwo ibigenewe gutabara. Abandi bantu barasize imizigo yabo inyuma kubera yuko yari irengeje ibiro bisabwa, mugabo icaduhimbaye ni uko amakarato yacu yoyo yashitse yose kandi ata na kimwe cononekaye. Ayo makarato yabaye mu mfashanyo za mbere zarungitswe muri ako karere kari katewe n’icago. Inyuma y’imisi ibiri, izindi mfashanyo zarashitse zizanywe n’ubwato.”

Muri ico gihe nyene, Tony Shaw be na Patson Baea, bari kumwe n’ibindi Vyabona b’i Gizo, baragize urugendo rw’amasaha abiri n’ubwato kugira ngo baje kugarukira ku Vyabona baba mu karere ka bonyene, mw’izinga ryitwa Ranongga. Ubukomezi bwa ca kinyamugigima bwari bwatumye iryo zinga, irifise uburebure bw’ibilometero 32 be n’ubwaguke bw’ibilometero 8, ryiyongera imetero 2 z’uburebure bw’igihagararo uvuye ku kiyaga. Biboneka yuko ibipfunda vyaza birava bukwi na bukwi ku mpande zose z’iryo zinga ari vyo vyatumye haba vya bisebuzi vyatera mu mazinga mabanyi.

Tony avuga ati: “Abagize iryo shengero barahimbawe cane no kutubona. Baradora, mugabo ntibaba mu mazu yabo kubera yuko batinya ko hashobora kuba utundi tunyamugigima dutoduto. Ubwato bwacu ni bwo bwabaye ubwa mbere bwajanye imfashanyo zo gutabara. Imbere y’uko tuvayo, twarifatanije na bo mw’isengesho rivuye ku mutima ryo gukengurukira Yehova.”

Patson avuga ati: “Haciye imisi itari mike, twarasubiye i Ranongga kugira ngo tubashire izindi mfashanyo twongere turondere umuryango umwe w’Ivyabona waba mu karere ka kure, ku mpera z’iryo zinga. Twahavuye dusanga Matthew Itu be n’umuryango wiwe bari mu karuri mw’ishamba rya manyenye. Barakoroye amosozi y’umunezero kubera bari babonye ko tutabibagiye. Ca kinyamugigima cari casenyuye inzu yabo, cokimwe n’izindi nzu nyinshi zo mu gisagara babamwo. Ariko rero, ahanini icari kibaraje ishinga kwari ukuronka izindi Bibiliya zisubirira izo bakoresha mu muryango, izari zazimiye bivuye kuri ico cago.”

Ugukezwa n’abariko baravyitegereza

Abandi bantu ntibabuze kubona urwo rukundo rwa gikirisu. Craig Tucker avuga ati: “Umumenyeshamakuru umwe yanebaguye utwigoro two gutabara twagizwe muri rusangi, yaratangajwe yongera arakorwa ku mutima no kumenya yuko muri ya misi ca kinyamugigima catera, Ivyabona vya Yehova baronkeje abo basangiye ukwizera ibifungurwa, amahema be n’ibindi bintu vya nkenerwa.” Patson yongerako ati: “Abantu bo mu gisagara c’i Ranongga barashimagije utwigoro twagize kugira ngo dutabare vyihuta, bongera baridoga kubona amadini basengamwo atabafashe mu mugongo.” Umukenyezi umwe yatangaye ati: “Emwe, ishirahamwe ryanyu ryarihutiye cane kugira ico rikoze!”

Ivyabona barafashije kandi na bagenzi babo. Christine Shaw yigana ati: “Igihe twariko tugendera ivuriro ry’imfatakibanza ryashinzwe i Gizo, twarabonye umugabo n’umugore twari duherutse guhura mu busuku. Bompi bari bakomeretse kandi bahahamutse cane. Umwuzukuru w’uwo mukenyezi yari yahitanywe na ca gisebuzi, arasoma nturi. Twaciye dusubira i muhira tudatevye kugira tubazanire ibifungurwa n’ivyambarwa bari bakeneye. Ntiworaba ukuntu bakengurutse cane rwose!”

Mu vy’ukuri, abashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka baba bakeneye vyinshi uretse gusa kuronka ivyo bakeneye ku mubiri. Barakeneye canecane uguhumurizwa gutangwa n’Ijambo ry’Imana ryonyene, ari ryo Bibiliya. Ron avuga ati: “Abakuru b’amadini bamwebamwe bavuze yuko Imana ari yo yariko irahana abantu kubera ivyaha bakoze. Ariko twareretse abo bantu dukoresheje Bibiliya yuko Imana itigera ituma haba ubukozi bw’ikibi. Abenshi baradukengurukiye ku kuba twarabaronkeje ukwo guhumurizwa kwo mu vy’impwemu.”​—2 Abakorinto 1:3, 4; Yakobo 1:13.a

[Akajambo k’epfo]

a Nurabe ikiganiro kuvuga ngo “‘Pourquoi?’ Réponse à la plus difficile des questions,” kiri muri Réveillez-vous! yo muri Munyonyo 2006, urupapuro rwa 3–9. Amakopi amajana n’amajana y’iyo nomero yarashikirijwe i Gizo inyuma y’ico cago.

[Ikarata ku rup. 13]

Choiseul

Ghizo

Gizo

Ranongga

HONIARA

OSITARALIYA

[Ifoto ku rup. 15]

Abagize umuryango wa Baea bari mu bwato bwabo bufise imoteri

[Ifoto ku rup. 15]

Ivyononywe na ca gisebuzi i Gizo

[Ifoto ku rup. 15]

Iyi Ngoro y’Ubwami ni yo nyubakwa yonyene yasigaye ihagaze mu gasagara kitwa Lale kari mw’izinga rya Ranongga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika