Inkuru y’ubuzima
Yehova yaramfashije kuvyifatamwo neza mu ngorane zo mu buzima
NK’UKO VYAVUZWE NA DALE IRWIN
“ABANA UMUNANI GA YEMWE? BANE BAJE BIYONGERA KURI BANE, SI AHO GUTUMA UMWANA”. Uwo ni wo wari umutwe w’ikiganiro ikinyamakuru kimwe co mu karere twabamwo canditse kivuga ivyerekeye ingene twibarukiye icarimwe utwana tune twaje twiyongera ku bakobwa bane twari dusanganywe. Nkiri umusore, nta ciyumviro co kwubaka urwanje nari mfise, ico ntavuze co kwari ukwibaruka ibibondo. Ngo urya avuga aba atarabona, raba nari ngize umunani!
NAVUTSE mu 1934, mvukira mu gisagara ca Mareeba co muri Ositaraliya. Twavukana turi batatu, nkaba nari umuhererezi. Mu nyuma, umuryango wacu warimukiye i Brisbane, aho mawe yaciye aza arigisha ivyigwa vyo ku w’iyinga vyerekeye ivy’Imana, mw’idini ry’abametodisite.
Mu ntango zo mu 1938, hari ikinyamakuru c’aho twaba cavuze yuko Joseph F. Rutherford wo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova yari gushobora kwankirwa kwinjira muri Ositaraliya. Icabona yatugendeye i muhira inyuma y’aho, mawe yamubajije ati: “Ni kuki bamwankira?”. Ico cabona yaciye amwishura ati: “None Yezu ntiyavuze yuko abantu bohamye abayoboke biwe?”. Mawe yaciye yemera kwakira agatabu kitwa Guérison, akerekana amatandukaniro menshi ari hagati y’idini ry’ukuri n’idini ry’ikinyomaa. Mawe yarakozwe ku mutima n’ako gatabu maze ku w’iyinga ukurikira aca aratujana kw’ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. Mu ntango, dawe yarabirwanije bimwe bikomeye, mugabo rimwe na rimwe akaza arandika ibibazo vyerekeye Bibiliya kugira ngo mawe abihe umwe mu bavukanyi. Nya muvukanyi na we, yaca yandika inyishu zishingiye kuri Bibiliya akaziha mawe kugira ngo azishire dawe.
Umusi umwe ku w’iyinga, dawe yarajanye natwe kw’ikoraniro, afise intumbero yo kuza guserura ukuntu atemera ivyo Ivyabona bigisha. Ariko rero, amaze kuganira n’umucungezi w’ingenzi yari yagendeye ishengero ico gihe, yarahinduye ivyiyumviro, mbere aremera ko inzu yacu yoza iragirirwamwo inyigisho ya Bibiliya ya buri ndwi, ikaba yitabwa n’abashimishijwe n’inkuru nziza bo muri ako karere twabamwo.
Muri Nyakanga mu 1938, abavyeyi banje barabatijwe. Jewe n’abo tuvukana twabatijwe muri Kigarama 1941, kw’ihwaniro ryahuje abava mu gihugu cose ryabereye ahitwa Hargreave Park mu gisagara ca Sydney, muri Leta ya Nouvelle-Galles du Sud. Ico gihe nari mfise imyaka indwi. Mu nyuma, naragira uruhara ubudahorereza mu murimo wo mu ndimiro ndi kumwe n’abavyeyi banje. Muri iyo misi, Ivyabona bagenda inzu ku nzu bafise ivyuma ngendanwa birekura amajwi vyitwa amafono, bakaza baravugiriza abo basanze ku mihana insiguro zishingiye kuri Bibiliya zaba zarafashwe.
Icabona umwe nibuka cane muri abo bagenda baravuza amafono, ni uwitwa Bert Horton. Yari afise umuduga usamiriza amajwi, ukaba wari umuduga urimwo icuma kiduza amajwi cane rwose be n’icuma kininiya cane gisamiriza amajwi kimanitse hejuru kuri wo. Gukorana na Bert vyari biryoshe, canecane ku gahungu kangana nanje. Nk’akarorero, igihe twaba turiko turasamiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya turi hejuru ku gatumba, kenshi twaza tubona umuduga w’abaporisi uje utugana. Bert yaca ubwo nyene azimya ivyuma yakoresha, agaca anyonga umuduga tukaja ku kandi gatumba kari ku bilometero, hanyuma akavuza iyindi nsiguro. Bert be n’abandi bavukanyi b’intahemuka kandi b’umutima rugabo nka we, narabigiyeko vyinshi ku bijanye no kwizigira Yehova be no kugira uburindutsi.—Matayo 10:16.
Maze gushikana imyaka 12, narakunda kwamamaza ndi jenyene mvuye kw’ishure. Igihe kimwe, narahuye n’umuryango abawugize bitwa ba Adshead. Mu nyuma, muri uwo muryango abavyeyi bompi, abana babo uko bari umunani be n’abuzukuru babo benshi, baramenye ukuri. Ndashimira Yehova kubona yaratumye mfasha uwo muryango mwiza gutangura kwumva ibijanye n’ukuri kwa Bibiliya kandi nari nkiri agahungu gatoya.—Matayo 21:16.
Ntangura guterwa uduteka tw’umurimo
Mfise imyaka 18, naracise umusuku w’umutsimvyi w’igihe cose, nshingwa gukorera i Maitland muri Leta ya Nouvelle-Galles du Sud. Mu 1956, naratumiwe gukorera ku biro vy’ishami vya Ositaraliya i Sydney. Mu bahakorera uko bari 20, ica gatatu cabo bari abasizwe, bakaba bari bafise icizigiro co kuzofadikanya na Kirisitu kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru. Ese ingene gukorana na bo kari agateka kadasanzwe!—Luka 12:32; Ivyahishuriwe 1:6; 5:10.
Wa mwiyemezo nari mfise wo kuguma ndi umwirebange waciye unyika igihe nabonana na Judy Helberg, umuvukanyikazi w’umutsimvyi yasa n’irirenga yari yatumiwe ku biro vy’ishami kuza kumfasha mu kiringo gito, mu gikorwa kinini cane cariko kirakorwa. Jewe na Judy twarakundanye, maze turubakana haciye imyaka ibiri. Inyuma y’aho, twaratanguye igikorwa c’umuzunguruko, na co kikaba casaba kugendera ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova uko indwi itashe kugira ngo turemeshe abavukanyi.
Mu 1960, Judy yaribarutse agakobwa kacu k’imfura twise Kim. Muri iki gihe, wibarutse ikibondo woca uva mu gikorwa c’umuzunguruko, ntubandanye ingendo. Mugabo rero, icadutangaje ni uko twasabwe kubandanya kugendera amashengero. Tumaze gusenga cane, twaremeye ubwo butumire, maze mu mezi indwi yakurikire tugirana na Kim ingendo zishika ku bilometero 13.000 mu bibisi bigira ingendo ndende, mu ndege no muri gariyamoshi, igihe twaba tugendeye amashengero ari kure na kure mu karere ka Queensland be n’akitwa Intara yo mu Buraruko. Muri ico gihe nta muduga twari dufise.
Twama duhabwa indaro n’abavukanyi be n’abavukanyikazi. Kubera ko ako karere kari mu ntara zishushe, ivyumba vy’uburyamo wasanga biriko amarido aho kugira inzugi, ivyo bikaba vyatuma turushiriza guhagarika umutima igihe Kim yaba arize mw’ijoro. Impera n’imperuka, vyaragaragaye ko bigoye cane kubangikanya ibanga ryo kwitwararika ikibondo n’igikorwa twari dushinzwe. Ni co gituma twaciye tuja kuba i Brisbane, maze ntangura gukora akazi ko gucapa ibicapo, uwo ukaba ari umwe mu myuga yo guhingura utugenegene two kugurisha. Kim amaze imyaka ibiri, twaribarutse uwundi mukobwa duca tumwita Petina.
Nihanganira ikintu c’agaterantimba cashitse
Mu 1972, igihe umukobwa wacu w’imfura yari afise imyaka 12 uwundi na we 10, Judy yarahitanywe n’indwara ya kanseri yitiriwe Hodsking. Urupfu rwiwe rwasize umuryango wacu mu mubabaro utovugwa. Ariko rero, igihe Judy yari arwaye be n’inyuma y’urupfu rwiwe, Yehova yaratwiruye biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe yera no ku muryango w’abavukanyi. Twarakomejwe kandi n’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi twaronse tugishikirwa n’ico kintu. Ico kinyamakuru carimwo ikiganiro kivuga ivyerekeye ukwihanganira ibigeragezo bishikira umuntu ku giti ciwe, harimwo n’ukubura uwiwe, kikerekana kandi ingene ibigeragezo bishobora kudufasha gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana, nk’ukwihangana, ukwizera be n’ukutadohokab.—Yakobo 1:2-4.
Inyuma y’urupfu rwa Judy, twe n’abakobwa banje twararushirije gushikirana. Mugabo, mvugishije ukuri, kugerageza kurangura uruhara rwa sebibondo n’urwa inabibondi, rwari urugamba. Yamara, abo bakobwa banje babiri b’intore baranyorohereje koko.
Nsubira kwubaka nkaronka n’abandi bana
Hashize igihe, narasubiye kwubaka urwanje. Jewe n’umukenyezi wanje mushasha Mary, twari dufise ibintu vyinshi duhurijeko. Na we nyene yari yarabuze uwo bari bubakanye ahitanywe na ya kanseri nyene yitiriwe Hodgkin. Yari afise kandi abigeme babiri, Colleen na Jennifer. Petina yarusha Colleen nk’imyaka itatu. Umuryago wacu waciye rero ugira abigeme bane, umwe akaba yari afise imyaka 14, uwundi 12, uwundi na we 9, uwa nyuma na we 7.
Jewe na Mary twafashe ingingo yuko mu ntango, umwe wese muri twebwe yoza aritoreza indero abana yivyariye gushika aho ab’uwundi bumva ata ngorane bafise yo kwemera ubuyobozi bahabwa n’umuvyeyi-murezi. Mu mubano wacu, jewe na Mary twari dufise ingingo zibiri zihambaye dukurikiza. Iya mbere: Igihe habaye ico tutumvikanyeko, ntitwigera na rimwe tubigaragaza imbere y’abana. Iya kabiri: Mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya iri mu Banyefeso 4:26, twarayaga ku ngorane gushika tuyitoreye umuti, naho ivyo vyashobora gutwara amasaha n’ayandi.
Igitangaje, umwe wese yaragize ivyo ahinduye kugira ngo bigende neza muri uwo muryango warimwo abana badasangiye abavyeyi, mugabo ivy’ukwibuka abo twari twarabuze ntivyaciye bizimangana. Nk’akarorero, umusi wo ku wa mbere mw’ijoro wari wacitse “ijoro ry’amarira” kuri Mary. Inyuma y’inyigisho y’umuryango, abakobwa bacu bamaze kuja kuryama, kenshi intuntu Mary yaba yagerageje kwigumizamwo yaca igaruka.
Mary yaripfuza ko tuvyarana akana. Ikibabaje ni uko imbanyi yatwaye yakorotse. Igihe yasubira gusama, hari ikintu gitangaje cari kiturindiriye. Ibipimo vyo kwa muganga vyerekanye yuko atari yibungenze umwe gusa, mugabo ko yari yibungenze bane. Narakubiswe n’inkuba. Umve yemwe, mfise imyaka 47, nari ngiye kuba se w’abana umunani! Nya bana bane bavutse ku wa 14 Ruhuhuma 1982 bamaze indwi 32, bavuka nyina wabo Mary arinze kubagwa. Dukurikije uko bavutse, hatanguye Clint avuka afise ikilo kimwe n’amagarama 600; hasubira Cindy avuka afise kimwe n’amagarama 900; hanyuma Jeremy avuka afise kimwe n’amagarama 400, hahereza Danette yavutse afise ikilo kimwe n’amagarama 700. Nta n’umwe yasa n’uwundi.
Nya bana bagiheza kuvuka, muganga yavura Mary yaraje anyicara haruhande.
Yambajije ati: “Woba uhagaritse umutima wibaza ingene uzobungabunga utwo tuyoya?”.
Naciye mvuga nti: “Erega, kuva mbaho sinari bwigere nshikirwa n’ibintu nk’ibi”.
Amajambo yaciye avuga yarantangaje yongera arandemesha.
Yavuze ati: “Ishengero ryanyu ntirizoguta. Uzokira gusa kuniha, abagufasha uzoza ubona bashwabaduka!”.
Bivuye ahanini kuri uwo muganga w’abavyeyi adasanzwe be n’abafashanya na we, mu mezi abiri gusa, twaratahanye i muhira utwana tune dufise amagara atari mabi.
Turwana urugamba rwo kurera abana bane bavukiye rimwe
Kugira ngo dukore ibintu ku rutonde, twe na Mary twarashinze urutonde rw’amasaha yose 24 agize umusi. Abakobwa bacu bane bari bakuze barafashije cane mu gikorwa co kurera utwo twana. Kandi, ya majambo wa muganga yavuga, twasanze ari ay’ukuri. Hapfa kuba ‘uwunishe gusa’ ishengero rikaba ryaje kudufasha. Imbere y’aho, umuvukanyi twari tumaze igihe kirekire turi abagenzi, yaratunganije ivy’uko abavukanyi bari bazi imyuga bāgura inzu yacu. Igihe twibaruka utwo twana, hari umugwi w’abavukanyikazi wafashije mu gikorwa co kutubungabunga. Ivyo bikorwa vyose biranga umutima mwiza, cari ikimenyamenya c’urukundo rwa gikirisu rugaragarira mu bikorwa.—1 Yohana 3:18.
Emwe, twovuga ko ari nk’aho utwo twana tune twari utwana tw’ishengero! Gushika mbere no muri iki gihe, abo bana babona ko abavukanyi n’abavukanyikazi benshi buzuye urukundo badufashije ari umuryango wacu. Na yo ku bijanye na Mary, yarabaye umukenyezi n’umuvyeyi w’agatangaza yitanze atiziganya mu kwitwararika abana. Yarashize mu ngiro koko ivyo yari yarize mw’Ijambo ry’Imana no mw’ishirahamwe ryayo. Emwe, nta handi twokura impanuro zisumba izo!—Zaburi 1:2, 3; Matayo 24:45.
Amakoraniro ya gikirisu be n’igikorwa co kwamamaza, vyagumye bifise ikibanza gihambaye mu bikorwa twakora ku ndwi ku ndwi, naho kuvyitwararika dufise abo bana bane rwari urugamba. Umuhezagiro twaronse ico gihe, zari inyigisho za Bibiliya twagirira abagabo babiri be n’abakenyezi babo, abagira umutima mwiza wo kudusanga i muhira. Naho ivyo vyatworohereza, rimwe na rimwe Mary yaba yasanzaye ku buryo wasanga ariko aratura ingiga mu gihe c’inyigisho, akana kamusinziririye mu minwe. Abo bagabo babiri n’abakenyizi babo bahavuye bacika abavukanyi n’abavukanyikazi bacu.
Tubamenyereza mu vy’impwemu kuva bakiri bato cane
Twa twana tutaranatangura gutambuka, twe na Mary, be n’abakobwa bacu bakuze twaratujana mu murimo wo mu ndimiro. Igihe twari tuciga gutambuka, twe na Mary twajana tubiritubiri, kandi ntibatubera umuzigo. Kanatsinda, kenshi ni bo twishimikiza mu gutanguza ikiyago n’abo twaba dusanze ku muhana bakatwakira kigenzi. Umusi umwe, narahuye n’umugabo yavuga yuko ngo niba wavutse ku musi munaka uhuye n’ikimenyetso kanaka kijanye n’ivyo kuragurisha inyenyeri, ngo uca ukura ufise kamere kanaka zigirwa n’abavutse kuri uwo musi bose. Sinamuharirije, mugabo namusavye nimba nogaruka handi hato muri ico gitondo. Yaremeye, maze ngaruka nzananye na twa twana tune. Igihe yariko araturaba yatangaye, naradutondetse nkurikije uko twakurikiranye mu kuvuka. Twaciye tuganira kigenzi, ntitwaganira gusa ku kuntu uturavye tutasa, mugabo kandi no ku kuntu twari dufise kamere zitandukanye cane, ivyo bikaba vyarakubise hasi nya ciyumviro yari afise. Yavuze ati: “Ese ico nakubwiriye ico ciyumviro. Nkwiye kugira ubundi bushakashatsi kuri ivyo, si ko none”?
Nya bana bane baciga gutambuka, baranka cane gutorezwa indero hamwe igihe baba bigenjeje nabi, tukaba rero twabatoza indero umwumwe ukwiwe. Ariko rero, baramenye ko muri bo ata mwana n’ikinono ku bijanye n’indero batozwa. Igihe kw’ishure baba bahanganye n’ibibazo bisaba ko bakora ibintu biteye kubiri n’ijwi ryo mu mutima, baguma bashikamye ku ngingo ngenderwako za Bibiliya kandi bagashigikirana, Cindy akaba ari we yababera umuvugizi. Abantu ntibatevye kumenya yuko kuba bavukiye rimwe ari bane vyatuma bagira urunani rw’intamenwa!
Jewe na Mary, twararwanye rwa rugamba dusanzwe tumenyereye rwo gufasha abana kuguma ari intadohoka kuri Yehova mu myaka yabo y’ubuyabaga. Twovuga yuko iyo tudashigikirwa n’ishengero ryuzuye urukundo tukaronka n’ibifungurwa vyo mu vy’impwemu umukimba duhabwa n’igice kiboneka c’ishirahamwe rya Yehova, ibintu vyari kugora gusumba. Twarihatira kugira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango ubudahorereza no kuguma duseruranira akari ku mutima, naho ivyo bitama vyoroshe. Ariko, utwigoro twagize ntitwabaye utw’ubusa, kubera yuko abana bacu bose uko ari umunani bahisemwo gusukurira Yehova.
Twihanganira ubusaza
Mu myaka n’iyindi, naratewe uduteka twinshi mu vy’impwemu: uri ukuba umukurambere w’ishengero, uri ukuba umucungezi w’igisagara be n’ukuba umusubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko. Narabaye kandi mu bagize Komite ija inama n’ibitaro yo mu karere twabamwo, iyo komite ikaba ifise igikorwa co gufasha abaganga kwumvikana n’abarwayi b’Ivyabona igihe havyutse ikibazo co guterwa amaraso. Naramaze kandi imyaka 34 mfise agateka ko kuba mu baraganisha abashaka kwubaka izabo. Narahagarikiye ibirori nka 350 vy’abashaka kwubakana, harimwo n’ivy’abigeme banje batandatu.
Nama nantaryo nshimira Yehova ku kuntu, mu myaka n’iyindi, umukenyezi wanje wa mbere Judy be n’uwa kabiri Mary banshigikiye badahemuka (Imigani 31:10, 30). Uretse ko banshigikira mu gikorwa nakora co kuba umukurambere mw’ishengero, baratanga kandi akarorero keza mu busuku bongera barafasha kwinjiza kamere zo mu vy’impwemu mu bana bacu.
Mu 1996, barantoye indwara y’ubwonko ituma amaboko ajugumira kandi nkagira ibizunguzungu vyinshi. Ku bw’ivyo, sinari ngishoboye gukora ka kazi ko gucapa ibicapo. Ariko rero, ndacahimbarwa cane n’ugukora umurimo wa Yehova, naho ntakirangura vyinshi nk’ivyo nahora ndangura. Yamara, iciza ni uko vyatumye ndushiriza kugirira impuhwe abandi bageze mu zabukuru.
Uko nzirikana ku buzima bwanje, ndakengurukira Yehova kuba jewe n’umuryango wanje yamye adufasha kwihanganira dufise umunezero ingorane nyinshi twaciyemwo (Yesaya 41:10). Jewe na Mary, kumwe n’abana bacu umunani, turakengurukira kandi umuryango w’akaroruhore kandi ufashanya w’abavukanyi be n’abavukanyikazi bo mu vy’impwemu. Bose baragaragaje urukundo mu buryo bwinshi cane tutodonda ngo tubumare.—Yohana 13:34, 35.
[Utujambo tw’epfo]
a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ubu kakaba katagicapurwa.
b Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Mukakaro 1972, urupapuro rwa 398-404.
[Ifoto ku rup. 12]
Aha nari kumwe na mawe, na mukurwanje Garth be na mushikanje Dawn, tugira dufate urugendo tuja kw’ihwaniro ryabereye i Sydney mu 1941
[Ifoto ku rup. 13]
Aha nari kumwe na Judy be na ka Kim igihe nari mu gikorwa c’umuzunguruko i Queenland
[Ifoto ku rup. 15]
Twa twana tune tumaze kuvuka, abakobwa bacu bane bakuze be n’ishengero, baragize urunani rwo kudufasha