Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoba ryaramenyerejwe neza?
WOBA warigeze kuvuga uti: “Ndazi mu mutima wanje yuko atari vyiza”, canke uti: “Ivyo unsavye sinshobora kubikora. Hari ikintu muri jewe kimbwira ko atari vyiza.”? Iryo ryari ijwi ryawe ryo mu mutima, ni ukuvuga ubushobozi ufise imbere muri wewe bwo kumenya canke kubona iciza n’ikibi, iryo jwi rikaba riregura umuntu canke rikamurega. Ni vyo, ijwi ryo mu mutima ni ikintu mvukanwa.
Naho abantu bonkowe ku Mana, muri rusangi baracafise ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi. Barafise ubwo bushobozi kubera ko baremwe mw’ishusho y’Imana, ku buryo bashobora kugaragaza ku rugero runaka kamere y’Imana y’ubukerebutsi be n’iy’ubugororotsi (Itanguriro 1:26, 27). Ku bijanye n’ivyo, intumwa Paulo yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Abanyamahanga badafise ivyagezwe n’Imana iyo bakoze ibibgirizwa na vyo kubgabo, baba bihindukiye ivyagezwe naho batabifise: kuko berekana igikorwa kibgirijwe n’ivyagezwe, canditswe mu mitima yabo, ijwi ryo mu mitima yabo ribgiririkanya na co, ar’icabona cavyo, kand’ivyo biyumvira bifatanya kubarega canke kubaregura”a.—Abaroma 2:14, 15, ni twe dushimitse.
Ubwo bushobozi mvukanwa bwo kumenya ikibereye twarazwe na wa muntu wa mbere Adamu, bukorera mu bantu bo mu moko yose no mu mahanga yose nk’‘icagezwe’ canke itegeko rigenga inyifato. Ni ubushobozi bwo kwisuzuma maze tukicira urubanza (Abaroma 9:1). Adamu na Eva bakimara kurenga kw’itegeko ry’Imana, barerekanye ko bari bafise ubwo bushobozi kubera ko baciye binyegeza (Itanguriro 3:7, 8). Akandi karorero kerekana ukuntu ijwi ryo mu mutima rikora, tukabonera ku kuntu Umwami Dawidi yaciye yumva amerewe aho aboneye ko yari yacumuye mu guharura abantu. Bibiliya ivuga yuko ‘umutima wiwe waciye utangura kumukubita’.—2 Samweli 24:1-10.
Ubushobozi umuntu afise bwo gukubita agatima mpembero ku vyo yakoze agasuzuma inyifato yiwe, burashobora kumuvyurira umutima wo gutera intambwe ihambaye yo kwigaya mu buryo bushimwa n’Imana. Dawidi yanditse ati: “Ngicereje, amagufa yanje atewe gusāza n’ukuniha kwanje umusi ukīra. Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje” (Zaburi 32:3, 5). Gutyo rero, ijwi ryo mu mutima rikora rirashobora gutuma uwacumuye agaruka ku Mana, rikamufasha kubona ko akeneye guharirwa n’Imana no gukurikira inzira zayo.—Zaburi 51:1-4, 9, 13-15.
Ijwi ryo mu mutima riratugabisha rikongera rikatuyobora igihe tubwirizwa kugira amahitamwo canke gufata ingingo ijanye n’ikibereye. Ubwo buryo rikora bushobora kuba ari bwo bwafashije Yozefu kubona imbere y’igihe yuko gusambana cari ikintu kibi kandi kitabereye, ni ukuvuga icaha ku Mana. Itegeko ritomoye ribuza gusambana ryahavuye rishirwa muri ya Mabwirizwa Cumi yahabwa Isirayeli (Itanguriro 39:1-9; Kuvayo 20:14). Mu gihe ijwi ryacu ryo mu mutima tworimenyereza kutuyobora aho kuducira urubanza gusa, biribonekeza ko dushobora kuzovyungukirako cane. Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoba rikora muri ubwo buryo?
Ingene ijwi ryacu ryo mu mutima tworimenyereza gufata ingingo zibereye
Naho tuvukana ijwi ryo mu mutima, ikibabaje ni uko iyo ngabirano iri n’akanenge. Naho abantu batanguye kubaho batunganye, “bose bā[ra]koze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana” (Abaroma 3:23). Kubera ko ijwi ryacu ryo mu mutima ryononywe n’icaha be n’agasembwa, ryoshobora kugorama ntiribe rigikora neza nk’uko vyari vyarategekanijwe (Abaroma 7:18-23). Vyongeye, ibintu bitari muri twebwe birashobora kugira ico bikoze kw’ijwi ryacu ryo mu mutima. Rirashobora kwoshwa n’ukuntu twarezwe, canke imico kama y’aho tuba, ivyo abo mu karere tubamwo bemera mu vy’idini be n’ukuntu ivyaho vyifashe. Nta gukeka ko ingingo ngenderwako z’ivy’ukwigenza runtu be n’ingingo mfatirwako zatitutse z’ino si atari zo ijwi ryo mu mutima ryiza ryokwisunga.
Ku bw’ivyo rero, umukirisu ategerezwa kandi gufashwa n’ingingo mfatirwako zidahindagurika kandi zigororotse zo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Izo ngingo mfatirwako zirashobora kuyobora ijwi ryacu ryo mu mutima kugira ngo ririmbure neza ibintu hanyuma ribigorore (2 Timoteyo 3:16). Igihe ijwi ryacu ryo mu mutima ryigishijwe hisunzwe ingingo mfatirwako z’Imana, rirashobora kutubera igikoresho kidukingira mu vy’inyifato runtu, rigatuma dushobora “gutandukanya ikibi n’iciza” (Abaheburayo 5:14). Mu gihe ata ngingo mfatirwako z’Imana zoba ziriho, ijwi ryacu ryo mu mutima ntiryoshobora kutugabisha igihe dukebereje mu nzira mbi. Bibiliya ivuga iti: “Harih’inzira umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu”.—Imigani 16:25; 17:20.
Mu mice imwimwe y’ubuzima, Ijambo ry’Imana riratanga inyobozo n’uburongozi bitomoye, kandi turahungukira igihe tubikurikije. Ariko rero, hariho ibihe vyinshi usanga ata nyobozo zitomoye zo muri Bibiliya zihari. Aho hoshobora kuba harimwo amahitamwo tugira mu vy’akazi, mu bijanye n’ukwivuza, mu vyo kwisamaza, mu bijanye n’uburyo twambara, mu bijanye n’uburyo twitunganya be no mu bindi bintu. Ntivyoroshe kumenya ico twokora kuri kimwekimwe cose muri ivyo maze tugaca dufata ingingo ibereye. Ku bw’ivyo, dukwiye kugira inyifato nk’imwe ya Dawidi, we yasenze ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe. Undōngōre mu kuri kwawe, unyigishe: kukw ari wewe Mana y’agakiza kanje” (Zaburi 25:4, 5). Uko turushiriza gutahura neza ukuntu Imana ibona ibintu be n’inzira zayo, ni ko tuzorushiriza kuba abashoboye kurimbura ukuntu ivyacu vyifashe ata kwihenda maze tugafata ingingo dufise ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi.
Ku bw’ivyo, igihe duhanzwe n’ikibazo kinaka canke igihe hari ingingo tubwirizwa gufata, dukwiye kubanza kwiyumvira ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya twoshobora kwisunga. Zimwe muri izo ngingo zoshobora kuba ari izi: kwubaha ubukuru mu muryango (Ab’i Kolosayi 3:18, 20); kuba inzirabugunge muri vyose (Abaheburayo 13:18); kwanka ikibi (Zaburi 97:10); gukurikirana amahoro (Abaroma 14:19); kwubaha ubukuru bwashinzwe (Matayo 22:21; Abaroma 13:1-7); kwibanda ku Mana yonyene (Matayo 4:10); kutaba uw’isi (Yohana 17:14); kwirinda abagenzi babi (1 Ab’i Korinto 15:33); kwambara no kwitunganya mu buryo buranga urupfasoni (1 Timoteyo 2:9, 10); be no kudatsitaza abandi (Ab’i Filipi 1:10). Kumenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’ivyo bintu birashobora rero gukomeza ijwi ryacu ryo mu mutima bikongera bikadufasha gufata ingingo ibereye.
Niwumvirize ijwi ryawe ryo mu mutima
Kugira ngo ijwi ryacu ryo mu mutima ridufashe, dutegerezwa kuryumvira. Igihe twumviye tudatevye ivyo ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ritubwiye, ni ho gusa turyungukirako. Ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe tworigereranya na twa dutara tugabisha umushoferi usanga twakira harya imbere yiwe. Dufate ko hatse agatara katwereka yuko umuduga ufise ingorane y’amavuta. Vyogenda gute hamwe tutoca twitaho iyo ngorane maze tukibandaniriza gutwara umuduga? Hari aho twosanga twononye imoteri bimwe bikomeye. Mu buryo nk’ubwo, ijwi ryacu ryo mu mutima rirashobora kutubwira yuko ingendo yinaka itabereye. Rimaze kugereranya ingingo mfatirwako zo mu Vyanditswe n’ivyo turiko turakora canke ivyo tugomba gukora, ni nk’aho rica ryatsa agatara ko kutugabisha nka kurya kwa ka gatara kakira imbere y’umushoferi. Kwumvira imburizi ntibizodufasha gusa kwirinda inkurikizi mbi zova ku kintu kinaka kitabereye twokora, ariko kandi bizodufasha gutuma ijwi ryacu ryo mu mutima ribandanya gukora neza.
Ni ibiki vyoshika hamwe twohitamwo kwirengagiza izo mburizi? Ijwi ryacu ryo mu mutima ryoshobora gushika aho ritimba. Inkurikizi z’ukwama umuntu yirengagiza canke anumya ijwi ryiwe ryo mu mutima, twozigereranya n’inkurikizi ziterwa n’uguturira umubiri n’icuma kirurumba. Aho hantu haba haraturiwe nta co haba hacumva kubera ko kuri iyo nkovu ata dutsi nsozabwenge tuba tukihari (1 Timoteyo 4:2). Mwene iryo jwi ryo mu mutima nta co riba rikitubwira igihe dukoze icaha, eka mbere ntiriba rikituburira ngo ritubuze gusubira gukora ico caha. Ijwi ryo mu mutima rifise inkovu ririrengagiza ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zigenga ikibereye n’ikitabereye, ugaca wumva rero ko ari ijwi ryo mu mutima ribi. Ni ijwi ryo mu mutima ryanduye, kandi nyeneryo aba asigaye ari ‘igiti’, akaba atandukanijwe n’Imana (Abanyefeso 4:17-19; Tito 1:15). Ese ingene izo ari ingaruka z’agahomerabunwa!
‘Tugire imitima itarimwo ijwi ritwagiriza ikibi’
Kugumana ijwi ryo mu mutima ryiza bisaba akigoro kadatezura. Intumwa Paulo yavuze ati: “Nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu” (Ivyakozwe n’intumwa 24:16). Kubera ko Paulo yari umukirisu, yarabandanije gusuzuma no gukosora ingendo yiwe kugira ngo arabe neza yuko ata kintu akora kibabaza Imana. Paulo yari azi yuko impera n’imperuka Imana ari yo izoraba niba ivyo dukora bigororotse canke bitagororotse (Abaroma 14:10-12; 1 Ab’i Korinto 4:4). Yavuze ati: “Vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze”.—Abaheburayo 4:13.
Paulo yaravuze kandi ibijanye no kudakora ibintu bibabaza abantu. Akarorero kajanye n’ivyo ni impanuro yahaye abakirisu b’i Korinto ku vyerekeye “kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana”. Iciyumviro yashikirije cari ic’uko bihambaye rwose kwitwararika ijwi ryo mu mutima ry’abandi n’igihe nyene ingendo yinaka itoba ari mbi umuntu aravye ico Ijambo ry’Imana rivuga. Tutabigenjeje gutyo, vyoshobora ‘kurandura mu buryo bw’impwemu abavukanyi bacu Kirisitu yapfiriye’. Twoshobora kandi kwonona ubucuti bwacu bwite dufitaniye n’Imana.—1 Ab’i Korinto 8:4, 11-13; 10:23, 24.
Ku bw’ivyo, nubandanye kumenyereza ijwi ryawe ryo mu mutima no kuguma ufise ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi. Igihe ufata ingingo, nurondere ubuyobozi bw’Imana (Yakobo 1:5). Niwige Ijambo ry’Imana maze ureke ingingo ngenderwako zaryo zibe ari zo ziyobora umuzirikanyi wawe n’umutima wawe (Imigani 2:3-5). Igihe havyutse ibibazo bikomeye, nubaze abakirisu bahumuye kugira wiyemeze yuko utahura ata kwihenda ingingo ngenderwako za Bibiliya zijanye n’ivyo bibazo (Imigani 12:15; Abaroma 14:1; Ab’i Galatiya 6:5). Nurabe ukuntu ingingo ufashe izogira ico ikoze kw’ijwi ryawe ryo mu mutima no ku bandi. N’ikiruta vyose, nurabe ukuntu iyo ngingo izogira ico ikoze ku bucuti ufitaniye na Yehova.—1 Timoteyo 1:5, 18, 19.
Ijwi ryacu ryo mu mutima ni ingabirano nziza igitangaza twahawe na Dawe wa twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo ari we Yehova Imana. Turikoresheje duhuza n’ivyo Umuremyi wacu yariduhaye agomba, tuzorushiriza kumwiyegereza. Uko twihatira ‘kugira imitima itarimwo ijwi ritwagiriza ikibi’ mu vyo dukora vyose, ni ko turushiriza kwerekana ko twaremwe mw’ishusho y’Imana.—1 Petero 3:16; Ab’i Kolosayi 3:10.
[Utujambo tw’epfo]
a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ijwi ryo mu mutima rikoreshwa muri iki canditswe risobanura “ubushobozi umuntu afise muri we bwo kubona ikibereye” (nk’uko bivugwa n’igitabu The Analytical Greek Lexicon Revised, canditswe na Harold K. Moulton); risobanura kandi “ugutandukanya ikibereye n’ikitabereye”.—Ivyo bivugwa n’igitabu Greek-English Lexicon, canditswe na J. H. Thayer.
[Amafoto ku rup. 13]
Ijwi ryawe ryo mu mutima woba wararimenyereje kukuyobora aho kugucira urubanza gusa?
[Ifoto ku rup. 14]
Tugira ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza mu gihe twiga ingingo ngenderwako za Bibiliya tukongera tukazishira mu ngiro
[Ifoto ku rup. 15]
Ntiwirengagize imburizi uhabwa n’ijwi ryawe ryo mu mutima