Inkuru y’ubuzima
Igituma mpimbarwa no guhindura abantu abigishwa
Nk’uko vyavuzwe na Pamela Moseley
Mu 1941, intambara yariko irabica bigacika mu Bwongereza igihe mawe yanjana i Leicester kw’ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova. Joseph Rutherford ni we yatanze insiguro idasanzwe yavuga ivy’abana. Igihe twe na mawe twabatizwa kuri iryo hwaniro, narabonye ko abari baradufashije gutera imbere mu vy’impwemu bari baryohewe cane. Ico gihe sinatahuye neza ukuntu guhindura abantu abigishwa ba Yezu Kristu bituma umuntu agira umunezero mwinshi.
MU MWAKA w’imbere y’uwo ni ho twatangura gutera imbere kugira ngo tuzobe abigishwa. Ndacibuka umusi uteye ubwoba wo muri Nyakanga 1939 aho Intambara ya kabiri y’isi yose yatangura. Nagiye mbona mawe atibagura amosozi akaguma abaza ngo “Ni kubera iki isi idashobora kuronka amahoro?”. Abavyeyi banje bari barakoze mu gisoda mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, kandi bari bariboneye amabi iyo ntambara yateye. Ico kibazo mawe yaragiye kukibaza umukuru w’ishengero ry’abangilikani i Bristol. Yamubwiye gusa ati: “Intambara zamye ziba kandi zizokwama ziba”.
Ariko rero, haciye igihe gito, umukenyezi umwe ageze mu zabukuru yaraje kutugendera i muhira. Yari Icabona ca Yehova. Mawe yaciye amubaza ico kibazo nyene ati: “Ni kubera iki isi idashobora kuronka amahoro?”. Ico Cabona yasiguye yuko intambara iri mu bigize ikimenyetso cerekana yuko tubayeho mu misi y’iherezo ry’ivy’iyi si yuzuye ubukazi (Matayo 24:3-14). Bidatevye umukobwa wiwe yaciye atangura kwigana Bibiliya natwe. Uwo mutamakazi n’uwo mukobwa wiwe bari mu bantu bariko baratwitegereza bahimbawe igihe twabatizwa. Naribaza nti: ‘Ni kubera iki guhindura abantu abigishwa bitera umunezero gutyo?’. Nahavuye nibonera igituma. Reka ndabiganire bimwe mu bintu vyagize ico binyigisha niboneye mu myaka irenga 65 maze mpindura abantu abigishwa.
Ingene natanguye kugira umunezero uva ku kwigisha
Natanguye kwamamaza Ubwami mfise imyaka 11, ntangurira i Bristol. Umuvukanyi umwe yarampaye icuma gisohora amajwi be n’agakarata ko gushinga intahe, aca ambwira ati: “Ubu uza kugendera imihana yose yo kuri uru ruhande rw’ibarabara”. Naciye ntangura kugendera iyo mihana yose ndi jenyene. Ariko ntiwumve, narahagaritse umutima cane. Naza ndavugiriza abanyamuhana insiguro ishingiye kuri Bibiliya yari yafashwe kw’idisiki maze ngaca ndabereka ako gakarata, kakaba kari ako kubabaza nimba boshima kwakira ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.
Mu myaka ya 1950, ivyo gusoma Bibiliya igihe tugendera abantu inzu ku nzu vyarashimitsweko cane. Mu ntango, kubera ko nari umuntu w’amasoni, vyarangora kuyagisha abantu ntazi no kubasigurira ivyanditswe vyo muri Bibiliya. Ariko amaherezo nahavuye nshira umutima mu nda. Ico gihe ni ho natangura vy’ukuri kuryoherwa n’ubusuku. Hari abatubona nk’abantu bagurisha ibitabu gusa, ariko igihe twaza turabasomera ivyanditswe vyo muri Bibiliya tukongera tukabibasigurira, baciye batangura kubona ko turi abigisha b’Ijambo ry’Imana. Ico gikorwa carandyohera rwose ku buryo nipfuza kukigiramwo uruhara cane kuruta. Ku bw’ivyo, muri Nyakanga 1955, naciye ntangura gukora ubusuku bw’igihe cose ndi umutsimvyi.
Kwumirako biravamwo impera
Kimwe mu vyigwa nize cari ic’uko ukwumirako umuntu abigiranye umutima mwiza bishobora kuvamwo impera. Igihe kimwe, narasigiye umukenyezi umwe yitwa Violet Morice ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Igihe nagaruka kumuraba, yarataburuye umuryango, yifata neza maze aratega yompi yitonze ndiko ndamusigurira Ivyanditswe. Igihe cose naba ndamugendeye, vyaboneka ko ashimishwa vy’ukuri. Ariko rero, aho namubaza niba yoshima ko twigana Bibiliya ubudahorereza, yavuze ati: “Oya. Abana nibakura, ni ho nzokwiga”. Ese ukuntu numvise mvunitse umutima! Bibiliya iravuga ibijanye n’“igihe co kurondera [be] n’igihe co gutakaza” (Umusiguzi 3:6). Naciye mpitamwo kudatakaza, ni ukuvuga kudaheba uwo mukenyezi.
Haciye ukwezi, narasubiye kugendera Violet maze turimburira hamwe ibindi vyanditswe. Butaraca na kabiri, yari asigaye yiga Bibiliya buri ndwi duhagaze imbere y’umuryango w’inzu yiwe. Amaherezo yavuze ati: “Ubona bitoba vyiza winjiye mu nzu?”. Ntiworaba ukuntu Violet yabaye uwo dusangiye ukwizera ameze neza cane yongera ambera umugenzi mwiza utoraba! Violet yarabatijwe aba Icabona ca Yehova.
Umusi umwe Violet yaravunitse umutima igihe yamenya ko umunega wiwe yari yagurishije inzu yabo atamubwiye be n’uko yari yamutaye. Igishimishije, abifashijwemwo n’umugenzi nari mfise w’Icabona, yararonse iyindi nzu kuri uwo muhingamo nyene. Kugira ngo akengurukire Yehova, yaciye afata ingingo yo kumara ubuzima bwiwe bwose ari umutsimvyi. Igihe nibonera ukuntu impwemu ya Yehova ituma agirira umwete mwinshi ugusenga kw’ukuri, ni ho natahura igituma guhindura abantu abigishwa bizana umunezero ukuraho. Emwe, uwo ni wo wari ugiye kuba wo mwuga wanje mu buzima bwanje bwose!
Mu 1957, twe n’uwitwa Mary Robinson twarungitswe gukorera umurimo w’ubutsimvyi mu karere karimwo amahinguriro k’i Rutherglen muri Glasgow, mu gihugu ca Ekose. Twaramamaza mu gihe haba hari ibipfungu, umuyaga mwinshi, imvura be n’urubura ariko ntivyari impfagusa. Umusi umwe narahuye n’uwitwa Jessie. Nararyoherwa no kwigana na we Bibiliya. Umunega wiwe, Wally, uwari umukomunisita, mu ntango yaranyirinda. Igihe yiga Bibiliya maze agatahura ko Ubwami bw’Imana bwonyene ari bwo buzotuma abantu babaho neza, yaranezerewe cane. Bompi bahavuye baba abahindura abantu abigishwa.
Ukuntu abantu bavyakira ubwa mbere birashobora guhenda umuntu
Mu nyuma, twarungitswe gukorera mu gisagara ca Paisley muri Ekose. Umusi umwe igihe nariko ndamamaza muri ico gisagara, hari umugore yanyugariyeko umuryango. Ariko yaciye aza kundaba kugira ngo ansabe ikigongwe. Igihe nasubira kumugendera mu ndwi ikurikira, yavuze ati: “Numvinse nk’aho umengo Imana ni yo nari nugariyeko umuryango. Naciye numva ko ntegerezwa kuza kukuraba”. Uwo mugore yitwa Pearl. Yambwiye ko incuti n’abagenzi bari baramuhemukiye ku buryo yasenze asaba Imana ngo imuhe umugenzi nyakuri. Yavuze ati: “None waciye uza. Ubu nibaza ko utegerezwa kuba uri uwo mugenzi nyakuri”.
Kuba umugenzi wa Pearl ntivyari vyoroshe. Yaba kw’isonga ry’umusozi muremure kandi nabwirizwa kuwuduga n’amaguru. Igihe naja iwe kumuhitana ngo tujane kw’ikoraniro ari bwo bwa mbere, umuyaga mwinshi n’imvura vyarahatswe kumpenura. Aho umutaka wanje umariye gusambuka, naciye ndawujugunya. Haciye amezi atandatu gusa Pearl anyugariyeko umuryango, yaragaragaje ko yiyeguriye Imana mu kubatizwa mu mazi.
Bidatevye, umunega wiwe yarafashe ingingo yo kwiga Bibiliya, kandi ata n’igihe kinini kirahaca yaramperekeje mu busuku bw’inzu ku nzu. Nk’uko bisanzwe, imvura yariko iragwa. Ariko yavuze ati: “Ntugire ikibazo. Ndakunda guhagarara amasaha n’ayandi igihe ikirere kiba cifashe nk’uku ndiko ndarorera umupira, nta nkeka rero ko nshobora no guhagarara mu mvura ku bwa Yehova”. Namye na ntaryo nshima agatima abantu bo muri Ekose bafise ko kwumira kw’ibanga.
Ntiworaba ukuntu nahimbawe igihe nasubirayo haciye imyaka mirongo nkasanga benshi mu bo twize Bibiliya barabandanya kwihangana mu kwizera! Uwo ni wo munezero uri mu guhindura abantu abigishwa (1 Ab’i Tesalonike 2:17-20). Mu 1966, maze imyaka irenga umunani ndi umutsimvyi muri Ekose, naratumiwe kwitaba Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi kugira menyerezwe ku bijanye n’umurimo w’ubumisiyonari.
Nja gukorera mu cibare co mu mahanga
Narungitswe gukorera muri Boliviya mu gisagara gishushe ca Santa Cruz, hakaba hari ishengero rigizwe n’abantu nka 50. Ico gisagara caranyibukije ibisagara vyo muri Amerika yo mu Burengero nk’uko vyerekanwa mu masinema y’ishirahamwe ryitwa Hollywood. Ntereje amaso inyuma, nibaza ko nabaye gusa umumisiyonari asanzwe. Sinigeze ngeramirwa n’ingona, nkikuzwa n’utugwi tw’abantu b’inkazi, nzimirira mu bugaragwa canke ngo ubwato bunsabireko mu biyaga. Yamara, guhindura abantu abigishwa cabaye co kintu giteye umunezero kuruta ibindi kuri jewe.
Umwe mu bakenyezi twatanguye kwigana Bibiliya i Santa Cruz yari Antonia. Kwigisha mu gisupanyoli vyambereye urugamba. Igihe kimwe, agahungu ka Antonia kavuze gati: “Ma, yoba avuga amakosa abishatse kugira gusa abe aradutwenza?”. Amaherezo, Antonia n’umukobwa wiwe Yolanda baracitse abigishwa. Yolanda yari afise umugenzi yiga ivy’amategeko batazira Dito, uno akaba na we nyene yaratanguye kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro. Kwigana na we, vyaranyigishije ikindi kintu ku vyerekeye kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya: rimwe na rimwe abantu barakenera ko umuntu abakebura abigiranye agatima keza.
Igihe Dito yatangura kuza arasiba kwiga Bibiliya, namubwiye nti: “Dito, Yehova ntaguhatira gushigikira Ubwami bwiwe. Utegerezwa guhitamwo”. Igihe yanyishura yuko ashaka gukorera Imana, naciye ndamubwira nti: “Ehe raba urafise amafoto y’indongozi y’umugwi uharanira amahinduka. Wibaza none ko umushitsi yoyabona yoshobora kwemera ko wahisemwo gushigikira Ubwami bw’Imana?”. Iyo ni yo nkeburo itanganywe agatima keza yari akeneye.
Inyuma y’indwi zibiri, haradutse ibintu vy’imigumuko maze inkoho zitangura kwasana hagati y’abanyeshure bo muri kaminuza be n’inyamiramabi. Dito yaciye abwira umugenzi wiwe asemerera ati: “Reka tuve hano!”. Uwo mugenzi wiwe yamwishuye ati: “Oya! Uwu ni wo musi uhambaye twari turindiriye”, ivyo abivuga afashe inkoho ariko ariruka agana ku rubaraza rwo hejuru rw’inyubakwa ya kaminuza. Yari umwe mu bagenzi umunani ba Dito bahasize ubuzima kuri uwo musi. Woba ushobora kwibaza ukuntu mpimbarwa no kubona Dito, uwari kuba yarapfuye iyo ataba yarafashe ingingo yo kuba umukirisu w’ukuri?
Nibonera ingene impwemu ya Yehova ikora
Umusi umwe nari ndenganye umuhana, nibaza ko twamaze kuwugendera, igihe naza numva umugore yahaba ampamagara. Yitwa Ignacia. Umugabo wiwe yitwa Adalberto, akaba yari umupolisi w’ikigatanya. Ignacia yari azi ivyerekeye Ivyabona vya Yehova, mugabo kubera ko uwo mugabo wiwe yamurwanya, vyaranka ko atera imbere mu vy’impwemu. Yari yaravuruzwe umutwe n’inyigisho nyinshi z’ishimikiro zo muri Bibiliya, nkaba rero naciye ntangura kwigana na we Bibiliya. Naho nyene Adalberto yari yiyemeje kutubuza kwiga Bibiliya, narashoboye kuyaga n’uwo mugabo ibindi biganiro igihe kitari gito. Iyo yari intambwe ya mbere yatumye mu nyuma tuba abagenzi.
Iyumvire umunezero nagize mbonye Ignacia abaye umwe mu bagize ishengero w’umutima mwiza, akaza arafasha mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri abantu benshi bakeneye guhumurizwa. Mu nyuma, umunega wiwe be na batatu mu bana babo bahavuye baba Ivyabona. Nkako, igihe amaherezo Adalberto yatahura inkuru nziza ico ari co, yaciye asubira ku gituro c’abapolisi maze ashinga intahe n’igishika ku buryo haciye haboneka abapolisi 200 bamusavye ko yoza arabaronsa Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!.
Yehova arakuza
Maze gukorera mu gisagara ca Santa Cruz imyaka itandatu, narungitswe ku murwa mukuru wa Boliviya ari wo La Paz, ndahamara imyaka 25. Mu ntango z’imyaka ya 1970, inzu y’ishami y’Ivyabona vya Yehova yari i La Paz yari igizwe n’abantu 12 gusa. Kubera ko igikorwa co kwamamaza cagenda kirongerekana, bikaba vyari bikenewe ko inyubakwa zagurwa, inyubakwa nshasha y’ishami yarubatswe mu gisagara ca Santa Cruz, icariko gitera caguka ningoga na ningoga. Ishami ryaciye ryimurirwa ng’aho mu 1998, maze nca nsabwa kuba umwe mu bagize iryo shami, ico gihe bakaba bararenga 50.
Ishengero rimwe gusa ryari i Santa Cruz mu mpera z’umwaka wa 1966 ryari rimaze kuvamwo amashengero arenga 50. Ivyabona 640 bari muri Boliviya ico gihe, ubu bashika nka 18.000!
Ndahimbarwa no kubona igikorwa naranguriye muri Boliviya carimbutse. Ariko kandi, nama ndemeshwa n’ukudahemuka kw’abakirisu bagenzanje bari hirya no hino kw’isi. Twese turahimbarwa no kubona Yehova aduhezagira mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Mu vy’ukuri, birateye umunezero kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.—Matayo 28:19, 20.
[Ifoto ku rup. 13]
Aha nari umutsimvyi muri Ekose
[Amafoto ku rup. 15]
Ndiko nkorera ku biro vy’ishami muri Boliviya; (agafoto kongewemwo) igihe twasohoka Ishure ry’i Gileyadi mu mugwi ugira 42