Inkuru y’ubuzima
Twariko tugenda tugana mw’isi nshasha
Nk’uko vyavuzwe na Jack Pramberg
Hafi y’igisagara gitoyi giteye igomwe c’i Arboga co hagati mu gihugu ca Suwede, hariho ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bikorerwamwo n’abakora bavyishakiye barenga 80. Twe n’umukenyezi wanje Karin, aho ni ho tuba kandi ni ho dukorera. None twahashitse gute?
AMAJA mu mpera y’ikinjana ca 19, hari umwigeme w’Umunyasuwede w’imyaka 15 yagiye kugerera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Igihe uwo mwigeme yari mu kigo kimwe kigenewe ba kavantara mu gisagara c’i New York, yaramenyanye n’umusozabwato umwe w’Umunyasuwede. Ivyo vyatumye bagomwana, mu nyuma barubakana maze bavyara umwana w’umuhungu, ari we jewe. Navukiye i Bronx i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1916, mu gihe ca ya Ntambara ya mbere y’isi yose.
Gatoyi inyuma y’aho, twarimukiye i Brooklyn ahantu urengana amagorofa nk’angahe ugaca ushika i Brooklyn Heights. Mu nyuma, dawe yarambwiye ko twe na we twotangurana ivyo gusoza ubwato bwo kwigirako hafi y’ikiraro c’i Brooklyn, ico umuntu yashobora guca abona neza ari ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova. Siniyumvira yuko ibikorwa vyaharangurirwa vyogize ikintu gikomeye bikoze kuri jewe.
Mu 1918 ni ho ya Ntambara ya mbere y’isi yose yarangira, kandi ni na ho bwa bwicanyi butagira izina bwarangira i Buraya. Abasirikare barasubiye iwabo, ivyo bikaba vyotumye bahangana n’uwundi mwansi, ni ukuvuga ubushomeri n’ubukene. Dawe yarabonye ko vyoba vyiza kuruta asubiye muri Suwede, maze tukaba twagiyeyo mu 1923. Twashikiye mu gasagara gatoyi kari hafi y’igituro c’igariyamoshi kitwa Erikstad mu ntara ya Dalsland. Aho ni ho dawe yaciye yuguruza imangazini idandarizwamwo ivyuma, kandi ni ho nakuriye nongera ndahatangurira ishure.
Ukuntu imbuto zabibwe
Urudandaza rwa dawe ntirwagenze neza. Mu ntango z’imyaka ya 1930, yaciye asubira kuba umusozabwato. Yadusize twenyene, mawe asigarana imyitwarariko myinshi, nanje nsigara ncungereye nya mangazini. Umusi umwe, mawe yaragiye kuramutsa muramuwe Johan, ari we datawacu. Kubera ko yari ahagaritswe umutima n’ukuntu ivy’isi vyari bimeze, yamubajije ati: “Johan, ibintu bizokwama gutya?”.
Yamwishuye ati: “Oya, Ruth”. Yaciye amwiganira ibijanye n’umuhango Imana yatanze w’uko izokuraho ubukozi bw’ikibi maze ice ishinga kw’isi ubutegetsi bugororotse biciye ku Bwami buzoba butwarwa n’Umwami Yezu Kristu (Yesaya 9:6, 7; Daniyeli 2:44). Yaramusiguriye ko bwa Bwami Yezu yatwigisha gusenga dusaba ari ubutegetsi canke intwaro igororotse, buzotuma isi ihinduka ikaba Iparadizo.—Matayo 6:9, 10; Ivyahishuwe 21:3, 4.
Mawe yaciye ubwo nyene anyurwa n’iyo mihango Bibiliya itanga. Yagarutse i muhira aza arashimira Imana inzira yose. Ariko rero, yaba dawe canke jewe, nta n’umwe yashimye kubona mawe yariko yitwararika ivy’Imana. Muri ico gihe, mu myaka ya 1935, narimukiye i Trollhättan mu Burengero bwa Suwede, maze ndonka akazi mu mangazini niniya idandarizwamwo ivyuma. Budakeye na kabiri, mawe na dawe, uno akaba yari aherutse guhagarika akazi kiwe ko gusoza ubwato, barimukiye muri ico gisagara nyene nabamwo. Gutyo, twese twari dusubiye guhurira hamwe uko tugize umuryango.
Kugira ngo inzara yo mu vy’impwemu mawe yari afise ihere, yaciye arondera Ivyabona vya Yehova bo muri ako karere. Ico gihe, baza barakoranira ku muhana w’umwumwe, nk’uko abakirisu bo mu ntango babigira (Filemoni 1, 2). Igihe kimwe, mawe ni we yari aramukiwe. Yarabajije dawe umutima utari mu nda niba yoshobora kwakirira i muhira abagenzi biwe. Yamwishuye ati: “Erega abagenzi bawe turabasangiye”.
Gutyo rero, bari bahawe ikaze iwacu. Mu gihe abantu baba binjiye, nanje naca nsohoka. Ariko, haciye igihe sinabaye nkiza ndasohoka. Igishika ivyo Vyabona bagaragaza be n’ukuntu bari abantu bazirikana mu buryo bubereye kandi bworoshe, vyatumye nikuramwo umwikeko wose nari ndabafitiye. Umutima wanje waratanguye gukuriramwo urubuto, ni ukuvuga icizigiro cerekeye kazoza.
Nkora akazi ko gusoza ubwato
Gusoza ubwato bitegerezwa kuba ari ikintu c’akaronda nakuye kuri dawe, kuko na jewe nahavuye nkora ico gikorwa nyene. N’ikindi kandi, naguma ndushiriza kubona neza ko nkeneye ivy’impwemu. Igihe twaba turi ku kivuko kinaka, nama ngerageza kubonana n’Ivyabona vya Yehova. Nk’igihe twari i Amsterdam mu Buholande, naragiye ku biro bimwe vya posita kubaza aho nari gushobora kubabona. Tumaze kuvugana n’abakora kuri ivyo biro, nararonse aderese imwe ubwo nyene nca njayo. Akigeme k’imyaka cumi karansanganiye n’igishika cinshi ku muryango. Naho ako kigeme be n’abo basangiye umuryango batari banzi, nariyumvisemwo cane yuko bambereye abagenzi, mba ndiboneye yuko Ivyabona bagize umuryango w’abavukanyi w’akaroruhore!
Naho twe n’abagize uwo muryango tutavuga ururimi rumwe, igihe batora ikirangamisi be n’urutonde rwerekana ingendo za gariyamoshi bagatangura gucapa ikarata, naratahuye ko bari bimirije iteraniro ryobereye mu gisagara ca Haarlem co mu micungararo y’aho baba. Naritavye iryo teraniro, kandi ryarandyoheye cane naho ntashoboye gutahura ijambo na rimwe. Igihe nabona Ivyabona bariko batanga ubutumire bwo kwitaba insiguro y’icese yoshikirijwe ku w’iyinga, naciye numva na jewe nshatse kugira uruhara muri ico gikorwa. Ku bw’ivyo, ubutumire abantu baba bataye narabutora, na nje ngaca nsubira kubutanga.
Igihe kimwe, twarashitse i Buenos Aires muri Arijantine, maze na ho nyene nsanga hariho ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Mu nyubakwa zaho, narabonye ibiro bimwe be n’aho babika ibintu. Hari umukenyezi umwe yari yicaye ariko arajisha be n’akigeme bishoboka ko kari agakobwa kiwe, kariko karakinisha agapupe. Bumaze kwira na ho, hari umugabo umwe yariko aratora ibitabu bimwebimwe ku kabati, muri ivyo hakaba harimwo igitabu Création casohowe mu gisuwede. Ndavye ukuntu abo bantu bari bakeye mu maso kandi bahimbawe, naciye nipfuza kwifatanya na bo.
Igihe twariko dusubira muri Suwede, twarahitanye abantu bakorera mu ndege y’intambara y’Abanyakanada yari yagiriye isanganya ku nkengera y’intara yo muri Kanada yitwa Terre-Neuve. Hashize imisi mikeyi, twegereje gushika muri Ekose, abantu bakorera mu bwato bumwe bw’intambara bw’Abongereza baradufashe. Baratujanye i Kirkwall mu mazinga ya Orcades kugira ngo bagire itohoza. Ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yari imaze gutangura, kandi ingabo z’Abanazi za Hitler zari zateye igihugu ca Polonye muri Nyakanga 1939. Haciye imisi mikeyi, twararekuwe, hanyuma turakomeza urugendo rwacu turinda dushika muri Suwede ata yindi ngorane dusubiye kugira.
Ico gihe nari nisubiriye ku gatumba, kandi nari nshoboye kwitwararika neza ivy’impwemu. Naripfuza vy’ukuri kuba mu basavyi b’Imana no kudaheba gukoranira hamwe na bo (Abaheburayo 10:24, 25). Birampimbara iyo nibutse ko igihe nari umusozabwato nama nshinga intahe ku bandi basozabwato, kandi umwe muri bo akaba na we nyene yarabaye Icabona.
Nshingwa kurangura umurimo udasanzwe
Umwaka wa 1940 ugitangura, naragendeye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Stockholm. Nakiriwe n’uwitwa Johan H. Eneroth, uno akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza muri Suwede ico gihe. Igihe namubwira ko nipfuza kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza c’igihe cose nsukura ndi umutsimvyi, yaranyitegereje maze aca ambaza ati: “Uremera ko iri ari ishirahamwe ry’Imana?”.
Nishuye nti: “Egome”. Ivyo vyatumye mbatizwa ku wa 22 Ruheshi 1940, maze nca ntangura gusukurira kw’ishami, aho hantu harangwa urukundo ndi kumwe n’abo twakorana b’umutima mwiza. Ku mpera z’imishamvu, twaba turi mu busuku. Mu gihe c’ici, twarakunda kuja mu vyibare vya kure turi ku makinga maze tukamara impera z’imishamvu turiko turamamaza, tukaza turarara ku carire baba barunze mu mirima.
Ariko rero, akenshi twamamaza inzu ku nzu i Stockholm canke mu micungararo yaho. Igihe kimwe, narabonye umugabo umwe yari mu nzu yiwe yo hasi ariko akora icuma ciwe gishusha amazi, abigira yihutagiza kandi asa n’uwataye umutwe. Naciye nkura amaboko mu mpuzu nja kumufasha. Duhejeje kuzibira aho ico cuma cariko kirava, nya mugabo yaranyitegereje n’ugukenguruka kwinshi maze avuga ati: “Ivyo ari vyo vyose hari ikindi kintu cari kikuzanye. Ingo rero tuduge, tuje gukaraba hanyuma dufate agakawa”. Twaragiye, maze mu gihe twariko turafata nya gakawa, naramubwiye inkuru nziza. Yahavuye na we nyene aba umukirisu.
Naho vyari bisanzwe bizwi ko igihugu cacu kitisuka mu vy’intambara, Abanyasuwede iyo ntambara yarabakozeko. Igitigiri c’abagabo baronderwa ngo baje mu gisirikare, na jewe ndimwo, caguma ciyongera. Igihe nanka kugira imyimenyerezo ya gisirikare, narapfunzwe mu kiringo gitoyi. Mu nyuma, naraciriwe urubanza rwo kuja gukora ibikorwa biruhisha vyo mw’ibohero. Ivyabona bakiri bato akenshi twararengutswa imbere y’abacamanza, kandi twarashoboye gushinga intahe yerekeye Ubwami bw’Imana. Ivyo vyarashikije ubuhanuzi bwa Yezu bugira buti: “Bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami babampora, kugira ngo bibe intahe kuri bo no ku mahanga”.—Matayo 10:18.
Ubuzima bwanje buhinduka
Mu 1945, ya ntambara yararangiye i Buraya. Uwo mwaka uri mu kurangira, Nathan H. Knorr, ico gihe akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, yaratugendeye avuye i Brooklyn ari kumwe na Milton Henschel umunyabanga wiwe. Urugendo rwabo rwarabaye ngirakamaro cane mu bijanye n’ugutunganya bushasha igikorwa co kwamamaza muri Suwede, na jewe ubwanje ndarwungukirako. Igihe numva ko nshobora kwitaba rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, naciye ubwo nyene niyandikisha.
Mu mwaka wakurikiye, naritavye iryo shure, ico gihe rikaba ryabera hafi y’i South Lansing muri New York. Mu mezi atanu ivyigwa vyamaze, nararonse ukumenyerezwa kwatumye ndushiriza guha agaciro Bibiliya be n’ishirahamwe ry’Imana. Narabonye ko abahagarikiye igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose bari abantu begereka kandi bitwararika abandi. Twe na bo twarakorera hamwe tugatama (Matayo 24:14). Naho ivyo bitantangaza, narahimbawe no kuvyibonera imbonankubone.
Ntitwatevye gushika ku wa 9 Ruhuhuma 1947, umusi abagize umugwi w’umunani w’Ishure ry’i Gileyadi bahabwa impapuro zabo z’umutsindo. Umuvukanyi Knorr yaratangaje ibihugu twebwe abari basohotse iryo shure twari tugiye gukoreramwo. Nshikiriwe, yavuze ati: “Umuvukanyi Pramberg agiye gusubira muri Suwede gusukurira abavukanyi biwe baho”. Mvugishije ukuri, sinakiranye igishika cinshi cane ivyo kuja gukorera iwacu.
Ndangura igikorwa kitoroshe
Igihe nasubira muri Suwede, naramenye ibijanye n’igikorwa gishasha cari kigiye gutangura kurangurwa mu bihugu vyinshi vyo hirya no hino kw’isi, ico na co kikaba cari ikijanye n’ubucungezi bw’intara. Naragenywe gusukura ndi umucungezi w’intara wa mbere muri Suwede, kandi ico gikorwa nari kukirangura muri ico gihugu cose. Naciye ntunganya ivyahavuye vyitwa amateraniro y’umuzunguruko nongera ndabihagarikira. Ayo materaniro yabera mu bisagara bininibinini na bitobito vyo hirya no hino muri ico gihugu. Kubera ko iyo ntunganyo yari nshasha, sinari nzi vyinshi ku bijanye n’ico gikorwa. Twe n’umuvukanyi Eneroth twaravyicariye maze turatunganya porogarama z’ayo materaniro uko dushoboye kwose. Ico gikorwa carampindisha agashitsi akaba ari co gituma naguma niyegereza Yehova incuro n’izindi mw’isengesho. Namaze imyaka 15 muri ico gikorwa co gusukura ndi umucungezi w’intara.
Muri ico gihe, vyari bigoye cane kuronka ahantu habereye ho kugirira ayo materaniro. Twabwirizwa kuyagirira mu nyubakwa batambiramwo no mu zindi nk’izo, izo na zo akenshi ukaba wasanga zifise ivyuma bitanga ubushuhe bike cane kandi rimwe na rimwe ugasanga vyafashwe nabi. Iteraniro rimwe ryabereye i Rökiö muri Finilande twarigiriye mu kibanza kimeze gutyo. Yari inyubakwa ishaje yo kwinezerezamwo yari imaze igihe idakoreshwa. Hariko haragwa urubura rwinshi, hakaba n’ubukanye bwa dogere 20 munsi ya zero. Twaciye rero ducana umucanwa mu bifuru bibiri bininibinini bikozwe mu ngunguru. Ariko rero, ntitwaciye n’ikanda yuko inyoni zari zararitse mu muringoti wasohora umwotsi. Hinge rero umwotsi udushwaremwo! Yamara, twese twagumye twicaye ngaho twanyegeje imitwe mu makoti yacu, naho kandi twariko tubabwa cane mu maso. Ivyo vyatumye iryo teraniro riba intibagirwa bimwe bidasanzwe.
Kimwe mu bintu twasabwa gukora mu bijanye n’itunganywa ry’ayo materaniro y’umuzunguruko yamara imisi itatu kwari ukuronsa ibifungurwa abashitsi. Mu ntango, nta bikoresho twari dufise kandi ntitwari tumenyereye ico gikorwa. Yamara twari dufise abavukanyi n’abavukanyikazi b’umutima mwiza bahimbarwa no gukora ico gikorwa kitoroshe. Buca iteraniro riba, warashobora kubabona bunamye hejuru y’urubesani, bariko bahwata ibiraya magingo baba bariko babwirana ivyabonywe, binovora ico kiringo kinezereje. Naho abo bavukanyi n’abavukanyikazi bakora bagatama, ivyo bihe vyaratumye benshi bagiranira ubugenzi buramba.
Gutembereza ivyapa vyo gutangaza ayo materaniro y’imizunguruko wari uwundi muce w’igikorwa twarangura ico gihe. Twaragendagenda turi umurwi duca mu bisagara canke mu bigwati, dutumira abantu baho kwitaba insiguro y’icese. Abantu muri rusangi wasanga akenshi cane batugaragariza umutima mwiza n’icubahiro. Igihe kimwe mu gisagara c’i Finspång, hari ibarabara rimwe ryari ryuzuyemwo abakozi bari baje bava mw’ihinguriro rimwe. Tugize gutya, umwe muri bo twaje twumva asemerera ati: “Ehe bahungu, rabe abantu bataye ku w’amazi Hitler!”.
Ikintu gihambaye cabaye mu buzima bwanje
Ubuzima namaze ndi umusuku w’ingenzi ntibwatevye guhinduka inyuma y’aho menyaniye n’inkumi yasa n’irirenga yitwa Karin. Twe na we twari twaratumiwe kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i Yankee Stadium mu gisagara ca New York muri Mukakaro 1953. Ku musi wa mbere igenekerezo rya 20, mu gihe c’akaruhuko ni ho twagira ubugeni, Milton Henschel ari we aturaganishije. Cabaye ikintu kidasanzwe kibereye muri ico kibuga c’umupira w’amaboko ca rurangiranwa kw’isi. Inyuma y’aho twe na Karin dusukuriye mu gikorwa c’ingenzi gushika mu 1962, twaratumiwe kuja kwifatanya n’umuryango wa Beteli wo muri Suwede. Natanguye gukorera mu Rwego rujejwe ibinyamakuru. Mu nyuma, kubera ko nari naramenyerejwe mu vy’ubukanitsi, narashinzwe kwitwararika amamashini yo gucapura be n’ayandi ishami rikoresha. Karin yamaze imyaka itari mike akorera mw’imesuriro. Ubu na ho amaze imyaka myinshi akorera mu Rwego rujejwe gusuzuma ko ibisomwa vyo mu buhinduzi bipanze neza.
Ese ukuntu mu myaka irenga 54 tumaze dusukurira Yehova twubakanye, twinovoye ubuzima bwabayemwo ibintu vyinshi, bw’ingirakamaro kandi buhimbaye! Yehova mu vy’ukuri yarahezagiye ishirahamwe ryiwe rigizwe n’abasavyi bakundana kandi bakora bagatama. Igihe natangura gusukurira kw’ishami mu 1940, muri Suwede hari Ivyabona 1.500 gusa. Ariko ubu hari abarenga 22.000. No hirya no hino kw’isi, harabaye iterambere rihambaye ku buryo ubu hari Ivyabona barenga imiliyoni zitandatu n’igice.
Impwemu ya Yehova ni yo ishigikiye igikorwa turangura, bikaba ari nk’aho iguma yuzuza umuyaga ibitambara bituma ubwato bwacu buguma bugenda. Dukoresheje amaso y’ukwizera, turitegereza ingene ikiyaga c’ubwoko-muntu gisuriranya, ariko ntibiturandura umutima. Kubera yuko tuguma turamiriza mu rugendo rwacu, turabona neza isi nshasha y’Imana. Twe na Karin turakengurukira Imana ku vyiza vyose itugirira tukongera tugasenga buri musi tuyisaba kudukomeza kugira ngo tugume turi intadohoka kuri yo, maze amaherezo tuze dushikire intumbero yacu, iyo na yo akaba ari ukwemerwa n’Imana be n’ukubaho ibihe bidahera!—Matayo 24:13.
[Ifoto ku rup. 12]
Ndi ku bibero vya mawe
[Ifoto ku rup. 13]
Aho jewe na dawe twasozereza ubwato bwo kwigirako mu ntango y’imyaka ya 1920
[Ifoto ku rup. 15]
Ndi kumwe na Herman Henschel (se wa Milton) i Gileyadi mu 1946
[Ifoto ku rup. 16]
Twagiriye ubugeni bwacu i Yankee Stadium ku wa 20 Mukakaro mu 1953