Gukwiragiza inkuru nziza hejuru mu misozi yitwa Andes
TWESE uko twari abantu 18 twari turyamye hasi, ahantu hasa nabi. Turiko turajugumirira mu bisaho vyacu vyo kuryamamwo, twarumva ingene imvura y’isegenya ikubita ku bibati vyari bisakaye akazu twarimwo. Uravye ukuntu ako kazu bashinguramwo ibikoresho kari kameze, twaribaza niba ari twe twari tukarayemwo ubwa mbere.
Ni kubera iki none abantu 18 bari bagendeye ako karere? Inyishu yari ishingiye ku cipfuzo cacu co gushitsa itegeko Yezu yatanze ridusaba kwamamaza inkuru nziza “gushika mu karere ka kure rwose k’isi”. (Ibik. 1:8; Mat. 24:14) Twari tugiye kwamamaza mu cibare kiri ukwa conyene mu misozi yitwa Andes yo mu gihugu ca Boliviya.
Gushika muri iyo misozi
Ingorane ya mbere twari dufise yari iyo gushika muri iyo misozi. Twari tuzi yuko imiduga itwara abantu muri mwene utwo turere twa kure ata rutonde rutomoye ikurikiza. Igihe ibisi twari kugenderamwo yashika, twasanze ari ntoyi dufatiye ku kuntu twayiyumvira, ku buryo bamwe muri twebwe babwirijwe kugenda bahagaze. Ariko twese twahavuye dushika iyo twariko turaja.
Intumbero twari dufise yari iyo gushika mu bigwati biri hejuru mu misozi yitwa Andes yo muri Boliviya. Ku bw’ivyo, inyuma y’aho turangirije urwo rugendo rwo mw’ibisi, twese twaciye twikorera ivyo twari dufise, duca tugenda n’amaguru dutonze umurongo duca mu tuyira duhanamye two muri iyo misozi.
Naho ivyo bigwati bisa na bitoyi, inzu zaho usanga zisabagiye kure na kure ku buryo vyasaba amasaha menshi kugira ngo tugendere ikigwati kimwekimwe cose. Naho twaba twagenze urugendo rurerure gute, waguma ubona umengo hariho iyindi nzu nka hariya kure. Akenshi twarabura akayira turi bujane kuko wasanga hari utunyuro twinshi twaca mu mirima.
“Ni kubera iki mutaje imbere y’igihe?”
Umukenyezi umwe yaratangajwe cane n’ukuntu twari twagize urugendo rurerure gutyo, ku buryo yemeye ko dukoresha igikoni ciwe be n’inkwi ziwe kugira ngo duteke ibifungurwa vyo ku murango. Aho umugabo umwe amenyeye ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe, yaciye atubaza ati: “Ni kubera iki mutaje imbere y’igihe?”. Yarashimishijwe cane ku buryo igihe twava mu kigwati yabamwo yaciye aduherekeza kugira ngo atubaze n’ibindi bibazo turiko turagenda. Hari uwundi mugabo atari bwigere yumva ivyerekeye Ivyabona vya Yehova kandi yaragaragaje ko ashimishishwa cane n’ibitabu vyacu. Yaradukengurukiye cane kubona twarashitse iwe yongera araduha urupfunguzo rw’inzu yashinguramwo ibikoresho, iyo twashoboye kuraramwo iryo joro.
Igihe kimwe mw’ijoro, hariho umwiza w’umuzitanya ku buryo tutanabizi twasanze twashinze amahema yacu hagati mu kiguri c’ibimonyo. Ivyo bimonyo vyaciye ubwo nyene bitwereka ko twabibujije amahoro, bitwadukamwo biraturya. Twari twarushe cane ku buryo tutashobora no kwikoma, kandi twaragize amahirwe kuko haheze umwanya mutoyi nya bimonyo vyaciye bisa n’ivyirengagije ko ari ho twari turi.
Tukiryama twarababara cane imigongo n’imbavu kubera ko twaryama hasi, mugabo mw’ijoro hagati twarateba tukamenyera. Vyongeye, ingorane zose be n’ububabare bwose twaravyibagira mu gitondo igihe twaba turiko turitegereza imyonga itarigera irimwa iriko ibipfungu bigenda buhorobuhoro birazimanganira ku nkengera zayo, tukitegereza n’amasonga y’imisozi yuzuyeko shelegi twabona nka hariya. Akuzi gasuma be n’inyoni ziririmba ni vyo umuntu yumva gusa aho hantu haba hacereje.
Duhejeje kwiyuhagira muri ako kuzi, twararimburiye hamwe icanditswe co muri Bibiliya, turitanga umusase maze dutangura kuduga buhorobuhoro tuja mu bindi bigwati vya kure. Akigoro twagize mu kuduga iyo misozi ntikabaye ak’impfagusa. Twarahwanye n’umutamakazi umwe yakoroye amosozi aho amenyeye ko izina ry’Imana, ari ryo Yehova, riri muri Bibiliya. Yumvise arengewe. Ubu arashobora gusenga Imana akoresheje iryo zina!
Hari umutama umwe yavuze ko Imana itegerezwa kuba yari imwibutse, maze aca atangura kuririmba avuga yuko abamarayika ari bo baturungitse. Hari uwundi mugabo yari asinzikajwe n’indwara ku buryo atashobora kuva mu nzu yatubwiye ko ata muntu n’umwe wo muri ico kigwati yabamwo yari bwigere yigora ngo aze kumugarukirako. Yaratangajwe cane n’ukwumva urugendo rwose twari twagize tuvuye i La Paz. Hari n’uwundi mugabo yakozwe ku mutima cane n’ukubona Ivyabona vya Yehova bagendera abantu ku mihana yabo, mu gihe ayandi madini yoyo abahamagaza inkengeri zo ku masengero.
Nta nzu n’imwe yo muri ako karere irimwo umuyagankuba, kikaba ari co gituma abantu baja kuryama butanguye guhwibira, bakavyuka izuba riserutse. Ku bw’ivyo rero, kugira ngo dusange abantu i muhira, twabwirizwa gutangura kwamamaza isaha 12 zo mu gitondo. Ahandi ho, abantu nka bose wasanga bamaze kuja gukora mu mirima. Haciye umwanya, abantu bamwebamwe baba bamaze gutangura gukora, barafata akanya ko kwumviriza babikunze ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana twashikiriza, kumbure bakareka inka barimisha ikaruhuka gatoyi gukwega isuka yaba iriko irarimisha. Benshi mu bo twasanga i muhira baradusasira insato z’intama zikaba ari zo twicarako, maze bagaca bahamagara abagize umuryango kugira ngo bumviririze hamwe. Abarimyi bamwebamwe baratanga amagunira y’ibigori bwa ntererano mu kugaragaza ko bakenguruka ku bw’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya twabasigira.
“Ntimwanyibagiye”
Mu vy’ukuri, kugira ngo abantu batere imbere mu bumenyi bwerekeye Bibiliya, barakeneye kugenderwa kenshi. Benshi baratwinginga ngo tuze tugaruke kubigisha vyinshi. Kubera ico, twaragize ingendo zitari nke muri ico gice ca Boliviya.
Mu rugendo twagize mu nyuma, hari umutamakazi yahimbawe n’ukubona twagarutse, maze avuga ati: “Muri nk’abana banje. Ntimwanyibagiye”. Hari umugabo yadukengurukiye kubera igikorwa dukora yongera aradusaba ko twokwigumira muhira iwe tugarutse. Kumbure impera ihambaye kuruta izindi twaronse ku bw’utwo twigoro twagize kwabaye ukwumva ko umugore umwe twabonanye mu gihe twari duherutse gusubira kugendera ako karere, kuva ico gihe yari yaciye yimukira mu gisagara, kandi akaba yari asigaye yamamaza inkuru nziza.
Ku musi twasozereyeko urugendo rwacu rwa mbere, ipeteroli yari mw’itara twakoresha aho twaba ducumbitse yari yaheze kandi n’ibifungurwa twari twagiye twibangikanije vyasa n’ivyarangiye. Twarakorakoranije inkwi zikwiye zo gucana, turateka imfungurwa twari dusigaranye maze duca dutangura urugendo rwo gusubira inyuma n’amaguru. Twari ku bilometero bitari bike ugereranije n’aho twari gufatira ibisi. Twahavuye dushika aho hantu bumaze guhwibira.
Ingene twasubiye i muhira
Urugendo rwo gusubira inyuma rwarabayemwo ingorane rwisangije kubera ko ibisi twarimwo yapfiriye mu nzira. Mu nyuma, twahavuye turonka ikamyo twagendeyemwo inyuma yuzuyemwo isinzi ry’abantu. Urwo rugendo rwaraturonkeje akaryo ko kubwira inkuru nziza abo twari kumwe muri iyo kamyo, bano bakaba bari bashashaye kumenya igituma twari turi muri ako karere. Naho abo bantu bari basanzwe ari abanyamasoni, muri rusangi bari n’igishika kandi bifata kigenzi.
Tumaze amasaha icenda tugendera inyuma muri iyo kamyo, twarashitse i muhira, twatose kandi twakanye gushika no mu musokoro. Yamara, urwo rugendo ntirwabaye impfagusa. Mu gihe carwo, twarashoboye gutunganya ivy’uko umugore umwe aba mu gisagara agirirwa inyigisho ya Bibiliya.
Mu vy’ukuri, kari agateka twatewe ko kubwira inkuru nziza abantu bo mu turere twa kure nk’utwo. Twari twamamaje mu bigwati bine no mu tugwati twinshi cane. Emwe, twarazirikanye kuri aya majambo agira ati: “Ereg’ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi, akamamaza ivy’amahoro, akazana inkuru nziza z’ivyiza, akamamaza ivy’agakiza”.—Yes. 52:7; Rom. 10:15.
[Ifoto ku rup. 17]
Aha twari twiteguriye kuja kubwira abandi inkuru nziza