ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/8 rup. 30
  • Woba uvyibuka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uvyibuka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • «Itunga ryose ry’ubukerebutsi»
    “Ingo unkurikire”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/8 rup. 30

Woba uvyibuka?

Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

• Nk’uko vyabuwe muri Zaburi 72:12, Yezu “azokiza umukene” gute?

Igihe Kirisitu azoba aganza isi, hazoba ubutungane kuri bose kandi nta giturire kizoba kihari. Akenshi intambara ituma haba ubukene, ariko Kirisitu we azozana amahoro atagira agahaze. Arumvira abantu impuhwe kandi azotuma bose bunga ubumwe yongere arabe neza ko bafise imfungurwa zihagije (Zaburi 72:4-16).​—1/5, urupapuro rwa 7.

• Twebwe abakirisu dushobora gute kugaragaza “ubushizi bg’amanga” (1 Timoteyo 3:13; Filemoni 8; Abaheburayo 4:16)?

Dushobora kubugaragaza mu kubwira abandi inkuru nziza tubigiranye umwete n’uburindutsi, mu kwigisha no mu gutanga impanuro tudatebaganye kandi mu buryo ngirakamaro be no mu kubwira Imana ibiri mu mutima, twizigiye tudakeka ko yumva amasengesho tuyitura kandi ko iyishura.​—15/5, urupapuro rwa 14-16.

• Mu gihe c’Ivyagezwe, ni kubera iki uburyo bumwebumwe ibihimba vy’irondoka bisanzwe bikora bwatuma umuntu aba ‘uwuhumanye’?

Amategeko ajanye n’ubuhumane buterwa n’isohoka ry’intanga, ubutinyanka be n’ukwibaruka yatuma Abisirayeli bagirira isuku ibihimba vy’irondoka, babaho bafise amagara meza, agashimika ku bweranda bw’amaraso, akongera akerekana ko bari bakeneye guhongerwa ivyaha.​—1/6, urupapuro rwa 31.

• Mu gihe umuntu yoba yipfuza kugira agahimbare, ni kubera iki vyoba vyiza arimbuye igitabu ca Zaburi?

Abanditse Zaburi bari bazi yuko agahimbare kava ku bucuti bwiza umuntu afitaniye n’Imana (Zaburi 112:1). Barashimitse ku vy’uko ata bucuti na bumwe umuntu yogiranira n’uwundi, canke ubutunzi na bumwe kibure ivyo yoshikako na bimwe, bishobora kumuzanira agahimbare karuta ako aronka ari mu bagize “ihanga rifise [“Yehova”, NW] kw Imana yaryo” (Zaburi 144:15).​—15/6, urupapuro rwa 12.

• Ni ubucuti budasanzwe ubuhe Abisirayeli bo mu gihe ca kera bari bafitaniye na Yehova?

Mu 1513 B.G.C., Yehova yaratumye Abisirayeli bunga na we ubucuti bushasha biciye kw’isezerano (Kuvayo 19:5, 6; 24:7). Mu nyuma, abana b’Abisirayeli bavuka bari mu bagize ihanga ryatoranijwe n’Imana ryayeguriwe. Yamara, zina Mwisirayeli ni we yategerezwa kwifatira ingingo yo gukorera Imana.​—1/7, urupapuro rwa 21-22.

• Ni kubera iki dukwiye gukora ibintu vyose “ata kwidodomba” (Ab’i Filipi 2:14)?

Uburorero bwinshi bwo mu Vyanditswe burerekana yuko kwidodomba vyakweze ingaruka zibabaje mu basavyi b’Imana. Vyoba vyiza tuzirikanye twitonze ku kuntu muri iki gihe ukwidodomba gushobora kugenda buhorobuhoro kuragira ico kwononye muri twebwe. Abantu b’abanyagasembwa hari ukuntu usanga bafise impengamiro yo kwidoga, akaba ari co gituma dukwiye kurikanura kugira ngo tubone akantu kose koba kavyuye umutwe karanga iyo mpengamiro, maze duce tukirinda.​—15/7, urupapuro rwa 16-17.

• Tuzi gute ko ubwenge, ari bwo bukerebutsi, budondorwa mu Migani 8:22-31 atari bwa bukerebutsi busanzwe budafadika canke ngo bubonwe n’amaso?

Ubwo bukerebutsi, Yehova ni we ‘yatumye bubaho’ (NW), canke araburema nka yo ntango y’inzira ziwe. Imana yamyeho kandi yamye ifise ubukerebutsi; ubukerebutsi bwayo ntibwaremwe. Uwo ubwo bukerebutsi buvugwa mu Migani 8:22-31 bugereranya, yari kumwe n’Imana ari “umukozi w’umuhanga”, ivyo bikaba vyerekeza kuri ca kiremwa c’impwemu cahavuye citwa Yezu, uwakoranye cane n’Imana mu kurema (Ab’i Kolosayi 1:17; Ivyahishuriwe 3:14).​—1/8, urupapuro rwa 31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika