Twoba vy’ukuri dushobora kumenya Imana?
‘UBU NI BWO BUZIMA BUDASHIRA, KO BAMENYA IMANA YONYENE Y’UKURI’.—YOHANA 17:3.
INTUMWA Paulo yarikuguye avuga ati: “Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana!”. Yongeyeko ati: “Imigabo yayo ntishobora kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!” (Abaroma 11:33). Dufatiye kuri ayo majambo, twoca none dushika ku ciyumviro c’uko ubukerebutsi be n’ubumenyi vy’Imana birengeye abantu ku buryo batoshobora kuyimenya no kumenya imigambi yayo?
Incabwenge zimwezimwe zo mu madini zemera yuko bidashoboka ko umuntu amenya Imana. Igitabu kimwe (The Encyclopedia of Religion) kivuga ku vyerekeye ico ciyumviro giti: “Imana irarengeye ibintu vyose umuntu yoshobora kumenya ku biyerekeye. . . . Imana ntishobora kwitwa izina canke gusigurwa. Izina iryo ari ryo ryose canke insiguro iyo ari yo yose yohabwa usanga biri n’aho bigarukira, Imana na yo ikaba . . . ibirengeye. . . . Ntawoyimenya kuko idashobora kumenyekana”a.
Nk’uko ikinyamakuru kimwe (Newsweek) kibivuga, abantu benshi baba ahantu ivy’idini bititabwaho basa n’abemera gukurikiza “iciyumviro gishasha” c’uko ngo “hari ukuri kumwe gusa, kandi ukwo kuri ni uko ata kuri kuriho”.
Naho ari uko, abantu benshi ntibaronka inyishu z’ibibazo vyerekeye intumbero y’ubuzima. Barabona ingorane zivuna umutima z’ubukene, indwara be n’ubukazi. Ukudatahura neza igituma ibintu bihindagurika mu buzima vyoshobora kuba ari ikintu kibabaza cane kuri bo. Boshobora kwipfuza kurondera inyishu, ariko igihe batazironse boshobora gushika ku ciyumviro c’uko ata zihari. Kubera ico, benshi muri abo bantu barahevye idini kandi usanga bariko barironderera uburyo bwabo bwo kwiyegereza Imana, nimba na ho nyene bacemera yuko ibaho.
Ingene Bibiliya ibona ibintu
Abantu bashima ivyo Bibiliya ivuga, kandi hakaba hari ukuntu basa n’abemera ko Yezu Kirisitu ari Umuvugizi w’Imana, bakwiye kwitaho kumenya ukuntu Bibiliya ibona ibintu. Kumbure uribuka yuko Yezu yigeze kuvuga ibijanye n’inzira zibiri, ‘iyagutse y’igihamo ijana mu mahonero’ be n’inzira ‘ntoya ijana mu buzima’. Yarasiguye ukuntu umuntu yomenya abaca muri imwimwe yose muri izo nzira, mu kuvuga ati: “Muzobamenyera ku vyo bama”. Ni ivyamwa bwoko ki twobamenyeyeko? Ntitwobamenyeye ku vyo bavuga ariko twobamenyeye ku vyo bakora, nk’uko Yezu yabitomoye ati: “Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba”. Kuvuga ko twizeye Imana ntibihagije. Dutegerezwa gukora ivyo igomba. Birumvikana ko dutegerezwa kubanza kuronka ubumenyi nyakuri bw’ivyo Imana igomba.—Matayo 7:13-23.
Yezu yarerekanye mu buryo butomoye yuko bishoboka ko abantu baronka ubumenyi bwerekeye Imana. Yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Biratomoye ko dushobora kuronka ubukerebutsi n’ubumenyi Imana ihishura, ariko bishoboka mu gihe gusa tugize akigoro ko kubirondera. Yamara rero, ingabire Imana iha ababirondera, ni ubuzima budahera. Ku bw’ivyo, ukwo kurondera ubukerebutsi n’ubumenyi biri n’akamaro vy’ukuri.
[Akajambo k’epfo]
a Ivyiyumviro nk’ivyo umuntu arabisanga mu vyo amadini yo mu Buseruko yemera; ay’abahindu, ay’abatawo be n’ay’ababuda.
[Ifoto ku rup. 4]
Yezu yavuze ko inzira ntoya ijana mu buzima