Niwigane Yehova, ya Mana yacu itagira nkunzi
‘Imana ntigira nkunzi’.—ABAROMA 2:11, UB.
1, 2. (a) Ni umugambi uwuhe Yehova yari afitiye Abanyakanani muri rusangi? (b) Ni igiki Yehova yakoze, kandi ivyo bivyura ibihe bibazo?
IGIHE Abisirayeli bari bashagaje mu Biyaya vy’i Mowabu mu 1473 B.G.C., barumvirije bitonze Musa. Hari intambamyi yari ibarindiriye hakurya y’Uruzi Yorodani. Musa yaravuze umugambi Yehova yari afise wo gutuma Isirayeli inesha amahanga indwi akomakomeye y’Abanyakanani yaba mu Gihugu c’Isezerano. Ese ukuntu aya majambo ya Musa avuga ngo ‘Yehova Imana yanyu azobagabura mu maboko yanyu, kandi muzobatsinda’ asubiriza umutima mu nda! Abisirayeli bategerezwa kutagiranira isezerano na yo, kandi ntiyari akwiriye gutoneshwa.—Gusubira mu vyagezwe 1:1; 7:1, 2.
2 Yamara, Yehova yarazigurije umuryango umwe waba mu gisagara ca mbere Abisirayeli bateye. Abantu bo mu bindi bisagara bine na bo nyene barakingiwe n’Imana. Kubera iki? Ibintu bihambaye vyabaye bijanye n’ukurokoka kw’abo Banyakanani bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova? Kandi dushobora gute kumwigana?
Ukuntu bakiriye izina rihambaye Yehova yihesheje
3, 4. Inkuru zivuga intsinzi Abisirayeli baronse zagize ingaruka iyihe ku bantu b’i Kanani?
3 Mu kiringo ca ya myaka 40 Abisirayeli bamara mu bugaragwa imbere y’uko binjira mu Gihugu c’Isezerano, Yehova yarakingiye yongera ararwanira igisata ciwe. Mu Bumanuko bw’Igihugu c’Isezerano, Abisirayeli baratanye mu mitwe n’umwami w’Umunyakanani w’i Aradi. Abisirayeli bafashijwe na Yehova, baramuneshereje i Horuma we be n’abantu biwe (Guharūra 21:1-3). Mu nyuma, Abisirayeli bajanye inkengera y’igihugu ca Edomu hanyuma bafata urugendo berekeza amaja mu Buraruko, bashika mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’Ikiyaga c’Umunyu. Ako karere kahora kabamwo Mowabu, ico gihe kabamwo Abamori. Umwami w’Abamori Sihoni yarankiye Abisirayeli guca mu gihugu ciwe. Baciye barwanira i Yahasi, biboneka ko hari mu Buraruko bw’umwonga wa Arunoni, hakaba ari ho Sihoni yapfiriye (Guharūra 21:23, 24; Gusubira mu vyagezwe 2:30-33). Amaja kure mu Buraruko, Ogi yaganza abandi Bamori baba i Bashani. Naho Ogi yari ikigatanya, ntiyari kwigereranya na Yehova. Ogi yiciwe i Edireyi (Guharūra 21:33-35; Gusubira mu vyagezwe 3:1-3, 11). Amakuru avuga ivy’izo ntsinzi be n’inkuru z’ukuntu Abisirayeli bavuye mu Misiri vyaragize ikintu gikomeye bigira ku bantu baba i Kanania.
4 Igihe Abisirayeli binjira i Kanani ari bwo bwa mbere bamaze kujabuka Yorodani, barashinze amahema i Gilugali (Yosuwa 4:9-19). Hafi y’aho, hari igisagara c’i Yeriko kizitiwe. Ivyo Umunyakananikazi Rahabu yumvise ku bijanye n’ivyo Yehova yakoze, vyatumye akora mu buryo buranga ukwizera. Ico vyavuyemwo ni uko igihe Yehova yasangangura Yeriko, yamuzigurije we hamwe n’abo mu nzu yiwe.—Yosuwa 2:1-13; 6:17, 18; Yakobo 2:25.
5. Ni igiki catumye Abanyagibeyoni bagira inama y’urwenge?
5 Ubukurikira, Abisirayeli baravuye mu biyaya vyo hafi y’Uruzi Yorodani baduga mu misozi yo muri ako karere. Yosuwa akurikije ubuyobozi bwa Yehova, yaragize amayeri yo kwibunda kugira ngo batere igisagara c’i Hayi (Yosuwa, ikigabane c’8). Amakuru ajanye n’intsinzi baronse yatumye abami b’i Kanani benshi baja hamwe kugira barwane intambara (Yosuwa 9:1, 2). Ababa i Gibeyoni, igisagara c’Abahiwi cari hafi yaho, bo bagize ibitandukanye n’abandi. Muri Yosuwa 9:4, higana hati: “Bagira inama y’ubgenge”. Nka kumwe kwa Rahabu, bari barumvise ukuntu Yehova yarokoye abantu biwe igihe bava mu Misiri be n’igihe banesha Sihoni na Ogi (Yosuwa 9:6-10). Abanyagibeyoni barabonye ko kubarwanya ata co vyovuyemwo. Gutyo, bararungikiye Yosuwa i Gilugali intumwa ziyoberanije nk’aho zoba zivuye mu gihugu ca kure ziserukira Gibeyoni be n’ibisagara bitatu vyo mu micungararo yaho ari vyo Kefira, Beroti na Kireyati-yeyarimu. Vyarabagendeye neza muri urwo ruyeri rwabo. Yosuwa yaragiraniye nabo isezerano ryabakuye amazinda ko borokotse. Hashize imisi itatu, Yosuwa n’Abisirayeli baramenye yuko bari bahenzwe. Ariko rero, bari bamaze kurahira izina rya Yehova ko batazorenga kuri iryo sezerano bikaba vyatuma bategerezwa kurishitsa (Yosuwa 9:16-19). Yehova yoba yaravyemeye?
6. Yehova yabonye gute isezerano Yosuwa yagiranye n’Abanyagibeyoni?
6 Abanyagibeyoni baciye bagirwa abo gusenyera no kuvomera Abisirayeli, mbere bakaba baranasenya inkwi zakoreshwa ku “gicaniro c’Uhoraho” kw’ihema bakongera bakavoma n’amazi yahakoreshwa (Yosuwa 9:21-27). Uretse ivyo, igihe abami b’Abamori batanu be n’ingabo zabo bari bahanamiye Abanyagibeyoni, Yehova yarabatabaye mu buryo bw’igitangaro. Urubura rwishe abansi benshi kuruta abishwe n’ingabo za Yosuwa. Yehova mbere yarishuye ugutakamba Yosuwa yatuye asaba ko izuba be n’ukwezi vyohagarara kugira ngo aherengeteze umwansi. Yosuwa yavuze ati: “Uwo musi nta wigeze guhwana na wo, ari mu yawutanguriye canke mu yawuherukiye, ah’Uhoraho yumvise gusaba kw’umuntu, kuk’Uhoraho ari we yarwaniye Abisirayeli”.—Yosuwa 10:1-14.
7. Ni ukuri ukuhe Petero yemeye icese kwagaragariye ku Banyakanani bamwebamwe?
7 Wa Munyakananikazi Rahabu n’umuryango wiwe be n’Abanyagibeyoni, baratinye Yehova bongera bakora ibihuje n’ukwo kumutinya. Ivyabashikiye biragaragaza mu buryo butomoye ko aya majambo intumwa Petero mukirisu yavuze mu nyuma ari ay’ukuri. Agira ati: “Imana [nti]robanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera”.—Ivyakozwe 10:34, 35.
Ivyo yagiriye Aburahamu be n’Abisirayeli
8, 9. Ukutagira nkunzi kwa Yehova kwagaragajwe gute mu vyo yagiriye Aburahamu be n’ihanga rya Isirayeli?
8 Umwigishwa Yakobo yarakwegereye ivyiyumviro ku buntu Imana igirira abantu batabibereye bwagaragariye mu vyo yagiriye Aburahamu n’uruvyaro rwiwe. Ukwizera kwa Aburahamu ni kwo kwatumye aba “umukunzi w’Imana” si ubwoko avamwo (Yakobo 2:23). Ukwizera kwa Aburahamu be n’urukundo yakunda Yehova vyarazaniye imihezagiro abamukomotseko (2 Ngoma 20:7). Yehova yasezeraniye Aburahamu ati: “Eka mbere no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kugwiza nzogwiza uru[but]o rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga”. Ariko raba umuhango yamuhaye ku murongo ukurikira: ‘Mu rubuto rwawe ni ho amahanga yose yo mw’isi azokwihesha umuhezagiro’.—Itanguriro 22:17, 18; Abaroma 4:1-8.
9 Aho kwerekana ukugira nkunzi, Yehova yaragaragaje mu vyo yagiriye Abisirayeli ico ashobora gukorera abamugamburukira. Ibikorwa nk’ivyo, ni akarorero kerekana ukuntu Yehova agaragariza urukundo rudahemuka abasavyi biwe b’abizerwa. Naho Isirayeli yari ‘inyegu Yehova yiharije’, ivyo ntivyasigura yuko ayandi mahanga atashobora kwungukira ku kugira neza kw’Imana (Kuvayo 19:5; Gusubira mu vyagezwe 7:6-8). Ego ni ko Yehova yaracunguye Isirayeli ayikura mu buja bwo mu Misiri maze avuga ati: “Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi”. Mugabo Yehova abicishije ku mumenyeshakazoza Amosi be no ku bandi, yarahaye kandi icizigiro ciza igitangaza abantu bo mu “mahanga yose”.—Amosi 3:2; 9:11, 12; Yesaya 2:2-4.
Yezu, wa mwigisha atagira nkunzi
10. Yezu yiganye gute Se wiwe mu kugaragaza ukutagira nkunzi?
10 Mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi, Yezu uwari ishusho nyezina ya Se wiwe, yariganye ukutagira nkunzi kwa Yehova (Abaheburayo 1:3). Ico yitwararika canecane ico gihe, kwari ukurondera “intama zazimiye z’inzu ya Isirayeli”. Yamara, ntiyaretse gushinga intahe ku Musamariyakazi kw’iriba (Matayo 15:24; Yohana 4:7-30). Yarakoze kandi igitangaro igihe yabisabwa n’intwazangabo, uwo biboneka ko atari Umuyuda (Luka 7:1-10). Ivyo na vyo nyene yabikoze kugira yerekanire mu bikorwa vyiwe urukundo akunda abasavyi b’Imana. Abigishwa ba Yezu na bo nyene baramamaje gushika kure. Vyaratomotse yuko kugira ngo umuntu aronke umuhezagiro wa Yehova, bitavana n’ubwenegihugu bwiwe ariko vyavana n’agatima yagaragaza. Abantu bicisha bugufi kandi bafise umutima nziraburyarya bari banyotewe ukuri barakiriye inkuru nziza y’Ubwami. Igihushanye n’ivyo, abantu b’ubwibone kandi bishira hejuru, barasuzuguye Yezu n’ubutumwa yashikiriza. Yezu yavuze ati: “Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe” (Luka 10:21). Igihe tugirira ibintu abandi tubitumwe n’urukundo be n’ukwizera, tubibagirira tutagira nkunzi, tuzi yuko ubwo ari bwo buryo Yehova yemera.
11. Ukutagira nkunzi kwerekanywe gute mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango?
11 Mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango, Abayuda n’abatari Abayuda bari cokimwe. Paulo yasiguye ati: “Ubgiza n’icubahiro n’amahoro bizoba ku muntu wese akora ivyiza, uhereye ku Muyuda, ukageza ku Mugiriki, kukw Imana itarobanura abantu ku cubahiro”b (Abaroma 2:10, 11). Icari kwerekana ko Yehova yabagiriye ubuntu batabereye si ubwoko baturukamwo, ahubwo ni ukuntu bavyifatamwo bamaze kumenya ivyerekeye Yehova be n’ivyizigiro bitangwa n’incungu y’Umwana wiwe Yezu (Yohana 3:16, 36). Paulo yanditse ati: “Umuyuda wo ku rukoba [si] we Muyuda; kand’ugukebga kwo ku rukoba kwo ku mubiri [si] kwo gukebga. Arik’Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda, kandi gukebga n’ukw’umutima, n’ukwo mu buryo bg’impwemu, [si] ukwo mu buryo bg’inyuguti”. Maze, akoresheje mu yindi nsobanuro yaryo ijambo “Umuyuda” (risobanura “uw’i Buyuda”, na ryo rikaba ari ugushemezwa canke ugushimwa), Paulo yongeyeko ati: “Ūmeze artyo ntashimwa n’abantu, arikw ashimwa n’Imana” (Abaroma 2:28, 29). Yehova arashima abantu atagize nkunzi. Twoba tugira nk’ukwo nyene?
12. Ni icizigiro ikihe mu Vyahishuriwe 7:9 hatanga, kandi gihabwa bande?
12 Mu nyuma, mu vyo intumwa Yohani yeretswe yabonye abakirisu b’abizerwa basizwe badondorwa ko ari ihanga ryo mu vy’impwemu rigizwe n’abantu 144.000 “bādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli”. Inyuma y’ivyo, Yohani yabonye “ishengero ryinshi, . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe” (Ivyahishuriwe 7:4, 9). Kubera ico, nta mugwi n’umwe w’ubwoko kanaka canke w’ururimi runaka ukumirwa mw’ishengero rya gikirisu ryo mu gihe ca none. Abantu bo mu mamuko yose barafise icizigiro co kurokoka wa “mubabaro mwinshi” wimirije n’ico kunywa ku ‘masōko y’amazi y’ubuzima’.—Ivyahishuriwe 7:14-17.
Ivyiza bivamwo
13-15. (a) Dushobora gute kurengera ukudahuza gushingiye ku bwoko no ku mico kama? (b) Vuga uburorero bwerekana ivyiza biva ku kugaragaza ubugenzi.
13 Yehova aratuzi neza, nk’uko umuvyeyi mwiza amenya neza abana biwe. Na twebwe nyene, mu gihe dushitse ku gutahura abandi mu gushima imico kama yabo be n’amamuko yabo, ukudahuza nta co kuba kukivuze. Ubudasa bufatiye ku bwoko buravaho, maze ubugenzi n’urukundo bigakomezwa. Ubumwe burongerekana (1 Ab’i Korinto 9:19-23). Ivyo biragaragazwa neza n’igikorwa kirangurwa n’abamisiyonari bakorera mu bindi bihugu. Baritaho abantu baba aho hantu, maze ico bivamwo ni uko abo bamisiyonari badateba kwumva bisanze mu mashengero y’aho bari.—Ab’i Filipi 2:4.
14 Ivyiza biva ku kutagira nkunzi biribonekeza mu bihugu vyinshi. Aklilu aturuka muri Etiyopiya, yari inyakamwe i Londres, umugwa mukuru w’Ubwongereza. Ubunyakamwe bwiwe bwarunyutse bivuye ku vy’uko yabona umenga abantu baho bose ntibagiranira ubugenzi n’abava mu bindi bihugu, ico kikaba ari ikintu usanga mu bisagara vyinshi bininibinini vy’i Buraya ha none. Ese ukuntu ivyo Aklilu yiboneye igihe yitaba ikoraniro rya gikirisu ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova vyari bitandukanye n’ivyo! Abari bahari bamwakiranye igishika, kandi bidatevye yumvise yisanze. Yaragize iterambere ryihuta mu gutsimbataza ugukengurukira Umuremyi. Ntiyatevye kurondera uturyo two kugira uruhara mu gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami mu bandi bo muri iyo ntara. Nkako, igihe umusi umwe uwo bari bajanye kwamamaza na Aklilu yamubaza imigambi yari afise mu buzima ico gihe, yaciye yishura yuko yizigiye ko hari igihe azoba ari mw’ishengero rikoresha ururimi rwiwe rw’igihamuharike. Igihe abakurambere b’ishengero rikoresha icongereza babimenya, baciye baringaniza insiguro y’icese ishingiye kuri Bibiliya mu rurimi kavukire rwa Aklilu. Ubutumire bwo kuza kuyumviriza bwatanzwe bwatumye abanyamahanga be n’abantu b’aho benshi bahurira hamwe kugira ngo bashigikire ikoraniro ry’icese rya mbere ryo mu gihamuharike ryabereye mu Bwongereza. Muri iki gihe, Abanyetiyopiya be n’abandi bo muri ako karere barunze ubumwe mw’ishengero rikoresha urwo rurimi ritera risagamba. Benshi ngaho barabonye yuko ata kintu na kimwe cobabuza kuja ku ruhande rwa Yehova, maze ivyo bakavyerekanira mu kubatizwa rukirisu.—Ivyakozwe 8:26-36.
15 Kamere be n’amamuko y’abantu biratandukanye. Ivyo si vyo vyerekana ko abantu baruta abandi canke bari munsi y’abandi; ni ibintu gusa batandukaniyeko. Igihe bariko bararorera kw’izinga rya Melita ukubatizwa kw’abasavyi ba Yehova bari baherutse kwiyegura, akanyamuneza Ivyabona b’aho berekanye kuhiriwe n’amosozi y’umunezero yakoraguwe n’abashitsi bari bavuye mu Bwongereza. Umugwi w’Abanyamelita be n’uw’Abongereza yompi yaraseruye inyiyumvo zayo mugabo iziserura mu buryo butandukanye, urukundo rukomeye bakunda Yehova na rwo rwarushirije gukomeza ubucuti bushingiye ku bugenzi bwa gikirisu.—Zaburi 133:1; Ab’i Kolosayi 3:14.
Ugutsinda umwikeko
16-18. Niwigane icabonywe cerekana ukuntu umwikeko ushobora gutsindwa mw’ishengero rya gikirisu.
16 Uko urukundo dukunda Yehova n’abavukanyi bacu bakirisu rurushiriza kugera ibwina, ni ko turushiriza kwigana Yehova mu buryo abona abandi. Turashobora gutsinda umwikeko uwo ari wo wose dushobora kuba twahora dufitiye abantu b’ubwenegihugu bunaka, b’ubwoko kanaka canke b’imico kama kanaka. Rimbura nk’akarorero, ivyashikiye Albert, uwari mu gisoda c’Ubwongereza mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’isi yose kandi akagirwa imbohe n’Abayapani igihe Singapuru higarurirwa mu 1942. Mu nyuma yamaze nk’imyaka itatu akora ahitwa ngo ni ibarabara ry’indarayi ry’urupfu, hafi y’ahahavuye hitwa ikiraro c’uruzi Kwai. Igihe yarekurwa intambara iheze, yapima ibiro 32, kandi yari yaravunitse igufa ry’umusaya be n’umwirira, yari arwaye amacinya, ibisekera be na malariya. Abanyororo bagenzi we bo vyari ibindi bindi; benshi barahasize ubuzima. Bivuye ku mabi Albert yari yarabonye akongera agacamwo, yasubiye i muhira mu 1945 ari umuntu w’umujinya, aterekwa Imana canke idini.
17 Umugore wiwe Irene yarabaye Icabona ca Yehova. Kugira ngo Albert amunezereze, yaritaba amakoraniro makeyi y’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu karere kabo. Umukirisu akiri muto yari mu gikorwa c’igihe cose yitwa Paulo, yaragendeye Albert kugira ngo bigane Bibiliya. Albert ntiyatevye gutahura yuko Yehova araba abantu afatiye ku mero yabo y’umutima. Yareguriye ubuzima bwiwe Yehova hanyuma arabatizwa.
18 Mu nyuma Paulo yarimukiye i Londres, ariga ikiyapani, hanyuma yifatanya n’ishengero rikoresha ururimi rw’ikiyapani. Igihe yasaba gutwara Ivyabona bamwebamwe b’Abayapani b’abashitsi mw’ishengero yahoramwo, abavukanyi b’aho baributse umwikeko ukomeye Albert yahora afitiye abantu baturuka mu Buyapani. Kuva asubiye mu Bwongereza, Albert yari yaririnze guhura n’umuntu wese ava mu Buyapani, ari na co gituma abavukanyi bibaza ukuntu yovyakiriye. Ntivyari bikenewe ko bahagarika umutima kubera yuko Albert yakiranye abo bashitsi urukundo rwa kivukanyi rwuzuye.—1 Petero 3:8, 9.
“Ni mwaguke”
19. Ni impanuro iyihe intumwa Paulo yatanze ishobora kudufasha nimba hari impengamiro n’imwe dufise yo kugira nkunzi?
19 Umwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: ‘Ukugira nkunzi si vyiza’ (Imigani 28:21, NW). Biroroshe kwumva twiyegereje abantu tuzi neza. Ariko rero, rimwe na rimwe usanga dufise impengamiro yo kutitwararika cane abo tutazi neza. Ukugira nkunzi nk’ukwo ntikubereye ku musavyi wa Yehova. Mu vy’ukuri, vyoba vyiza dukurikije impanuro itomoye Paulo yatanze yo ‘kwaguka’, emwe, kwaguka mu rukundo dukunda abakirisu bagenzi bacu tutakuriye mu bintu bimwe.—2 Ab’i Korinto 6:13.
20. Ni mu mice iyihe y’ubuzima dukwiye kwigana Yehova, ya Mana yacu itagira nkunzi?
20 Twaba twaratewe agateka k’uguhamagarirwa ijuru canke dufise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi, kutagira nkunzi bituma twinovora ubumwe bw’ukuba umukuku umwe, uyoborwa n’umwungere umwe (Abanyefeso 4:4, 5, 16). Twihatiye kwigana Yehova, ya Mana yacu itagira nkunzi, birashobora kudufasha mu busuku bwacu bwa gikirisu, mu rugo rwacu, no mu mashengero, emwe, mu mice yose y’ubuzima. Uti gute? Ivyo ni vyo ikiganiro gikurikira gica irya n’ino.
[Utujambo tw’epfo]
a Izina rihambaye Yehova yihesheje ni ryo ryahavuye riririmbwa cane mu ndirimbo nyeranda.—Zaburi 135:8-11; 136:11-20.
b Hano, ijambo “Abagiriki” ryerekeza ku banyamahanga muri rusangi.—Étude perspicace des Écritures, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, Imbumbe ya 1, urupapuro rw’1020.
Wokwishura gute?
• Yehova yerekanye gute ukutagira nkunzi kuri Rahabu no ku Banyagibeyoni?
• Yezu yerekanye gute ukutagira nkunzi mu kwigisha kwiwe?
• Ni igiki gishobora kudufasha gutsinda umwikeko uwo ari wo wose ushingiye ku mico kama no ku bwoko?
[Ifoto ku rup. 13]
Isirayeli itangura kwigarurira Kanani
[Ifoto ku rup. 15]
Yezu ntiyaretse gushinga intahe ku Musamariyakazi
[Ifoto ku rup. 16]
Ikoraniro ry’icese mu gihamuharike ryabereye mu Bwongereza
[Ifoto ku rup. 16]
Urukundo Albert akunda Yehova rwaramufashije gutsinda umwikeko