ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/12 rup. 17-20
  • Niwigishe umwana wawe kuba umunyamahoro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigishe umwana wawe kuba umunyamahoro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nubashiremwo icipfuzo co guhimbara “ya Mana y’amahoro”
  • Nube umuvyeyi w’umunyamahoro
  • Nutebe kuraka
  • Nubaremeshe kwironkera igikundiro kiva ku guharira abandi
  • Nugume ufasha umwana wawe kuba umunyamahoro
  • Amahoro—Woyaronka gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • ‘Rondera Amahoro Kandi Uyakurikire’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • 8 Akarorero
    Be maso!—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/12 rup. 17-20

Niwigishe umwana wawe kuba umunyamahoro

Kubera yuko Nicole, uno akaba ari umwana afise imyaka umunani, yari ahimbawe cane n’uko umuryango wiwe wari wimirije kugira urugendo mu karere ka kure ko mu gihugu iwabo, yaguma amenyesha umugenzi wiwe somambike yitwa Gabrielle akantu kose kajanye n’iyo myiteguro. Umusi umwe, Nicole yagiye yumva Gabrielle amubwira yuko ivy’urwo rugendo rwabo ataco bimubwiye. Kubera yuko Nicole vyamubabaje cane bikongera bikamushavuza cane, yabariye nyina ati: “Sinshaka kuzopfa nsubiye kubona Gabrielle!”.

AMATATI aba hagati y’abana, nk’ayo yabaye hagati ya Nicole na Gabrielle, akenshi asaba ko abavyeyi bahaseruka, atari gusa kugira ngo bahwamike umubabaro mugabo kandi kugira ngo berekane ingene ayo matati yotorerwa umuti. Mu bisanzwe abana bakiri bato baragaragaza “uturanga tw’uruyoya”, kandi akenshi usanga batazi ukuntu amajambo bavuga canke ivyo bakora bishobora kubabaza abandi (1 Abakorinto 13:11). Barakeneye gufashwa kugira ngo batsimbataze kamere zoshobora kugira ico ziterereye ku bucuti burangwa amahoro bagiranira n’abandi mu muryango canke ahandi hantu.

Abavyeyi bakirisu baritwararika cane ibijanye no kwigisha abana babo ‘kurondera amahoro no kuyakurikirana’ (1 Petero 3:11). Agahimbare kava mu kuba umuntu w’indemeshamahoro karatuma biba ibibereye ko tugira utwigoro twose dukenewe kugira ngo dutsinde inyiyumvo z’umwikeko, ishavu be n’inzigo. Nimba uri umuvyeyi, woshobora gute kwigisha abana bawe kuba abanyamahoro?

Nubashiremwo icipfuzo co guhimbara “ya Mana y’amahoro”

Yehova yitwa “Imana y’amahoro” kandi avugwa ko ari we “[a]tanga amahoro” (Abafilipi 4:9; Abaroma 15:33). Ku bw’ivyo, abavyeyi b’inkerebutsi barakoresha Ijambo ry’Imana Bibiliya babigiranye ubuhanga, kugira ngo binjize mu bana babo icipfuzo co guhimbara Imana be no kwigana kamere zayo. Nk’akarorero, nufashe abana bawe kwiha ishusho y’ivyo intumwa Yohani yabonye mw’iyerekwa ridasanzwe, aho yeretswe umunywamazi mwiza igitangaza usa n’ibuye ry’agaciro risa n’urwatsi rubisi ryitwa emerode, ukikije intebe y’ubwami ya Yehovaa (Ivyahishuwe 4:2, 3). Nusigure yuko uwo munywamazi ugereranya amahoro be n’ugutekana bikikije Yehova wongere usigure yuko abamugamburukira bose bazoronka imihezagiro nk’iyo.

Yehova kandi aratanga ubuyobozi abicishije ku Mwana wiwe Yezu, uwitwa “Umukama w’amahoro” (Yesaya 9:6, 7). Ku bw’ivyo rero, nusome wongere uganire n’abana bawe bakiri bato ku nkuru zo muri Bibiliya zirimwo ivyigwa ngirakamaro Yezu yatanze ku bijanye no kwirinda kurwana be no gutata (Matayo 26:51-56; Mariko 9:33-35). Nusigure igituma Paulo, uwahoze ari “umuntu atisonera”, yahinduye ingendo yiwe maze akandika ko “umushumba w’Umukama [a]tabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu atekereza kuri bose, . . . akaguma yiyumanganije mu mibabaro” (1 Timoteyo 1:13; 2 Timoteyo 2:24). Hari igihe umwana wawe yoshobora kuvyakira mu buryo bwiza cane utari witeze.

Uwitwa Evan aribuka ingene yasomborokejwe n’agahungu bari kumwe mw’ibisi y’ishure, ico gihe akaba yari afise imyaka indwi. Avuga ati: “Narashavuriye cane ako gahungu ku buryo naciye nshaka kukihora! Mugabo naciye nibuka icigwa nari nize i muhira cavuga ibijanye n’abantu bagerageza gusomborotsa indwano. Nari nzi yuko Yehova yipfuza ko ‘hatogira umuntu n’umwe nishura ikibi ku kindi’ be n’uko ‘nobana amahoro n’abantu bose’” (Abaroma 12:17, 18). Evan yaciye aronka ingoga be n’uburindutsi bimushoboza guhwamika ako gasomborotso mu kuvyifatamwo mu buryo buranga ubugwaneza. Yipfuza guhimbara ya Mana y’amahoro.

Nube umuvyeyi w’umunyamahoro

Ubwo i muhira iwawe hoba higanje akayaga karangwa amahoro? Nimba ari ukwo biri, abana bawe barashobora kwiga vyinshi ku bijanye n’amahoro, mbere no mu gihe ata jambo woba uvuze. Kugira ngo wererwe mu kwigisha abana bawe kuba abanyamahoro, ahanini bivana n’urugero ushikanako mu kwigana inzira zirangwa amahoro z’Imana na Kristu.​—Abaroma 2:21.

Umugabo yitwa Russ n’umukenyezi wiwe Cindy barakora uko bashoboye kugira ngo bigishe abahungu babo babiri, bakabahimiriza kuvyifatamwo mu buryo buranga urukundo igihe abandi babashavuje. Cindy avuga ati: “Inyifato twe na Russ tugaragariza abahungu bacu be n’abandi igihe havyutse ingorane, iragira ikintu kinini ikoze ku kuntu abahungu bacu baheza bagatorera umuti ingorane zisa n’izo”.

Mbere n’igihe wokora ikosa, ubona ko ata muvyeyi adakosha, urashobora kuguma ukoresha ako karyo kugira ngo wigishe abana bawe ivyigwa ngirakamaro. Umunega yitwa Stephen yiyemerera ati: “Vyarashika jewe n’umukenyezi wanje Terry tugatwarwa n’ishavu maze tugatoza indero abana bacu batatu tutaramenya ido n’ido ry’ukuntu ibintu vyagenze. Igihe ivyo vyaba vyashitse, twaca dusaba imbabazi”. Terry yongerako ati: “Turamenyesha abana bacu ko na twebwe tudatunganye kandi ko dukora amakosa. Twibaza ko ivyo bitatumye mu muryango wacu harangwa amahoro gusa, ariko kandi ko vyafashije abana kwiga ukuntu bokurikirana amahoro”.

Ubwo abana bawe boba bariko bariga kuba abanyamahoro biciye ku kwihweza ukuntu ubafata? Yezu yatanze impanuro igira iti: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira” (Matayo 7:12). Naho ukora amakosa, numenye udakeka ko urukundo be n’igishika ugaragariza abana bawe bizovamwo ibintu vyiza. Abana bawe bakiri bato bazorushiriza kugamburuka babikunze igihe uzoba ubahaye ubuyobozi mu buryo buranga urukundo.

Nutebe kuraka

Mu Migani 19:11 hagira hati: “Kwitonda kw’umuntu kumutera guteba kuraka”. None wofasha gute abana bawe gutsimbataza mwene ukwo kwitonda, ari kwo guca mu kajisho? Uwitwa David aravuga uburyo ngirakimazi we hamwe n’umukenyezi wiwe Mariann basanze bufasha umuhungu wabo be n’umukobwa wabo. Avuga ati: “Igihe bashavuriye umuntu avuze canke akoze ikintu kibabaza, duca tubafasha kwishira mu kibanza c’uwo muntu. Turababaza utubazo dusanzwe nk’utu: ‘Uwo muntu, yoba yaciye mu bintu bitoroshe kuri uwo musi? Yoba yabitumwe n’ishari? Hari umuntu yoba yamubabaje?’”. Mariann yongerako ati: “Ivyo bisa n’ibituma abo bana baturura aho kubaha akaryo ko kuguma bababajwe n’ivyo bintu vyabaye canke ku guharira ku bijanye n’uwufise ikosa canke uwutarifise”.

Ukwigisha mwene ukwo kurashobora kuvamwo ivyiza bitangaje. Raba ukuntu Nicole, umwe twavuga mu ntango y’iki kiganiro, yafashijwe na nyina Michelle mu buryo bushika kure, ubwashitse ku kintu gihambaye uretse gusa kumufasha gusubira kwunga ubucuti n’umugenzi wiwe Gabrielle. Michelle avuga ati: “Twe na Nicole twarasomye ikigabane ca 14 c’igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambayeb. Naciye nsigura ico Yezu yashatse kuvuga igihe yavuga yuko dukwiye guharira umuntu ‘gushika ku ncuro mirongo irindwi n’indwi’. Maze gutega yompi nitonze igihe Nicole yariko araserura inyiyumvo ziwe, naciye ndamufasha kwiyumvamwo ingene Gabrielle yagize umubabaro n’ishavu kubera yuko umugenzi wiwe somambike yagira afate urugendo rwa kure”.​—Matayo 18:21, 22.

Nicole amaze gutahura icoba catumye Gabrielle avugana ishavu, vyaramufashije kwishira mu kibanza ciwe maze bimuvyurira umutima wo kumuterefona kugira ngo amusabe imbabazi. Michelle avuga ati: “Kuva ico gihe, Nicole arahimbarwa no kwitwararika ukuntu abandi biyumva be no kubakorera ibintu vyiza kugira ngo barushirize kwumva ko bamerewe neza”.​—Abafilipi 2:3, 4.

Nufashe abana bawe kwirinda gutwarwa n’ishavu kubera amakosa y’abandi canke ukutumvikana na bo. Kumbure uzoshira akanyota niwabona abana bawe bakiri bato bitaho abandi vy’ukuri bakongera bakabagaragariza igishika kirangwa ikibabarwe.​—Abaroma 12:10; 1 Abakorinto 12:25.

Nubaremeshe kwironkera igikundiro kiva ku guharira abandi

Mu Migani 19:11 (NW) havuga hati: “Kwirengagiza ico [umuntu] yacumuweko . . . [ni] igikundiro”. Igihe Yezu yari ageze mu gihe giteye umubabaro gusumba ibindi, yariganye Se wiwe maze aragaragaza agatima ko guharira abandi (Luka 23:34). Abana bawe barashobora kumenya ingene guharira abandi ari igikundiro, igihe bo ubwabo biyumvamwo ko bahumurizwa n’ukuntu wewe ubaharira.

Nk’akarorero, Willy ni umwana afise imyaka itanu, akaba akunda gusiga irangi ku bicapo ari kumwe na inakuru. Igihe kimwe, Willy yagiye abona inakuru ahagarika gusiga irangi, aramukankamira maze aca arigira. Willy vyaramubabaje cane. Se wa Willy, uwitwa Sam, yavuze ati: “Inakuru wa Willy arwaye indwara yitiriwe Alzheimer [indwara yonona ubwonko]. Twaciye rero tubisigurira Willy dukoresheje amajambo ashobora gutahura”. Sam amaze kwibutsa Willy ko bamaze kumuharira incuro nyinshi cane be n’uko na we nyene akwiye kubigirira abandi, yaratangajwe n’ingene Willy yaciye avyifatamwo. Avuga ati: “Ubwo woshobora kwiyumvira ukuntu jewe n’umukenyezi wanje twumvise tumerewe igihe twabona ako gahungu kacu kaja kwa inakuru afise imyaka 80, kakamuvugisha mw’ijwi ryumvikanisha ugusaba imbabazi, maze kakamufata ukuboko kakamugarukana kuri ya meza bariko barasigirako irangi?”.

Vy’ukuri usanga ari igikundiro igihe abana bize ‘gushishikara kwihanganira’ amakosa be n’amafuti y’abandi bakongera bakabaharira (Abakolosayi 3:13). Mbere n’igihe abantu bokora ibintu mu buryo bubabaza babigize nkana, nukure amazinda abana bawe yuko kuvyifatamwo mu buryo burangwa amahoro bishobora kugira ikintu gikomeye bikoze, kubera yuko “inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho atuma n’abansi biwe buzura na we”.​—Imigani 16:7.

Nugume ufasha umwana wawe kuba umunyamahoro

Igihe abavyeyi bakoresha Ijambo ry’Imana kugira ngo bigishe abana babo “mu mahoro” kandi bakabigira nk’abantu “bariko baremesha amahoro”, barabera abana babo isoko ry’umuhezagiro nyakuri (Yakobo 3:18). Abavyeyi mwene abo baba bariko bararonsa abana babo ivyo bakeneye vyose kugira ngo batorere umuti amatati, gutyo bakaba abanyamahoro. Ivyo biragira ico biterereye cane rwose ku gahimbare be no ku gushira akanyota abo bana bazogira mu buzima bwabo bwose.

Sebibondo yitwa Dan be n’umukenyezi wiwe Kathy bafise abana batatu b’imiyabaga bifashe neza mu vy’impwemu. Dan avuga ati: “Naho bitari vyoroshe kubigisha igihe bari bakiri bato cane, turahimbarwa no kubona ubu abana bacu bavyifatamwo neza. Ubu barashobora kubana neza n’abandi, kandi baraharira abandi babigiranye umutima ukunze igihe haba hadutse ikintu kirondera guhungabanya amahoro”. Kathy avuga ati: “Ivyo biraturemesha cane, narirya amahoro ari kimwe mu vyamwa vy’impwemu y’Imana”.​—Abagalatiya 5:22, 23.

Ku bw’ivyo rero, bwa bavyeyi bakirisu, murafise imvo zumvikana zo ‘kudaheba’ canke ‘kutadebukirwa’ mu kwigisha abana banyu kubana n’abandi mu mahoro, mbere n’igihe mu ntango ibintu vyosa n’ibiza bukebuke. Uko mubigira, nimumenye neza yuko “ya Mana y’urukundo n’amahoro izobana namwe”.​—Abagalatiya 6:9; 2 Abakorinto 13:11.

[Akajambo k’epfo]

a Nurabe ishusho iri ku rupapuro rwa 75 mu gitabu La Révélation : le grand dénouement est proche! casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 20]

VYOBA BIGIRA AKOSHO KEZA?

Urwandiko rumwe rwasohowe n’ikimenyeshamakuru kimwe (Media Awareness Network) rufise umutwe uvuga ngo “Ubukazi buri mu kwisamaza guca mu bimenyeshamakuru” rwagira ruti: “Iciyumviro co gukoresha ubukazi nka bwo buryo bwo gutorera umuti ingorane kirashimikwako mu bintu vy’ukwisamaza usangamwo inkozi z’ikibi be n’abitwa ngo ni intwari, bose baguma bakoresha ubukazi”. Mu biganiro vyerekanwa kuri televiziyo, amasenema be n’imiziki yerekanwa kuri videwo vyasuzumwe, basanze nk’ibice 10 kw’ijana ari vyo vyonyene vyitwararika ibijanye n’ingaruka z’ubukazi. Urwo rwandiko ruvuga yuko ahubwo riho “vyagaragaye ko ubukazi bwerekanwa gusa nk’ikintu cumvikana, gisanzwe kandi gitegerezwa kuba, ubwo bukaba ari bwo buryo bwibonekeza gusumba ubundi bwo gutorera umuti ingorane”.

Woba ubona igituma bikenewe kugira ivyo uhinduye ku bijanye n’ibiganiro bica kuri televiziyo muraba i muhira iwanyu? Ntureke ukwisamaza guca mu bimenyeshamakuru ngo kunigire mu menshi utwigoro ugira kugira ngo wigishe abana bawe kuba abanyamahoro.

[Ifoto ku rup. 17]

Niwinjize mu bana bawe icipfuzo co guhimbara “ya Mana y’amahoro”

[Ifoto ku rup. 18]

Nufate umwanya wo gukosora imvugo be n’ibikorwa bibabaza

[Ifoto ku rup. 19]

Abana bawe barakwiye kumenya gusaba imbabazi be no guharira abandi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika