ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/8 rup. 32
  • Yari ashaje ariko ntivyamubuza ico akora

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yari ashaje ariko ntivyamubuza ico akora
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/8 rup. 32

Yari ashaje ariko ntivyamubuza ico akora

UBUSAZA buratuma abantu benshi bagira ubumuga, bugatuma baguma ukwa bonyene ntibagiranire imigenderanire n’abandi. Ukwo si ko vyari bimeze kuri Fernand Rivarol, uwapfiriye i Jeneve mu Busuwisi amaze imyaka 95. Yibana wenyene kubera yuko umukenyezi wiwe yari yarapfuye, umukobwa wiwe na we akaba yari amaze kwubaka urwiwe. Naho akenshi wasanga ari i muhira, ntiyicwa n’irungu. Yarakunda kuba yicaye ku ntebe muri salo, afise telefone mu ntoke, maze akaza arakura abantu kuri iyo telefone kugira ngo baganire ivy’Imana.

Mu buzima bwa Fernand, ubwabayemwo ibintu vyinshi bishimishije, vyarashitse arapfungwa. Uti yazize iki? Mu 1939, Fernand n’umukenyezi wiwe bakiba Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete, ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yaciye yaduka i Buraya. Fernand yarumiye ku ngingo yafashe ishingiye kuri Bibiliya yo kutagirira nabi umuntu n’umwe. Kubera ico, yarakuwe mu kazi yongera arapfungwa akatari gake, imyaka yose hamwe yamaze apfunzwe ikaba yabaye itanu n’igice, atari kumwe n’umukenyezi wiwe be n’agakobwa kiwe.

Fernand asubije amaso inyuma, yavuze ati: “Abantu benshi babona yuko nahevye akazi keza nsiga umuryango wanje utagira ic’epfo ca ruguru. Abantu barankengera bakamfata nk’inkozi y’ikibi. Yamara, igihe niyumviriye ivy’iyo myaka itoroshe naciyemwo, ikintu kiruta ibindi vyose nibuka ni ukuntu Yehova yadufashe mu mugongo. Haraciye imyaka myinshi, yamara ndacizeye Yehova rwose nk’uko vyari ico gihe”.

Ukwo kwizera kwaravyuriye Fernand umutima wo kubwira abandi biciye kuri telefone icizigiro Ivyanditswe bitanga. Igihe yaba yaganiriye neza n’umuntu kanaka, yaca amurungikira ibitabu bivuga ivya Bibiliya abicishije kuri posita. Mu nyuma, yarasubira kwakura uwo muntu kugira ngo arabe yuko ivyo bitabu vyamushimishije. Rimwe na rimwe, abantu baramwandikira bamukengurukira, ivyo bikaba vyaramuhimbara cane.

Na wewe urashobora kuganira n’umuntu wo mu karere ubamwo ameze nka Fernand. Ubona gute none umwumvirije kugira ngo umenye ivyo yizera? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kukubwira ivyo bemera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika