ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/8 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Umwansi wa nyuma ari we rupfu azokurwaho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyiza bizozanwa n’Umusi w’urubanza w’Imana!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyokumarira iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Bigendera Gute Abacu Bapfuye?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/8 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Ca kigeragezo ca nyuma kizoba inyuma ya ya Myaka igihumbi kimaze kurangira, vyoba bizoshoboka ko abantu bacumura maze bagapfa?

Ivyanditswe bibiri dusanga mu Vyahishuriwe biragira ico bivuze kuri ico kibazo. Ica mbere kigira kiti: “Rupfu na [“Hadesi”, NW] batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri” (Ivyahishuriwe 20:14). Ica kabiri na co giti: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”.​—Ivyahishuriwe 21:4.

Zirikana ku gihe ibivugwa muri ivyo vyanditswe bibiri biberako. “Rupfu na Hadesi” bitererwa mu kiyaga caka umuriro igihe abarokotse Harumagedoni, abazutse be n’abavutse inyuma ya Harumagedoni bose bazoba bamaze gucirwa urubanza hisunzwe “ivyanditswe mur’ivyo bitabo”, ari yo mabwirizwa atomoye ya Yehova abantu bazosabwa kwisunga muri ya myaka igihumbi (Ivyahishuriwe 20:12, 13). Intumwa Yohani arandika ibindi bintu yeretswe nko mu ndoto dusanga mu Vyahishuriwe ikigabane ca 21, ivyo na vyo bikaba bizoranguka mu gihe ca ya Ntwaro ya Kirisitu Yezu y’imyaka igihumbi. Ariko rero, ivyo bintu yeretswe bizoranguka bimwe bishitse inyuma ya wa Musi wo guca urubanza uzomara imyaka igihumbi. Yehova azoca rero abana n’abantu mu buryo bwuzuye ata bandi yiriwe arabicishako, kuko Yezu azoba amaze gusubiza Ubwami Se wiwe. Yehova azokwama ubwiwe ari kumwe n’‘abantu biwe’ mu buryo bw’impwemu. Ivy’uko “urupfu [ruta]zoba rukiriho” bizoranguka bimwe bishitse igihe abantu bazoba bamaze kuba abatagira agasembwa bitumwe n’uko agaciro k’inkuka y’incungu ya Kirisitu kazoba kakoreshejwe bimwe bishitse.​—Ivyahishuriwe 21:3, 4.

Gutyo rero, urupfu ruvugwa muri ivyo vyanditswe vyavuzwe aho haruguru ni urupfu rukomoka kuri Adamu, ari na rwo ruzokurwaho n’inkuka ya Kirisitu (Abaroma 5:12-21). Kubera ko urupfu abantu barazwe n’uwo muntu wa mbere rutazoba rukibashikira, bazoca bamera nka Adamu igihe yaremwa. Ico gihe, Adamu nta gasembwa yari afise, mugabo ivyo ntivyasigura yuko bitari gushoboka ko apfa. Yehova yabwiye Adamu kutarya ku “giti kimenyekanisha iciza n’ikibi”, maze avuga ati: “Umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza” (Itanguriro 2:17). Urwo rwobaye ari urupfu rutewe n’uko acumuye n’ibigirankana. Inyuma ya ca kigeragezo ca nyuma kizoba ya Ntwaro y’imyaka igihumbi irangiye, abantu bazoba bagifise ubushobozi bwo kwihitiramwo ikibereye n’ikitabereye (Ivyahishuriwe 20:7-10). Bazoba bagifise ubushobozi bwo kwihitiramwo kubandanya gukorera Yehova canke kutamukorera. Nta woshobora kwemeza yuko ata muntu n’umwe azokwigera atera akagere Imana nk’uko Adamu yabigize.

None umuntu bizomugendera gute aramutse ahisemwo kugarariza inyuma ya ca kigeragezo ca nyuma, igihe rupfu na Hadesi bizoba bitakiriho? Ico gihe, urupfu rukomoka kuri Adamu ntiruzoba rukiriho. N’ikindi kandi, Hadesi, ari yo mva rusangi abantu bose bazozuka bajamwo iyo bapfuye, ntizoba ikiriho. Ariko rero, Yehova azoba ashoboye guherengetereza mu kiyaga caka umuriro umuntu wese agarariza, ntihabe hakiri icizigiro c’uko uwo muntu azozuka. Urwo rupfu ruzoba rumeze nk’urwo Adamu na Eva bapfuye, ntiruzoba ari rumwe abantu barazwe na Adamu.

Ariko rero, nta mvo n’imwe dufise yotuma twitega ko ikintu nk’ico kizoshika. Abazoba barenganye ca kigeragezo ca nyuma, bazoba batandukanye rwose na Adamu mu buryo bumwe buhambaye cane. Bazoba barageragejwe bimwe bishitse. Turashobora kwizigira yuko biciye kuri ico kigeragezo, abantu bazosuzumwa bimwe bitagira agahaze kubera yuko Yehova azi gusuzuma abantu mu buryo bugera kure kandi bushitse. Turashobora guhera amazinda yuko ico kigeragezo ca nyuma kizokuramwo abo bose boshobora gukoresha nabi umwidegemvyo bafise wo kwihitiramwo. Ku bw’ivyo, naho bizoba bishoboka ko abazoba barenganye ca kigeragezo ca nyuma bagarariza Imana, maze bagaca basangangurwa, biboneka ko ata kintu nk’ico kizoshika.

[Ifoto ku rup. 31]

Inyuma ya ca kigeragezo ca nyuma, abantu bazoba bameze nka Adamu mu buhe buryo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika