ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/8 rup. 32
  • Barashimye ukuntu dukunda Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barashimye ukuntu dukunda Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/8 rup. 32

Barashimye ukuntu dukunda Bibiliya

MARIANNA ni Icabona ca Yehova wo mu Bumanuko bw’Ubutaliyano afise imyaka 18, akaba ari mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye. Yiga kw’ishure rimwe n’ibindi Vyabona bakiri bato nka bangahe.

Marianna yandika ati: “Haraciye imyaka mikeyi bamwebamwe muri twebwe dusoma mu gihe c’akaruhuko icanditswe c’umusi co muri Bibiliya gikuwe mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Nta handi hantu twashobora kugisomera atari muri imwe mu makoridoro, iruhande y’ibiro vy’abigisha. Aho hantu ntihari hatekanye. Benshi mu bigisha baratubona igihe baba barenganye, kandi bamwebamwe barahagarara kugira barabe ivyo turiko turagira. Ivyo akenshi vyaraturonkeje akaryo ko kwishura ibibazo batubaza. Tugize incahagati, ku musi ku musi nk’umwigisha umwe yarashobora kuhahagarara. Abatari bake barahagumye kugira bumvirize ukuntu tuganira ku canditswe co muri Bibiliya kandi barashimye ukuntu twebwe Ivyabona twitwararika ibintu vy’impwemu. Igihe kimwe, icegera c’umuyobozi w’ishure yatubwiye ko twoja kugirira ikiyago cacu mu biro vy’abigisha.

“Umwigisha wanje amaze kubona aho twariko turaganirira ku canditswe, yarabajije umuyobozi niba twoshobora kukiganirirako muri rimwe mu masomero yo ng’aho, ahantu hobaye hatekanye kuruta. Uwo muyobozi yaremeye, kandi umwigisha wanje yaradushimagije imbere y’abanyeshure bose twigana ku bw’akarorero keza dutanga. Ntiworaba ukuntu twese duhimbawe n’agateka ntangere Yehova yaduteye”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika