ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/5 rup. 14-18
  • Reka Ijambo ry’Imana riyobore intambuko zawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Reka Ijambo ry’Imana riyobore intambuko zawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Itara rimurikira ibirenge vyanje”
  • “Umuco umurikira mu nzira yanje”
  • Niwungukire ku buyobozi Yehova atanga
  • Wokwisunga iki mu gufata ingingo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Reka Ijambo ry’Imana rimurikire inzira yawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ushobora gute gufata ingingo mu buryo Imana ishima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyodufasha gufata ingingo nziza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/5 rup. 14-18

Reka Ijambo ry’Imana riyobore intambuko zawe

“Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje”.​—ZABURI 119:105.

1, 2. Ni kubera iki abantu benshi badashobora gushika ku mahoro nyakuri n’agahimbare nyakuri?

WOBA wibuka igihe vyabaye ngombwa ko usaba umuntu ngo akurangire inzira? Kumbure woba wari wegereje gushika iyo wariko uraja mugabo ukaba utari uzi neza utuyira twa nyuma wojana. Canke na ho woba wari wamaze kuzimira, gutyo ukaba wari ukeneye guheba iyo nzira maze ugafata iyindi. Ukwo vyoba vyaragenze kwose, wumva none bitari kuba biranga ubukerebutsi uyobowe n’umuntu azi neza aho hantu? Uwo muntu ni we yari kugufasha gushika iyo wariko uraja.

2 Abantu muri rusangi baramaze imyaka ibihumbi bagerageza kwiyobora mu buzima badafashijwe n’Imana. Ariko rero, kubera ko abantu b’abanyagasembwa biyobora bo ubwabo, barazimira. Ntibashobora na gato kumenya inzira ishikana ku mahoro nyakuri no ku gahimbare nyakuri. Ni kubera iki none badashobora kubishikako? Haraciye imyaka irenga 2.500 umuhanuzi Yeremiya avuze ati: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe” (Yeremiya 10:23). Uwo wese agerageza kwitunganiriza intambuko ziwe ntiyemere gufashwa n’umuntu abishoboye, impera n’imperuka arashikirwa n’ibintu bivuna umutima. Mu vy’ukuri, abantu barakeneye ubuyobozi.

3. Ni kubera iki Yehova Imana ari we ashoboye bimwe bihebuje guha abantu ubuyobozi, kandi ni umuhango uwuhe yatanze?

3 Yehova Imana ni we ashoboye bimwe bihebuje gutanga ubwo buyobozi. Uti kubera iki? Kubera ko ari we azi neza ukuntu abantu baremwe kuruta uwundi uwo ari we wese. Vyongeye, arazi neza ukuntu abantu bataye inzira maze bakazimira. Arazi kandi ivyo basabwa gukora kugira ngo bazimuruke. Bisubiye, kubera yuko Yehova ari we Muremyi, yama azi icotubera ciza kuruta ibindi (Yesaya 48:17). Ku bw’ivyo, turashobora kwizigira tugaherezako umuhango yatanze dusanga muri Zaburi 32:8 ugira uti: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako”. Emwe, nta nkeka ko Yehova ari we atanga ubuyobozi bwiza kuruta ubundi bwose. Ariko none atuyobora gute?

4, 5. Amajambo Imana yavuze ashobora gute kutuyobora?

4 Mw’isengesho umwanditsi umwe wa Zaburi yatuye Yehova, yavuze ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje” (Zaburi 119:105). Ivyo Imana yavuze be n’ivyibutswa vyayo tubisanga muri Bibiliya, kandi birashobora kudufasha gutsinda intambamyi dushobora guhura mu nzira yacu. Nkako, nk’uko bivugwa muri Yesaya 30:21, igihe dusoma Bibiliya tukongera tukareka ikatuyobora, ‘amatwi yacu aba ariko arumva ijambo riduturutse inyuma rivuga, riti Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana’.

5 Ariko rero, urabona ko muri Zaburi 119:105 havuga ibintu bibiri bifitaniye isano Ijambo ry’Imana rikora. Ubwa mbere, rikora nk’itara rimurikira ibirenge vyacu. Igihe duhanganye n’ingorane zidushikira buri musi, ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya zikwiye kuyobora intambuko zacu kugira ngo dufate ingingo ziranga ubukerebutsi twongere twirinde imitego yo muri iyi si. Ubugira kabiri, ivyibutswa vy’Imana biramurikira inzira yacu, gutyo bikadufasha kugira amahitamwo ahuye n’icizigiro cacu co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo Imana yasezeranye. Igihe twoba turiko duca mu nzira imurikiwe neza, turashobora kubona ingaruka nziza canke mbi z’ingendo yinaka (Abaroma 14:21; 1 Timoteyo 6:9; Ivyahishuriwe 22:12). Nimuze twihweze mu buryo bwagutse ukuntu amajambo Imana yavuze dusanga muri Bibiliya ashobora kutubera itara rimurikira ibirenge vyacu be n’umuco umurikira mu nzira yacu.

“Itara rimurikira ibirenge vyanje”

6. Ni ryari amajambo Imana yavuze ashobora kuba itara rimurikira ibirenge vyacu?

6 Uko bukeye uko bwije turafata ingingo. Zimwe muri izo zishobora gusa naho umenga ntizihambaye, yamara rimwe na rimwe turashobora gushikirwa n’ikintu kigerageza inyifato runtu yacu, ukuba turi inzirabugunge be n’ukuba tutagira aho duhengamiye. Kugira ngo mwene ivyo bintu tuvyifatemwo neza, dutegerezwa kureka ‘ububasha bwacu bwo gutegera bukamenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi’ (Abaheburayo 5:14, NW). Igihe twironkeje ubumenyi butagira amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana tukongera tugatsimbataza ugutahura ingingo ngenderwako ziri muri ryo, tuba turiko turamenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima kugira ngo dushobore gufata ingingo zihimbara Yehova.​—Imigani 3:21.

7. Nuvuge ikintu coshobora gushika aho wosanga umukirisu agize agatima ko kwifatanya n’abo bakorana badasangiye ukwizera.

7 Rimbura aka karorero. Woba uri umuntu akuze ariko aragerageza ata buryarya gutuma umutima wa Yehova unezerwa (Imigani 27:11)? Niba ari ukwo bimeze, urakwiye gukezwa. Ariko iyumvire gatoyi nka hamwe hari abo mukorana bokwemerera kukurihira kugira ngo ujane na bo kurorera urukino runaka. Barashima ukuntu ubafata kigenzi ku kazi, bakaba rero bipfuza ko mwomenyerana no mu bindi. Ushobora kuba ubona neza ko abo bantu ata co batwaye. Bashobora mbere kuba hari ukuntu bigenza neza. None muri ico gihe wokora iki? Ubona ata kaga na kamwe vyotera wemeye ivyo bagusavye? Ijambo ry’Imana rishobora gute kugufasha gufata ingingo nziza muri ivyo?

8. Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe zidufasha kuzirikana ku bijanye n’abo twokwifatanya?

8 Raba ingingo ngenderwako nkeyi zo mu Vyanditswe. Iyo ushobora guca ubona mu bwenge ni iyi dusanga mu 1 Ab’i Korinto 15:33, ivuga ngo: “Kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”. None gukurikiza iyo ngingo ngenderwako vyoba bisaba ko wirinda buhere abantu batizera? Ivyanditswe vyerekana ko atari ukwo biri. Nkako, intumwa Paulo ubwiwe yaragaragarije urukundo abantu “bose”, ushizemwo n’abatizera (1 Ab’i Korinto 9:22). Ubukirisu nyakuri busaba ko twitwararika abandi, ushizemwo n’abo tudasangiye ukwizera (Abaroma 10:13-15). Wumva none dushobora gute gukurikiza impanuro idusaba ‘kugirira bose neza’ mu gihe tutiyegereza abantu boba bakeneye ko tubafasha?​—Ab’i Galatiya 6:10.

9. Ni impanuro zo muri Bibiliya izihe zidufasha kugira uburimbane mu bucuti tugiranira n’abo dukorana?

9 Ariko rero, gufata kigenzi uwo mukorana biratandukanye cane no kuba umugenzi wiwe somambike. Aho ni ho bica bikenerwa ko urimbura iyi yindi ngingo ngenderwako yo mu Vyanditswe. Intumwa Paulo yagabishije abakirisu ati: “Ntimuboherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera” (2 Ab’i Korinto 6:14, NW). Imvugo ngo “ntimuboherwe ku ngǒgo” isobanura iki? Impinduro zimwezimwe za Bibiliya ayo majambo ziyahindura ngo “ntimugire umugwi”, “ntimugerageze gukorera hamwe nk’abangana”, canke ngo “muhagarike kugiriranira ubucuti butabereye”. Ni ryari kugiriranira ubucuti n’uwo mukorana bitangura kuba ibitabereye? Ni ryari ubwo bucuti bworenga akarimbi bukaba ukuboherwa ku ngǒgo hamwe? Ijambo ry’Imana Bibiliya rirashobora kuyobora intambuko zawe muri ivyo.

10. (a) Yezu yahitamwo gute abagenzi? (b) Ni ibibazo ibihe vyofasha umuntu gufata ingingo nziza ku bijanye n’abo yogira abagenzi?

10 Rimbura akarorero ka Yezu uwakunze abantu kuva bakiremwa (Imigani 8:31). Igihe yari kw’isi, yaragiraniye n’abayoboke biwe ubucuti bukomeye (Yohana 13:1). ‘Yaranakunze’ umugabo umwe yabona ukutari kwo ivy’idini (Mariko 10:17-22). Ariko rero, Yezu yari afise aho atarenza mu bijanye n’uguhitamwo abo yagira abagenzi somambike. Nta bucuti bwa hafi yagiranira n’abantu bashimishwa buhoro no gukora ivyo Se wiwe agomba. Igihe kimwe, Yezu yavuze ati: “Mur’abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera” (Yohana 15:14). Ni ivy’ukuri ko ushobora kuba ufata kigenzi umukozi munaka mukorana. Ariko niwibaze uti: ‘Uyu muntu yoba afise umutima ukunze wo gukora ivyo Yezu ategeka? Yoba yipfuza kumenya ivyerekeye Yehova, umwe Yezu yavuga ko dutegerezwa gusenga? Yoba yisunga ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu nk’izo jewe umukirisu nisunga?’ (Matayo 4:10). Igihe uganira n’abo mukorana ukongera ugashimika ku gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, inyishu z’ivyo bibazo zizoheza zibonekeze.

11. Nuvuge ibihe aho amajambo Imana yavuze akwiye kuyobora intambuko zacu.

11 Amajambo Imana yavuze arashobora kutubera nk’itara rimurikira ibirenge vyacu no mu bindi bintu vyinshi. Nk’akarorero, umukirisu ashomereye yoshobora guhabwa akazi yari akeneye cane. Ariko rero, ako kazi gasaba ko akora umwanya munini agakoresha n’inguvu nyinshi. N’ikindi kandi, aramutse akemeye hari amakoraniro nk’angahe ya gikirisu atazoba acitaba, habe n’ibindi bikorwa bijanye n’ugusenga kw’ukuri atazoba akirangura (Zaburi 37:25). Uwundi mukirisu yoshobora kwoshwa cane kuraba ibintu vyo kwinezereza kandi vyibonekeza neza ko biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya (Abanyefeso 4:17-19). Hari uwundi na we yoshobora kwihutira kubabazwa n’udusembwa tw’abo basangiye ukwizera (Ab’i Kolosayi 3:13). Muri ivyo bihe vyose, dukwiye kureka Ijambo ry’Imana rikaba ryo tara rimurikira ibirenge vyacu. Vy’ukuri, dukurikije ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, twoshobora kuvyifatamwo neza mu ngorane iyo ari yose yodushikira mu buzima. Ijambo ry’Imana rigira “ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka”.​—2 Timoteyo 3:16.

“Umuco umurikira mu nzira yanje”

12. Ni mu buryo ki amajambo Imana yavuze ari umuco umurikira mu nzira yacu?

12 Muri Zaburi 119:105 haravuga kandi ko amajambo Imana yavuze ashobora kumurikira mu nzira yacu, ni ukuvuga kuboneshereza aho duca. Ntituri mu mwiza ngo tuyoberwe ibijanye na kazoza, kubera yuko Bibiliya isigura igituma kw’isi haba ibintu bibabaje ikongera ikerekana ico bizoshikako. Emwe, turazi ko tubayeho mu “misi y’iherezo” y’ivy’iyi si mbi (2 Timoteyo 3:1-5). Kumenya ibiraririye gushika bikwiye kugira ikintu kinini bikoze ku kuntu tubayeho muri iki gihe. Intumwa Petero yanditse ati: “None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu [“bikorwa vyo kuyobokera”, UB] Imana, no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye?”.​—2 Petero 3:11, 12.

13. Kuba ibintu vyihutirwa muri ibi bihe tubayemwo, bikwiye kugira ico bikoze gute ku vyiyumviro vyacu no ku kuntu tubayeho?

13 Ivyiyumviro vyacu be n’ukuntu tubayeho bikwiye kwerekana ko twajijutse rwose yuko “isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo” (1 Yohana 2:17). Gushira mu ngiro inyobozo Bibiliya itanga bizodufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi zijanye n’imigambi twipfuza gushikako. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa” (Matayo 6:33). Hari uwutokeza ga yemwe urwaruka rwinshi ruriko rurerekana ko rwizera ayo amajambo ya Yezu mu gukora ubusuku bw’igihe cose! Abandi na bo, ushizemwo n’imiryango, baritanze barimukira mu bihugu aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe bimwe vyihutirwa.

14. Abakirisu bamwe bagize umuryango baguye gute ubusuku bwabo?

14 Rimbura ivyerekeye abakirisu bane bagize umuryango bavuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baja muri République dominicaine kugira ngo bakorane n’ishengero ryo mu gisagara kimwe kibamwo abantu 50.000. Iryo shengero rigizwe n’abamamaji b’Ubwami bashika ku 130. Yamara igitangaje ni uko ku wa 12 Ndamukiza 2006, abantu bashika 1.300 ari bo bitavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Muri ako karere imirima “irēze [cane] igeze kwimbura” ku buryo haciye amezi atanu gusa, serugo, inarugo, umuhungu wabo be n’umukobwa wabo bose hamwe bari basigaye barongora inyigisho za Bibiliya 30 (Yohana 4:35). Uwo serugo asigura ati: “Iryo shengero ririmwo abavukanyi n’abavukanyikazi 30 baryimukiyemwo baje gufasha. Abashika 20 muri abo baje bava muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abasigaye na bo baje bava muri Bahamas, mu Butaliyano, muri Esupanye, muri Kanada, no muri Nouvelle Zélande. Bashika bashashaye kugira uruhara mu busuku kandi ivyo vyaragize ikintu kinini vyongereje ku munezero w’abavukanyi b’imvukira”.

15. Ni imihezagiro iyihe umaze kwironkera kubera yuko washize ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe?

15 Ni ivyumvikana ko benshi badashoboye kwimukira mu kindi gihugu gikeneye abamamaji kuruta ibindi kugira ngo bakorereyo. Ariko ababishoboye canke abashobora kugira ivyo bahinduye bivanye n’uko ivyabo vyifashe bakitanga, nta nkeka ko baronka imihezagiro myinshi bagize uruhara muri uwo muce w’ubusuku. Vyongeye, aho woba ukorera hose, ntureke ngo hagire igituma uhomba umunezero ushobora kwironkera mu gukorera Yehova n’inkomezi zawe zose. Niwashira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe, Yehova asezerana ‘kugucuncuburira umugisha, ukabura aho uwukwiza’.​—Malaki 3:10.

Niwungukire ku buyobozi Yehova atanga

16. Twungukira gute ku kureka amajambo Imana yavuze akaba ari yo atuyobora?

16 Nk’uko twamaze kubibona, amajambo Yehova yavuze aratuyobora mu buryo bubiri bufitaniye isano. Akora nk’itara rimurikira ibirenge vyacu, gutyo akadufasha gutera tuja imbere mu nzira igororotse akongera akatuyobora igihe hari ingingo tubwirizwa gufata. Vyongeye, aramurikira mu nzira yacu, gutyo agatuma dushobora kubona neza ibiraririye gushika. Ivyo biraheza bikadufasha gukurikiza iyi mpanuro Petero yatanze igira iti: “Mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo”.​—1 Petero 1:13.

17. Kwiga Bibiliya bizodufasha gute gukurikiza ubuyobozi Imana itanga?

17 Nta gukeka ko Yehova ari we atanga ubuyobozi. Ikibazo gica kivyuka ni iki: ‘Woba uzobugamburuka?’. Kugira ngo utahure ubuyobozi Yehova atanga, niwiyemeze kuza urasoma igice kinaka co muri Bibiliya buri musi. Nuzirikane ku vyo usoma, ugerageze gutegera ivyo Yehova agomba kuri ivyo uba usomye, wongere uzirikane ku buryo butandukanye ushobora kubishira mu ngiro mu buzima bwawe (1 Timoteyo 4:15). Nuce rero ukoresha “ububasha bwa[we] bwo kwiyumvira” igihe ufata ingingo.​—Abaroma 12:1, NW.

18. Igihe turetse Ijambo ry’Imana rikatuyobora, ni imihezagiro iyihe duheza tukaronka?

18 Twumviye ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana, zizotumurikira zongere zituronse ubuyobozi dukeneye igihe dufata ingingo zijanye n’ingendo ibereye twokurikira. Turashobora kwizigira tudakeka ko amajambo yanditswe Yehova yavuze aha “umutungu ubgenge” (Zaburi 19:7). Igihe turetse Bibiliya ikatuyobora, turironkera ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi tukongera tugashira akanyota kubera yuko turiko turahimbara Yehova (1 Timoteyo 1:18, 19). Nitwareka amajambo Imana yavuze akayobora intambuko zacu buri musi, Yehova azoduha impera ntangere y’ubuzima budahera.​—Yohana 17:3.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki bihambaye ko tureka Yehova Imana akaba ari we ayobora intambuko zacu?

• Ni mu buhe buryo amajambo Imana yavuze ashobora kuba itara rimurikira ibirenge vyacu?

• Amajambo Imana yavuze ashobora gute kuba umuco umurikira mu nzira yacu?

• Kwiga Bibiliya bidufasha gute gukurikiza ubuyobozi Imana itanga?

[Ifoto ku rup. 15]

Ni ryari biba bitaranga ubukerebutsi kwifatanya n’uwutizera?

[Ifoto ku rup. 16]

Abagenzi somambike ba Yezu bari barya bakora ivyo Yehova agomba

[Amafoto ku rup. 17]

Uburyo tubayeho bwoba bugaragaza ko dushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika