‘Nk’akabuyenge k’igiciro gatukura’
INTUMWA YOHANI yareretswe intebe y’Ubwami ininahaye yari mw’ijuru. Uwari yicaye kuri iyo ntebe yasa “n’akabuyenge kitwa yasipi”. Yasa kandi ‘nk’akabuyenge k’igiciro gatukura’ (Ivyahishuriwe 4:2, 3, NW). Mbega ayo yari amabuye bwoko ki?
Ayo ntiyari amabuye atabonerana, akayanganira inyuma. Mu bihe vya kera, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “yasipi” ryakoreshwa ku mabuye y’amabara atandukanye, ushizemwo n’utubuyenge tw’agaciro wasanga tubonerana. “Akabuyenge kitwa yasipi” kavugwa mu Vyahishuriwe 4:3, “nta nkeka ko [katari] ka kabuyenge yasipi kazimbutse ko mu gihe cacu”, nk’uko bivugwa na A. T. Robertson mu gitabo ciwe (Word Pictures in the New Testament). Vyongeye, mu mpera z’igitabu c’Ivyahishuriwe, Yohani adondora igisagara co mw’ijuru, ari co Yerusalemu, mu kuvuga ati: “Ugukayangana kwa[co kw]asa n’ukw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk’icirore” (Ivyahishuriwe 21:10, 11). Amabuye Yohani avuga biboneka ko yari amabuye abonerana, ni ukuvuga areka umuco ukarengana uciye muri yo.
Uwerekanwa yicaye ku ntebe y’Ubwami mw’iyerekwa rya Yohani, ni wa Muntu aninahaye gusumba abandi bose kw’isi no mw’ijuru, ari we Yehova Imana. Aratyoroye kandi ni mweranda ku rugero rw’agaheta. Mu buryo buhuye n’ivyo, intumwa Yohani yanditse ati: ‘Imana ni umuco, kandi muri yo ntihagira umwiza na mukeya’ (1 Yohana 1:5). Ni co gituma Yohani yahanuye abo basangiye ukwizera ngo ‘biyeze, nk’uko Yehova ari uwera’.—1 Yohana 3:3.
Dutegerezwa gukora iki kugira ngo Imana ibone ko turi abantu batyoroye? Ni ntahara ko tugira ukwizera mu maraso ya Kirisitu yasesetse kugira duharirwe ivyaha vyacu. Dutegerezwa kandi kuguma “tugende[ra] mu muco”, mu kwiga Bibiliya tudahorereza no mu kubaho twisunga inyigisho zo muri yo.—1 Yohana 1:7.