Inkuru y’ubuzima
Twararondeye ubutunzi bituma turonka ivyiza biramba
Nk’uko vyavuzwe na Dorothea Smith na Dora Ward
Ni ubutunzi nyabaki twariko turarondera? Ico gihe, twari utwigeme tubiri dufise icipfuzo gikomeye co kugira uruhara mw’ishitswa ry’itekego Yezu yatanze rigira riti: ‘Nimugende muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa’ (Matayo 28:19, NW). Reka tubasigurire ukuntu ukwo kurondera kwatumye turonka ivyiza biramba.
DOROTHEA: Navutse mu 1915, gatoyi inyuma y’aho Intambara ya mbere y’isi yose itanguriye, nkaba nari umwana agira gatatu mu muryango wacu. Twaba hafi y’i Howell, i Michigan muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Dawe ntiyakunda ivy’Imana, ariko mawe we yari umukenyezi atinya Imana. Yaragerageje kutwigisha gukurikiza ya Mabwirizwa Cumi, mugabo yarababazwa cane n’uko twe na musazanje Willis be na mukurwanje Viola ata dini na rimwe twarimwo.
Igihe nari mfise imyaka 12, mawe yarafashe ingingo y’uko nkwiye kubatizwa mw’idini ry’abaperesubitero. Ndacibuka neza ivyabaye ku musi nabatizwa. Nabatirijwe rimwe n’utuyoya tubiri, kamwekamwe kose kakaba kari gateruwe na nyina wako. Numvise binteye isoni cane kubatirizwa rimwe n’izo nzoya. Umupatiri yansutse ku mutwe utuma dukeyi tw’amazi maze aca avugira mu vyongoshwe amajambo ntatahuye neza. Emwe, nari nzi nk’ivyo izo nzoya zibiri zari zizi ku bijanye n’ibatisimu!
Umusi umwe mu 1932, hari umuduga waje ugana kw’irembo iwacu, maze mawe aca aja kuraba ivyo ari vyo. Hari hahagaze imisore ibiri yariko iratanga ibitabu bivuga ivy’Imana. Umwe muri bo yavuze ko yitwa Albert Schroeder. Yareretse mawe ibitabu bimwebimwe vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova, maze aca arabimuha. Ivyo bitabu vyaramufashije kwakira ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana.
Ntangura kurondera ubutunzi
Nahavuye nimukira i Detroit kubana na mukurwanje. Aho ni ho twabonaniye n’umukenyezi umwe ageze mu zabukuru yaza araza kwigisha uwo mukurwanje Bibiliya. Ivyo biyago vyanyibukije ikiganiro cahora gica kw’iradiyo buri ndwi nari narumvise nkiri kumwe na mawe i muhira. Ico kiganiro, cari kigizwe n’insiguro ishingiye kuri Bibiliya imara iminuta 15 yashikirizwa na J. F. Rutherford, uwari ahagarikiye Ivyabona vya Yehova ico gihe. Mu 1937 twaratanguye kwifatanya n’ishengero rya mbere ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Detroit. Nabatijwe mu mwaka wakurikiye.
Mu ntango z’imyaka ya 1940, vyaramenyeshejwe ko Ivyabona vya Yehova bari bagiye gutanguza ishure ryitwa Gileyadi i South Lansing muri New York ryo kumenyereza abamisiyonari. Igihe namenya yuko bamwebamwe mu basohoka iryo shure boshobora kurungikwa bakaja gukorera mu bindi bihugu, nibwiye nti: ‘Iryo ni ryo nkwiye kujamwo!’. Naciye nishingira umugambi wo kwitaba iryo shure. Ese ukuntu kobaye ari agateka kuja kuronderera mu bindi bihugu ico nokwita ubutunzi, ni ukuvuga abantu bipfuza kuba abigishwa ba Kristu Yezu!—Hagayi 2:6, 7.
Nshika bukebuke ku mugambi nari narishingiye
Muri Ndamukiza 1942, narahagaritse akazi nahora nkora nca mba umutsimvyi, ni ukuvuga umwamamazanjili w’igihe cose, nkaba nakorera i Findlay muri Ohio ndi kumwe n’abavukanyikazi batanu. Nta shengero ryagira amakoraniro yose ryariho, ariko twararemeshanya mu gusomera hamwe ibiganiro vyo mu bitabu vyacu vya gikirisu. Uzi n’inkuru, mu kwezi natanguriyemwo ubutsimvyi, nashikirije abantu bashimishijwe ibitabu 95! Haheze nk’umwaka n’igice, narungitswe gukorera i Chambersburg muri Pennsylvanie ndi umutsimvyi adasanzwe. Aho, nahasanze abandi batsimvyi batanu, muri abo hakaba harimwo Dora Ward, umuvukanyikazi mukirisu aturuka i Iowa. Twe na Dora twahavuye dukorana ubutsimvyi. Twari twabatijwe mu mwaka umwe, kandi twari dufise icipfuzo kimwe co kwitaba rya shure ry’i Gileyadi maze tugakorera mu bindi bihugu turi abamisiyonari.
Mu ntango zo mu 1944, umusi twari twiteganye igishika wagiye washika! Twempi twararonse ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira kane w’ishure ry’i Gileyadi. Twatanguye ivyigwa muri Myandagaro muri uwo mwaka nyene. Mugabo imbere y’uko mbandanya iyo nkuru, reka Dora na we abiganire ingene yahavuye aba uwo twamaranye igihe kirekire turondera ubutunzi.
Nari nshashaye gukora igikorwa c’igihe cose co gushinga intahe
DORA: Mawe yaguma asenga asaba gutahura Ijambo ry’Imana. Umusi umwe ku w’iyinga turi kumwe, twagiye twumva insiguro yariko ishikirizwa na J. F. Rutherford kw’iradiyo. Iyo nsiguro irangiye, mawe yavuganye umunezero ati: “Uku ni kwo kuri pe!”. Gatoyi inyuma y’aho twari dusigaye twiga ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova. Mu 1935, nkaba nari mfise imyaka 12, naragiye gukurikira insiguro y’ibatisimu yashikirijwe n’Icabona ca Yehova umwe, kandi naciye ngira icipfuzo kivuye ku mutima co kwegurira Yehova ubuzima bwanje. Nabatijwe haciye imyaka itatu. Mu kiringo cose nari nsigaje kumara ku ntebe y’ishure, ukwiyegurira Imana no kubatizwa vyaramfashije kugumiza mu muzirikanyi imigambi nari nishingiye. Si je nobonye ndarangije amashure kugira ngo nshobore gutangura gukora ubutsimvyi.
Ico gihe, umugwi w’Ivyabona twarimwo wakoranira hamwe nk’ishengero i Fort Dodge muri Iowa. Vyadusaba kugira akigoro kadasanzwe kugira ngo twitabe amakoraniro ya gikirisu. Ico gihe, ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi vyo kwiga mw’ishengero nta vya bibazo vyanditse vyaba bifise. Twasabwa guha umuvukanyi yahagarikira inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ibibazo twaba twateguye. Ku wa mbere ku mugoroba, twe na mawe twama dutegura ikibazo kijanye n’ingingo imwimwe yose, maze tugaca tubirungikira nya muhagarikizi kugira ngo ashobore guhitamwo ivyo azokoresha.
Ishengero ryacu, rimwe na rimwe ryaragenderwa n’abacungezi b’ingenzi. Umwe muri abo bacungezi yitwa John Booth, yaramfashije gutangura gukora ubusuku bw’inzu ku nzu igihe nari mfise imyaka 12. Nshikanye imyaka 17, naramusavye ngo anyereke ukuntu urukaratasi rwo gusabirako ubutsimvyi rwuzuzwa, kandi yarabimfashijemwo. Sinibaza ko twosubiye kubonana be n’uko yohavuye aba umugenzi mu kiringo cose yamaze akiriho!
Igihe nari umutsimvyi narakunda gukorana n’umuvukanyikazi Dorothy Aronson, umwamamazanjili w’igihe cose yansumvya imyaka 15. Twe na we twagumye turi abagenzi bakorana uwo murimo gushika aho atumiriwe kwitaba ivyigwa vy’umugwi wa mbere w’ishure ry’i Gileyadi mu 1943. Aho agiriye, nabandanije gukora ubutsimvyi jenyene.
Turwanywa ariko ntitwateshwa ngo dute
Imyaka ya 1940 twayigizemwo ingorane nyinshi kubera ko Intambara ya kabiri y’isi yose yari yatumye abantu bagira agatima ko kwiratira igihugu. Igihe twaba turiko turamamaza inzu ku nzu, kenshi baradutera amagi aboze, itomati zihiye cane, eka mbere vyanarashika bakadutera amabuye! Ikigeragezo gikomeye kuruta cadushikiye igihe twariko turashikiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Consolation (icitwa ubu Réveillez-vous!) mw’ikorosi ry’ibarabara. Abapolisi, babitumwe n’abanyedini baturwanya, baraje aho turi maze batubwira ko baca badupfunga basubiye kutubona turiko turamamaza.
Urumva nawe ko tutaciye tureka gushinga intahe, kandi baratujanye mu gipolisi kudusambisha. Aho baturekuriye, twaciye dusubira muri rya korosi nyene dushikiriza abantu vya binyamakuru nyene. Abavukanyi bashinzwe amabanga batugiriye inama yo gukoresha amajambo dusanga muri Yesaya 61:1, 2 kugira ngo dusigure impagararo yacu. Igihe umupolisi umwe w’umusore yaza aho ndi, naciye ndamusubiriramwo amajambo yo muri ico canditswe umutima utari hamwe. Igitangaje ni uko uwo mupolisi yaciye ubwo nyene ahindukira aragenda. Novuga ko abamarayika bariko baradukingira.
Umusi w’intibagirwa
Mu 1941, narahimbawe no kwitaba ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryamaze imisi itanu rikaba ryabereye i St. Louis muri Leta ya Missouri. Kuri iryo hwaniro, umuvukanyi Rutherford yasavye ko abana bose bafise imyaka iri hagati ya 5 na 18 bahurira hamwe hagati mu kibuga. Abana ibihumbi n’ibihumbi baciye basidukana n’iyonka. Umuvukanyi Rutherford yaturamukije mu kuzungagiza umushwara wiwe, na twe twese duca turamusubiza. Ahejeje gutanga insiguro yamaze isaha yose, yaciye avuga ati: “Bane mwemeye gukora ivyo Imana igomba kandi mwahisemwo gushigikira intwaro ya gitewokarasi irongowe na Kristu Yezu, gutyo mukaba mwaremeye kugamburukira Imana n’Umwami yagenye, ndabinginze muhaguruke”. Abana 15.000 bari aho baciye bahagurukira icarimwe, nanje nkaba narimwo! Uwo muvukanyi yongeyeko ati: “Abo bose bazokora uko bashoboye kwose kugira ngo babwire abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana be n’imihezagiro buzozana, ndabinginze muvuge muti: ‘Ego’”. Twaciye tubivuga, maze haca hakurikira amashi menshi cane.
Haciye hasohorwa igitabu citwa Abanaa (mu congereza), maze abakiri bato baca batonda umurongo muremure berekeza ku mukiruruko, aho umuvukanyi Rutherford yaciye aza araha umwe wese muri twebwe ico gitabu gishasha. Emwe, vyari bihimbaye koko! Muri iki gihe, benshi mu baronse ico gitabu kuri uwo musi baracakorera Yehova n’umwete hirya no hino kw’isi bavuga ivyerekeye Ubwami bw’Imana be n’ukugororoka kwabwo.—Zaburi 148:12, 13.
Maze imyaka itatu nkora ubutsimvyi ndi jenyene, ntiworaba ukuntu nahimbawe igihe narungikwa kuja gukorera i Chambersburg ndi umutsimvyi adasanzwe! Aho ni ho nahuriye na Dorothea, kandi ntitwatevye kuba abagenzi pfampfe. Twari dufise ishaka usanga urwaruka rufise tukagira n’inkomezi nyinshi. Twari dufise n’icipfuzo gikomeye co kwongereza uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Twempi twaciye dutangura igikorwa co kurondera ubutunzi, ico twamaze igihe kirekire dukora.—Zaburi 110:3.
Haheze amezi makeyi dutanguye gukora turi abatsimvyi badasanzwe, twarabonanye na Albert Mann, uwari yarangije ivyigwa vy’umugwi wa mbere wa rya shure ry’i Gileyadi. Yari hafi kuja mu gihugu yari yarungitswe gukoreramwo. Yaturemesheje kwemera kuja gukorera mu gihugu ico ari co cose tworungikwamwo.
Tujana muri iryo Shure
DORA NA DOROTHEA: Iyumvire umunezero twagize igihe twatangura kumenyerezwa umurimo w’ubumisiyonari! Umusi wa mbere w’ishure, umuvukanyi Albert Schroeder ni we yatwanditse, akaba ari na we yari yarashikirije nyina wa Dorothea igitabu Étude des Écritures, ico gihe hakaba hari haciye imyaka 12 akimuhaye. John Booth na we nyene ni ho yari ari. Ico gihe yari asigaye akorera kw’Iyororero-rimiro ry’Ubwami akaba ari na ho iryo shure ryari riherereye. Mu nyuma, abo bagabo bompi bahavuye baja mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova.
Muri iryo shure ry’i Gileyadi, twarize ukuri kwimbitse kwo muri Bibiliya. Kwari ukumenyerezwa kwiza cane. Twari abanyeshure 104, kandi umwe muri twebwe yari we munyeshure wa mbere aje ava mu kindi gihugu, akaba yaturuka muri Megizike. Uwo munyeshure yariko agerageza kuvuga neza icongereza mu gihe tweho twariko turiga igisupanyoli. Uzi umunezero twagize igihe umuvukanyi Nathan H. Knorr yatumenyesha igihugu twogiye gukoreramwo turangije ivyo vyigwa! Abenshi barungitswe gukorera muri Amerika yo Hagati no muri Amerika yo mu Bumanuko. Tweho twarungitswe muri Shili.
Turonderera ubutunzi mu gihugu ca Shili
Kugira ngo tuje muri Shili, vyasaba ko tubanza kuronka urupapuro ruduha uburenganzira bwo kuba muri ico gihugu, kururonka na vyo bikaba vyafashe igihe kirekire. Ni co gituma aho dusohokeye iryo shure muri Nzero 1945, twamaze umwaka n’igice dukorera ubutsimvyi i Washington, D.C. Igihe twaronka izo mpapuro, twaciye tuja mu mugwi w’abamisiyonari icenda bafashe urugendo baja muri Shili. Indwi muri twebwe bari bitavye imigwi ya mbere y’iryo shure ry’i Gileyadi.
Abavukanyi bakirisu batari bake baraje kutwakira igihe twashika i Santiago, umurwa mukuru w’ico gihugu. Umwe muri abo yari Albert Mann, uwasohotse ishure ry’i Gileyadi, akaba ari na we yari yaraturemesheje imyaka mikeyi imbere y’aho. Hari haciye umwaka umwe ashitse muri Shili, akaba yari yazananye na Joseph Ferrari uwari yasohotse ivyigwa vy’umugwi ugira kabiri w’ishure ry’i Gileyadi. Igihe twashika, muri ico gihugu cose hari abamamaji badashika 100. Twari dushashaye kurondera ubutunzi bwinshi kuruta aho hantu twari turungitswe gukorera, ubwo na bwo bukaba ari abantu b’imitima nziraburyarya.
Twebwe twashikiye mu nzu y’abamisiyonari yari i Santiago. Kubana turi umuryango munini w’abamisiyonari cari ikintu gishasha kuri twebwe. Abamisiyonari twese, uretse amasaha twasabwa kumara mu gikorwa co kwamamaza, twarasabwa no guteka rimwe mu ndwi ibifungurwa twafungura. Rimwe na rimwe twarashikirwa n’ibintu vyatuma tubura iyo dukwirwa. Umusi umwe, twarakoze ibisuguti kugira ngo abagize uwo muryango wacu bari bashonje bitange umusase, ariko igihe twabikura mw’ifuru twagiye twumva akamoto kabi cane. Twari twakoresheje ibirungo bitari vyo. Hari umuntu yari yafashe ivyo birungo bitari vyo abishira mu kagopo kagaragara k’ibirungo twari gukoresha.
Yamara rero, ikintu canecane cadutera ubuyega yari amakosa twavuga igihe twaba turiko turiga igisupanyoli. Hari umuryango umwe wari ugizwe n’abantu benshi twigana Bibiliya wahatswe guhagarika kwiga kubera yuko batashobora gutegera ivyo twavuga. Mugabo, kuba bararaba ivyanditswe muri Bibiliya zabo vyatumye bashobora kubandanya biga ukuri kandi batanu muri bo barabaye Ivyabona. Muri ico gihe, ivyo kwigisha abamisiyonari bashasha urundi rurimi ntivyagirwa. Twaca dutangura igikorwa co kwamamaza maze tukagerageza kurwigira ku bantu twabwira inkuru nziza.
Twarigishije abantu benshi Bibiliya, kandi bamwe muri bo ntibateba gutera imbere. Abandi vyasaba ko tubihanganira cane. Hari umukenyezi umwe akiri muto yitwa Teresa Tello yigeze gutega yompi ubutumwa bwerekeye ukuri maze aca avuga ati: “Ndabinginze muze mugaruke mumbwire n’ibindi”. Twagarutse incuro 12 zose tumubura. Imyaka itatu yose yarakunkumutse tudasubiye kumubita ijisho. Mu nyuma twaritavye iteraniro rimwe ryabereye mu kibanza barabiramwo amasinema c’i Santiago. Ku w’iyinga turiko turataha tuvuye kuri iryo teraniro, twagiye twumva umuntu ahamagara ati: “Senorita Dora, Senorita Dora!”. Twarahindukiye dusanga ni Teresa. Yari yaje kuramutsa mukuruwe yaba kw’ibarabara ryo hafi y’aho, maze aca aza muri ico kibanza kuraba ivyariko birahabera. Mbega umunezero twagize kuba twari dusubiye kumubona! Twaciye tuvugana ukuntu twotangura kwigana na we Bibiliya, kandi haciye igihe gitoyi yarabatijwe. Yahavuye aba umutsimvyi adasanzwe. Ubu haciye nk’imyaka 45, Teresa aracabandanya uwo murimo w’igihe cose udasanzwe.—Umusiguzi 11:1.
Twubura ubutunzi mu “misenyi”
Mu 1959 twarungitswe gukorera i Punta Arenas, bisobanura ngo “ahantu h’imisenyi”, akarere gahereza mu Bumanuko bw’inkengera yo muri ico gihugu ca Shili ireha n’ibilometero 4.300. Punta Arenas ni akarere kadasanzwe. Mu ci, usanga umurango ari muremure ku buryo ubandanya gushika isaha zitanu n’igice zo mw’ijoro. Twarashobora kumara imisi myinshi mu busuku yamara ivyo ntibisobanura ko ata ntambamyi twagira, kubera ko ici ryatuma muri ako karere haba imiyaga ikaze ivuye mw’Ibahari Antaragitike. Mu rushana hoho usanga hakanye, umurango na wo ukaba mugufi.
Naho i Punta Arenas hari izo ntambamyi, ibintu biryoheye ijisho vyo ntibibuze. Mu ci usanga ikirere c’amaja mu Burengero kiguma kirimwo ibicu vy’imvura biguma bigendagenda. Rimwe na rimwe, ivyo bicu birarekurira ibima vy’amazi ku mutwe w’umuntu, mugabo hagaca haza umuyaga utuma uwo muntu yumuka. Uko umuco w’izuba ugenda uraseruka muri nya bicu, haca haboneka umunywamazi mwiza utoraba. Hari igihe mwene iyo minywamazi imara amasaha, ikaza iraboneka yongera izimangana uko izuba rigenda rirarasira muri ivyo bicu vy’imvura.—Yobu 37:14.
Ico gihe, aho i Punta Arenas hari abamamaji bake cane. Ni twebwe abavukanyikazi twabwirizwa kuyobora amakoraniro yagirwa mw’ishengero ryari rigizwe n’abantu bakeyi ryo muri ako karere. Yehova yarahezagiye utwigoro twagize. Haheze imyaka 37, twarasubiye muri ako karere tugiye kuramukanya. Turagupfinze ico twahasanze. Twahasanze amashengero atandatu ateye imbere be n’Ingoro z’Ubwami zitatu zibereye ijisho. Ntiworaba ukuntu biteye umunezero kubona Yehova yaratwemereye kwubura ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu muri iyo misenyi yo mu Bumanuko!—Zekariya 4:10.
Twubura ubundi butunzi ku “Nkengera y’ibahari yagutse”
Haheze imyaka itatu n’igice dukorera i Punta Arenas, twaciye turungikwa gukorera i Valparaiso, igisagara kirimwo ikivuko. Ico gisagara kigizwe n’imisozi 41 ikikuje aho ibahari rita ikirimi, umuntu akaba ashobora kubona neza Ibahari Pasifike ari kuri iyo misozi. Twituniye canecane ku kwamamaza kuri umwe muri iyo misozi witwa Playa Ancha, bisigura ngo “Inkengera y’ibahari yagutse”. Mu myaka 16 twamazeyo, twariboneye ingene abavukanyi bakirisu bakiri bato batera imbere mu vy’impwemu gushika n’aho ubu bamwe basigaye ari abacungezi b’ingenzi abandi na bo ari abakurambere bakirisu mu mashengero yo hirya no hino muri Shili.
Tuvuye ngaho, twaciye turungikwa kubandaniriza umurimo w’ubumisiyonari i Viña del Mar. Twakoreyeyo imyaka itatu n’igice gushika aho hadukiye ikinyamugigima kigasambura inzu abamisiyonari babamwo. Twarasubiye i Santiago, aho twari twatanguriye umurimo wacu w’ubumisiyonari, hakaba hari haheze imyaka 40. Hari hahindutse vyinshi. Hari harubatswe inyubakwa nshasha z’ishami, kandi inyubakwa yahora ari iy’ishami yari isigaye ari inzu abamisiyonari bose bakorera muri ico gihugu babamwo. Iyo nzu yahavuye itangura gukoreshwa mu bijanye na rya Shure rimenyereza abasuku. Ico gihe, Yehova yarongeye kutugaragariza ubuntu-mvarukundo. Abamisiyonari batanu muri twebwe bari bamaze imyaka myinshi y’amavuka baratumiwe kuja kuba kuri Beteli. Mu kiringo cose twamaze dukorera muri Shili, twarungitswe gukorera mu turere dutandukanye 15. Twarabonye ingene igikorwa gitera imbere, igitigiri c’abamamaji kikaba carongerekanye kiva ku bamamaji badashika 100 gishika nko ku bamamaji 70.000. Umve na we ntuze umunezero twagize wo kurondera ubutunzi muri Shili mu myaka 57 yose!
Turumva ko Yehova yaduhezagiye cane kubona yaradufashije kurondera abantu benshi gutyo, abo twovuga ko ari ubutunzi koko, kandi akaba yarabandanije kubakoresha mw’ishirahamwe ryiwe. Mu myaka irenga 60 twempi tumaze dukorana mu gusukurira Yehova, twumva tumerewe nk’uko Umwami Dawidi yumva amerewe, we yanditse ati: “Ereg’ukugira neza kwawe ni kwinshi, ukwo wabīkiye abakwubaha”.—Zaburi 31:19.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova ariko kikaba kitagicapurwa.
[Amafoto ku rup. 9]
Uyu ni Dorothea mu 2002 be n’igihe yari mu gikorwa co kwamamaza mu 1943
[Ifoto ku rup. 10]
Aha yariko aramamaza mu mabarabara y’i Fort Dodge i Iowa mu 1942
[Ifoto ku rup. 10]
Uyu ni Dora mu 2002
[Ifoto ku rup. 12]
Dorothea na Dora bicaye hanze y’inzu ya mbere y’abamisiyonari muri Shili mu 1946