Yaratahukanye intsinzi mu buryo budasanzwe
BOBA bakurwanya mu kwizera kwawe, kumbure ku kazi, kw’ishure, mu muryango canke bakakurwanya bitumwe n’amategeko Leta yashinze yo kubuza igikorwa cacu? Nivyaba ari ukwo biri, ntiwihebure. Ivyabona vya Yehova benshi barashikiwe n’ibigeragezo nk’ivyo, yamara baratahukanye intsinzi. Rimbura akarorero k’uwitwa Erna Ludolph.
Erna yavukiye i Lübeck mu Budagi mu 1908. Mu muryango iwabo ni we wenyene yasenga Yehova. Igihe Hitler yafata ubutegetsi mu 1933, Ivyabona vya Yehova baciye batangura kugirirwa nabi. Abakozi bakorana na Erna baramureze ngo ntagira ya ndamutso ya Hitler, bica bituma afatwa n’Abanazi. Yamaze imyaka umunani mu mabohero atandukanye no mu makambi y’itunatuniro atandukanye i Hamburg-Fuhlsbüttel, i Moringen, i Lichtenburg be n’i Ravensbrück. Igihe Erna yari i Ravensbrück, hari ikintu cashitse gituma atahukana intsinzi.
Aba umukozi wo mu nzu atameze nk’abandi
Umwigisha yitwa Friedrich Holtz n’umukenyezi wiwe Alice baba mu gisagara ca Berlin. Ntibari mu mugambwe w’Abanazi, eka mbere ntibashigikira ivyiyumviro vyawo. Ariko rero, hari ico bapfana n’umukuru wo muri ca gisoda ca Hitler (ari co SS) yari ajejwe imbohe zo mu makambi y’itunatuniro amwamwe. Igihe rero uwo mwigisha n’umugore wiwe bariko barondera umukozi wo mu nzu, uwo mukuru yarabemereye ko botora imbohe imwe y’umugore. Ku bw’ivyo, muri Ntwarante 1943 Alice yaragiye kw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Ravensbrück kugira ngo acagure umukozi wo mu nzu. None yahisemwo nde? Yahisemwo Erna Ludolph. Erna yaciye aja kuba mu muryango wa Holtz, kandi aho hantu bamufashe neza. Intambara imaze guhera, yarimukanye n’uwo muryango nyene bajana kuba mu gisagara citwa Halle (Saale). Muri ico gisagara, Erna barongeye kumurwanya, ico gihe ho akaba yarwanywa n’abategetsi b’Abasosiyalisiti bo mu Budagi bwo mu Buseruko. Mu 1957, wa muryango wa Holtz womorewe mu Budagi bwo mu Burengero, Erna na we ajana na wo. Erna yari agiye yaronka akaryo ko gusenga mu mwidegemvyo.
Uti none Erna yatahukanye intsinzi gute mu buryo budasanzwe? Inyifato nziza ya Erna be n’ingene yamamaza ubutumwa bwo muri Bibiliya akoresheje ubuhanga, vyatumye umukenyezi wa Holtz ari we Alice hamwe n’abana biwe batanu bose bacika Ivyabona vya Yehova babatijwe. Ikigeretse kuri ivyo, abuzukuru 11 ba Alice na bo nyene ni Ivyabona vya Yehova. Babiri muri bo ubu bakorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i Selters mu Budagi. Umwe mu bakobwa ba Alice yitwa Susanne, avuga ati: “Umuryango wacu uri mu kuri ahanini kubera akarorero Erna yatanze”. Ukwihangana kwa Erna kwaravuyemwo ivyiza vyinshi. Weho bite? Ukwihangana kwawe udahemuka igihe uri mu bihe bigoye kwoshobora kuvamwo ivyiza nk’ivyo. Tubivuge tubisubire, kwigenza neza no kwamamaza ukoresheje ubuhanga, birashobora kugufasha gutahukana intsinzi mu buryo budasanzwea.
[Akajambo k’epfo]
a Igihe iki kiganiro cariko kirategurwa kugira ngo gisohorwe, Erna Ludolph yarasandavye afise imyaka 96. Yagumye ari intahemuka gushika kw’iherezo.
[Ifoto ku rup. 31]
Erna Lukolph (ni uwo yicaye) ari kumwe n’umuryango wa Holtz