“Bari gushobora guca barekurwa”
GENEVIÈVE DE GAULLE, uwo akaba ari umukobwabo wa Charles de Gaulle, uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, yariboneye Ivyabona vya Yehova mw’ikambi y’itunatuniro y’Abanazi y’i Ravensbrück, mu Buraruko bw’Ubudagi. Ni we yavuze ayo majambo ari aho haruguru, mw’ikete yanditse muri Myandagaro 1945.
Imbohe zose zo mw’ikambi y’itunatuniro y’i Auschwitz muri Polonye, zarekuwe ku wa 27 Nzero 1945. Guhera mu 1996, iyo tariki isigaye ari yo bibukirako mu Budagi abacuzwe bufuni na buhoro n’Ubutegetsi bugira gatatu bwari burongowe na Hitler.
Uwitwa Peter Straub, akaba ari umukuru w’Inama nshingamateka yo muri Leta y’i Baden-Württemberg, mu nsiguro yashikirije kw’izina rya Leta ku wa 27 Nzero 2003 ku musi bibukirako ivyo vyabaye, yavuze ati: “Abantu bose bahamwe bahorwa ukwemera kwabo canke ivyiyumviro vyabo vya politike kandi bakemera gupfa aho kuyobokera [ubutegetsi bwa Hitler], birabereye ko tububaha cane, tukabubaha bimwe bitovugwa. Ivyabona vya Yehova ni ryo dini rudende ryanse ryivuye inyuma kugira ivyo ubutegetsi bwa Hitler bwasaba: ntibaduza ibiganza ngo bagire ya ndamukanyo yo guhayagiza Hitler. Baranse kurahira icese ko batazohemukira ‘Indongozi Hitler n’igihugu’, nk’uko nyene banse kuja mu gisoda canke gukora ibikorwa vy’agahato. Kandi abana babo ntibagiye muri wa Muhari w’urwaruka rushigikira Hitler”.
Yezu Kirisitu yavuze ku vyerekeye abigishwa biwe ati: “S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi” (Yohana 17:16). Ku bw’ivyo, impagararo y’Ivyabona vya Yehova yari ishingiye ku vy’idini gusa. Straub yongeyeko ati: “Ivyabona vya Yehova bari mw’ikambi y’itunatuniro, abo bakaba bategerezwa kwambara inyabutatu isa n’umutugutu ku mpuzu zabo, ni bo bonyene bari gushobora kwikiza amabi atagira izina bagirirwa. Bakira gusa gushira umukono ku rukaratasi rwerekana ko bihakanye ukwizera kwabo”.
Benshi cane mu Vyabona vya Yehova ntibari gupfa bemeye kwihakana ukwizera kwabo. Ku bw’ivyo, abashika 1.200 muri bo barapfuye mu gihe c’intwaro y’Abanazi. Ivyabona vya Yehova 270 barishwe bazira ukwemera kwabo. Barakurikije bitari ivyo ku munwa gusa, ya majambo agira ati: “Igikwiye [ni] ukwumvira Imana kuyirutisha abantu”.—Ivyakozwe n’intumwa 5:29.
Nk’uko vyavuzwe n’uwitwa Ulrich Schmidt, uwo akaba ari umukuru w’Inama nshingamateka ya Leta y’i Rhénanie-du-Nord-Westphalie, Ivyabona vya Yehova ntibari abantu badasanzwe. Mu gusubiramwo ivyo uno yavuze mu nsiguro yiwe, agatabu kamwe (Landtag Intern) kavuze ko ivyo Vyabona vya Yehova bari “abantu basanzwe bagumye bumiye ku vyo bemera bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima, baragaragaza ko ari abenegihugu b’umutima rugabo, bongera baranka gushigikira ivyiyumviro [vya Hitler], bishimikije ukwemera kwabo kwa gikirisu”. Nta gukeka, Yehova Imana arahimbarwa n’abantu bose bumira kuri we badahemuka igihe bari mu bintu bigoye. Mu Migani 27:11 hagira hati: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka”.
[Picture credit line on page 30]
Tubikesha: United States Holocaust Memorial Museum