Ni ibiki ushobora kwigira ku bana?
“URIKO ukora nk’umwana basi!” Nka hamwe twobwirwa gutyo, emwe hari aho bitobura kutubabaza. Utwana, naho usanga dufise igikundiro, muri rusangi biraboneka ko tudahumuye, tutaramenya utuntu n’utundi kandi ko tutagira ubukerebutsi kubera imyaka tuba dufise.—Yobu 12:12.
Naho ari ukwo, igihe kimwe Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ndababgire ukuri: Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru” (Matayo 18:3). None Yezu yashaka kuvuga iki? Ni kamere izihe abana bafise vyoba vyiza abakuze baziganye?
Nutsimbataze ukwicisha bugufi nk’ukw’abana
Rimbura ibintu vyatumye Yezu avuga ayo majambo. Igihe we n’abigishwa biwe bari bashitse i Kaperinawumu inyuma y’urugendo rurerure bari bahejeje kugira, yababajije ati: “Mwāhārīra ibiki mu nzira?”. Abo bigishwa bishwe n’ibimaramare, ntibakuyeko umunwa kubera yuko bari bamye baharira hagati yabo ku bijanye n’uwari mukuru. Bahavuye barya umutima amenyo babaza Yezu bati: “Umukuru mu bgami bgo mw ijuru ni nde?”.—Mariko 9:33, 34; Matayo 18:1.
Bishobora gusa n’ibitangaje kubona abo bigishwa bari bamaze hafi imyaka itatu bari kumwe na Yezu hanyuma bagatangura guharira ku bijanye n’ubukuru. Ariko rero, bari bakuriye mw’idini ry’Abayuda, iryo na ryo rikaba ryarashira imbere cane ivyo kwironkera ubukuru. Biboneka ko ukuba bari bakuriye muri iryo dini, bifatanije n’ukuba bari abantu b’abanyagasembwa, vyagize ico bihindura ku vyiyumviro vyabo.
Yezu yaricaye, ahamagara abo bigishwa, maze avuga ati: “Umuntu ni yagomba kuba uw’imbere, n’abe inyuma ya bose, n’abe n’umukozi wa bose” (Mariko 9:35). Ayo majambo ya Yezu ashobora kuba yatumye bumirwa. Ico ciyumviro ca Yezu cari gihushanye n’ivyiyumviro Abayuda bari bafise ku bijanye n’ubukuru. Yezu yaciye ahamagara akana kaza iruhande yiwe. Yarakagumbiriye n’igishika cinshi, aca ashimika kuri ico ciyumviro ati: “Ndababgire ukuri: Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru. Nuk’ūzokwicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu bgami bgo mw ijuru”.—Matayo 18:3, 4.
Mbega akarorero ngirakamaro mu bijanye n’ukwicisha bugufi! Niwihe ishusho y’iki kintu. Umugwi w’abagabo bakuze kandi bahumuye bakikuje akana kamwe, bagahanze amaso. Ese ukuntu ako kana kifata ruto kakongera kakagira ukwizigira! Ntiworaba ukuntu katagira agatima ko guhiganwa be n’inzigo! Ese ukuntu kari akana kagamburuka kandi katishira hejuru! Vy’ukuri, ako kana karagaragaje mu buryo bwiza cane kamere ishimwa n’Imana yo kwicisha bugufi.
Iciyumviro ca Yezu kiratomoye. Twese dutegerezwa gutsimbataza ukwicisha bugufi nka kurya kw’abana niba tugomba kuragwa Ubwami bw’Imana. Mu bakirisu b’ukuri, aho Yehova yashize ubucuti bumeze nka burya buba hagati y’abagize umuryango, ivy’uguhiganwa be n’ubwibone nta kibanza bifise (Ab’i Galatiya 5:26). Mu bisanzwe, ivyo nyene ni vyo vyatumye Shetani wa Mucokoranyi atangura kurwanya Imana. Ntibitangaje rero kuba Yehova avyanka!—Imigani 8:13.
Abakirisu b’ukuri barondera gukorera abandi ntibarondera kubategeka. Naho igikorwa dukora coba kigayitse gute, canke uwo dukorera akaba ari umuntu aciye bugufi gute, ukwicisha bugufi nyakuri kuratuvyurira umutima wo gukorera abandi. Mwene ico gikorwa giciye bugufi kiravamwo impera nyinshi. Yezu avuga ati: “Ūzokwākīra umwe mu twana nk’aka mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ūnyakīra, si jewe yākīra, ariko yākīra uwantumye” (Mariko 9:37). Dutsimbataje agatima ko gutanga n’ako kwicisha bugufi nk’ak’abana, turunga ubumwe n’Umwe ahambaye cane kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru tukongera tukabwunga n’Umwana wiwe (Yohana 17:20, 21; 1 Petero 5:5). Turaronka agahimbare kava ku gutanga (Ivyakozwe n’intumwa 20:35). N’ikindi kandi, turahimbarwa no kubona tugira ico duterereye ku mahoro n’ubumwe vyibonekeza mu basavyi b’Imana.—Abanyefeso 4:1-3.
Baroroshe kwigisha kandi barizigira
Ubukurikira, Yezu arashira ahabona ikindi cigwa abakuze bashobora kwigira ku bana mu kuvuga ati: “Ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto, ntazobginjiramwo na gatoya” (Mariko 10:15). Abana ntibicisha bugufi gusa, ariko kandi baroroshe no kwigisha. Inabibondo umwe avuga ati: “Abana bakwega amakuru bakayiyinjizamwo nka kurya ibinyuko bikwega amazi”.
Ku bw’ivyo, kugira ngo tuzoragwe Ubwami bw’Imana, dutegerezwa kwemera ubutumwa bw’Ubwami tukongera tukabugamburuka (1 Ab’i Tesalonike 2:13). Nka kurya kw’inzoya zivutse vuba, dutegerezwa ‘gucambirwa amata adafunguye ya rya jambo, kugira ngo biciye kuri yo dukure gushika ku bukiriro’ (1 Petero 2:2, NW). Bite ho nka hamwe inyigisho yinaka yo muri Bibiliya isa n’iyigoye gutahura? Umuntu umwe akora aho barerera abana avuga ati: “Abana baguma babaza ngo ‘kubera iki’ gushika baronse inyishu zimara akanyota ku bibazo vyabo”. Vyoba vyiza twiganye akarorero kabo. Nugume rero wiga. Nuyage n’abakirisu bazi utuntu n’utundi. Nusabe Yehova ubukerebutsi (Yakobo 1:5). Nta nkeka ko niwashishikara gusenga uzotinda ukaronka impera.—Matayo 7:7-11.
Ariko rero, hari abokwibaza bati: ‘None ubwo abantu boroshe kwigisha ntiboshobora kuzimizwa bitagoranye?’. Ivyo ntivyoshika igihe boba bafise ubuyobozi bwo kwizigirwa. Nk’akarorero, abana baronderera ubuyobozi ku bavyeyi babo batarinze no kwiyumvira. Sebibondo umwe avuga ati: “Abavyeyi barerekana ko bashoboye kwizigirwa mu gukingira abana babo no mu kubaronsa ivyo bakeneye buri musi”. Nta nkeka ko dufise imvo nk’izo nyene zo kwizigira Data wa twese wo mw’ijuru Yehova (Yakobo 1:17; 1 Yohana 4:9, 10). Yehova araturonsa ubuyobozi bwo kwizigirwa biciye kw’Ijambo ryiwe ryanditse. Impwemu yiwe yera be n’ishirahamwe ryiwe biraduhumuriza bikongera bikadufata mu mugongo (Matayo 24:45-47; Yohana 14:26). Twikoze kuri izo ntunganyo, nta kizoshobora kutugirira nabi mu vy’impwemu.—Zaburi 91:1-16.
Gutsimbataza ukwizigira Imana nka kurya abana bizigira abavyeyi babo, bituma kandi tugira amahoro yo mu mutima. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga iti: “Igihe twari abana twarafata urugendo ata buryo dufise bwo kururiha kandi ata n’iciyumviro dufise c’ukuntu tuza kururangiza, yamara rero ntivyigera biza no mu bwenge ngo dukekeranye yuko abavyeyi bacu bataza kudushikana iyo tuja ata nkomanzi”. Twoba twizigira Yehova muri ubwo buryo nyene mu rugendo tugira rwo mu buzima?—Yesaya 41:10.
Kwizigira Imana tugaherezako biradufasha kwirinda inyifato be n’ibikorwa vyoshobora kudushira mu kaga mu vy’impwemu. Aho kugira ivyo bintu vyohava bitugeramira mu vy’impwemu, turizigira bimwe bishitse amajambo Yezu yavuze yuko Dawe wa twese wo mw’ijuru azi ivyo dukora be n’uko tubanje kurondera Ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo azotwitwararika. Ivyo bizodufasha kunanira inyosha mbi yo kwishinga kwibanda ku bintu vy’umubiri ku buryo twosanga twirengagije amabanga yo mu vy’impwemu tujejwe.—Matayo 6:19-34.
“Mube inzoya ku vyerekeye ububi”
Naho utwana dutoduto tuvuka ari utunyagasembwa, usanga dutyoroye mu mutima no mu bwenge bimwe utoraba. Ku bw’ivyo, Bibiliya ihimiriza abakirisu iti: “Mube inzoya ku bijanye n’ububi”.—1 Ab’i Korinto 14:20, NW.
Rimbura ivyo agakobwa kamwe k’imyaka itanu kitwa Monique kabwiye nyina n’umunezero mwinshi kati: “Umugenzi wanje mushasha Sara afise imishatsi yizinze nk’iyanje!”. Naho we na Sara batari basangiye ibara ry’urukoba n’ubwoko, ivyo nta vyo ka Monique kavuze. Umuvyeyi umwe avuga ati: “Abana bato, ivy’ugutandukanya ibara ry’urukoba ntubabaze. Nta co bazi ku bijanye n’ibara ry’urukoba canke kwinubana”. Muri uwo muce, ntiworaba ukuntu abana bagaragaza mu buryo bwiza ingene ya Mana yacu itagira nkunzi ibona ibintu, yo ikunda abantu bo mu mahanga yose.—Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35.
Abana kandi barafise ubushobozi budasanzwe bwo guharira. Sebibondo umwe avuga ati: “Iyo ka Jack na ka Levi barwanye, duca tubabwira ngo basabane ikigongwe, kandi bidatevye baca basubira gukina banezerewe. Ntibabika inzika, ntibazukurura akaboze canke ngo bagire ivyo basabanye imbere yo guharirana. Bica bihera maze bakabandanya kwikinira”. Mbega akarorero keza abakuze bakwiye kwigana!—Ab’i Kolosayi 3:13.
Vyongeye, abana bato ntibateba gutahura ko Imana ibaho (Abaheburayo 11:6). Kamere yabo mvukanwa yo kutavugana uburyarya no kutarya umunwa ituma bashinga intahe ku bandi bashize amanga (2 Abami 5:2, 3). Udusengesho tworoshe kandi tuvuye ku mutima batura turashobora gukora ku mitima y’abantu yakomantaye cane. Vyongeye, igihe bari mu bibosha nabi, barashobora kwerekana mu buryo budasanzwe ko bakomeye mu bijanye n’ugukora ikibereye. Mbega ingabirano y’agaciro abana bato bifitiye!—Zaburi 127:3, 4.
Urashobora gusubira kugira kamere nziza zo mu bwana
Woshobora kwibaza uti: ‘Vyoba bishoboka ko abakuze basubira kugira kamere nziza umuntu agira mu bwana?’. Inyishu yoroshe kandi iremesha ni ego! Mu vy’ukuri, itegeko rya Yezu ryo “[gucika] nk’abana bato” rirerekana yuko bishoboka.—Matayo 18:3.
Tubitangire akarorero: Umugwi w’abantu basubiramwo utugenegene kugira ngo dusubire kumera neza woshobora gusubiramwo igicapo kanaka c’igiciro kinini. Igihe bariko baragisanura, barakuraho umucafu wose wagihomyeko maze bagakosora ivyononywe n’abari bagerageje kugisubiramwo. Inyuma y’utwigoro twinshi abo bantu baba bagize bihanganye, amabara akayangana ico gicapo cari gifise mu ntango be n’ubwiza cari gifise bica bisubira kwibonekeza. Muri ubwo buryo nyene, tubandanije kugira utwigoro, tugafashwa n’impwemu yera ya Yehova tukongera tugashigikirwa n’ishengero rya gikirisu mu buryo burangwa urukundo, turashobora gusubira kugira za kamere nziza zakunda kwizana igihe twari tukiri abana.—Abanyefeso 5:1.
[Ifoto ku rup. 9]
Abana basanzwe ari abantu bicisha bugufi
[Ifoto ku rup. 10]
Abana bato ntibinubana kandi baraharira bakongera bakibagira ningoga na ningoga