Isango rihambaye cane
NDAFISE isango rihambaye cane natanze. Reka ndabasigurire icatumye, jewe inabibondo akiri muto wo muri Esupanye, ntanga iryo sango.
Nta mahoro n’ukwumvikana vyabazwa i muhira. Umuryango wacu wararengewe n’amaganya igihe musanzanje mutoyi yapfa ahitanywe n’isanganya rikomeye afise imyaka ine. Ikigeretseko, ingeso mbi za dawe zatuma bigora cane mawe kuronka agahimbare nyakuri mu mubano wabo w’abubatse. Ariko rero, ivyo bintu bigoye mawe yarimwo ntivyamubujije kutwinjizamwo imico runtu, jewe na musanzanje mukuru.
Mu nyuma, twe na musanzanje twarubatse izacu. Budakeye na kabiri, mawe yarisuzumishije asanga arwaye kanseri, iyahavuye imuhitana. Ariko imbere y’uko apfa, hariho ubutunzi yaturaze.
Umwe mu bo bari bazinanyi yari yaramubwiye ivyerekeye icizigiro c’izuka dusanga mu Vyanditswe, kandi yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Mu kiringo ca nyuma c’ubuzima bwiwe, ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro bwaratumye agira ubuzima buri n’intumbero bwongera buramufasha kuronka agahimbare.
Aho tuboneye ukuntu ubwo butumwa bwo muri Bibiliya bwagize ikintu ciza bukoze kuri we, twe na musazanje twaciye na twebwe nyene dutangura kwiga Ijambo ry’Imana. Hagisigaye ukwezi kumwe ngo nibaruke umwana wanje agira kabiri, uno akaba yari umwana w’umukobwa yasa n’irirenga twise Lucía, ni ho nabatizwa nkaba Icabona ca Yehova.
Umusi nabatirijweko wari uhambaye cane kuri jewe. Imvo imwe yari iy’uko ico gihe nari mbaye uwa Yehova kuko nari naramwiyeguriye kugira ngo ndamusukurire ibihe vyose. Iyindi mvo yari iy’uko noshoboye kubwira umuhungu wanje be n’umukobwa wanje nikundira ivyerekeye ukwizera kwanje.
Yamara rero, budakeye na kabiri iyo mvo igira kabiri yatuma ngira agahimbare yaranigiwe mu menshi. Igihe Lucía yari amaze imyaka ine, yaratanguye kubabara cane amaja mu mushishito. Inyuma y’aho asuzumiwe akatari gake, uwukoresha mwene ya radiyo yo gusuzuma abarwayi yasiguye ko igitigu ciwe cariko ikivyimba kingana n’umucungwe. Umuganga yasiguye yuko Lucía yari arwaye indwara yo mu bwoko bwa kanseri (yitwa neuroblastome), ituma umuntu agira ikivyimba ca kanseri kinyaruka gukura. Haciye hatangura ikiringo c’imyaka indwi Lucía yamaze ahanganye n’iyo kanseri, kino kikaba carabayemwo n’ibihe yaza aramara imisi myinshi mu bitaro.
Agaragaza agatima k’ukwitanga
Muri iyo myaka Lucía yamaze ari mu bintu bigoye, akenshi yarandemesha mu kungumbira mu buryo buranga igishika no mu kunsomagura mu buryo bunsubiriza umutima mu nda. Ukuntu yihanganira iyo ndwara vyaratangaje cane abakora ku bitaro. Yama nantaryo ashashaye gusenyera ku mugozi umwe n’abaforoma, akabafasha kuza arashira abana bari barwariye hafi yiwe amata y’ikivuguto, umutobe w’ivyamwa be n’ibindi bintu. Abo baforoma barahaye mbere Lucía itaburiya yera be n’agakarata karanzi kerekana ko yari uwo bita uwufasha abaforoma.
Umwe mu bakora kuri ivyo bitaro avuga ati: “Lucía yarankoze ku mutima pe. Yari umwana w’umunyamwete, yiyumvira guhingura utuntu, kandi yakunda kugira utwo ashushanije. Yari umwana akunda kuyagisha abantu kandi yari ahumuye, emwe yari ahumuye koko!”.
Ijambo ry’Imana ni ryo ryatuma Lucía agira inkomezi n’uburimbane. (Heb. 4:12) Yari yarajijutse, nk’uko Ijambo ry’Imana ribisezerana, yuko mw’isi nshasha “urupfu [ruta]zokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare [bita]zokwongera kubaho”. (Ivyah. 21:4) Mu kwitwararika abandi, yarakoresha akaryo kose yaba aronse kugira ngo ababwire ubutumwa bwo muri Bibiliya. Kuba Lucía yari afise icizigiro gishikamye ku bijanye n’izuka vyaramufashije kuguma yiyumanganya kandi agaragaza umunezero naho gukira iyo ndwara vyari kure nk’ukwezi. (Yes. 25:8) Yagumye agaragaza ako gatima gushika umusi nya kanseri imuhitaniye.
Kuri uwo musi ni ho natanga rya sango rihambaye cane. Lucía ntiyari agishoboye gukanura. Se wiwe yaramufashe ukuboko kumwe nanje ndamufata ukundi. Naciye ndamwongorera nti: “Ntuhagarike umutima, sinzoguheba. Hema bukebuke. Niwikangura, uzoba ufise amagara meza. Ntuzosubira kugira umubabaro, kandi nzoba ndi kumwe nawe”.
Ntegerezwa kuzoshitsa iryo sango. Ndazi yuko igihe co kurindira kitazoba coroshe. Ariko ndazi kandi yuko ninaguma nizigira Yehova nihanganye vyongeye nkaguma ndi intadohoka kuri we, nzoba ari ho ndi igihe umwigeme wanje azosubira kuba muzima ku musi w’izuka.
Iragi Lucía yadusigiye
Akarorero karanga umutima rugabo ka Lucía hamwe n’ingene ishengero ryadushigikiye bimwe bitangaje, vyarahinduye umutima n’ivyiyumviro vy’umunega wanje, uno tukaba tutari dusangiye ukwizera. Umusi Lucía yapfa, yarambwiye yuko ategerezwa gusuzuma neza ivyiyumviro vyiwe. Haciye amayinga nk’angahe, yarasavye umukurambere wo mw’ishengero ko yomugirira inyigisho ya Bibiliya. Umunega wanje ntiyatevye gutangura kwitaba amakoraniro yose. Afashijwe na Yehova, yarahagaritse kunywa itabi, ico kikaba cari ikintu cari caramunaniye kugira imbere y’aho.
Intuntu nagize bitewe n’ukubura Lucía n’ubu ntirahera, yamara ndakurira ubwatsi Yehova ku bw’iragi Lucía yadusigiye. Twe n’umunega wanje turahumurizanya biciye ku cizigiro ciza igitangaza cerekeye izuka, tukiha n’ishusho y’igihe tuzokwongera kubona Lucía, tukabona twa twiso twiwe twiburungushuye kandi turangwa urweze be na twa dutama twiwe twazamwo utunogo mu gihe yaba amwenyuye.
Ico kintu kibabaje cane cashikiye umwigeme wanje caragize kandi ico gikoze ku mubanyi umwe mu buryo budasanzwe. Ku musi umwe wa gatandatu mu gitondo imvura iriko iragwa, hari umukenyezi yari afise umuhungu yiga kw’ishure Lucía yigako yari yaje i muhira. Yari yarabuze uwundi muhungu wiwe afise imyaka 11, ahitanywe na ya ndwara nyene yahitana Lucía. Aho uwo mukenyezi amenyeye ivyari vyashikiye Lucía, yarabaririkije aho twaba maze araza kuturamutsa. Yipfuza kumenya ingene nariko ndavyifatamwo ku bijanye n’urupfu rwa Lucía maze aca atanga iciyumviro c’uko twogira agashirahamwe kugira ngo duhumurize abandi ba inabibondo twari dusangiye ingorane.
Naramusiguriye yuko jewe ku giti canje nari maze kuronka uguhumurizwa nyakuri ndagukuye muri umwe mu mihango Bibiliya itanga, ukwo na kwo kukaba kuruta cane ukwo ari kwo kwose abantu boshoboye gutanga. Amaso yiwe yarakayanganyemwo umunezero igihe namusomera amajambo Yezu yavuze dusanga muri Yohani 5:28, 29. Yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya hanyuma budakeye na kabiri aca atangura kwumva agize “amahoro arengeye ukwiyumvira kwose”. (Flp. 4:7) Akenshi igihe tuba turiko twigana Bibiliya, tuza turahagarara gatoyi maze tukiha ishusho turi mw’isi nshasha, turiko turakira abacu mu gihe c’izuka.
Egome, ubuzima bugufi Lucía yamaze bwaradusigiye iragi ry’ibihe bidahera. Ukwizera kwiwe kwarafashije umuryango wacu kwunga ubumwe mu gusukurira Imana, kandi kwaratumye ndushiriza gukomeza umwiyemezo nari naragize wo kuguma nshikamye mu kwizera. Ata gukeka, twese ababuze abacu bashobora kuzozurwa, turafise isango rihambaye cane.
[Ifoto ku rup. 20]
Ukuntu Lucía yashushanije Iparadizo