Iyongerekana riteye umunezero ririko riraba mw’izinga ribereye ijisho
IYO ingenzi zigendeye izinga rya Tayiwani, ntizibura gutamarira ibimera bitotahaye vyo mu turere dushushe bikwiragiye hirya no hino kuri iryo zinga. Imirima yaho y’imiceri, ikiriko irakura usanga isa n’urwatsi rutoto kandi ibereye ijisho, yagera mu gihe c’iyimbura na ho ugasanga ifise akabara keza k’umuhondo. Imisozi yaho yuzuyeko amashamba ya manyenye atotahaye. Ibimera vyinshi bitotahaye cane vyo mu ndimiro no ku misozi, ubigereranije n’ibisagara vyaho vyuzuyemwo abantu, usanga bihimbaye cane rwose. Mu bisanzwe, ivyo ni vyo vyatumye ingenzi ya mbere ituruka mu gihugu kimwe ca Buraya yabonye iryo zinga, ihitamwo kuryita Ilha Formosa, bisobanura ngo “Izinga ribereye ijisho”.
Mu vy’ukuri, Tayiwani ni izinga ribereye ijisho ariko ritoyi kuko rifise uburebure bungana n’ibilometero 390 gusa be n’ubwaguke bungana hafi n’ibilometero 160 uciye ahagutse cane kuruta ahandi. Iryo zinga rigizwe ahanini n’imisozi miremire. Umusozi umwe witwa Yü Shan (uwitwa kandi Morrison, ureha n’imetero 3.997) ni muremure kuruta Umusozi Fuji (ureha n’imetero 3.776) wo mu Buyapani canke Umusozi Cook (ureha n’imetero 3.764) wo mw’izinga rya Nouvelle-Zélande. Ibiyaya vyaga ni vyo bikikuje imisozi yo mu gice co hagati c’iryo zinga kandi biragenda bigashika kw’ibahari. Ivyo biyaya vyo muri Tayiwani bibamwo abanyagihugu benshi cane, muri iki gihe bakaba barenga imiliyoni 22.
Iyongerekana ryo mu buryo bw’impwemu
Muri Tayiwani, iyongerekana ryo mu buryo bw’impwemu ririko rirarushiriza kwibonekeza. Iryo yongerekana riragaragarira ku mwete abato n’abakuze bagira igihe bamenye ya Mana y’ukuri, Yehova. Mu vy’ukuri, biratangaje cane kubona ingene hariko haraba iyongerekana ry’abantu bakorana umwete kugira ngo bafashe abandi kumenya ivyerekeye Yehova be n’umugambi wiwe.
Iyongerekana rituma hakenerwa inyubakwa zagutse kuruta. Muri Kigarama 1990, haraguzwe ubwatsi bwo kwubakamwo izindi nyubakwa z’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Inyubakwa yari isanzwe ikoreshwa, iyari i Taipei, yari imaze kwaga ku buryo bitari bicoroshe kwitwararika imirimo abamamaji b’Ubwami 1.777 bo muri Tayiwani barangura ico gihe. Abavukanyi mvamakungu be n’ab’imvukira b’imyaka itandukanye bakora bavyishakiye, baramaze imyaka itari mike bakorana umwete mwinshi, ku buryo muri Myandagaro 1994 inyubakwa nshasha nziza zubatswe i Hsinwu, zari zimaze kwuzura, zigeze gukoreshwa. Ico gihe hari abamamaji 2.515 bagira uruhara mu gikorwa co gukwiragiza inkuru nziza yo mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Ubu, hakaba haciye imyaka irenga cumi, abamamaji bariyongereye bararuta ico gitigiri ukigwije na kabiri, bararenga 5.500, kandi buri kwezi ica kane c’abo bamamaji baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza c’igihe cose. Abibonekeza mu buryo budasanzwe ni imisore n’inkumi bameze nk’“ikime” co mu gatondo gitotahaza ibimera.—Zaburi 110:3.
Iyongerekana ryo mu buryo bw’impwemu ririko riraba mu rwaruka
Abenshi mu bamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete bo muri ico gihugu usanga bakiri bato cane. Bamwe usanga ari abanyeshure bo mu mashure matomato. Nk’akarorero, mu gisagara kimwe co mu Buraruko bwa Tayiwani, hari umugabo n’umugore batumiwe ari bwo bwa mbere kwitaba ikoraniro ry’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, iryo Ivyabona vya Yehova bigiramwo uburyo bwo kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya. Uwo mugabo n’umugore baratangajwe cane n’ukubona akana k’agahungu kitwa Weijun gasomera Bibiliya ku mukiruruko kabigiranye ubuhanga kuruta abakuze benshi. Mu nyuma, igihe bari bitavye ayandi makoraniro, barakozwe ku mutima cane n’ukubona n’abana bataratangura ishure batanga inyishu zerekana ko baciye ubwenge. Uwo mugabo n’umugore baravuze ukuntu abana bakiri bato usanga ku Ngoro y’Ubwami bigenza neza.
Ni kubera iki none muri ico gihugu ciganziwemwo ahanini n’idini ry’ababuda be n’iry’abatawo, urwo rwaruka rwitaho cane inyigisho yo muri Bibiliya? Ni uko abavyeyi babo bakirisu bashize mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, bongera batuma mu muryango bagira ubuzima buhimbaye bushingiye ku kugiranira ubucuti na Yehova. Kubera yuko abavyeyi ba Weijun bihatira gutuma inyigisho ya Bibiliya y’umuryango be n’ubusuku bwo mu ndimiro biba ibihimbaye, mukuru w’ako gahungu be na mushiki wako gakurikira, baramaze kuba Ivyabona babatijwe. Igihe Weijun aheruka gusaba ko yogira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, nyina wiwe yavuze ko muri ukwo kwezi uwo muhungu yari amaze gushikiriza ibinyamakuru biruta ivyo abandi bo mu bagize uwo muryango bari bashikirije bose. Biraboneka ko uwo muhungu bimuryohera kubwira abandi ukuri, gutanga insasanuro ku makoraniro no kuyagira abandi ivyo yize.
Uko rugenda rurakura
Bigenda gute none uko urwo rwaruka rugenda rurakura? Benshi barabandanya kwerekana urukundo nyakuri bakunda Yehova be n’ukuntu bakunda ubusuku. Reka dufate akarorero k’umunyeshure umwe w’umwigeme yitwa Huiping. Umusi umwe, umwigisha wiwe yavuze ko hariho abantu bo mw’idini rimwe batemera guterwa amaraso, ariko yuko atari azi abo ari bo. Ico cigwa kirangiye, uwo mukirisukazi akiri muto yarabwiye uwo mwigisha wiwe yuko abo bantu ari Ivyabona vya Yehova, yongera aramusigurira igituma batemera guterwa amaraso.
Uwundi mwigisha yarerekanye ividewo imwe ivuga ivy’indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka. Iyo videwo iravugwamwo icanditswe co mu 1 Ab’i Korinto 6:9, mugabo uwo mwigisha yavuze yuko ngo Bibiliya itabuza ivy’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina. N’ico gihe nyene Huiping yarashoboye gusigurira uwo mwigisha ico Imana ibivugako.
Igihe umwigeme umwe yigana na Huiping yitwa Shuxia yariko ategura raporo ivuga ibijanye n’ubukazi bukorerwa mu rugo, Huiping yaramuhaye Réveillez-vous! yo ku wa 8 Munyonyo 2001 ivuga ngo “De l’aide pour les femmes battues” (Imfashanyo ku bakenyezi bakubitwa), yongera aramusigurira yuko irimwo amakuru menshi ashingiye kuri Bibiliya ajanye n’ico kibazo. Haciye igihe, Shuxia yarabaye umwamamaji atarabatizwa. Ubu, we hamwe na Huiping barabwira abandi inkuru nziza.
Kw’ishure, abakirisu benshi basanga atari ikintu coroshe kumenyekana ko ari abantu babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ivyo biribonekeza canecane mu dusagara two mu gihugu hagati. Uwitwa Zhihao yarabwirijwe kwihanganira akosho k’urunganwe kubera ukwizera kwiwe be n’igikorwa co kwamamaza yarangura. Avuga ati: “Narahagarika umutima cane ku buryo natinya guhura n’abanyeshure twigana ndi mu busuku. Rimwe na rimwe, vyarashika ugasanga abanyeshure cumi ni bo bariko barancokora”. Umusi umwe, hari umwigisha yasavye Zhihao gushikiriza ikiganiro mw’ishure ku bijanye n’idini arimwo. Zhihao avuga ati: “Nahisemwo gutangura ico kiganiro canje mu kwigana ibivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 1, hanyuma ngaca nca irya n’ino ibi bibazo: Ni nde yaremye isi n’ibiyiriko vyose? Kandi vyagenze gute ngo abantu babeho? Ngitangura gusoma mu Vyanditswe, hari abanyeshure baciye batangura kuntwenga, bavuga yuko nemera ibintazi. Yamara, narabandanije ico kiganiro ndakirangiza. Inyuma y’aho, nararonse akaryo ko kuganira na bamwebamwe mu bo twigana umwumwe ukwiwe ku vyerekeye igikorwa turangura be n’ivyo twemera. Ubu ntibakintwenga bambonye mu busuku”.
Zhihao abandanya ati: “Kubera yuko abavyeyi banje ari Ivyabona, imisi yose mu gitondo turihweza icanditswe c’umusi. Vyongeye, turiga Bibiliya tukongera tukitaba amakoraniro tudahorereza. Ni co gituma nshobora kumenya uko ndavyifatamwo bishitse hakagira uwushaka kuncokora igihe mba ndiko ngerageza kubwira abandi ukuri kuruhura kwo muri Bibiliya”.
Uwitwa Tingmei ni umwigeme yiga kw’ishure rimwe ry’abigeme ryigisha imyuga. Igihe kimwe, hari abanyeshure bigana bamusavye ngo ajane na bo gusama akayaga bari kumwe n’abahungu biga kw’ishure rimwe ry’abahungu. Yarabonye ko kwifatanya muri ubwo buryo birimwo akaga mu vyo kwigenza runtu, maze aca ahitamwo kutabijamwo. Abo banyeshure barabimusavye akatari gake naho yaza arababwira ibintu vyiza bivugwa mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazia. Abo bigeme baramucokora, bamubwira ko ari inyuma y’amajambere. Ariko rero, kuba yarakurikije ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ntivyatevye kugaragara ko biranga ubukerebutsi, igihe umwe muri abo bigeme yasama inda, mu nyuma akayikoroza. Tingmei avuga ati: “Gukora ivyo Yehova ategeka vyaratumye ngira ijwi ryiza ryo mu mutima. Ico vyavuyemwo ni uko ubu mfise amahoro mu mutima kandi nkaba mfise umunezero mwinshi cane”.
Batsinda intambamyi zoshobora kubuza iyongerekana
Uwitwa Ruiwen ni umwe mu bagenzi somambike ba Tingmei. Ruiwen akiri muto, yabona ko kuja ku makoraniro ya gikirisu be no mu busuku bwo mu ndimiro vyari ibintu biruhisha gusa. Ariko rero, aho aboneye itandukaniro riri hagati y’urukundo nyakuri rw’abo mw’ishengero yarimwo be n’ubugenzi ata co bwungura bw’abo bigana, yarajijutse arumva ko akeneye kugira ivyo ahinduye mu buzima. Ruiwen yaciye atangura kubwira inkuru nziza abo bigana, kandi bidatevye arushiriza kubona neza ico akwiye gukora. Yaratanguye gukora ubutsimvyi bwo gufasha, aza aramara mu busuku amasaha arenga 50 ku kwezi. Mu nyuma yaratanguye gukora ubutsimvyi busanzwe, aza aramara mu murimo amasaha arenga 70 ku kwezi. Ruiwen avuga ati: “Simbona amajambo yo gukengurukira Yehova nokoresha. Ntiyigeze ampeba. Naho nigeze gukora ibintu vyamubabaje, yarabandanije kunkunda. Mawe be n’abandi bo mw’ishengero na bo nyene barangaragarije mwene uwo mutima w’urukundo. Kuba ndongora inyigisho za Bibiliya zitanu, bituma numva ko ngira uruhara mu gikorwa giteye umunezero kuruta ibindi vyose”.
Mw’ishure rimwe ryisumbuye ryo mu gihugu hagati, hari Ivyabona babiri bakiri bato batowe ngo baje guserukira iryo shure mw’ihiganwa ry’intambo kavukire. Aho ivyo Vyabona bakiri bato bamenyeye ukuntu iryo higanwa ryobaye rimeze, barabonye yuko kurijamwo vyobaye biteye kubiri n’ijwi ryabo ryo mu mutima ryisunga ingingo ngenderwako za gikirisu. Igihe bagerageza gusigura ukuntu babona ibijanye n’iryo higanwa, maze bagasaba ko batorijamwo, ntibumviwe. Ahubwo riho, abigisha bababwiye yuko bategerezwa kuja muri iryo higanwa kubera yuko ari bo batowe. Kubera yuko ivyo Vyabona batashaka kurenga kw’ijwi ryabo ryo mu mutima, baciye binjira mu muhora wa Internet w’igisata kijejwe ivy’indero, maze barandika ikete risigura ingorane bafise. Naho abo bakiri bato ubwabo bataronse inyishu, iryo shure bidatevye ryararonse itegeko risaba kutagira umunyeshure n’umwe rihata ngo aje muri iryo higanwa. Ese ukuntu abo bakiri bato babiri bahimbawe no kubona ukuntu ukumenyerezwa na Bibiliya bari bararonse kutabafashije kumenyereza ijwi ryabo ryo mu mutima gusa, ariko ko kwanabakomeje bakaguma bumiye ku kibereye!
N’abafise amagara make bararyoherwa cane no kubwira abandi icizigiro bafise Bibiliya itanga. Uwitwa Minyu ni umwigeme yamugaye kuva akivuka. Kubera yuko adashobora gukoresha amaboko yiwe, akoresha ururimi mu kuzingurura impapuro za Bibiliya, gutyo akabona gutora icanditswe yipfuza gusoma. Igihe ashikiriza ibiganiro mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku Ngoro y’Ubwami, araryama mw’ifoteyi, umufasha wiwe na we akicara ku gatebe kagufi amufatiye mikoro. Umve nawe ukuntu bikora ku mutima cane kubona akigoro Minyu agira kugira ngo ashikirize ivyo biganiro!
Igihe Minyu yipfuza kuba umwamamaji w’Ubwami, hari abavukanyikazi bo mw’ishengero baciye biga uburyo bwo gushinga intahe bakoresheje telefone kugira ngo bamufashe. Afyondesha ururimi ibiharuro vyo kuri telefone, bano bakaza baramufasha kwandika amakuru amwamwe ajanye n’abo baba bariko barayaga kuri telefone. Arakunda cane ico gikorwa ku buryo asigaye ari umutsimvyi wo gufasha, akaba aza aramara buri kwezi amasaha ari hagati ya 50 na 60 ariko arayagira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana akoresheje telefone. Hari abo amaze kuronka bemeye kwakira ibitabu bivuga ivya Bibiliya kandi baramwemerera ko yosubira kubaterefona. Ubu arongorera inyigisho za Bibiliya abantu batatu yaronse biciye kuri ubwo buryo.
Vy’ukuri, nka kurya kw’urume rutotahaza ibimera, imisore n’inkumi bo mu mashengero 78 y’Ivyabona vya Yehova bo muri Tayiwani, babigiranye umutima ukunze n’umwete mwinshi, bariko bashira abantu amamiliyoni buzuye muri iryo zinga inkuru nziza y’Ubwami ikomeza. Ibiriko birarangurwa muri iryo zinga ni agace gatoyi gusa k’iranguka ririko riraba kw’isi yose ry’ubu buhanuzi bwo muri Bibiliya bugira buti: “Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; abasore bawe baza ah’uri nk’ikime, bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo” (Zaburi 110:3). Ese ukuntu urwo rwaruka rubera isoko ry’indemesho abakuze basangiye ikivi na rwo, mbere n’ikiruta vyose, rukanezereza Umuvyeyi warwo wo mw’ijuru, Yehova Imana!—Imigani 27:11.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]
HARAKENEWE IZINDI NGORO Z’UBWAMI
Muri Tayiwani, kuronka izindi Ngoro z’Ubwami zikenewe kubera iyongerekana ririko riraba, usanga ari urugamba. Uti kubera iki? Ni uko ahantu habereye kwubakwa Ingoro z’Ubwami usanga hafi muri iryo zinga ryose ata hariho, uretse gusa mu turere tumwetumwe two mu gihugu hagati. N’ikindi kandi, ubwatsi bwaho burazimvye cane, amategeko ajanye n’ukuntu uturere tugenda turagabanganywa na yo akaba atoroshe. Mu bisagara bininibinini, uburyo bumwe busigaye abavukanyi bikorako ni ukugura inyubakwa zirimwo ibiro, maze bakazihinduramwo Ingoro z’Ubwami. Naho ari ukwo, ibiro vyinshi usanga bifise ibisenge bigufi cane, ugasanga bisaba uburyo bwinshi cane bwo kubibungabunga, aho biri na ho ugasanga ntihoroshe kwinjira kubera hacungerewe cane, eka n’ibindi bintu bituma izo nyubakwa zitaba izibereye gukoreshwa bwa Ngoro z’Ubwami.
Yamara, muri iyi myaka iheze, Ivyabona vya Yehova bo muri Tayiwani barashoboye kuronka Ingoro z’Ubwami zitari nke. Igikorwa co kurondera ubundi bwatsi bwo kwubakamwo kirabandanya narirya Ivyabona bagaragaza umutima ukunze wo gutanga kugira ngo haboneke uburyo bwo kugura nya bwatsi be no kugira bamenye ubuhanga bukenewe mu vy’ubwubatsi.