Kuba intahemuka vyoba biri n’akamaro?
“AMAHERA utanga muri soransi yo gutegekaniriza amagara yawe ni umurengera. Hamwe wohindura ukaba umunywanyi w’ishirahamwe ryanje, ku kwezi uzoza urasigarana ku yo wahora uriha amahera 15 y’amanyaburaya (nk’amahera y’amarundi 21.000), ayo na yo akaba ari menshi cane”. Ivyo vyavuzwe n’uwuserukira ishirahamwe rimwe ry’ivya soransi yitwa Karla.
Jens na we yishuye ati: “Hari aho ivyo umbwiye vyoba ari vyo. Ariko maze imyaka myinshi ntegekaniriza amagara yanje mw’ishirahamwe nsanzwe ndimwo. Baramfashije cane mu myaka iheze kandi sinshaka kubahemukira”.
Karl yasubijeyo ati: “Kuba intahemuka ni vyiza. Ariko, ukudahemuka kwawe kuriko kugutwara amahera menshi!”.
Karl yariko avuga ukuri. Kenshi kuba intahemuka canke umwizigirwa ku wundi muntu vyoshobora kugutwara amaherab. Bisaba kandi umwanya, inguvu be n’ukwiyumvamwo ko ari ikintu utegerezwa kugira. Ako kigoro ko kuba intahemuka koba ari impfagusa?
Iyo kamere irashimagizwa cane kuruta uko ishirwa mu ngiro
Mw’itohoza ryagizwe mu Budagi n’ikigo Allensbach kijejwe kurondera kumenya iryo abantu bagona, ibice 96 kw’ijana vy’abatanze ivyiyumviro vyabo bavuze ko babona yuko ukuba umwizigirwa ari kamere nziza cane. Itohoza rigira kabiri ico kigo cagize ku bantu b’imyaka iri hagati ya 18 na 24, ryerekanye yuko 2 kuri 3 mu bishuye babona ko ukudahemuka ari kamere nziza cane.
Naho ukudahemuka canke ukwizigirwa ari kamere ishimagizwa na benshi, ku bijanye no kuba intahemuka canke kuba umwizigirwa vy’ukuri, ibintu bimeze ukundi. Nk’akarorero, mu bihugu vyinshi vya Buraya, abubakanye canke abagize umuryango akenshi usanga bahemukiranira. Abagenzi usanga akenshi bahemukiranira. Bisubiye, kwa kudahemukiranira aho hambere kwahora kuri hagati y’umukoresha n’umukozi canke hagati y’umudandaza n’abakiriya biwe, gusa n’ukwazimanganye. None biva ku ki?
Rimwe na rimwe, kwama umuntu afise vyinshi acurumbamwo mu buzima bituma ata mwanya mwinshi canke inguvu nyinshi zo mu mutima aronka kugira ngo ashitse ivyo ukudahemuka kumusaba. Abantu baba baravunywe umutima canke baba barahemukiwe, usanga bagonanwa kuba abizigirwa ku muntu n’umwe. Abandi na bo boshobora gushima kubaho mu buryo buhindagurika budasaba ko baguma ari intahemuka.
Imvo iyo ari yo yose yoba ibitera, ukudahemuka ni kamere nziza kenshi na kenshi ishimagizwa kuruta uko ishirwa mu ngiro. Ku bw’ivyo, nimuze turimbure ibi bibazo bikurikira: Kuba intahemuka vyoba bifise akamaro? Nimba bigafise, ni nde tudakwiye guhemukira, kandi mu buhe buryo? Ni ivyiza ibihe biva ku kudahemuka?
[Utujambo tw’epfo]
a Muri iki kiganiro no mu gikurikira, amazina amwamwe yarahinduwe.
b Naho “ukuba intahemuka” be n’“ukuba umwizigirwa” bitama imisi yose bikoreshwa mu bintu bimwe, muri ibi biganiro izo mvugo rimwe na rimwe zikoreshwa kumwe.
[Iciyumviro ku rup. 3]
Ukudahemuka ni kamere nziza kenshi na kenshi ishimagizwa kuruta uko ishirwa mu ngiro