ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/10 rup. 16-20
  • Akarorero k’abavyeyi banje karankomeje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akarorero k’abavyeyi banje karankomeje
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Menya ukuri
  • Nkora ibikorwa vy’agahato mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose
  • Mpfungirwa i Makedoniya
  • Mpfungirwa i Maribor
  • Mpungira muri Otirishe, hanyuma muri Ositaraliya
  • Imana yarangaragarije imbabazi nyinshi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Narizigiye ubwitwararitsi bwa Yehova buranga urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Mbega nokwishura iki Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Naho ndi umunyantegenke, ndafise inkomezi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/10 rup. 16-20

Inkuru y’ubuzima

Akarorero k’abavyeyi banje karankomeje

NK’UKO VYAVUZWE NA JANEZ REKELJ

Hari mu mwaka wa 1958. Twe n’umukenyezi wanje Stanka twari hejuru mu misozi yitwa Alpes y’i Karawanken iri ku rubibe rwa Yugosilaviya na Otirishe, turiko tugerageza guhungira muri Otirishe. Ivyo vyarimwo akaga kubera ko Abanyayugosilaviya bafise ibirwanisho bajejwe gucungera urubibe bari biyemeje kubuza umuntu wese kujabuka. Twarabandanije, maze dushika hejuru y’imanga ihanamye rwose. Twe na Stanka ntitwari bwigere tubona uruhande rw’iyo misozi ruraba muri Otirishe. Twaciye tugenda twerekeza mu Buseruko dushika ku mumanuko uriko ibibuye n’urucekeri. Twarihambiriye kw’ihema twari twitwaje, duca turamanuka uwo mumanuko tunyerera, tutazi ingene vyohavuye bigenda.

REKA ndabiganire ingene vyari vyagenze be n’ukuntu akarorero k’abavyeyi banje b’intahemuka kamvyuriye umutima wo kuguma ndi intahemuka kuri Yehova mu bihe bigoye.

Nakuriye muri Soloveniya, ubu kikaba ari igihugu gitoyi co mu Buraya bwo hagati. Ico gihugu kiri mu misozi yo mu Buraya yitwa Alpes. Mu Buraruko bwaco hari igihugu ca Otirishe, mu Burengero hakaba Ubutaliyano, mu Bumanuko hakaba Korowasiya, mu Buseruko na ho hakaba Hongiriya. Ariko, igihe abavyeyi banje Franc Rekelj na Rozalija Rekelj bavuka, Soloveniya yari iri mu bihugu vyari bigize Inganji nganzabami ya Otirishe ifatanije na Hongiriya. Ya Ntambara ya mbere y’isi yose irangiye, Soloveniya yaciye iba igice c’igihugu gishasha ciswe Ubwami bw’Abanyaserebiya, Abanyakorowasiya n’Abanyasoloveniya. Mu 1929, izina ry’ico gihugu ryarahinduwe riba Yugosilaviya, bisobanura urudome ku rundi ngo “Silaviya yo mu Bumanuko”. Navutse kw’igenekerezo rya 9 Nzero muri uwo mwaka nyene, mvukira ku mubari w’ikigwati citwa Podhom, hafi y’ikiyaga giteye igomwe citwa Bled.

Mawe yarerewe mu muryango wumiye rwose kw’idini rya Gatolika. Umwe muri ba sewabo yari umupatiri, batatu muri ba inasenge na bo bakaba ababikira. Yaripfuza rwose kuronka Bibiliya, kuyisoma no kuyitahura. Ariko dawe we yabona nabi idini. Yari yarashegeshwe no kubona amadini yaragize uruhara muri ya Ntambara ihambaye yo kuva mu 1914 gushika mu 1918.

Menya ukuri

Intambara imaze kurangira, musazabo wa mawe yitwa Janez Brajec be n’umukenyezi wiwe Ančka, baracitse Abatohoji ba Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Ico gihe baba muri Otirishe. Kuva nko mu 1936, Ančka yaragendeye mawe akatari gake. Yarahaye mawe Bibiliya, aca yihutira kuyisoma, ayimuhana n’amakopi y’Umunara w’Inderetsi be n’ibindi bitabu bishingiye kuri Bibiliya biri mu gisolovene. Kubera ko Hitler yigaruriye Otirishe mu 1938, Janez na Ančka bahavuye bagaruka muri Soloveniya. Ndibuka yuko bari abubakanye bize, babona kure kandi bakunda vy’ukuri Yehova. Barakunda kuyagira mawe ukuri kwa Bibiliya, ivyo bikaba vyatumye yegurira ubuzima bwiwe Yehova. Yabatijwe mu 1938.

Mawe yasa n’uwukojeje agati mu ntozi mu karere twabamwo igihe yareka kuza arakurikiza imigenzo idashingiye ku Vyanditswe, nk’uguhimbaza Noweli, igihe yareka kuza ararya amasosisi mu biyagize harimwo amaraso, na canecane igihe yafata ibishushanyo vyose twari dutunze akabiturira. Bidatevye yaratanguye kurwanywa. Ba inasenge ba mawe, ari bo ba babikira twavuga, nta ko batagize bamwandikira, bagerageza kumujijura ngo agaruke kuri Mariya no mw’idini rya Gatolika. Ariko rero, igihe mawe yabandikira abasaba kwishura ibibazo bidomako ababajije bijanye n’ivya Bibiliya, nta n’umwe yamwishuye. Sogokuru na we nyene yaramurwanije yivuye inyuma. Si uko yari umuntu mubi, mugabo yabitumwa n’uko incuti be n’abandi bo mu kibano bamushirako umukazo ukomeye. Bitewe n’uwo mukazo, vyarashitse incuro nka zingahe araturira ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mawe yari afise, ariko Bibiliya yiwe yoyo ntiyigeze ayikorako. Yarapfukamye aramusaba amwinginga ngo agaruke mw’idini. Erega yarashitse n’aho amutera ubwoba amukangisha imbugita. Ariko, dawe yaramenyesheje sogokuru atarya umunwa yuko atokwihanganiye inyifato nk’iyo.

Dawe yarabandanije gushigikira uburenganzira mawe yari afise bwo gusoma Bibiliya no kwihitiramwo ivyo yemera. Mu 1946 na we yahavuye abatizwa. Ndavye ukuntu Yehova yakomeje mawe akaguma ashigikiye ukuri ata bwoba naho bamurwanya, nkaraba n’ukuntu Yehova yamuhezagiye kubera ukwizera kwiwe, vyaramvyuriye umutima wo kwunga ubucuti n’Imana. Vyongeye, narungukiye rwose ku kuntu mawe yama ansomera n’ijwi ryumvikana Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.

N’ikindi kandi, mawe yarakunda kuyaga cane na murumunawe Marija Repe, twe n’uwo mamawacu Marija tukaba twahavuye tubatizwa umusi umwe, hagati mu kwezi kwa Mukakaro mu 1942. Umuvukanyi umwe yaraje arashikiriza insiguro ngufiya, hanyuma duca tubatirizwa i muhira mu kintu kinini gikozwe mu mbaho kimeze nk’ikibesani.

Nkora ibikorwa vy’agahato mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose

Mu 1942, igihe ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yariko iraba, Ubudagi n’Ubutaliyano vyarateye igihugu ca Soloveniya, bica birakigabura n’igihugu ca Hongiriya. Abavyeyi banje baranse kuja mw’ishirahamwe ry’abanazi ryitwa Volksbund. Kw’ishure naranse gukoresha ya ndamukanyo yo gushemagiza Hitler ivuga ngo “Heil Hitler”. Biboneka yuko umwigisha wanje yaciye abimenyesha abategetsi.

Twarurijwe igariyamoshi tujanwa mu nyubakwa niniya yari hafi y’ikigwati citwa Hüttenbach mu ntara ya Bavière, iyo nyubakwa ikaba yakoreshwa nk’ikambi ikorerwamwo ibikorwa vy’agahato. Dawe yaciye atunganya ivy’uko nokorana n’umugabo wo muri ako karere yakora igikorwa co kwotsa imikate, ngaca kandi mbana n’umuryango wiwe. Ico gihe narize umwuga wo kwotsa imikate, uno ukaba warangiriye akamaro kanini rwose mu nyuma. Umuryango wanje wose (harimwo na mamawacu Marija be n’umuryango wiwe) wahavuye wimurirwa mw’ikambi y’i Gunzenhausen.

Intambara imaze kurangira, nari ngiye kwifatanya n’umugwi umwe ngafata urugendo runshikana aho abavyeyi banje bari. Ku mugoroba buca mfata urwo rugendo, nagiye mbona dawe antuyeko amaguru. Sinzi ingene vyohavuye bigenda iyo njana n’uwo mugwi, narirya nya mugwi wari uteye amakenga. Ico gihe narasubiye kubona yuko Yehova anyitwararika ndavye ukuntu yakoresheje abavyeyi banje kugira bankingire bongere banyigishe. Twe na dawe twaragenze imisi itatu kugira tuje guhura n’umuryango. Twese twashitse i muhira muri Ruheshi 1945.

Inyuma y’intambara, Abakomunisita baragiye ku butegetsi muri Yugosilaviya bayobowe n’uwaciye aba umukuru w’igihugu ari we Josip Broz Tito. Ivyo vyatumye Ivyabona vya Yehova bataronka agahengwe.

Mu 1948 hari umuvukanyi yaje ava muri Otirishe maze turasangira udufungurwa. Aho yaja hose, abapolisi baramukurikira bagaca bafata abavukanyi yaba yagendeye. Na dawe yarafashwe yagirizwa yuko yamwakiriye ntace abimenyesha abapolisi, maze aca arapfungwa imyaka ibiri. Kuri mawe ico gihe cari kigoye cane, atari gusa kubera yuko dawe atari ari i muhira, ariko kandi kubera yuko yari azi ko twe na murumunanje vuba twari tugiye guhura n’ikigeragezo kijanye n’ukutagira aho duhengamiye.

Mpfungirwa i Makedoniya

Muri Munyonyo 1949, narahamagawe ngo nje mu gisoda. Nararengutse maze ndasigura igituma ntashobora kuja mu gisoda kubera ijwi ryanje ryo mu mutima. Abategetsi baranse kuvyumva, baca banyuriza igariyamoshi yarimwo abinjiye igisoda yariko ija i Makedoniya, hirya ku yindi mpera y’igihugu ca Yugosilaviya.

Namaze imyaka itatu ntandukanijwe n’umuryango wanje be n’abavukanyi banje, kandi nta gitabu na kimwe canke Bibiliya nari mfise. Ntivyari vyoroshe na gato. Nakomezwa n’ukuzirikana kuri Yehova no ku karorero k’Umwana wiwe Yezu Kirisitu. Akarorero k’abavyeyi banje na ko nyene karankomeje. Vyongeye, kwama ntura isengesho nsaba inkomezi vyatumye ntihebura.

Nahavuye ndungikwa mw’ibohero ry’i Idrizovo, hafi y’ahitwa Skopje. Muri iryo bohero, imbohe zakora ibikorwa be n’imyuga bitandukanye. Mu ntango, nakora igikorwa co kugira isuku no kuza ndatwara amakete, ndayakura mu biro bimwe nkayajana mu bindi. Naho imbohe imwe yari yahoze mu gipolisi gikorera mu kinyegero akenshi yama yamereye nabi, narumvikana n’abandi bose: baba abarinzi, imbohe, eka mbere n’umuyobozi w’ihinguriro ry’iryo bohero.

Mu nyuma, naramenye yuko mw’iyokerezo ry’imikate ryo muri iryo bohero hari hakenewe umuntu azi kwotsa imikate. Haciye imisi mikeyi, nya muyobozi yaraje aho twariko duhamagarirwa amazina. Yaravuye imbere y’umurongo twari dutonzeko araza, aca ahagaragara imbere yanje maze ambaza ati: “Urazi kwotsa imikate?”. Nca ndamwishura nti: “Ego, mushinganta”. Na we aca avuga ati: “Ejo uzoze kw’iyokerezo ry’imikate”. Ya mbohe yari yaramereye nabi yarakunda guca iruhande y’iyokerezo ry’imikate mugabo nta co yashobora kugira. Nakoze muri iryo yokerezo guhera muri Ruhuhuma gushika muri Mukakaro mu mwaka wa 1950.

Naciye ndungikwa mw’ikambi y’abasirikare yitwa Volkoderi yari mu Bumanuko bw’i Makedoniya, hafi y’Ikiyaga Prespa. Narashobora kwandikira amakete ab’i muhira, nkayacisha mu gisagara co mu micungararo citwa Otešovo. Nakorana n’izindi mbohe zakora ibarabara, ariko akenshi nakorera mw’iyokerezo ry’imikate, ivyo bikaba vyaranyorohereza. Nahavuye ndekurwa muri Munyonyo 1952.

Mu gihe namaze ntari i Podhom, hari ishengero ryahashinzwe. Mu ntango, iryo shengero ryagirira amakoraniro mw’ihoteri ntoya yo mu gisagara citwa Spodnje Gorje. Mu nyuma, dawe yaremeye ko haba icumba co mu nzu iwacu iryo shengero ryoza riragiriramwo amakoraniro. Narahimbawe cane no kwifatanya na bo igihe nasubira i muhira mvuye i Makedoniya. Vyongeye, narasubiye kugiranira ubugenzi n’uwitwa Stanka twari twarabonanye imbere y’uko nja mw’ibohero. Twahavuye twubakana kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 1954. Ariko rero, agahengwe nari mazemwo imisi kari kagiye guhera.

Mpfungirwa i Maribor

Muri Nyakanga 1954, narasubiye guhamagarwa ngo nje mu gisoda. Ico gihe hoho naciriwe gupfungwa imyaka irenga itatu n’igice mw’ibohero rimwe ry’i Maribor riri ku mpera ya Soloveniya amaja mu Buseruko. Igihe naronka akaryo, naciye ngura impapuro n’amakaramu y’igiti. Naciye ntangura kwandika ibintu vyose nibuka: ivyanditswe, amajambo yaba yaravuzwe mu Munara w’Inderetsi be n’ibindi vyiyumviro vyo mu bindi bitabu vya gikirisu. Narasoma ivyo naba maze kwandika, kandi uko naza ndibuka ibindi ni ko naza ndavyongereza muri ico gitabu canje. Ico gitabu cahavuye cuzura, kandi caramfashije kuguma nshize umutima ku kuri congera kiramfasha kuguma nkomeye mu vy’impwemu. Isengesho be n’ukuzirikana na vyo nyene vyaramfashije cane birankomeza mu vy’impwemu, bituma ndushiriza kugira umutima rugabo mu kubwira abandi ukuri.

Ico gihe, nari nemerewe kuronka ikete rimwe ku kwezi no kugenderwa iminuta 15 ku kwezi. Stanka yaramara ijoro ryose ari ku rugendo mw’igariyamoshi kugira ngo aze kundaba kw’ibohero hakiri kare, agaca asubira inyuma uwo musi nyene. Angendeye vyarandemesha. Nahavuye nshira mu ngiro umugambi nari mfise wo kuronka Bibiliya. Twe na Stanka twari twicaye ku meza turabana, hakaba hariho n’umuntu wo kuducunga. Igihe uwo nyene kuducunga yari aravye hirya, naciye nkorokereza ikete mu gasakoshi ko mu minwe Stanka yari yitwaje, muri iryo kete nkaba namusaba ko ubutaha aje kundaba yoshira Bibiliya mw’isakoshi yiwe.

Kubera ko Stanka n’abavyeyi banje babona ko ivyo vyarimwo akaga rwose, baciye batatagura Bibiliya igizwe n’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, baca bashira impapuro zayo mu dukate twizinze. Ukwo ni ko nashoboye kuronka Bibiliya nari nkeneye. Naronka muri ubwo buryo nyene amakopi y’Umunara w’Inderetsi Stanka yaba yarimuye n’ukuboko. Naca nihutira kuvyiyimurira ku zindi mpapuro, ngaca nturira ayo makopi Stanka yaba yanzaniye kugira ntihagire umuntu ayabona agaca ashobora kumenya iyo yaje ava.

Kubera ko nakomeje gushinga intahe, imbohe bagenzanje bavuga yuko ntobuze kwikwegera ingorane. Igihe kimwe, twe n’iyindi mbohe twari dupfunganywe twariko turaganira ivya Bibiliya ikiyago cashushe. Hinge rero tuze twumva umuntu yinjiza urupfunguruzo mu rugi, duca tubona umurinzi umwe w’ibohero ng’uyo arinjiye. Ubwo nyene naciye nibwira yuko ngiye gupfungirwa mu gasho ka jenyene. Ariko ico si co cari kimuzanye. Yari yumvise ikiyago cacu aca yumva ashatse kukijamwo. Amaze kwumva anyuzwe n’inyishu aronse ku bibazo vyiwe, yaciye yisohokera asiga yugaye umuryango w’ako gasho.

Mu kwezi kwa nyuma namaze mw’ibohero, umukuru ajejwe gufasha imbohe guhindura ingeso yarankeje rwose kubera ukuntu nashigikira ukuri nshikamye. Nabonye ko iyo yari impera nziza nari ndonse ku twigoro nagira two kumenyekanisha izina rya Yehova. Muri Rusama 1958, narasubiye kurekurwa.

Mpungira muri Otirishe, hanyuma muri Ositaraliya

Muri Myandagaro 1958 mawe yarapfuye. Yari amaze igihe kanaka arwaye. Hinge rero muri Nyakanga 1958 nze mbona mpamagawe ubugira gatatu ngo nje mu gisoda. Kuri uwo mugoroba, twe na Stanka twarafashe ingingo ikomeye yatumye tujabuka urubibe muri bwa buryo bw’agatangaza navuga mu ntango. Twaratekeye ibintu mu masakoshi abiri baheka ku mugongo, turatekera n’ihema, duca mw’idirisha maze tugenda tugana ku rubibe rwa Otirishe ruri mu Burengero bw’umusozi witwa Stol, ivyo vyose tubigira ata n’umwe tubibwiye. Biboneka yuko Yehova yaduciriye icanzo igihe yabona ko dukeneye kuruhurirwa.

Abategetsi bo muri Otirishe baciye baturungika mw’ikambi y’impunzi yari hafi y’i Salzbourg. Mu mezi atandatu twamazeyo, twama turi kumwe n’Ivyabona bo muri ako karere, ugaca ubona rero ko twamara umwanya muto cane mw’ikambi. Abo twari kumwe mw’ikambi ntibumva ingene muri ako kanya twari tumaze kuronka abagenzi. Ico gihe ni ho twaja mw’iteraniro ari bwo bwa mbere. Ico gihe kandi ni ho twashoboye kwamamaza inzu ku nzu mu mwidegemvyo ari bwo bwa mbere. Ntivyari vyoroshe na gato gutandukana n’abo bagenzi bashika ku mutima igihe hari hageze ko tugenda.

Abategetsi bo muri Otirishe baraduhaye akaryo ko kwimukira muri Ositaraliya. Ntitwari bwigere tunarota ko twopfuye tugiye kure cane gutyo. Twarafashe igariyamoshi tuja i Genoa mu Butaliyano, maze duca tururira ubwato no muri Ositaraliya. Amaherezo twatururiye mu gisagara ca Wollongong muri Nouvelle-Galles du Sud aba ari ho duca tuba. Aho ni ho umuhungu wacu Philip yavukiye, kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante 1965.

Kuba muri Ositaraliya vyaraturonkeje uturyo twinshi two gukora umurimo, harimwo n’akaryo ko kubwira inkuru nziza abandi bantu baje bava mu turere twahoze twitwa Yugosilaviya. Turakenguruka imihezagiro Yehova yaduhunze, harimwo n’ukuba dushoboye kumusukurira turi umuryango wunze ubumwe. Philip n’umukenyezi wiwe Susie baratewe agateka ko gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ositaraliya. Baranaronse akaryo ko kumara imyaka ibiri ku biro vy’ishami i Soloveniya.

Naho twe n’umukenyezi wanje tugira ingorane ziterwa n’ubusaza be n’ingorane z’amagara, turabandanya kunezererwa umurimo turangurira Yehova. Ese ukuntu nkenguruka cane akarorero keza abavyeyi banje bampaye! Ako karorero n’ubu karacabandanya kunkomeza, kakamfasha gushira mu ngiro amajambo intumwa Paulo yavuze agira ati: “Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga”.​—Abaroma 12:12.

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Aba ni abavyeyi banje, mu mpera y’imyaka ya 1920

[Ifoto ku rup. 17]

Uwo ari iburyo ni mawe, ari kumwe na Ančka, uwamwigishije ukuri

[Ifoto ku rup. 18]

Aha nari kumwe n’umukenyezi wanje Stanka, haciye igihe gito gusa twubakanye

[Ifoto ku rup. 19]

Iri ni rya shengero ryikoraniriza i muhira mu 1955

[Ifoto ku rup. 20]

Aha nari kumwe n’umukenyezi wanje, umuhungu wacu Philip be n’umukenyezi wiwe Susie

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika