Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki mu Vyagezwe vya Musa uburyo bumwebumwe ibihimba vy’irondoka bisanzwe bikora bwatuma umuntu aba ‘uwuhumanye’?
Imana yaremye ibitsina kugira ngo abantu barondoke no kugira ngo abubatse bahimbarwe (Itanguriro 1:28; Imigani 5:15-18). Ariko rero, mu Balewi ikigabane ca 12 n’ica 15, turahasanga amategeko atomoye ku bijanye n’ubuhumane buterwa n’isohoka ry’intanga, ubutinyanka be n’ukwibaruka (Abalewi 12:1-6; 15:16-24). Ayo mategeko Abisirayeli bo mu gihe ca kera bahawe, yatuma babaho bafise amagara meza, agashigikira inyifato runtu iri hejuru, akongera agashimika ku bweranda bw’amaraso be n’uko bari bakeneye guhongerwa ivyaha.
Mu vyo Ivyagezwe vya Musa vyasaba ku bijanye n’uburyo ibihimba vy’irondoka bikora, harimwo ugutuma ikibano c’Abisirayeli kigira amagara meza muri rusangi. Igitabu Bibiliya n’ubuvuzi bwa none (mu congereza) kivuga giti: “Itegeko ryabuza uguhuza ibitsina mu gihe c’ubutinyanka, ryaragaragaye ko ari uburyo bwiza bwo kwikingira indwara zimwezimwe zifatira mu bihimba vy’irondoka . . . kandi ko ari uburyo bwo kwikingira indwara ya kanseri ifatira mu gitereko”. Ivyo vyagezwe vyarakingira abasavyi b’Imana indwara bashobora kuba batari bazi canke batoshotse batora. Kugirira isuku ibihimba vy’irondoka vyatuma iryo hanga Imana yari yarasezeraniye kugwira no gusagamba, rirondoka (Itanguriro 15:5; 22:17). Vyongeye, ivyo vyagezwe vyaratuma abasavyi b’Imana bamererwa neza mu vy’akanyengetera. Kubigamburuka vyaratuma abagabo n’abagore biga gucungera inambu y’umubiri.
Ariko rero, ku bijanye n’uburyo ibihimba vy’irondoka bikora, ubutinyanka ni co kintu nyamukuru mu vyatuma umuntu aba uwuhumanye. Amategeko Yehova yatanze ku bijanye n’amaraso ntiyatuma Abisirayeli batahura bimwe bigera kure ubweranda bw’amaraso gusa, ariko kandi yaratuma batahura ikibanza kidasanzwe amaraso afise mu bijanye n’ugusenga Yehova, ni ukuvuga mu gutanga ibimazi vy’ivyaha no mu kubihongera.—Abalewi 17:11; Gusubira mu vyagezwe 12:23, 24, 27.
Ku bw’ivyo rero, ibintu bitomoye Ivyagezwe vyasaba ku bijanye n’ivyo, birafitaniye isano cane n’ukuba abantu ari abanyagasembwa. Abisirayeli baratahuye yuko inyuma y’aho Adamu na Eva bacumuriye batashoboye kuvyara abana batagira agasembwa. Abobakomotseko bose boshikiwe n’ingaruka z’icaha barazwe, ni ukuvuga agasembwa n’urupfu (Abaroma 5:12). Kubera ico, abavyeyi bovyaye gusa abana b’abanyagasembwa kandi b’abanyavyaha, naho mu ntango ibihimba vy’irondoka vyari vyagenewe kuvyara abana batagira agasembwa biciye mu mubano w’abubatse.
Gutyo, ukwihumanura kwasabwa n’Ivyagezwe ntikwibutsa Abisirayeli yuko barazwe icaha gusa, ariko kandi kwarabibutsa yuko inkuka y’incungu ikenewe kugira ngo ipfuke ivyaha yongere itume abantu basubira kuba abatagira agasembwa. Kanatsinda, ibimazi vy’ibikoko batanga ntivyashikije ico kintu (Abaheburayo 10:3, 4). Ivyagezwe vya Musa vyari bifise intumbero yo gushikana Abisirayeli kuri Kirisitu no kubafasha gutahura yuko uguharirwa nyakuri kwoshobotse gusa biciye ku nkuka ya Yezu itagira agasembwa, iyokwugururiye abantu b’intahemuka inzira yo kuronka ubuzima budahera.—Ab’i Galatiya 3:24; Abaheburayo 9:13, 14.