ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/5 rup. 32
  • Ingene twokoresha neza umusi umwumwe wose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twokoresha neza umusi umwumwe wose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/5 rup. 32

Ingene twokoresha neza umusi umwumwe wose

“UTWIGISHE guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge” (Zaburi 90:12). Iryo ni isengesho riranga ukwicisha bfugufi ryatuwe n’umwanditsi wa Bibiliya, Musa. None neza na neza yariko asaba iki? Twoba dukwiye gusenga dusaba ikintu nk’ico?

Ku murongo wa 10, Musa yaraseruye akababaro afise kubona abantu bamara igihe gito. Hari ahandi hantu yanditse amajambo Yobu yavuze agira ati: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa” (Yobu 14:1). Biraboneka yuko Musa yari azi ko ubuzima bw’abantu b’abanyagasembwa bumara igihe gito, kandi ivyo vyaramubabaza. Ni co gituma yabona ko umusi wose w’ubuzima ari ingabirano y’agaciro. Mu gutakambira Imana gutyo, Musa yarerekanye ko yipfuza gukoresha neza imisi asigaje kubaho, akayikoresha mu buryo bwohimbaye Umuremyi wiwe. None tweho ntidukwiye kurondera gukoresha imisi yacu mu buryo bw’ingirakamaro? Ivyo ni vyo tuzokwihatira gukora nimba dushaka kwemerwa n’Imana ubu.

Hariho n’ikindi kintu catuma Musa na Yobu barondera gukoresha neza imisi yabo y’ukubaho, ari na co nyene gikwiye gutuma turondera gukoresha neza imisi yacu y’ukubaho. Abo bagabo bubaha Imana bompi bari biteganye umushasharo impêra yo muri kazoza, na yo ikazoba ari ukuba kw’isi ibintu vyifashe neza (Yobu 14:14, 15; Abaheburayo 11:26). Ico gihe, nta muntu n’umwe urupfu ruzokubiranya ngo rumuteshe ibikorwa vyiwe vyiza. Umuremyi wacu afise umugambi w’uko abantu b’intahemuka babaho ibihe bidahera kw’isi izoba yabaye iparadizo (Yesaya 65:21-24; Ivyahishuriwe 21:3, 4). Na wewe nyene, urashobora kugira ico cizigiro nimba ‘uharura imisi yawe mu buryo butuma utunga umutima w’ubwenge’.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika