Tugire umutima rugabo biciye ku kwizera no ku gutinya Imana
“[“Gira umutima rugabo”, “NW”], ushire amanga . . . jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe”.—YOSUWA 1:9.
1, 2. (a) Umuntu afatiye ku kuntu abantu babona ibintu, Abisirayeli boba bari gushobora gutsinda Abanyakanani? (b) Yosuwa yasubirijwe umutima mu nda gute?
MU 1473 B.G.C., ihanga rya Isirayeli ryari ryiteguriye kwinjira muri ca Gihugu c’Isezerano. Ku bijanye n’ibintu bitoroshe vyari bigiye gushikira Abisirayeli, Musa yabibukije ati: “Mur’iki gihe mugiye kuzojabuka Yorodani, mwinjire igihugu c’amahanga abarusha ubginshi n’inkomezi, kirimw’ibisagara binini, bizitijwe inzitiro z’amabuye zigera mw ijuru, n’abantu banini barebare, ni bo Banaki, nk’uko . . . [mwumvise] babavuga, ngo Ni nde yohagarara Abanaki imbere?” (Gusubira mu vyagezwe 9:1, 2). Abo bahizi b’ibigatanya, emwe, bari rurangiranwa! N’ikindi kandi, amahanga amwamwe y’Abanyakanani yari afise igisoda cikwije, gifise amafarasi n’imikogote y’amakurudumu ariko ivyuma bimeze nk’imihoro.—Abacamanza 4:13.
2 Ariko Abisirayeli bobo, bari barabaye ihanga ry’abaja, kandi bari bamaze imyaka 40 mu bugaragwa. Ku bw’ivyo, umuntu afatiye ku kuntu abantu babona ibintu, vyasa nk’aho batari gushobora gutsinda. Yamara, Musa yari afise ukwizera; yarashobora ‘kubona’ Yehova ariko abayobora (Abaheburayo 11:27). Musa yababwiye ati: “Uhoraho Imana yanyu [ni] we azojabuka abagiye imbere, . . . ni we azobahonnya [ni ukuvuga Abanyakanani], abamare igabo imbere yanyu” (Gusubira mu vyagezwe 9:3; Zaburi 33:16, 17). Musa amaze gupfa, Yehova yarasubirije umutima mu nda Yosuwa ko amufashe mu mugongo, mu kumubwira ati: “Va hasi, ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisirayeli. Nta muntu n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere imisi yose uzomara ukiriho: nk’uko nabanye na Mose ni ko nzobana nawe”.—Yosuwa 1:2, 5.
3. Ni igiki cafashije Yosuwa kugira ukwizera n’umutima rugabo?
3 Kugira ngo Yosuwa ashigikirwe na Yehova yongere ayoborwe na we, yategerezwa gusoma Ivyagezwe vy’Imana, akabizirikanako, akongera akabigendera. Yehova yamubwiye ati: “Ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe. None si jewe nkwibaririye, nti [“Gira umutima rugabo”, NW], ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’uzoja hose” (Yosuwa 1:8, 9). Kubera ko Yosuwa yumviye Imana, yaragize umutima rugabo, arashira amanga, kandi biramugendera neza. Ariko rero, benshi mu bo mu runganwe rwiwe ntibumviye Imana. Ivyo vyatumye bitabagendera neza, maze bapfira mu bugaragwa.
Abantu batagira ukwizera babura umutima rugabo
4, 5. (a) Agatima ba batasi cumi berekanye kari gatandukaniye hehe n’ako Yosuwa na Kalebu bagaragaje? (b) Yehova yakiriye gute ukubura ukwizera kw’Abisirayeli?
4 Imyaka 40 imbere y’aho, igihe Isirayeli yashika ari bwo bwa mbere hafi y’i Kanani, Musa yararungitse abagabo 12 ngo baje gutata ico gihugu. Cumi muri bo bagarutse batekewe n’ubwoba. Bavuze bati: “Abantu bose twahabonye n’abagabo barebare cane. . . . Twabonyey’ibigatanya, ari bo Bānaki, bakomōtse ku bigatanya nyene: ku ruhande rwacu twabonye ko tubamezeko nk’inzige”. Ariko none, uretse Abanaki gusa, ubwo “abantu bose” bari ibigatanya? Habe na gato! Vyongeye abo Banaki boba bakomoka kuri vya bigatanya vy’Abanefili vy’imbere y’Umwuzure? Habe namba! Naho barengeje urugero, ayo makuru agoretse yatumye abantu bo muri iryo shengero baca batekerwa n’ubwoba. Baranashatse gusubira mu Misiri, ca gihugu nyene bari baragizwemwo abaja!—Guharūra 13:31–14:4.
5 Ariko rero babiri muri abo batasi, ari bo Yosuwa na Kalebu, bari bashashaye kwinjira muri nya Gihugu c’Isezerano. Bo bavuze ku bijanye n’Abanyakanani bati: “Tuzobarya bga mutsima; icābakingira cabavuyeko, ariko tweho Uhoraho ari mu ruhande rwacu: nta co mubatinya!” (Guharūra 14:9). Yosuwa na Kalebu boba bariko bapfa kwiremesha gusa? Habe n’intete! Bo hamwe n’abandi bose bari bagize iryo hanga bari bariboneye ukuntu Yehova yatetereje rya hanga rikomeye rya Misiri be n’imana zaryo mu kuriteza vya Vyago Cumi. Mu nyuma na ho bari bariboneye ukuntu Yehova yatumye Farawo n’ingabo ziwe basoma nturi mu Kiyaga Gitukura (Zaburi 136:15). Uca ubona rero yuko abo batasi cumi be n’abemeye ivyo bavuze, ata mvo n’imwe yumvikana bari bafise yo kugira ubwoba. Yehova yaraseruye ukuntu vyamubabaje cane mu kuvuga ati: “Bazogeza hehe kutanyizera, naho nakoreye ibitangaza bingaho hagati muri bo?”.—Guharūra 14:11.
6. Ni mu buryo ki umutima rugabo be n’ukwizera bifitaniye isano, kandi ivyo vyibonekeza gute muri iki gihe cacu?
6 Yehova yarerekanye umuzi w’ingorane bari bafise; ukubura ukwizera ni kwo kwatumye bagira ubwoba. Vy’ukuri, ukwizera n’umutima rugabo birafitaniye isano cane ku buryo intumwa Yohani yanditse ku bijanye n’ishengero rya gikirisu be n’intambara yo mu buryo bw’impwemu rigwana, ati: “Iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n[i] ukwizera kwacu” (1 Yohana 5:4). Muri iki gihe, ukwizera kumeze nk’ukwa Yosuwa na Kalebu kwatumye Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitandatu, abato n’abakuze, abakomeye n’abafise amagara make, bamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose. Nta mwansi n’umwe yashoboye kunumya izo ngabo zikomeye kandi z’intatinyurukamvye.—Abaroma 8:31.
‘Ntukiyonjorore’
7. ‘Kwiyonjorora’ bisobanura iki?
7 Abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe baramamaza inkuru nziza n’umutima rugabo kubera ko bafise agatima nk’ako intumwa Paulo yari afise, uwanditse ati: “Ntitur’abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa” (Abaheburayo 10:39). Ukwo ‘kwiyonjorora’ Paulo yavuze ntigusobanura kugira ubwoba bw’akanya gato gusa, kuko hariho abasavyi b’Imana benshi b’intahemuka vyashitse baragira ubwoba (1 Samweli 21:12; 1 Abami 19:1-4). Ahubwo riho, inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya isigura yuko ukwo kwiyonjorora gusobanura “gusubira inyuma, kwidohora”, kuba umuntu “afata minenegwe ivy’ukugumya ukuri”. Iyo nyizamvugo isigura kandi yuko ‘kwiyonjorora’ ishobora kuba ari imvugo y’ikigereranyo yerekeza ku “kumanura ca gitambara co ku bwato [gituma buyoborwa n’umuyaga] bigatuma buca bugenda buhorobuhoro”, ivyo bikaba bigereranya ukuntu umuntu yiyonjorora, yikwega mu bijanye n’umurimo w’Imana. Yamara, abafise ukwizera gukomeye bobo ntibaruha banarota ‘kugenda buhorobuhoro’ igihe havyutse ingorane, ishake ibe ari uruhamo, kugira amagara make, canke ikindi kigeragezo. Ahubwo, baratera baja imbere mu gukorera Yehova, bazi neza yuko abitwararika cane kandi ko azi aho bageza (Zaburi 55:22; 103:14). Woba nawe ufise ukwizera nk’ukwo?
8, 9. (a) Yehova yakomeje gute ukwizera kw’abakirisu bo mu ntango? (b) Dushobora gute gukomeza ukwizera kwacu?
8 Igihe kimwe intumwa za Yezu zariyumvisemwo yuko zari zifise ukwizera guke, maze zimubwira ziti: “N’utwongere ukwizera” (Luka 17:5). Ico kintu basavye bivuye ku mutima baragihawe, na canecane kuri Pentekote yo mu 33 G.C., aho impwemu yera bari barasezeraniwe yaza kuri ba bigishwa maze igatuma barushiriza gutahura Ijambo ry’Imana n’umugambi wayo (Yohana 14:26; Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4). Ukwizera kw’abo bigishwa kumaze gukomezwa gutyo, baciye batangura isekeza ryo kwamamaza ryatumye inkuru nziza ishikira “abāremwe bose bo musi y’ijuru”, naho abo bigishwa barwanywa.—Ab’i Kolosayi 1:23; Ivyakozwe n’intumwa 1:8; 28:22.
9 Na twebwe nyene, kugira ngo dukomeze ukwizera kwacu maze dutere tuja imbere mu busuku turangura, dutegerezwa kwiga Ivyanditswe, tukabizirikanako, tukongera tugasenga dusaba impwemu yera. Dushize ukuri kw’Imana mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu nk’uko Yosuwa, Kalebu be n’abigishwa bakirisu bo mu ntango babigira, ni ho honyene tuzogira ukwizera gutuma tugira umutima rugabo dukeneye kugira ngo twihangane mu ntambara turwana yo mu buryo bw’impwemu twongere dutahukane intsinzi.—Abaroma 10:17.
Ukwizera si ukwemera gusa
10. Ukwizera nyakuri kurimwo ibiki?
10 Nk’uko intadohoka zo mu gihe ca kera zavyerekanye, kwa kwizera gutuma umuntu agira umutima rugabo be n’ukwihangana, ntigusobanura gusa kwemera Imana (Yakobo 2:19). Gusaba ko dushika ku kumenya Yehova tukabona ko atari umugani, tukongera tukamwizigira n’umutima wacu wose (Zaburi 78:5-8; Imigani 3:5, 6). Gusobanura kwemera n’umutima wacu wose yuko kwumvira amategeko y’Imana be n’ingingo ngenderwako zayo ari twe bigirira akamaro kanini (Yesaya 48:17, 18). Ukwizera kurimwo n’ukwizigira udakeka ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye vyose akaba n’“[uwu]ha impēra aba[mu]rondera”.—Abaheburayo 11:1, 6; Yesaya 55:11.
11. Ni mu buryo ki Yosuwa na Kalebu bahezagiwe ku bw’ukwizera n’umutima rugabo bari bafise?
11 Ukwizera mwene ukwo si ikintu kitigera congerekana. Ahubwo riho, kugenda kuriyongera uko tubaho tugendera ukuri, uko ‘twumviriza’ ingene ivyiza biva muri ukwo kugendera ukuri biryoshe, uko ‘tubona’ (NW) ingene amasengesho yacu yishurwa, be n’uko tugenda turabona mu bundi buryo ingene Yehova atuyobora mu buzima bwacu (Zaburi 34:8; 1 Yohana 5:14, 15). Nta gukeka ko ukwizera kwa Yosuwa na Kalebu kwagiye kurarushiriza gukomera uko bagenda barumviriza ukuntu ukumera neza kw’Imana kuryoshe (Yosuwa 23:14). Zirikana ibi bintu biboneye: Nk’uko Imana yari yarabibasezeraniye, bararokotse rwa rugendo rugoye rwamaze imyaka 40 Abisirayeli bagize mu bugaragwa (Guharūra 14:27-30; 32:11, 12). Baragize uruhara ruhambaye muri kwa kwigarurira igihugu c’i Kanani kwamaze imyaka itandatu. N’ikindi kandi, bararamvye bariberaho bafise amagara meza, eka baranaronka amashamvu yabo bwite. Emwe, Yehova araha impera abamukorera badahemuka kandi bafise umutima rugabo!—Yosuwa 14:6, 9-14; 19:49, 50; 24:29.
12. Ni mu buryo ki Yehova ‘ashira hejuru ijambo ryiwe’?
12 Ubuntu-mvarukundo Yosuwa na Kalebu bagiriwe n’Imana buratwibutsa amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Washize hejuru ijambo ryawe n’izina ryawe kubirutisha ibindi vyose” (Zaburi 138:2). Igihe Yehova akoresheje izina ryiwe mu kwemeza ko umuhango munaka atanze uzoranguka, iranguka ry’uwo muhango ‘rishirwa hejuru’ mu buryo bw’uko rishika ku bintu birengeye ivyo umuntu aba yiteze vyose (Abanyefeso 3:20). Vy’ukuri, Yehova ntiyigera areka gushitsa ivyo asezeranira ‘abahimbarwa’ na we.—Zaburi 37:3, 4.
Umuntu ‘yahimbaye Imana’
13, 14. Ni kubera iki vyabaye ngombwa ko Henoki agira ukwizera n’umutima rugabo?
13 Turashobora kwiga ibitari bike ku bijanye n’ukwizera be n’umutima rugabo mu kwihweza akarorero k’ikindi cabona yabayeho imbere y’igihe c’ubukirisu, uwo na we akaba ari Henoki. N’imbere y’uko atangura kuba umuhanuzi, ashobora kuba yari azi ko yaciye mu bigeragezo vyerekana nimba afise ukwizera n’umutima rugabo. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova yari yaravugiye muri Edeni yuko hobaye inyankane hagati y’abakorera Imana n’abakorera Shetani wa Mucokoranyi (Itanguriro 3:15). Henoki yari azi kandi ko izo nyankane zatanguye kera muri kahise k’abantu, igihe Kayini yagandagura murumunawe Abeli. Nkako, kuva Henoki avutse, se wabo Adamu yabayeho imyaka 310.—Itanguriro 5:3-18.
14 Ariko, naho Henoki ivyo ashobora kuba yari abizi, ntivyamubujije ‘kugendana n’Imana’ n’umutima rugabo no gutera ivyatsi ‘amajambo akomeye’ abantu bavuga barwanya Yehova (Itanguriro 5:22; Yuda 14, 15). Biboneka ko ukwo kuntu Henoki yashigikira ugusenga kw’ukuri ashikamye kwatumye agira abansi benshi, bituma ubuzima bwiwe bugeramirwa. Ariko Yehova yarakingiye uwo muhanuzi wiwe umubabaro w’urupfu. Yehova, amaze kumenyesha Henoki ko ‘yamuhimbaye’, ‘yaramujanye’ mu kumukura mu buzima akamushira mu rupfu, ivyo akaba ashobora kuba yabigize Henoki ari mu ndoto y’ivy’ukwerekwa.—Abaheburayo 11:5, 13; Itanguriro 5:24.
15. Ni akarorero akahe Henoki yasigiye abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe?
15 Paulo, amaze kuvuga ivy’ukujanwa kwa Henoki, yaciye yongera gushimika ku kamaro k’ukwizera mu kuvuga ati: “Kand’ūtizera ntibishoboka kw [ahimbara Imana]” (Abaheburayo 11:6). Ni vyo, ukwizera kwaratumye Henoki agira umutima rugabo wo kugendana na Yehova no gutangaza ubutumwa bwiwe bw’urubanza mw’isi itubaha Imana. Muri ubwo buryo, yaradusigiye akarorero keza. Natwe turi n’igikorwa gisa n’ico, turangurira mw’isi irwanya ugusenga kw’ukuri kandi yuzuye ububi bw’ubwoko bwose.—Zaburi 92:7; Matayo 24:14; Ivyahishuriwe 12:17.
Kugira umutima rugabo uva ku gutinya Imana
16, 17. Obadiya yari nde, kandi ivyiwe vyari vyifashe gute?
16 Uretse ukwizera, hariho iyindi kamere ifasha umuntu kugira umutima rugabo, iyo na yo ikaba ari ugutinya Imana kurimwo ukuyubaha cane. Reka turabe akarorero kadasanzwe k’umugabo yatinya Imana yabayeho mu gihe c’umuhanuzi Eliya be n’Umwami Ahabu, uwatwara ubwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko. Ku ngoma ya Ahabu, ugusenga Bayali kwaratumye ubwo bwami bwo mu Buraruko bwononekara ku rugero rw’akataraboneka. Nkako, ba kamenyi 450 ba Bayali be na ba bakamenyi 400 b’inkingi yakoreshwa mu vy’ugusenga, iyari ifise ishusho imeze nk’igihimba c’irondoka c’umugabo, “barīra ku meza ya Yezebeli” muka Ahabu.—1 Abami 16:30-33; 18:19.
17 Umwansi umwe wa Yehova atagira ikigongwe, ari we Yezebeli, yaragerageje kuzimanganya ugusenga kw’ukuri mu gihugu. Yaragandaguye bamwebamwe mu bahanuzi ba Yehova, aranagerageza kwica Eliya, ariko uno akaba yaciye ahungira hakurya ya Yorodani abitegetswe n’Imana (1 Abami 17:1-3; 18:13). Woba uca ubona ingene ico gihe vyari gushobora kukubera urugamba gushigikira ugusenga gutyoroye mu bwami bwo mu Buraruko? N’ikigoye kuruta, bite ho nka hamwe wari kuba ukorera neza na neza ku kirimba c’umwami? Emwe, ukwo ni ko vyari vyifashe kuri Obadiyaa, umubwiriza yatinya Imana wa Ahabu.—1 Abami 18:3.
18. Ni igiki catumye Obadiya aba umusavyi wa Yehova w’imbonekarimwe?
18 Nta gukeka ko Obadiya yari umuntu yiyubara kandi yakoresha ubukerebutsi mu buryo yasenga Yehova. Yamara, ntiyigeze yihakana ugusenga kw’ukuri. Nkako, mu 1 Abami 18:3 hatubwira hati: “Obadiya uwo yama yubaha Uhoraho cane” (Ni twe dushimitse.). Vy’ukuri, ukwubaha canke ugutinya Imana kwa Obadiya kwari imbonekarimwe! Ukwo gutinya Imana kubereye kwatumye agira umutima rugabo udasanzwe, nk’uko yaciye abigaragaza inyuma y’aho Yezebeli agandaguriye abahanuzi ba Yehova.
19. Ni igiki Obadiya yakora cagaragaje ko afise umutima rugabo?
19 Dusoma duti: “Aho Yezebeli yahonnya abavugishwa b’Uhoraho, Obadiya yahitanye abavugishwa ijana, arabanyegeza, mirongwitanu mw isenga rimwe, [ba]ndi mirongwitanu mu rindi, akabagaburira ivyo kurya n’amazi” (1 Abami 18:4). Nk’uko nawe ushobora guca uvyumva, kugaburira abagabo ijana mu mpisho cari ikintu kirimwo akaga rwose. Obadiya ntiyategerezwa gusa kwirinda gufatwa na Ahabu canke Yezebeli, ariko kandi yategerezwa kwirinda ko na ba bahanuzi 850 b’ikinyoma bama baje ku kirimba babimenya. Bitayeko, n’abandi bantu benshi basenga ibigirwamana muri ico gihugu, kuva ku banyagihugu nciyaho gushika ku baganwa, nta gukeka ko batari kubura gushengeza Obadiya baramutse babimenye, kugira ngo batone ku mwami no ku mwamikazi. Yamara, naho vyari vyoroshe ko abo bantu basenga ibigirwamana babona Obadiya, yaragize umutima rugabo araza araronsa abahanuzi ba Yehova ivyo bakeneye. Emwe, ugutinya Imana kurashobora gukomeza umuntu pe!
20. Ugutinya Imana kwafashije gute Obadiya, kandi akarorero kiwe kagufasha gute?
20 Biboneka ko Yehova yakingiye Obadiya kubera ko yagaragaje umutima rugabo biciye ku kumutinya. Mu Migani 29:25 hagira hati: “Gutinya abantu n’ukwitega umutego, arik’uwizigira Uhoraho azoba amahoro”. Obadiya yari umuntu nk’abandi; yaratinya guhava afatwa maze akicwa, nk’uko nyene natwe twari kubitinya (1 Abami 18:7-9, 12). Yamara, ugutinya Imana kwaratumye agira umutima rugabo, aratsinda ugutinya abantu kwose ashobora kuba yaragize. Obadiya yaratubereye akarorero keza twese, na canecane abasenga Yehova kandi bikaba vyoshika bagapfungwa canke n’ukwicwa bakicwa (Matayo 24:9). Nimuze twese twihatire gukorera Yehova ‘tumwubaha kandi tumutinya’.—Abaheburayo 12:28.
21. Ni igiki twihweza mu kiganiro gikurikira?
21 Kamere y’ukwizera n’iy’ugutinya Imana si zo zonyene zituma umuntu agira umutima rugabo; urukundo rurashobora kumukomeza bimwe birushirije. Paulo yanditse ati: “Imana [ntiya]duhaye umutima w’[‘ugupfana ubwoba’, UB]: ariko yaduhaye uw’ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda” (2 Timoteyo 1:7). Mu kiganiro gikurikira, turabona ingene urukundo rushobora kudufasha gukorera Yehova n’umutima rugabo muri ino misi y’iherezo igoye turimwo.—2 Timoteyo 3:1.
[Akajambo k’epfo]
a Si wa muhanuzi Obadiya.
Woshobora kuvyishura?
• Ni igiki cafashije Yosuwa na Kalebu kugira umutima rugabo?
• Ukwizera nyakuri kurimwo iki?
• Ni kubera iki Henoki yatangaza ubutumwa bw’Imana bw’urubanza adatinya?
• Ugutinya Imana gufasha gute umuntu kugira umutima rugabo?
[Ifoto ku rup. 17]
Yehova yabwiye Yosuwa ati: ‘Gira umutima rugabo, ushire amanga’
[Ifoto ku rup. 18]
Obadiya yaritwararitse abahanuzi b’Imana yongera arabakingira
[Ifoto ku rup. 19]
Henoki yaravuze ijambo ry’Imana ashize amanga