Bubaka bunze ubumwe ku bwo gushemeza Imana
ABANTU bo mw’izinga rimwe ryo mu mazinga ya Salomo bariboneye Ingoro y’Ubwami nshasha y’Ivyabona vya Yehova. Umukenyezi umwe yavuze ati: “Mw’idini ryacu, haragirwa ibirori vyinshi bituma haboneka amahera yo guteza imbere urusengero. Turasaba abayoboke gutanga amahera, yamara ntitwigera turonka amahera akwiye yo kwubaka urusengero rushasha. None mwebwe Ivyabona muyaronka gute?”. Icabona yariko arabwira, yamwishuye ati: “Dusenga Yehova turi umuryango ukwiye kw’isi yose. Ishengero ryacu be n’abavukanyi bacu bo hirya no hino kw’isi baratanze amahera yari akenewe yo kwubaka iyi Ngoro y’Ubwami nshasha. Yehova yaratwigishije kuba abantu bunze ubumwe muri vyose”.
Ubumwe buri mu Vyabona vya Yehova urabubonera mu vyo bakora vyose, ushizemwo n’ivyo kwubaka Ingoro z’Ubwami ibihumbi n’ibihumbi. Ubumwe bwigaragaza mu gihe co kurangura ivyo bikorwa si ikintu gishasha. Bwamyeho mu basavyi b’Imana kuva kera na rindi. Ni kuki twovuga gutyo?
Kwubaka ihema n’urusengero
Yehova yari afise ihanga rya Isirayeli mu muzirikanyi igihe yabwira Musa, ubu hakaba haciye imyaka irenga 3.500, ati: “Bangirire ahēra ho kuba” (Kuvayo 25:8). Ku bijanye n’ukuntu ico gikorwa c’ubwubatsi cokozwe, Yehova yavuze kandi ati: “Nk’ukw ivyo ngira nkwereke vyose bimeze, mu vy’ikigereranyo c’iryo hema nzobamwo, no mu vy’ikigereranyo c’ibintu vyaryo vyose, abe ari ko muzobikora” (Kuvayo 25:9). Yehova yaciye atanga imigero yerekana ido n’ido ukuntu iryo hema ryobaye rimeze, ivyobaye birigize be n’ibikoresho vyo muri ryo (Kuvayo 25:10–27:19). Iryo “hema” ni ryo ryobaye intimatima y’ugusenga kw’ukuri ku Bisirayeli bose.
Ntituzi abantu bakoze muri ico gikorwa ingene bangana, ariko Abisirayeli bose bari batewe akamo ko kugishigikira. Musa yababwiye ati: “Mukoranye amashikanwa yo kumushikanira, mukūye ku vyanyu: umuntu wese yumva bivuye ku mutima, abe ari we azana ishikanwa ryo gushikanira Uhoraho” (Kuvayo 35:4-9). None Abisirayeli bavyakiriye gute? Muri Kuvayo 36:3 havuga hati: “Mose abaha ya mashikanwa yose, ayo Abisirayeli bāshikaniye gukora ivy’iryo hema, ngo bayakoreshe. Kand’uko bukeye mu gitondo bākomeza kumuzanira ayandi mashikanwa avuye ku mitima ikunze”.
Mu kiringo gitoyi hari hamaze kwuzura ibirundo vy’ivyo batanze, kandi abantu baguma bazana n’ibindi. Abahinga bariko bakora ico gikorwa bahavuye babwira Musa bati: “Ereg’abantu bazanye ibirenze rwose ku vyo Uhoraho yageze gukora”. Ku bw’ivyo, Musa yatanze itegeko ati: “Ntihaze hagire umugabo cank’umugore asubira gukora ikindi kintu na kimwe co gushikana kubg’iryo hema”. Uti none vyahavuye bigenda gute? “Ivyo bari bafise vyari bihāgije gukora ico gikorwa cose, bigasāguka”.—Kuvayo 36:4-7.
Bivuye ku mutima wo gutanga Abisirayeli bagaragaje, iryo hema ryararangiye mu mwaka umwe (Kuvayo 19:1; 40:1, 2). Mu gushigikira ugusenga kw’ukuri, abasavyi b’Imana barahaye Yehova icubahiro (Imigani 3:9). Mu nyuma, botanguye igikorwa kinini cane co kwubaka. Kandi abovyipfuje bose boshoboye gusubira kubigiramwo uruhara, baba bafise ubuhanga mu vyo kwubaka canke batabufise.
Haciye hafi ibinjana bitanu ivyo kwubaka ihema birangiye, Abisirayeli baratanguye kwubaka urusengero i Yeruzalemu (1 Abami 6:1). Urwo rusengero rwobaye ari inyubakwa nziza igitangaza, yubakishije amabuye n’ibiti (1 Abami 5:17, 18). Yehova yarahaye Dawidi icitegererezo c’ingene yokwubatse urwo rusengero, mu kumuhumekera (1 Ngoma 28:11-19). Ariko yahisemwo Salomo umuhungu wa Dawidi ngo abe ari we ayobora igikorwa co kurwubaka (1 Ngoma 22:6-10). Dawidi yarashigikiye n’umutima wiwe wose ico gikorwa cokozwe. Yaregeranije amabuye, amatanga be n’ibindi bikoresho yongera araterera inzahabu n’ifeza vyiwe bwite vyinshi cane. Yaranahimirije Abisirayeli bagenziwe kugira inda nziza, mu kubabaza ati: “Ni nde yemeye gutanga ivyiwe agashikanira Uhoraho uyu musi?”. None abantu bavyakiriye gute?—1 Ngoma 29:1-5.
Igihe Salomo yatangura kwubaka urusengero, yari afise amatoni ibihumbi n’ibihumbi y’inzahabu n’ifeza. Hariho imiringa n’ivyuma vyinshi cane ku buryo ata wari gushobora kubigera (1 Ngoma 22:14-16). Kubera ko ico gikorwa cari gifashwe mu mugongo na Yehova kandi Abisirayeli bose bakaba bari bagishigikiye, carangiye mu myaka indwi n’igice gusa.—1 Abami 6:1, 37, 38.
“Inzu y’Imana y’ukuri”
Rya hema be na rwa rusengero vyompi vyitwa “inzu y’Imana [“y’ukuri”, NW]” (Abacamanza 18:31; 2 Ngoma 24:7). Yehova ntiyigeze akenera inzu yo kubamwo (Yesaya 66:1). Yavyubakishije ku bw’ineza y’abantu. Kanatsinda, mu gihe co kwinjira rwa rusengero, Salomo yabajije ati: “N’ivy’ukuri Imana yoza kuba mur’iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!”.—1 Abami 8:27.
Yehova yavuze abicishije ku muhanuzi wiwe Yesaya ati: “Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose” (Yesaya 56:7). Ibimazi vyatangirwa muri urwo rusengero, amasengesho yahaturirwa be n’ibirori vyahagirirwa, vyatuma abantu batinya Imana, baba Abayuda canke abatari Abayuda, biyegereza Imana y’ukuri. Gusengera ku nzu ya Yehova vyatuma bagiranira ubucuti na we kandi akabakingira. Isengesho Salomo yatuye mu gihe co gushikiriza Imana urwo rusengero rirerekana neza ko ivyo ari ko biri. Urashobora gusoma amajambo akora ku mutima yabwiye Imana mu 1 Abami 8:22-53 no mu 2 Ngoma 6:12-42.
Iyo ngoro yo mu gihe ca kera y’Imana y’ukuri yarazimanganye, ubu hakaba haciye igihe kirekire. Ariko Ijambo ry’Imana ryaravuze igihe abantu bo mu mahanga yose botororokanye kugira basengere Yehova mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu ruhambaye kuruta (Yesaya 2:2). Ikimazi kimwe gusa kitagira agasembwa c’Umwana w’ikinege w’Imana, icagereranywa na vya bimazi vy’ibikoko vyatangirwa ku rusengero, ni co cobaye uburyo bwo kwegera Yehova (Yohana 14:6; Abaheburayo 7:27; 9:12). Ubu Ivyabona vya Yehova bariko basenga Imana muri ubwo buryo bwiza ntangere, kandi bariko barafasha abandi benshi kugira nk’ukwo nyene.
Ibikorwa vyo kwubaka vyo mu gihe ca none
Kw’isi iyo iva ikagera, Ivyabona vya Yehova basukurira ya Mana y’ukuri. Bagize “ihanga rikomeye”, abantu baryo bakaba baguma bongerekana (Yesaya 60:22). Ikibanza nyamukuru Ivyabona vya Yehova bagiriramwo amakoraniro ni Ingoro y’Ubwamia. Inyubakwa nk’izo ibihumbi n’ibihumbi ziriko zirakoreshwa, hakaba hakenewe n’izindi ibihumbi.
Ivyabona vya Yehova “b[ar]itanga babikunze” kugira bubake Ingoro z’Ubwami zikenewe (Zaburi 110:3). Ariko rero, akenshi Ivyabona bo mu karere zikenewemwo usanga ata buhanga bukenewe baba bafise mu vyo kwubaka, kandi uturere tumwetumwe turiko tubamwo iyongerekana rinini usanga dusinzikajwe n’ubukene butagira izina. Mu 1999, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yaratanguje porogarama yo kwubaka Ingoro z’Ubwami kugira ngo izo ntambamyi zitorerwe umuti. Biciye kuri iyo porogarama, Ivyabona bafise ubuhanga mu vyo kwubaka baraja mu turere twa kure kugira bamenyereze abavukanyi n’abavukanyikazi babo kwubaka Ingoro z’Ubwami. Abo bakozi bamenyerejwe, baca babandanya ico gikorwa co kwubaka muri ako karere. Uti none ako kigoro kadasanzwe kavuyemwo iki?
Gushika muri Ruhuhuma 2006, Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu bikenye bari bamaze kwubakirwa Ingoro z’Ubwami nshasha zirenga 13.000. Raba ivyo bamwebamwe mu bariko barakoresha ubu izo Ngoro bavuga.
“Ishengero ryari rifise incahagati y’abantu 160 bitaba amakoraniro. Kw’ikoraniro rya mbere ryagizwe Ingoro y’Ubwami nshasha imaze kwubakwa, abaryitavye bashitse ku bantu 200. Ubu haciye amezi atandatu, abitaba amakoraniro bashika ku 230. Biribonekeza ko Yehova ahezagira ubwubatsi bw’izo nyubakwa zibayabaye yamara zifise akamaro”.—Umucungezi w’umuzunguruko wo muri Équateur.
“Mu myaka n’iyindi, abantu baguma batubaza bati: ‘Muzoronka ryari Ingoro y’Ubwami imeze nka zirya tubona mu bitabu vyanyu?’. Tubikesheje Yehova, twagiye twaronka ikibanza co gusengeramwo kiboneka ko ari ciza. Twahora tugirira amakoraniro mu nyubakwa yo kudandarizamwo y’umuvukanyi umwe, tugize incahagati, abitaba amakoraniro bakaba bashika 30. Ikoraniro rya mbere twagiriye mu Ngoro y’Ubwami nshasha, ryitabwe n’abantu 110”.—Ishengero rimwe ryo muri Uganda.
“Abavukanyikazi babiri b’abatsimvyi basanzwe, bavuga yuko kwamamaza mu cibare cabo ubu bisigaye biryoshe cane kuva aho Ingoro y’Ubwami yubakiwe. Mu busuku bw’inzu ku nzu be n’igihe umuntu ashinga intahe akaryo kizanye, usanga abantu bafise agatima ko kwumviriza kuruta kare. Abo bavukanyikazi ubu barongora inyigisho za Bibiliya 17, kandi benshi muri abo bantu baritaba amakoraniro”.—Ibiro vy’ishami vyo mu mazinga ya Salomo.
“Umupasitori umwe aba hafi y’Ingoro y’Ubwami iherutse kwubakwa avuga yuko iyo ngoro yongereza icubahiro ico kibano cose gifise be n’uko abantu baba ng’aho bayishimira. Abantu benshi bahaca ntibagenda ata co bavuze ku bwiza bwayo. Ivyo biraha abavukanyi uturyo twiza two gushinga intahe. Abantu bagenda barushiriza kuba benshi usanga bipfuza kumenya ibijanye n’umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Abenshi bari bamaze imyaka n’iyindi batitaba amakoraniro baravyuriwe umutima wo kwongera kuyitaba badahorereza”.—Ibiro vy’ishami vyo muri Myanmar.
“Hari umuvukanyikazi yatumiye umugabo umwe yashimishijwe ahantu bariko barubaka mu karere yabamwo. Mu nyuma, uwo mugabo yavuze ati: ‘Niyumvira yuko abariko bahakorera batonkundiye kwinjira. Erega, nagiye mbona nya Vyabona bandamukije n’umutima mwiza. Abagabo n’abagore bariko bakorana ubwira, nta mwanya wapfishwa ubusa. Bakora banama rimwe kandi banezerewe’. Uwo mugabo yaremeye kwiga Bibiliya hanyuma aratangura kwitaba amakoraniro. Mu nyuma, yavuze ati: ‘Narahinduye ivyiyumviro. Ubu, naramenye Imana sinzoyivirira’”.—Ibiro vy’ishami vyo muri Kolombiya.
Birahambaye ko duterera umuganda
Kwubaka Ingoro z’Ubwami ni umuce uhambaye w’umurimo mweranda turangura. Uburyo Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose bashigikiye ico gikorwa, mu vy’amahera no mu bundi buryo, ni ikintu vy’ukuri co gukeza. Ariko rero, turakwiye kwibuka yuko n’iyindi mice y’umurimo mweranda na yo nyene ihambaye. Rimwe na rimwe, abakirisu barashikirwa n’ingorane bivuye ku vyago vy’ivyaduka maze bagakenera ko tubafasha. Guhingura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya biragira uruhara nyamukuru mu gushigikira umurimo mweranda. Benshi muri twebwe bariboneye ububasha ibinyamakuru canke ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bigira ku bantu b’imitima igororotse baba babihawe. Vyongeye, gufata mu mugongo abamisiyonari be n’abandi bari mu murimo w’igihe cose birahambaye cane. Mwene abo bakirisu bitanga baragira uruhara ruhambaye mw’iyaguka ry’igikorwa co kwamamaza muri iyi misi y’iherezo.
Abaterereye umuganda mw’iyubakwa ry’urusengero bararyohewe bimwe utoraba (1 Ngoma 29:9). No muri iki gihe, gushigikira ugusenga kw’ukuri mu gutanga intererano na vyo nyene biratuma tugira agahimbare (Ivyakozwe n’intumwa 20:35). Turagira ako gahimbare igihe dushize intererano zacu mu gasandugu kashizweho ku bw’Ikigega kigenewe Ingoro z’Ubwami be n’igihe duterereye ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, gutyo tukaba dushigikiye ibindi bikorwa bifitaniye isano n’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ntiworaba ukuntu muri iki gihe Ivyabona vya Yehova bunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri! Nimuze twese twuzure agahimbare kava ku gushigikira ukwo gusenga!
[Akajambo k’epfo]
a Niba ushaka kumenya inkomoko y’ijambo “Ingoro y’Ubwami”, raba igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu, urupapuro rwa 319, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro ku rup. 20, 21]
UBURYO BUTANDUKANYE BAMWEBAMWE BAHITAMWO GUTANGA
INTERERANO KU BW’IGIKORWA KIRANGURIRWA KW’ISI YOSE
Abenshi barashira ku ruhande amahera, canke bakabika igitigiri kinaka c’amahera bazoshira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.—Matayo 24:14”.
Ku kwezi ku kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bihagarikiye ibihugu akukira. Izo ntererano z’amahera zitangwa n’abavyishakiye, zoshobora no kurungikwa ata handi ziriwe ziraca kuri aderese ikurikira: Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania, Attention Treasurer’s Office, 25 Columbia Heights, Brooklyn, New York 11201-2483, canke na ho zikarungikwa ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bihagarikiye igihugu ubamwo. Amasheki arungikwa kuri iyo aderese akwiye kuba yanditsweko yuko amahera yohabwa “Watch Tower”. Ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ibindi bintu vy’agaciro na vyo nyene vyoshobora gutangwa. Ivyo bintu vyoba bitanzweko intererano bikwiye guherekezwa n’ikete rigufi rivuga yuko ari ingabirano.
INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA
Amahera yoshobora kurungikirwa ishirahamwe Watch Tower kugira riyakoreshe mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ariko rero, ayo mahera yoshobora gusubizwa mu gihe nyene kuyatanga abisavye. Ushaka kumenya vyinshi kuri ico kibazo, turakwinginze ubaze Ibiro vy’Umushingwabigega ukoresheje aderese yamaze gutangwa.
KURINGANIZA IVYO GUTANGA UMUNTU AVYISHAKIYE
Uretse ingabirano z’amahera, hariho ubundi buryo bwo gutanga intererano zo guteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Muri ubwo buryo harimwo ubu bukurikira:
Soransi: Izina Watch Tower ryoshobora gutangwa ngo iryo shirahamwe ribe ari ryo ryakira amahera ya soransi y’ubuzima bw’umuntu canke imbitso y’amahera umuntu azokwikorako mu gihe akukurutse canke ahawe pansiyo.
Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse, birashobora kubikishirizwa ishirahamwe Watch Tower canke bigashingwa yuko bizohabwa iryo shirahamwe nyene vyo niyapfa, hisunzwe ibisabwa n’ibanki y’aho umuntu aba.
Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene vyoshobora guhabwa ishirahamwe Watch Tower bwa ngabirano.
Itongo canke inzu: Itongo canke inzu, kibure vyompi uko ari bibiri, mu gihe ari ibishobora kugurishwa, birashobora gutangwa bwa ntererano mu kubigaba. Mu gihe ari aho umuntu aba, nyene kubitanga arashobora gusigirwa aho aba arabaye, agashobora kubandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho. Imbere yo kugira amasezerano yo gushikiriza ico ari co cose muri ivyo, urabanza ubivugane n’ibiro vy’ishami vyo mu gihugu ubamwo.
Ukuza uraronka amahera ku yo uba waratanzeko ingabirano: Muri iyo ndinganizo, umuntu araha urwego kanaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova amahera canke inzandiko zemeza ko ayafise ahantu. Nyene gutanga na we, canke umuntu yagenywe na we, araronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Ku mwaka biba vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agengwa n’iyo ndinganizo, aragabanirizwa ikori yahora ayatangako.
Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa ishirahamwe Watch Tower biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko, canke bigashobora kwitwa ko ishirahamwe Watch Tower ari ryo rigabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Imbitso iteza imbere ishirahamwe ry’ivy’idini irashobora gutuma umuntu akurwako amakori amwamwe.
Imvugo ngo “kuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye” yerekana ko nyene gutanga abanza kubitegekanya. Mu ntumbero yo gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga intererano, harateguwe agatabu mu congereza be no mu gisupanyoli kerekeye ugutanga kwo gushigikira umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide). Ako gatabu kateguwe kugira gatange amakuru ajanye n’uburyo butandukanye ingabirano zishobora gutangwa haba ubu canke biciye ku kubiraga ishirahamwe. Abantu benshi, bamaze gusoma ako gatabu no kubiganira n’abahanuzwajambo babo mu vy’amategeko canke mu vy’amakori, barashoboye gushigikira ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose bijanye n’ivy’idini be n’ivy’ugufasha abari mu ngorane, muri ico gihe nyene bararushiriza kuhungukira rwose mu bijanye no kuriha amakori. Ako gatabu umuntu arashobora kukaronka mu kugasaba ku biro biraba ivy’ukuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye.
Nimba ushaka kumenya ayandi makuru kuri ivyo, wobiganira n’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, mu kwandika ikete ukoresheje iyo aderese ishizwe aho hepfo canke mu guterefona kuri ivyo biro ukoresheje izo nomero zerekanywe aho hepfo.
Ivyabona vya Yehova
B.P. 2150 Bujumbura
Telefone: (257) 241110
[Ifoto ku rup. 18]
Utwigoro twacu dushizwe hamwe turatuma hashobora kwubakwa Ingoro z’Ubwami nziza cane kw’isi yose
[Ifoto ku rup. 18]
Ingoro y’Ubwami nshasha yo muri Gana