ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/8 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Isandugu y’isezerano ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ikintu nyamukuru cari mw’itaberenakulo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ihema ryeranda ryo gusengeramwo
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Inzu yo Gusengerwamwo n’Amahanga Yose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/8 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Muri Isirayeli ya kera, wa muco waza ku gitangaro witwa rimwe na rimwe Shekina waboneka Ahera Cane h’ihema be n’ah’urusengero, wasobanura iki?

Yehova, we Data wa twese w’umunyarukundo akaba kandi ari na we akingira abasavyi biwe, yaratuma Abisirayeli babona vy’ukuri ko ari muri bo. Uburyo bumwe yabigira, yakoresha igipfungu gica ibibatsi, kikaba cari gifitaniye isano rinini n’ikibanza co kumusengeramwo.

Uwo muco waboneka mu buryo budasanzwe wagereranya ukuhaba kutaboneka kwa Yehova. Uwo muco wabonekera Ahera Cane h’ihema be n’Ahera Cane h’urusengero Salomo yubatse. Uwo muco waboneka ku gitangaro ntiwasobanura yuko Yehova ubwiwe yaba ari ho ari. Imana ntishobora gushirwa mu nyubakwa n’imwe yakozwe n’abantu (2 Ngoma 6:18; Ivyakozwe n’intumwa 17:24). Uwo muco wo mu rusengero wazanwa n’Imana warashobora gusubiriza umutima mu nda umuherezi mukuru hamwe n’Abisirayeli bose biciye kuri uwo muherezi, ukabakura amazinda yuko Yehova we Mukingizi wabo ari ho ari kugira abitwararike yongere abaronse ivyo bakeneye.

Inyuma y’aho Bibiliya yandikiwe, uwo muco wiswe Shekina (shekhi·nahʹ) mu giharameya, rikaba ari ijambo risobanura ngo “kimwe kigerêra” canke “ukugerēra”. Iyo mvugo ntiboneka muri Bibiliya mugabo tuyisanga mu mpinduro z’igiharameya z’Ivyanditswe vy’igiheburayo, izikunze kandi kwitwa Targums.

Igihe Yehova yariko abwira Musa ingene akwiye kwubaka rya hema, yamubwiye ati: “Urumye uwo mutemere wo guhongerako kuri ya sandugu, uyishizemwo vya Bishinga intahe nzoguha. Aho ni ho nzohora mbonanira nawe, nkakubarira . . . ndi hejuru y’uwo mutemere wo guhongerako, hagati y’abo bakerubi bo kw isandugu” (Kuvayo 25:21, 22). Iyo Sandugu ivugwa yari isandugu yometsweko inzahabu yari Ahera Cane. Ku mutemere canke ku gipfundikizo c’iyo Sandugu hariko abakerubi babiri bakozwe mu nzahabu.

None Yehova yovugiye hehe? Yehova yaratanze inyishu y’ico kibazo igihe yabwira Musa ati: “Nzoserukira kur’uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu” (Abalewi 16:2). Ico gicu cari hejuru y’Isandugu nyeranda, hagati y’abo bakerubi babiri bakozwe mu nzahabu. Bibiliya ntiyerekana ukuntu ico gicu careha canke ngo ivuge uburebure cariko uvuye kuri abo bakerubi.

Ico gicu gitanga umuco camurikira Ahera Cane. Nkako, ni co conyene camurikira ico cumba. Umuherezi mukuru yaramurikirwa n’uwo muco igihe yaba yinjiye muri ico cumba co haruguru ku Musi w’Impongano. Yaba ari imbere ya Yehova.

Uwo muco waza ku gitangaro woba uri n’ico usobanura ku bakirisu? Intumwa Yohani yareretswe umugwa canke igisagara aho “ata joro ri[zo]baho” muri co. Ico gisagara ni Yeruzalemu Nshasha, ikaba igizwe n’abakirisu basizwe bamaze kuzurwa kugira bafatanye na Yezu kuganza. Umuco umurikira ico gisagara c’ikigereranyo ntuva ku zuba canke ku kwezi. Ubuninahazwa bwa Yehova Imana ni bwo bumurikira iryo shirahamwe, nka kumwe nyene ca gicu citwa Shekina camurikira Ahera Cane. Vyongeye, wa Mwagazi w’intama ari we Yezu Kirisitu ni we “tara”ry’ico gisagara. Ico ‘gisagara’ gica na co kirasa umuco waco wo mu buryo bw’impwemu ku bantu bacunguwe bava mu mahanga yose kugira kibayobore, kikongera kandi kikabatonesha.​—Ivyahishuriwe 21:22-25.

Kubera yuko abasavyi ba Yehova baronka iyo mihezagiro myinshi agasenga iva mw’ijuru, barashobora guhera amazinda yuko Yehova ari Umwungere wabo abakingira akongera akaba Se wabo w’umunyarukundo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika