Urashobora guhimbarwa n’ugutahura Bibiliya
BIBILIYA irimwo ukuri kw’agaciro kuva ku Mana. Iratubwira ibijanye n’intumbero y’ubuzima, igituma abantu bacumukura be na kazoza k’umuryango w’abantu. Iratwigisha uburyo bwo kuronka ubuhirwe, uburyo bwo kuronka abagenzi, n’uburyo bwo gutorera umuti ingorane. N’igihambaye kuruta ivyo, iratwigisha ibijanye n’Umuremyi wacu akaba na Data wa twese wo mw’ijuru, Yehova. Ubumenyi nk’ubwo buratuzanira agahimbare bugatuma ubuzima bwacu bugira intumbero.
Muri Bibiliya, kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana bisanishwa n’ugufungura. Yezu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo riva mu kanwa k’Imana” (Matayo 4:4; Abaheburayo 5:12-14). Nka kurya nyene gufungura imfungurwa zirimwo ingaburo zikwiye buri musi ari nkenerwa kugira tubandanye kubaho, no gusoma Ijambo ry’Imana tudahorereza ni nkenerwa kugira twungukire ku muhango Imana yatanze w’ubuzima budahera.
Turaryoherwa no gufungura kubera ukuntu turemwe no kubera ko ari ikintu nyamukuru dukeneye. Ariko rero, hariho ikindi kintu nyamukuru dukeneye dutegerezwa kwitwararika niba tugomba kuba abantu bahiriwe. Yezu yavuze ati: “Hahirwa [“abumva ko bakeneye kumenya Imana”, NW]” (Matayo 5:3). Ubuhirwe turashobora kuburonka kubera ko ivyo dukeneye mu vy’impwemu dushobora kuvyironsa biciye ku gutahura Ijambo ry’Imana.
Ni ivy’ukuri yuko hari ababona ko gutahura Bibiliya ari urugamba. Nk’akarorero, woshobora kuba ukeneye gufashwa gutahura ivyanditswe bivuga imico kama utamenyereye canke bikoresha imvugo ngereranyo. Hariho kandi ubuhanuzi bwanditswe mu mvugo ngereranyo umuntu ashobora gutahura ari uko gusa aravye ibindi vyanditswe vyo muri Bibiliya bivuga ibisa n’ivyo ubwo buhanuzi buvuga (Daniyeli 7:1-7; Ivyahishuriwe 13:1, 2). Naho ari ukwo, urashobora vy’ukuri gutahura Bibiliya. Ivyo wovyemezwa n’iki?
Uwo ari we wese arashobora kuyitahura maze agahimbarwa
Bibiliya ni Ijambo ry’Imana. Muri yo, Imana iraduhishurira ivyo igomba. None Imana yoba yari gutanga igitabu kigoye itahura canke gishobora gutahurwa gusa n’abantu bize amashure ahanitse? Oya, nta mutima mubi nk’uyo Yehova yogize. Kirisitu Yezu yavuze ati: “Ni nde muri mwebge w’umuvyeyi, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka; canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo? None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?” (Luka 11:11-13). Ku bw’ivyo rero, urashobora guhera amazinda ko gutahura Bibiliya ari ikintu ushoboye be n’uko ubisavye Imana ubikuye ku mutima izoguha imfashanyo ukuneye kugira utahure Ijambo ryayo. Emwe, n’abana ari abana barashobora gutahura inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya!—2 Timoteyo 3:15.
Naho gutahura Bibiliya bisaba akigoro, kubigira birashobora kugira ico bidukozeko mu buryo bukomeye kandi buremesha. Yezu amaze kuzuka, yariyeretse babiri mu bigishwa biwe maze ababwira ibijanye n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Inkuru yanditswe na Luka yigana iti: “Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we”. None vyavuyemwo iki? Kuri uwo mugoroba, igihe bariko bazirikana ku vyo bize, babwiranye bati: “Mbeg’imitima yacu . . . [nti]yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe”? (Luka 24:13-32). Ugutahura Ijambo ry’Imana kwarabahimbaye kubera ko kwatumye barushiriza kwizera imihango y’Imana kwongera gutuma babona ko ibintu bizogenda neza.
Kurondera gutahura Ijambo ry’Imana, aho kuba umuzigo, birashimishije kandi ni ngirakamaro, bikaba bihimbaye nk’ugufungura imfungurwa ziryoshe kandi zirimwo ingaburo zikwiye. Ni igiki none utegerezwa gukora kugira uronke mwene ukwo gutahura? Ikiganiro gikurikira kirerekana ukuntu ushobora guhimbarwa n’“ukumenya Imana”.—Imigani 2:1-5.
[Ifoto ku rup. 4]
Nka kurya kw’umuvyeyi munyarukundo, Yehova araduha impwemu yera kugira ngo idufashe gutahura Bibiliya