Woba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya?
Ni Kuki Wosoma Bibiliya?
BIBILIYA iratandukanye n’ikindi gitabu ico ari co cose. Irimwo inyigisho iranga urukundo iva ku Mana. (1 Ab’i Tesalonike 2:13) Ukurikije ivyo Bibiliya yigisha, uzohungukira vyinshi. Uzokwongereza urukundo ukunda Imana, bitume kandi uyiyegereza, yo Mutanzi w’ “ingabirano nziza yose.” (Yakobo 1:17, UB) Uzohava umenye ukuntu wokwiyegereza Imana mu gisabisho. Mu bihe vy’umudugararo, Imana irashobora kugufasha. Uhujije ubuzima bwawe n’ingingo mfatirwako ziri muri Bibiliya, Imana izoguha ubuzima budahera.—Abaroma 6:23.
Bibiliya irimwo ukuri gutanga umuco. Abaronka ubumenyi bwa Bibiliya barabohorwa bakava mu migozi y’ivyiyumviro bitari vyo vyiganje mu buzima bw’abantu amamiliyoni. Nk’akarorero, kumenya ukuri kwerekeye uko bigenda iyo dupfuye, bituma tudatinya ko abapfuye boshobora kutugirira nabi canke ko incuti n’abagenzi bacu bapfuye bariko barababazwa. (Ezekiyeli 18:4) Inyigisho Bibiliya itanga y’izuka irahumuriza ababuze ababo. (Yohana 11:25) Kumenya ukuri kwerekeye abamarayika b’ababisha biradufasha kubona ingeramizi z’ubupfumu, bikadufasha no gutahura igituma hari imidugararo myinshi cane kw’isi.
Ingingo ngenderwako zatanzwe n’Imana muri Bibiliya ziratwereka uburyo bwo kubaho buzana inyungu ziboneka. Nk’akarorero, ‘kumenya kwigerera’ birafasha umuntu kugira amagara meza. (1 Timote 3:2, UB) ‘Twiyuhagiye ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima,’ tuba twirinze kwiyononera amagara. (2 Ab’i Korinto 7:1) Gukurikiza impanuro Imana itanga muri Bibiliya birazana agahimbare mu mubano w’abubatse kandi bigatuma umuntu yiyubahiriza.—1 Ab’i Korinto 6:18.
Ushize mu ngiro Ijambo ry’Imana, uzoba umuntu ahimbawe cane. Ubumenyi bwa Bibiliya buradufasha kuronka amahoro yo mu mutima be n’umunezero, bukaduha n’icizigiro. Buradufasha kandi gutsimbataza kamere zihimbaye, nk’imbabazi, urukundo, umunezero, amahoro, kugira neza, n’ukwizera. (Ab’i Galatiya 5:22, 23; Abanyefeso 4:24, 32) Kamere nk’izo ziradufasha kuba abanega beza canke abakenyezi beza, abavyeyi beza, n’abana beza.
Woba urigera wibaza ivya kazoza? Ubuhanuzi bwa Bibiliya buratwereka ko tubayeho mu gihe gihambaye co mu kubaho kw’umuntu. Ubwo buhanuzi ntibudondora gusa ukuntu isi ubu imerewe. Burerekana kandi ko Imana igiye vuba guhindura isi iparadizo.—Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Imfashanyo mu vyo Gutahura Bibiliya
Kumbure woba umaze kugerageza gusoma Bibiliya ariko ugasanga iragoye itahura. Kumbure woba utazi aho woronderera muri Bibiliya kugira ngo uronke inyishu z’ibibazo ufise. Nimba ari ukwo bimeze, si wewe wenyene. Twese ata n’umwe avuyemwo turakeneye gufashwa mu vyo gutahura Ijambo ry’Imana. Ivyabona vya Yehova, mu bihugu nka 235, baragirira inyigisho za Bibiliya abantu amamiliyoni. Na wewe bazohimbarwa no kugufasha.
Mu bisanzwe ni vyiza kwiga Bibiliya bukebuke, ugatangurira ku nyigisho z’ishimikiro. (Abaheburayo 6:1) Uko ubandanya, uzogenda urarushiriza kuba uwushoboye gufata “ivyo kurya bigumye,” ni ukuvuga ibintu vy’ukuri bishika kure. (Abaheburayo 5:14) Bibiliya ni yo twisunga. Ibitabu bitandukanye bishingiye kuri Bibiliya, nk’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, bizogufasha gutahura Ivyanditswe vyishura ibibazo bitandukanye.
None Woshima Kumara Akanya ku Ndwi ku Ndwi Kugira ngo Utahure Bibiliya?
Mu bisanzwe, inyigisho ya Bibiliya ishobora gutunganywa ku mwanya wogushobokera no mu kibanza wewe wipfuza. Benshi bagirirwa iyo nyigisho ku mihana yabo. Hariho n’abayigirirwa kuri telefone. Uwo mugambi si icigwa gihabwa abantu benshi bari hamwe, ahubwo ni indinganizo twogirana nawe ukwawe ihuye n’ukuntu ivyawe vyifashe, ihuye kandi n’urugero rw’ubumenyi ufise. Nta bibazo bikorwa kurya kwo mw’ishure, kandi nta wuzotuma wumva umaramaye. Ibibazo ufise kuri Bibiliya bizokwishurwa, kandi uzomenya ukuntu wokwiyegereza Imana mu gisabisho.
Iyo nyigisho ya Bibiliya uzoyigirirwa ata co urinze kuriha. (Matayo 10:8) Igirirwa ku buntu abantu bo mu madini yose be n’abatagira idini barimwo, ariko bashimishwa vy’ukuri no kwongereza ubumenyi bwabo bw’Ijambo ry’Imana.
Ni bande bashobora kuba bahari muri ico kiyago? Abo mu rugo rwawe bose. Abagenzi abo ari bo bose woshima gutumira na bo nyene bashobora kuba ari ho bari. Canke na ho, ico kiyago gishobora kugiranwa na wewe gusa nimba ari vyo woshima.
Benshi usanga baziganya umwanya w’isaha ku ndwi ku ndwi kugira ngo bige Bibiliya. Nimba ushobora kumara umwanya uruta uwo, canke na ho ukaba ushobora gusa kuronka uwuri musi y’uwo ku ndwi, Ivyabona bazorondera umwanya baze kugufasha.
Ubutumire bw’Ukwiga
Turagutumiye ngo uvugane n’Ivyabona vya Yehova. Uburyo bumwe wokora ivyo ni mu kutwandikira kuri aderese imwe mu ziri aha hepfo. Hazoca haringanizwa ivy’uko hagira uwukurongorera inyigisho ya Bibiliya i muhira iwawe ku buntu.
□ Nimundungikire agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?
□ Ndabasavye ko twobonana kugira ngo ngirirwe inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ataco ndishe.
Kiretse aho vyerekanywe ukundi, Ivyanditswe vyose vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera. UB bisobanura Ubwuzure Bushasha.