ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/7 rup. 3-6
  • Umuti w’ukwinubana gushingiye ku moko ni uwuhe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuti w’ukwinubana gushingiye ku moko ni uwuhe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Agahahazo n’urwanko
  • Ni ikintu nyamukuru ikihe gituma haba ukwinubana?
  • Ubumenyi bwerekeye Imana ni bwo mushinge w’uguhuza kw’amoko
  • Imana yitwararika abantu bo mu mahanga yose
  • Yezu yigisha ukumera neza
  • Ubumenyi bwerekeye Imana bwoba buhindura abantu?
  • Iherezo ry’ivyo kwinubana
    Be maso!—2004
  • Woba ubona abandi nk’uko Yehova ababona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Niwigane Yehova, ya Mana yacu itagira nkunzi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/7 rup. 3-6

Umuti w’ukwinubana gushingiye ku moko ni uwuhe?

MURI Esupanye umuhagarikizi w’urukino rw’umupira w’amaguru araruhagaritse. Uti kubera iki? Kubera yuko abarorerezi benshi cane bariko baratuka umukinyi akomoka mu gihugu ca Kamerune gushika n’aho avuga ko agira ave mu kibuga. Mu Burusiya ibitero vy’ubunyamaswa bigirirwa abantu bakomoka muri Afirika, muri Aziya no muri Amerika y’Epfo bisigaye ari ibintu bimenyerewe. Muri ico gihugu, mu mwaka wa 2004, ibitero bigirwa n’abantu biziziwe n’amacakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba, vyarongerekanye ibice 55 kw’ijana gutyo mu 2005 bishika ku bitero 394. Mu Bwongereza, ica gatatu c’abirabure be n’abaturuka muri Aziya babajijwe ibibazo mw’itohoza, bavuze ko boba bakuwe mu kazi kubera ugukumirana gushingiye kw’ibara ry’urukoba. Ubwo burorero burerekana ukuntu ibintu vyifashe hirya no hino kw’isi.

Ukwinubana gushingiye ku moko kugenda kurarutarutana mu buremere. Guhera ku bitutsi canke amajambo ababaza kugashika ku twigoro tugirwa ku rugero rw’igihugu two guhonya umugwi w’abagize ubwoko bunakaa. None ikintu nyamukuru gituma haba ukwo kwinubana gushingiye ku moko ni ikihe? Twokwirinda gute kwinuba abandi? Vyoba vyumvikana kwitega yuko umusi uri izina imiryango y’abantu bose izobana mu mahoro? Bibiliya iradufasha kubona ibintu neza ku bijanye n’ivyo bibazo.

Agahahazo n’urwanko

Bibiliya ivuga iti: “Imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo” (Itanguriro 8:21). Ni co gituma hari abantu bahimbarwa no guhahaza abandi. Bibiliya kandi ivuga iti: “Eh’amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ububasha bgari ku ruhande rw’abahahaza”.​—Umusiguzi 4:1.

Bibiliya irerekana kandi ko urwanko rushingiye ku moko rwatanguye kera cane. Nk’akarorero, mu kinjana ca 18 imbere y’igihe cacu, Umufarawo wa Misiri yaratumyeko wa Muheburayo Yakobo n’umuryango wiwe munini ngo baje kuba mu Misiri. Ariko rero, mu nyuma hari uwundi Mufarawo yumvise abangamiwe n’uwo mugwi munini w’abo bantu bari bagerereye mu Misiri. Ku bijanye n’ivyakurikiye, inkuru yigana iti: “Abarira abantu biwe, ati Rāba Abisirayeli bahindutse ihanga rituruta mu bginshi riturusha n’inkomezi. Enda tubaronderere inama y’ubgenge kugira ngo boye kugwira, . . . Nuko babaha abo kubakebera ibikebere ngo babatwaze ituntu babīkoreze ibiremereye” (Kuvayo 1:9-11). Abanyamisiri mbere bategetse yuko abana bose b’abahungu baba bavyawe n’abakomoka kuri Yakobo, baca bicwa.​—Kuvayo 1:15, 16.

Ni ikintu nyamukuru ikihe gituma haba ukwinubana?

Amadini yo mw’si yahaserutse gake kugira ngo afashe kurwanya ukwinubana gushingiye ku moko. Naho ari ivy’ukuri yuko abantu bamwebamwe barwanije agahahazo babigiranye ubuhizi, amadini muri rusangi yarashigikiye akatari gake abahahaza abandi. Akarorero ni nk’ivyabaye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika aho ivyo gucinyiza abirabure vyunyuwe n’itegeko ryavyemeza hamwe n’ibijanye no kubamanika, hakongera hagashingwa amategeko yabuza ukwubakana kw’abadasangiye ibara ry’urukoba, ayo na yo akaba yarabandanije gukora gushika mu 1967. Ni ko vyagenze kandi no muri Afirika y’Epfo mu gihe c’intwaro karyanishamiryango, igihe abantu bari ku rushi barondera gukingira ibiti bihambaye bari bafise mu vy’intwaro, mu gushinga amategeko yarimwo ivyo kubuza kwubakana kw’abadasangiye ibara ry’urukoba. Muri ivyo bihugu vyompi, abantu bamwebamwe bo mu bwoko bwashigikiye ivyo kwinubana, bari abitwa ko basenga cane.

Mugabo rero Bibiliya irahishura imvo nyamukuru ituma haba ukwinubana gushingiye ku moko. Irasigura igituma abantu bo mu migwi imwimwe y’amoko bahahaza abo mu yindi migwi. Ivuga iti: “Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’urukundo. Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’umubeshi. Kuk’ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye” (1 Yohana 4:8, 20). Ayo majambo arerekana ikintu nyamukuru gituma haba ukwinubana gushingiye ku moko. Abantu, baba abavuga ko basenga canke abatabivuga, binubana kubera yuko batazi Imana canke batayikunda.

Ubumenyi bwerekeye Imana ni bwo mushinge w’uguhuza kw’amoko

Ni gute kumenya Imana no kuyikunda bituma haba uguhuza kw’amoko? Ni ubumenyi ubuhe Ijambo ry’Imana rihishura butuma abantu birinda kugirira nabi abandi bisa n’uko batandukanye? Bibiliya ivuga yuko Yehova ari Umuvyeyi w’abantu bose. Ivuga iti: “Kuri twebge har’Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose” (1 Ab’i Korinto 8:6). Vyongeye, ivuga iti: “Yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe” (Ivyakozwe n’intumwa 17:26). Ku bw’ivyo, abantu bose baravukana.

Abantu bo mu moko yose barashobora kwishimira kuba Imana yarabahaye ubuzima, mugabo kandi bose barafise ikintu bicuza ku bijanye n’uwo bakomotseko. Paulo, umwe mu banditse Bibiliya, yavuze ati: “Icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe”. Ku bw’ivyo, “bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana” (Abaroma 3:23; 5:12). Yehova ni Imana ikunda ibintu bitandukanye, akaba ari co gituma ata biremwa bibiri bisa ijana kw’ijana. N’aho ari ukwo, nta bwoko yahaye ikintu cotuma bwumva ko buruta ubundi. Iciyumviro gikwiragiye hose c’uko ubwoko umuntu arimwo buruta ubw’abandi kiratandukanye n’ukuri gushirwa ahabona n’Ivyanditswe. Mu vy’ukuri, ubumenyi Imana ituronsa buratuma haba uguhuza kw’amoko.

Imana yitwararika abantu bo mu mahanga yose

Hari abantu biyumviriye yuko Imana yashigikiye ivyo kwinubana kw’amoko mu gutonesha Abisirayeli no mu kubigisha ko boguma bitandukanije n’ayandi mahanga (Kuvayo 34:12). Igihe kimwe, Imana yaratoye ihanga rya Isirayeli kugira ngo ribe inyegu yiharije kubera ukwizera kudasanzwe kwagaragajwe na sekuruza w’Abisirayeli ari we Aburahamu. Imana ubwayo ni yo yategeka Abisirayeli ba kera, ikabatorera abatware ikongera ikabaha icegeranyo c’amategeko. Igihe cose Abisirayeli bemera iyo ndinganizo, abandi bantu barabona itandukaniro ry’ivyava mu gutegekwa n’Imana n’ivyava mu gutegekwa n’abantu, mu yandi mahanga. Yehova kandi muri ico gihe yarigishije Abisirayeli ibijanye n’uko hari hakenewe ikimazi cotumye umuryango w’abantu usubira kugiranira ubucuti bwiza n’Imana. Rero, ivyo Yehova yagiranye n’Abisirayeli vyagiriye akamaro amahanga yose. Ivyo vyari bihuye n’ivyo yari yarabwiye Aburahamu, mu kugira ati: “Mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye”.​—Itanguriro 22:18.

Ikindi kandi, Abayuda bari baratewe agateka ko kuronka amajambo meranda yavuzwe n’Imana no kuba ihanga Mesiya yovukiyemwo. Mugabo n’ivyo nyene vyagizwe kugira ngo amahanga yose ashobore kuvyungukirako. Ivyanditswe vy’igiheburayo vyahawe Abayuda biradondora mu buryo bweza umutima igihe amoko yose azoronka imihezagiro ikomeye mu kuvuga biti: “Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’inzira zayo, . . . nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi. Arik’umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga”.​—Mika 4:2-4.

Naho Yezu Kristu ubwiwe ari we yabwiye ubutumwa Abayuda, yavuze kandi ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose” (Matayo 24:14). Nta hanga na rimwe ritoronse akaryo kwo kwumva inkuru nziza. Yehova rero yaratanze akarorero katagira agahaze mu kuntu yafashe imigwi y’abantu b’ubwoko bwose mu buryo butagira nkunzi. “Imana [nti]robanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera”.​—Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35.

Amategeko Imana yahaye ihanga rya Isirayeli ya kera arerekana kandi ko Imana yitwararika abantu bo mu mahanga yose. Raba ukuntu Ivyagezwe vyasaba n’ibindi uretse gusa kwubahiriza abatari Abisirayeli baba muri ico gihugu, igihe vyagira biti: “Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’uko mwikunda: kuko namwe mwar’abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa” (Abalewi 19:34, ni twe dushimitse.). Menshi mu mategeko y’Imana yarigisha Abisirayeli kugirira neza ba kavantara. Ni co gituma Bowazi, umwe muri ba sekuruza ba Yezu, igihe yabona umunyamahangakazi w’umukene ariko arahumba, yarakoze ahuje n’ivyo yari yarigishijwe n’Imana mu kwiyemeza neza ko abariko baramwimburira basigariza uwo mupfakazi ivyimburwa bitari bike ngo abihumbe.​—Rusi 2:1, 10, 16.

Yezu yigisha ukumera neza

Yezu yarahishuye ukuri kwereye Imana kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Yareretse abayoboke biwe ingene bogirira neza abantu bafise ivyo batandukaniyeko. Igihe kimwe yaraganiriye n’Umusamariyakazi. Ubwoko bw’Abasamariya bwari ubwoko Abayuda benshi bakengera, akaba ari co gituma uwo mugore yatangaye. Muri ico kiganiro, Yezu abigiranye umutima mwiza, yarafashije uwo mugore gutahura ukuntu yoshobora kuronka ubuzima budahera.​—Yohana 4:7-14.

Yezu kandi yaratwigishije ingene dukwiye gufata abantu tudasangiye ubwoko igihe yavuga ivyerekeye Umusamariya w’imbabazi. Uwo mugabo yaserutse ku Muyuda yakomeretse bimwe bibi, uwari yatewe n’abambuzi. Uwo Musamariya yari gushobora kwiyumvira bitagoranye ati: ‘Nofashiriza iki Umuyuda? Abayuda barakengera ubwoko bwacu’. Mugabo Yezu yerekanye ko uwo Musamariya yabona abanyamahanga mu bundi buryo. Naho abandi bantu bari biciriye iruhande y’ uwo mugabo yari yakomeretse, uwo Musamariya ‘yaratewe akagongwe’ n’uwo mugabo maze aramufasha cane. Yezu yasozereye uwo mugani mu kuvuga yuko umuntu wese yipfuza gushimwa n’Imana akwiye gukora nk’uko kw’uwo Musamariya.​—Luka 10:30-37.

Intumwa Paulo yigishije abipfuza guhimbara Imana ko bohindura kamere zabo maze bakayigana mu buryo ifata abantu. Yanditse ati: “[“Mwambure ya kamere ya kera n’ibikorwa vyayo, hanyuma mwambare kamere nshasha, imwe igirwa nshasha hisunzwe ishusho y’Uwayiremye, biciye ku bumenyi butagira amakosa, ahatagira Umugiriki canke Umuyuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, umunyamahanga canke Umusikite”, NW], . . . Ikigeretse kur’ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana”.​—Ab’i Kolosayi 3:9-14.

Ubumenyi bwerekeye Imana bwoba buhindura abantu?

Mbega ukumenya Yehova Imana, vyoba vy’ukuri bihindura ukuntu umuntu afata abo mu bwoko butandukanye n’ubwiwe? Raba ivyashikiye umugore umwe aturuka muri Aziya aba muri Kanada, uwavunitse umutima kubera yashikiwe n’ugukumirwa muri ico gihugu. Yarahuye n’Ivyabona vya Yehova maze baratangura kumwigisha Bibiliya. Mu nyuma, yarabandikiye ikete ryo gukenguruka, iryo yavuzemwo ati: ‘Mwari abazungu beza cane kandi b’umutima mwiza. Igihe nabona ko vy’ukuri mutandukanye n’abandi bazungu, naribajije igituma. Narazirikanye akatari gake maze mu nyuma ndatahura ko mwari Ivyabona vy’Imana. Bibiliya itegerezwa kuba irimwo ikintu kidasanzwe. Ku makoraniro yanyu nahabonye abantu benshi bagizwe n’abazungu, abirabure, abafise utubiri twompi be n’abadimudimu, abo bose bakaba bari bafise imitima isa, ni ukuvuga ko imitima yabo itagira ibara, kubera yuko bari abavukanyi n’abavukanyikazi. Ubu ndazi icatumye baba abantu bameze neza gutyo. Ni Imana yanyu’.

Ijambo ry’Imana riravuga ivyerekeye igihe “kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi” (Yesaya 11:9). No muri kino gihe, mu buryo buhuje n’iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, abantu bagize ishengero ryinshi baharurwa mu mamiliyoni “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose” bariko barahurikira hamwe mu gusenga kw’ukuri (Ivyahishuriwe 7:9). Barindiranye umushasharo kubona urwanko rusubirirwa n’urukundo mu kibano co kw’isi yose, ikigiye vuba kurangura umugambi wa Yehova, uwo yahishuriye Aburahamu mu kuvuga ati: ‘Imiryango yose yo mw’isi izoronka umugisha’.​—Ivyakozwe n’intumwa 3:25.

[Akajambo k’epfo]

a Ijambo “ubwoko” rikoreshwa ng’aha, ryerekeza ku bintu bitandukanya abantu hishimikijwe ibara ry’urukoba, ubwenegihugu, idini, ururimi canke imico kama.

[Ifoto ku rup. 4]

Ivyagezwe vy’Imana vyarigisha Abisirayeli gukunda abanyamahanga

[Ifoto ku rup. 5]

Ni igiki twigira ku mugani w’Umusamariya w’imbabazi?

[Ifoto ku rup. 6]

Nta bwoko Imana yahaye ishingiro ryotuma bwumva ko buruta ubundi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika