Twibande ku vyiza vyo mw’ishirahamwe rya Yehova
“Tuzohāzwa n’ivyiza vyo mu ngoro yawe”.—ZABURI 65:4.
1, 2. (a) Indinganizo zijanye n’ibikorerwa ku rusengero zogiriye akamaro akahe abasavyi b’Imana? (b) Ni ibiki Dawidi yakoze ku bw’iyubakwa ry’urusengero?
DAWIDI wo muri Isirayeli ya kera ni umwe mu bantu b’akarorero bavugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Uwo mwungere, akongera akaba n’umucuraranzi, umuhanuzi be n’umwami, yarizigira Yehova Imana n’umutima wiwe wose. Ubucuti bugera kure Dawidi yari afitaniye na Yehova Imana bwatumye agira icipfuzo co kumwubakira ingoro. Iyo ngoro, canke urusengero, yobaye co kibanza nyamukuru gikorerwamwo ibijanye n’ugusenga kw’ukuri muri Isirayeli. Dawidi yari azi ko indinganizo zijanye n’ibikorerwa ku rusengero zozaniye abasavyi b’Imana umunezero n’imihezagiro. Ni co gituma yaririmvye ati: “Hahirwa umuntu [wewe Yehova] utoranya, ukamwiyegereza, kugira ngw abe mu nyubakwa zawe: tuzohāzwa n’ivyiza vyo mu ngoro yawe, vy’ahēra ho mu rusengero rwawe”.—Zaburi 65:4.
2 Dawidi ntiyemerewe guhagarikira iyubakwa ry’ingoro ya Yehova. Umuhungu wiwe Salomo ni we yabikiwe ako gateka. Dawidi ntiyidodomvye kubera yuko uwundi ari we yatewe agateka ubwiwe yipfuza cane. Icari gihambaye kuri we kwari uko urusengero rwubakwa. Yarashigikiye ibikorwa bijanye no kwubaka urwo rusengero n’umutima wiwe wose mu guha Salomo imigero y’ukuntu urwo rusengero rwokwubatswe nk’uko Yehova yari yarabimuhishuriye. N’ikindi kandi, Dawidi yaratunganije ukuntu Abalewi ibihumbi n’ibihumbi bokoze mu kubagabura mu migwimigwi, yongera aratanga inzahabu be n’ifeza bitagira uko bingana ku bw’iyubakwa ry’urusengero.—1 Ngoma 17:1, 4, 11, 12; 23:3-6; 28:11, 12; 29:1-5.
3. Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe babona gute indinganizo zijanye n’ugusenga kw’ukuri?
3 Abisirayeli b’intahemuka barashigikiye indinganizo zashizweho zijanye n’ugusenga kw’ukuri kwabera ku ngoro y’Imana. Na twebwe abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe, turashigikira intunganyo zijanye n’ivy’ugusenga zishirwaho mu gice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova. Gutyo turerekana ko dufise agatima nk’ako Dawidi yari afise. Twebwe ntidufise agatima ko kwidodomba. Ahubwo riho, twibanda ku vyiza vyo mw’ishirahamwe ry’Imana. Mbega woba umaze kuzirikana ku vyiza vyinshi dushobora vy’ukuri gukenguruka? Reka turabe bimwebimwe muri ivyo.
Dukenguruke kuba dufise abatuja imbere
4, 5. (a) Wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” arangura gute ibanga yashinzwe? (b) Ivyabona bamwebamwe bavuze ko babona gute ibifungurwa vyo mu vy’impwemu baronka?
4 Turi n’imvo zumvikana zo gukenguruka wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” Yezu Kirisitu yagenye ngo agabe ivyo afise vyose ngaha kw’isi. Uwo mugwi w’umushumba ugizwe n’abakirisu basizwe ni wo uja imbere abandi mu kwamamaza inkuru nziza, ugatunganya amakoraniro agirwa ku bw’ugusenga, ukongera ugasohora ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 400. Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi, babigiranye ugukenguruka, barihereza ivyo “bifungurwa [biza] ku gihe kibereye” (NW) vyo mu buryo bw’impwemu (Matayo 24:45-47). Ku bijanye n’ivyo, emwe, nta mvo n’imwe yotuma twidodomba.
5 Hari Icabona ca Yehova umwe ageze mu zabukuru yitwa Elfi amaze imyaka n’iyindi ahumurizwa yongera afashwa n’ugufata nka nkama impanuro zishingiye ku Vyanditswe dusanga mu bitabu bisohorwa n’uwo mugwi w’umushumba. Kubera ko akenguruka cane ivyo, yanditse ati: “Mbega ubu mba ndi iki iyo ataba ishirahamwe rya Yehova?”. Uwitwa Peter na Irmgard na bo nyene ubu bamaze imyaka n’iyindi bakorera Imana. Irmgard arakenguruka cane ibitabu turonswa n’“ishirahamwe rya Yehova rirangwa urukundo kandi ritwitwararika cane”. Muri ivyo bitabu harimwo ibigenewe abantu usanga bakeneye gufashwa mu buryo budasanzwe, nk’abafise ingorane y’ukubona canke yo kwumva.
6, 7. (a) Ibikorwa birangurwa mu mashengero ari hirya no hino kw’isi bihagarikirwa gute? (b) Ni amajambo ayahe bamwebamwe bavuze ku bijanye n’igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova?
6 Wa “mushumba wo kwizigirwa” aserukirwa n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, iyo ikaba ari umugwi mutoyi ugizwe n’abagabo basizwe impwemu bakorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri i Brooklyn muri New York. Iyo Nama Nyobozi iragena abasavyi ba Yehova baciye uruma kugira ngo bakorere ku biro vy’amashami bihagarikira ibikorwa birangurwa mu mashengero arenga 98.000 ari hirya no hino kw’isi. Abagabo bakwije ibisabwa dusanga muri Bibiliya, baragenwa ngo babe abakurambere canke abakozi b’ishengero muri ayo mashengero (1 Timoteyo 3:1-9, 12, 13). Abakurambere baraja imbere abandi bakongera bakaragira ubusho bw’Imana bajejwe babigiranye urukundo. Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba turi mu bagize ubwo busho no kuba twibonera urukundo be n’ugufatana mu nda birangwa mu “muryango wose w’abavukanyi”!—1 Petero 2:17, NW; 5:2, 3.
7 Akatari gake, hari abantu usanga aho kuvuga amajambo yo kwidoga, berekana ko bakenguruka ubuyobozi bwo mu vy’impwemu buranga urukundo bahabwa n’abakurambere. Zirikana nk’akarorero ivyerekeye Birgit, uwo akaba ari umukirisukazi yubatse ageze mu myaka 30 y’amavuka. Akiri umuyabaga, yaratanguye kuza arifatanya n’abagenzi babi, kandi hari kabiri na rimwe ukumva yaguye mu caha. Ariko impanuro zitomoye zishingiye kuri Bibiliya yahawe n’abakurambere be n’imfashanyo yahawe n’abakirisu bagenziwe vyaramufashije, bimukura habi. None ubu Birgit yumva amerewe gute? Avuga ati: “Ndakenguruka cane kubona nkiri mw’ishirahamwe ryiza igitangaza rya Yehova”. Uwitwa Andreas na we, akaba afise imyaka 17, avuga ati: “Emwe, iri ni ishirahamwe rya Yehova koko, nta rindi ryoza ririruta!”. Wumva none natwe tudakwiye gukenguruka ivyiza vyo mu gice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova?
Abatuja imbere ni abanyagasembwa
8, 9. Abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Dawidi bakoze iki, kandi ivyo Dawidi yavyakiriye gute?
8 Yamara rero, abagenwa kuja imbere abandi mu bijanye n’ugusenga kw’ukuri ni abanyagasembwa. Nta n’umwe muri bo adakora amakosa, kandi bamwebamwe muri bo usanga hari ubugoyagoye bunaka bafise babandanya kunyinyana na bwo. Ivyo vyoba none bikwiye kudushavuza? Habe namba. Muri Isirayeli ya kera, n’abantu bamwebamwe bari bajejwe amabanga ahambaye vyarashika bagakora amakosa akomeye. Reka dufate nk’aka karorero. Igihe Dawidi yari akiri umusore, yararengukijwe i bwami ngo aze aracurarangira Umwami Sauli kugira atume aturura. Mu nyuma, Sauli yaragerageje kwica Dawidi, uno akaba amaherezo yarabwirijwe kuyanyaga.—1 Samweli 16:14-23; 18:10-12; 19:18; 20:32, 33; 22:1-5.
9 Hariho n’abandi Bisirayeli bakoze ivy’ubuhemu. Nk’akarorero, Yowabu wa mugabisha w’ingabo za Dawidi yaragandaguye incuti imwe ya Sauli yitwa Abuneri. Abusalomu yaragiye inama n’abandi yo gukura se wiwe Dawidi ku ngoma. Vyongeye, Ahitofeli wa muhanuzwajambo somambike wa Dawidi yaramuhemukiye (2 Samweli 3:22-30; 15:1-17, 31; 16:15, 21). Ariko ivyo ntivyatumye Dawidi aba umwidodomvyi w’umunyenzigo canke ngo atere ibitugu ugusenga kw’ukuri. Ahubwo riho, ivyo vyago vyamushikiye vyatumye arushiriza kwiyegereza Yehova vyongera bituma agumana agatima keza yari afise igihe yahunga Sauli. Ico gihe Dawidi yaririmvye ati: “Ngirira ikigongwe Mana, ngirira ikigongwe, kuk’ubugingo bganje buronka ubuhungiro muri wewe: mbere no mu gitūtu c’amababa yawe ni ho ngira mpungire, gushitsa ah’ibi vyago birenganira”.—Zaburi 57:1.
10, 11. Ni ibiki vyashikiye umukirisukazi yitwa Gertrud igihe yari akiri muto, kandi yavuze iki ku bijanye n’amakosa y’abo basangiye ukwizera?
10 Nta mpamvu n’imwe dufise yo kwidoga bishitse hakaba ubuhemu mw’ishirahamwe ry’Imana muri iki gihe. Yaba Yehova canke abamarayika biwe cabure abungere bo mu vy’impwemu, nta n’umwe muri bo yihanganira abantu b’abahemu canke abantu babi boba bari mw’ishengero rya gikirisu. Yamara rero, twese tubwirizwa kwihanganira agasembwa twebwe abantu dufise, ni ukuvuga agasembwa kacu bwite be n’ak’abandi basavyi b’Imana.
11 Umusavyi wa Yehova umwe amaze igihe kirekire yitwa Gertrud, igihe yari akiri muto, yaragirijwe yuko ngo yigira umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose kandi atari we. None ivyo yavyakiriye gute? Vyoba vyaratumye yidodomba? Ihibambewe. Hasigaye igihe gitoyi ngo apfe mu 2003 afise imyaka 91, yaratereje amaso inyuma arazirikana ku buzima bwiwe maze asigura ati: “Ivyo bintu vyanshikiye hamwe n’ibindi nagiye ndabona vyaranyigishije yuko naho abantu bamwebamwe bishika bagakora amakosa, Yehova we aguma ayobora igikorwa ciwe gihambaye, ico akoreshamwo twebwe abantu b’abanyagasembwa”. Igihe vyaba ari ngombwa ko Gertrud yihanganira udusembwa tw’abandi basavyi b’Imana, yaca yitura Yehova mw’isengesho akamubwira akamubakiye.
12. (a) Ni akarorero kabi akahe abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere berekanye? (b) Ni ibiki dukwiye gushirako ivyiyumviro vyacu?
12 Kubera ko abakirisu baguma ari abanyagasembwa naho boba ari intahemuka gute bakaba kandi bitanga cane, igihe bishitse umusuku kanaka yagenywe agakora ikosa, ese twobandanya “[gukora] vyose ata kwidodomba” (Ab’i Filipi 2:14). Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe twokwigana akarorero kabi k’abantu bamwebamwe bo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere! Nk’uko umwigishwa Yuda avyerekana, abigisha b’ikinyoma bo muri ico gihe ‘barakengera abaganza’ kandi ‘bagatuka abanyacubahiro’. N’ikindi kandi, abo bantu bakora ibibi bari abantu “bidodomba n’abanyamwikomo” (Yuda 8, 16). Ese twokwamirira kure ingendo y’abidodomvyi tugashira ivyiyumviro vyacu ku bintu vyiza turonka biciye kuri wa “mushumba wo kwizigirwa”! Nimuze twame dukenguruka ivyiza vyo mw’ishirahamwe rya Yehova kandi tugume “[dukora] vyose ata kwidodomba”.
“Iryo jambo riragoye”
13. Bamwebamwe bakiriye gute inyigisho Yezu Kirisitu yigishije?
13 Mu gihe bamwebamwe mu kinjana ca mbere bidodombeye abasuku bagenywe, abandi bobo bidodomvye ku bijanye n’inyigisho zinaka Yezu yigishije. Nk’uko vyanditswe muri Yohana 6:48-69, Yezu yavuze ati: “Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubu[zima] budashira”. “Benshi mu bigishwa biwe” bamaze kwumva ayo majambo, baciye “[bavuga] bat’Iryo jambo riragoye: har’uworyumva akarishobora?”. Yezu yaramenye ko ‘abigishwa biwe bariko bidodomba kuri ivyo’. Vyongeye, “kuva ico gihe benshi [muri bo baramuvuye] inyuma, ntibāba bakijana na we”. Ariko ntiwumve, si abigishwa bose bidodomvye. Raba ivyabaye igihe Yezu yabaza za ntumwa 12 ati: “Mbega namwe muragomba kwīgīra?”. Intumwa Petero yaciye yishura ati: “Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubu[zima] budashira, natwe twarizeye, tumenya yuko wewe ur’Uwera w’Imana”.
14, 15. (a) Ni kubera iki bishika bamwebamwe ntibashimishwe n’inyigisho zinaka za gikirisu? (b) Ivyashikiye umugabo umwe yitwa Emanuel bitwigisha iki?
14 Muri iki gihe cacu, hari abasavyi b’Imana bakeyi cane batashimishijwe n’inyigisho zinaka za gikirisu maze batangura kwidodombera igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova. Ni kubera iki none ivyo bishika? Akenshi ivyo bikunda gushika bitumwe n’ukudatahura neza uburyo Imana ikora ibintu. Umuremyi wacu agenda arahishurira ukuri abasavyi biwe buhorobuhoro. Ni co gituma rimwe na rimwe biba ngombwa ko uburyo dutahura Ivyanditswe buryohorwa. Abenshi cane mu basavyi ba Yehova bararyoherwa igihe habaye ibiryohorwa. Ariko bamwebamwe baca baba ‘abagororotsi barengeje urugero’ maze ugasanga bakiriye nabi ayo mahinduka (Umusiguzi 7:16). Ushobora gusanga ubwibone ari kimwe mu bintu bituma bavyakira nabi gutyo, kandi hari abagwa mu mutego wo kugira agatima k’ubwigenge. Imvo ibituma yaba iyihe, mwene iyo myidodombo irimwo akaga kuko ishobora gutuma dusubira mw’isi no kugendera mu nzira zayo.
15 Nk’akarorero, Icabona umwe yitwa Emanuel yaza aratora amahinyu ibintu bimwebimwe yasoma mu bitabu bisohorwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” (Matayo 24:45). Mu nyuma yararetse kuza arasoma ibitabu vyacu vya gikirisu maze abwira abakurambere bo mw’ishengero yarimwo yuko atagishaka kwitwa Icabona ca Yehova. Ariko haciye igihe gito, Emanuel yahavuye atahura ko inyigisho z’ishirahamwe rya Yehova ari iz’ukuri koko. Yararondeye kubonana n’Ivyabona, ariyemerera ko yari yihenze, maze arasubira kuba Icabona ca Yehova. Ivyo vyatumye yongera kuba umuntu ahimbawe.
16. Ni igiki gishobora kudufasha guhera amazinda ku bijanye n’inyigisho zinaka za gikirisu?
16 Bite ho bishitse tukumva hari ukuntu dushaka kwidodomba bitumwe n’uko dukekeranya ku nyigisho zinaka abasavyi ba Yehova basanzwe bemera? Muri ico gihe, ntivyoba vyiza duciye tubura ukwihangana. Wa “mushumba wo kwizigirwa” yoshobora mu nyuma guca asohora ikintu kinaka cishura ibibazo vyacu kandi kidukura amazinda. Vyongeye, vyoba biranga ubukerebutsi turondeye gufashwa n’abakurambere bakirisu (Yuda 22, 23). Gutura isengesho, kwiyigisha no kwifatanya n’abantu bakomeye mu vy’impwemu dusangiye ukwizera, birashobora kudufasha gushira amazinda bikongera bigatuma turushiriza gukenguruka inyigisho zo muri Bibiliya z’ukuri kandi zikomeza ukwizera twize biciye ku muhora Yehova akoresha mu kutumenyesha ibintu.
Tugume turi abantu babona ibintu mu buryo bwiza
17, 18. Aho kwidodomba, dukwiye kuba abantu bameze gute, kandi kubera iki?
17 Ni ivy’ukuri yuko twebwe abantu b’abanyagasembwa dufise impengamiro mvukanwa yo gukora icaha, kandi hari abo woshobora gusanga bakunda kwihutira kwidoga ata n’imvo yumvikana ihari (Itanguriro 8:21; Abaroma 5:12). Mugabo hamwe twocika abantu b’abidodomvyi, twoba turiko dushira mu kaga ubucuti dufitaniye na Yehova Imana. Ni co gituma rero dukeneye gucungera akantu ako ari ko kose ko kwidodomba koba katujemwo.
18 Aho kwidodomba ku bijanye n’ibintu binaka vyo mw’ishengero, ni vyiza ko tuguma turi abantu babona ibintu mu buryo bwiza tukama kandi dufise urutonde rw’imirimo rutuma tuguma dufise vyinshi dukora, tunezerewe, twubaha abandi, tutarenza urugero, kandi dukomeye mu kwizera (1 Ab’i Korinto 15:58; Tito 2:1-5). Yehova aracungera ikintu cose co mw’ishirahamwe ryiwe, kandi na Yezu arazi ibiba mw’ishengero rimwerimwe ryose, nk’uko nyene yari abizi mu kinjana ca mbere (Ivyahishuriwe 1:10, 11). Nurindire wihanganye uhanze amaso Imana na Kirisitu, we Mutwe w’ishengero. Abungere boshobora gukoreshwa kugira ngo ivyoba bikeneye gukosorwa bikosorwe.—Zaburi 43:5; Ab’i Kolosayi 1:18; Tito 1:5.
19. Mu kurindira ko Ubwami bwifatira mu minwe ivyo kw’isi vyose, ni ibiki canecane dukwiye kwibandako?
19 Iyi si mbi vuba igihe kuvaho, maze Ubwami burongowe na Mesiya buce bwifatira mu minwe ivyo kw’isi vyose. Mu kurindira kw’ivyo biba, ese ukuntu bihambaye ko umwe wese muri twebwe aguma ari umuntu abona ibintu mu buryo bwiza! Ivyo bizodufasha kubona kamere nziza z’abo dusangiye ukwizera, aho kuguma twibanda ku makosa bakora. Kwibanda kuri kamere nzizanziza bafise bizotuma duhimbarwa. Gutyo, aho gutuntura mu mutima kubera ukwidodomba, tuzoheza turemeshwe twongere dukomezwe mu vy’impwemu.
20. Kuguma turi abantu babona ibintu mu buryo bwiza bituma twironkera iyihe mihezagiro?
20 Kuguma turi abantu babona ibintu mu buryo bwiza bizodufasha kandi kugumiza ku muzirikanyi imihezagiro myinshi twironkera bivuye ku kuba twifatanya n’igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova. Iryo ni ryo shirahamwe rimwe rudende kw’isi riyobokera umwe Segaba w’ibiriho vyose. Ivyo hamwe n’agateka dufise ko gusenga Imana nsa y’ukuri Yehova, tubibona gute? Ese twoba abantu babona ibintu nk’uko Dawidi yabibona, we yaririmvye ati: “Wewe wumva ivyo usabga, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe. Hahirwa umuntu utoranya, ukamwiyegereza, kugira ngw abe mu nyubakwa zawe: tuzohāzwa n’ivyiza vyo mu ngoro yawe”.—Zaburi 65:2, 4.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki dukwiye gukenguruka kuba dufise abatuja imbere mw’ishengero?
• Igihe bishitse abavukanyi bajejwe amabanga bagakora amakosa, dukwiye guca tuvyifatamwo gute?
• Dukwiye kubona gute ibintu bigenda biraryohorwa mu bijanye n’ukuntu dutahura Ivyanditswe?
• Ni igiki gishobora gufasha umukirisu guhera amazinda?
[Ifoto ku rup. 20]
Dawidi yarahaye Salomo imigero y’urusengero yongera arashigikira ugusenga kw’ukuri n’umutima wiwe wose
[Ifoto ku rup. 23]
Abakurambere bakirisu baranezerwa no gufasha abandi mu vy’impwemu