Wokora iki kugira umenye Imana?
HARI ABOKEKERANYA KU BIJANYE N’UKO IMANA YOBA ISHIMA VY’UKURI KWIHISHURIRA ABANTU. NIBA IBISHIMA, IBIGENZA GUTE?
UMUPOROTISANTI yitwa Jean Calvin wo mu kinjana ca 16 yatumye haba amahinduka, yashitse ku ciyumviro nyaco c’uko abantu ubwabo badashobora kumenya Imana kiretse ari yo ibihishuriye. Ariko rero, hari abokwibaza niba Imana yoba ishima vy’ukuri kwihishurira abantu. Niba ibishima, ibigenza gute?
Yehova, we “Muremyi Ahambaye”, akora ikintu cose afise impamvu. N’ikindi kandi, kubera ko ari “Imana Ishobora vyose”, arashoboye mu buryo bwuzuye gushitsa imigambi yiwe (Umusiguzi 12:1, NW; Kuvayo 6:3). Turashobora guhera amazinda yuko Imana yamye yipfuza kwihishurira abantu, kuko umuhanuzi wayo Amosi yahumekewe kwandika ati: “Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha”. Ariko rero, urabona yuko vyavuzwe ko Imana yahishurira imigambi yayo abasavyi bayo gusa, ni ukuvuga abantu bayikunda vy’ukuri. Ivyo none ntivyumvikana? None wewe ni nde uhora ubwira amabanga yawe? Woba uyabwira uwo ubonye wese, canke uyabwira umugenzi wawe somambike?—Amosi 3:7; Yesaya 40:13, 25, 26.
Ubukerebutsi be n’ubumenyi vy’Imana biratuma abantu bicisha bugufi bagira akoba gakomeye, kandi ivyo birabereye. Yamara, kugira akoba gusa ntibihagije nimba dushaka kwungukira ku bukerebutsi no ku bumenyi biva ku Mana. Bibiliya ivuga ishimika yuko kugira ngo tumenye ivyiyumviro vy’Imana dukeneye umutima wicisha bugufi, ikagira iti: ‘Ubike amabwirizwa yanje muri wewe. Utege ugutwi ubwenge. Ushire umutima wawe ku gutahura. Uhamagare ubwenge, ushire ijwi hejuru uririra ugutahura. Ugume uburondera nk’ifeza’.—Imigani 2:1-4.
Umuntu yicisha bugufi agira bene ako kigoro, arashobora vy’ukuri kumenya Imana. Aho mu Migani habandanya hati: “Uhoraho atanga ubgenge, mu kanwa kiwe havamw’ukumenya n’ugutahura”. Egome, abarondera ukuri bimwe bivuye ku mutima barashobora “[gu]tahura ubugororotsi n’imanza ziroranye, n’ibitunganye, mbere n’inzira nziza yose”.—Imigani 2:6-9.
Abantu bararondera ukuri
Igitabu kimwe (The Encyclopedia of Religion) kivuga giti: “Ubuzima bw’abantu burangwa n’icipfuzo co kumenya itandukaniro riri hagati y’ikintu kibaho n’ikitabaho, y’igifise ubushobozi n’ikitabufise, y’ikintu c’ukuri n’ikitari ic’ukuri, y’ikitanduye n’icanduye, y’igitomoye n’ikidatomoye, bukarangwa kandi n’icipfuzo co gutandukanya ibintu igihe ivyo kumenya ikibereye n’ikitabereye biba bidatomoye neza”. Kugira ngo abantu bashike kuri ico cipfuzo bafise, baramaze igihe kirekire barondera ukuri. Abantu bagiye baratera imbere mu vyo kumenya ukuri bivanye n’urugero baza baragezako mu kwerekeza ivyo barondera kuri Yehova, uwo umwanditsi wa Zaburi yita “Imana y’ukuri”. —Zaburi 31:5.
Izina Yehova risobanura ijambo ku rindi ngo “atuma biba” (Itanguriro 2:4). Ku bw’ivyo, iyo nsobanuro y’izina ry’Imana yerekeza ku kuba ari yo yaremye vyose be no ku mugambi wayo. Mu vy’ukuri, kumenya izina Yehova no kurikoresha ni ikintu kiranga idini ry’ukuri. Yezu ico kintu yari akizi neza. Igihe yariko avuga ibijanye n’abayoboke biwe, yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ng’urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo”.—Yohana 17:26.
Umuheburayo umwe wo mu gihe ca kera yitwa Yozefu yihetse ku bucuti yari afitaniye n’Imana igihe yategerezwa gusobanura indoto, yavuze umutima uri mu nda ati: “Mbeg’Imana si yo Nyene gusobanura?”.—Itanguriro 40:8; 41:15, 16.
Ibinjana bitari bike inyuma y’aho, Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni yararose indoto abantu biwe b’abanyabwenge batashoboye gusobanura. Umuhanuzi Daniyeli yabwiye uwo mwami ati: “Mw ijuru har’Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza”.—Daniyeli 2:28.
Akarorero ka Yozefu n’aka Daniyeli burerekana yuko ubukerebutsi be n’ubumenyi vy’Imana bironkwa gusa n’abasavyi ba Yehova Imana. Nkako, kugira ngo Imana idutoneshe, vyosaba ko tureka kubona ibintu nk’uko twahora tubibona. Abayuda bo mu kinjana ca mbere babaye abakirisu ico ni co babwirijwe kugira. Kubera ko bari bakuze bubaha kandi bakurikiza amategeko yari yarashinzwe n’Abayuda, vyarabasavye umwanya wo kwemera ko Yezu ari we Mesiya, uwari yaje gushitsa Ivyagezwe vya Musa, ivyari “igitūtu c’ivyiza [vyoje]” (Abaheburayo 10:1; Matayo 5:17; Luka 24:44, 45). Ivyo Vyagezwe vyasubiriwe n’‘icagezwe ca Kirisitu’, ikiruta kure n’iyo Ivyagezwe vya Musa.—Ab’i Galatiya 6:2; Abaroma 13:10; Yakobo 2:8.
Twese twavukiye mw’isi yonkowe ku Mana. Kubera icaha twarazwe n’umugabo n’umugore ba mbere, twavutse turi abansi b’Imana, tutagira ubumenyi ntagakosa ku vyerekeye imigambi yayo. N’ikindi kandi, twarazwe umutima wibesha (Yeremiya 17:9; Abanyefeso 2:12; 4:18; Ab’i Kolosayi 1:21). Kugira ngo tugiranire n’Imana ubucuti, dutegerezwa kwigana ukuntu Imana yiyumvira. Kubigira si icoroshe.
Ushobora gusanga bitoroshe guheba ivyiyumviro canke imigenzo vy’idini ry’ikinyoma, na canecane igihe ivyo wavyigishijwe kuva mu bwana. Ariko none, vyoba biranga ubukerebutsi umuntu abandanije kugendera mu nzira itari yo? Habe namba! Ahubwo nyabuna birarushiriza kuranga ubukerebutsi umuntu ahinduye uburyo bwo kwiyumvira maze agashimwa n’Imana.
Uburyo bwo kumenya umuhora Imana ikoresha mu gutanga ubuyobozi
Ni hehe twokura icodufasha mu vyo gutahura Ijambo ry’ukuri hanyuma kikadufasha kubaho turyisunga? Muri Isirayeli ya kera, Imana yarajeje amabanga abantu b’abizigirwa kandi b’intahemuka kugira barongore iryo hanga. Mu buryo busa n’ubwo, Kirisitu, we Mutwe w’ishengero rya gikirisu muri iki gihe, ararongora abantu barondera ukuri bivuye ku mutima. Ivyo abigira abicishije ku bayoboke biwe b’abizigirwa kandi b’intahemuka, akaba ari bo bagize umuhora ujejwe ibanga ryo kuyobora no gukingira abarondera ukuri babigiranye ubwira (Matayo 24:45-47; Ab’i Kolosayi 1:18). Ariko none, umuntu ashobora gute kumenya umuhora Imana ikoresha mu gutanga ubuyobozi?
Abayoboke ba Yezu Kirisitu b’ukuri barihatira kugaragaza kamere nk’izo yagaragaje igihe yari umuntu. Muri iy’isi igenda irushiriza kuba mbi, ukuba abo bayoboke ba Kirisitu ata ho basa basana n’abandi mu bijanye no kugaragaza izo kamere za gikirisu, biratuma vyoroha ko umuntu abamenya (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 6.). Izo kamere zoba zigaragazwa mw’idini urimwo canke mu madini ababanyi bawe barimwo? Vyoba vyiza utohoje ico kibazo ukoresheje Bibiliya.
Turagusavye wewe usoma ibitabu vyacu utohoze ico kibazo biciye ku kwiga Bibiliya. Mu mwaka uheze, abantu barenga nka 6.000.000 baba mu bihugu 235 barungukiye kuri iyo ntunganyo yo kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Kurondera ubukerebutsi be n’ubumenyi biva ku Mana ni igikorwa kibandanya, kiryoshe kandi umuntu ashobora kuronkera impera. Ni kubera iki none utotangura kurondera ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana? Ntuzokwigera wicuza kubona warabirondeye. Ni vyo, turashobora vy’ukuri kumenya Imana.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]
ABAKORA BAHUZA N’IVYO IMANA IGOMBA . . .
baguma ata ho bahengamiye mu matati y’ivya politike.—Yesaya 2:4.
bama ivyamwa vyiza mu gukora ivyo Imana igomba.—Matayo 7:13-23.
bagaragarizanya urukundo.—Yohana 13:35; 1 Yohana 4:20.
bavuga rumwe aho bari hose.—Mika 2:12.
ntibigana ingeso mbi be n’inyifato vy’iyi si ibakikuje.—Yohana 17:16.
bashingira intahe ukuri kandi bagahindura abantu abigishwa.—Matayo 24:14; 28:19, 20.
bama bitaba amakoraniro kugira ngo baremeshanye.—Abaheburayo 10:25.
bashemeza Imana uko bagize ishirahamwe rikwiye kw’isi yose.—Ivyahishuriwe 7:9, 10.
[Ifoto ku rup. 7]
Ubumenyi bwerekeye Imana umuntu arashobora kuburonka ku giti ciwe, mu muryango, no mw’ishengero