ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/3 rup. 30
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Guhurutura Intete ku Musi w’Isabato
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Bamyoza ingano kw’Isabato
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/3 rup. 30

Ibibazo vy’abasomyi

Kuba Dawidi n’abantu biwe barariye imitsima yo gushikana, vyoba vyerekana ko mu bihe bigoye umuntu ashobora kurenga itegeko ry’Imana ntabihanirwe?​—1 Samweli 21:1-6.

Twisunze Abalewi 24:5-9, imitsima yo gushikana yasubirizwa iyindi uko Isabato imwimwe yose ibaye, yari igenewe gufungurwa n’abaherezi. Icatuma iyo mitsima ikoreshwa muri ubwo buryo ni uko yari iyejejwe, ikaba rero yategerezwa kuba imfungurwa z’abagabo bihebeye umurimo w’Imana, abo na bo bakaba bari abaherezi. Kuyiha umukozi asanzwe canke kuyifungura ku bwo kwinezereza gusa, vyobaye ari bibi. Ariko rero, umuherezi Ahimeleki nta gicumuro yakoze igihe yaha Dawidi n’abantu biwe imitsima y’ibiterekērwa.

Biboneka ko Dawidi yariko ararangura igikorwa kidasanzwe yari yashinzwe n’Umwami Sauli. Dawidi n’abantu biwe bari bashonje. Ahimeleki yabanje kurondera kumenya yuko bashitsa icasabwa n’umugenzo, ni ukuvuga kuba badahumanye. Naho ukuba barafunguye imitsima yo gushikana vyafashwe nk’aho ari ikintu kitabereye bakoze, vyari bihuye n’ikoreshwa nyamukuru iyo mitsima y’ibiterekērwa yari igenewe. Kurimbura ivyo vyatumye Ahimeleki adakurikiza iryo tegeko uko riri. Yezu Kirisitu ubwiwe yarakoresheje ico kintu cabaye kugira yerekane yuko ukuntu Abafarizayo basaba gukurikiza mu buryo bukabije icagezwe c’Isabato bafatiye ku nsobanuro bagiha, bitari vyo.​—Matayo 12:1-8.

Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko itegeko ry’Imana rishobora kurengwa igihe ibintu bigoranye. Nk’akarorero, harabaye ibintu bisa n’ibitoroshe igihe abarwanyi b’Abisirayeli bariko batana mu mitwe n’Abafilisitiya. Umwami Sauli yari yavuze ati: “Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje”. Bibiliya ivuga iti: “Uwo musi bica Abafilisitiya”. Abasoda bari baruhijwe n’intambara kandi bashonje, ‘hanyuma abantu batangura gutsinda hasi ibitungwa, babirya bikirimwo amaraso’ (1 Samweli 14:24, 31-33). Baracumuye kuri Yehova mu kurenga kw’itegeko ryiwe ryerekeye amaraso. Ivyo bakoze vyari biteye kubiri n’ikoreshwa ry’amaraso rimwe rudende Imana yari yarashinze, ni ukuvuga ‘kuba impongano’ y’ivyaha (Abalewi 17:10-12; Itanguriro 9:3, 4). Yehova abigiranye ikigongwe, yaremeye ibimazi bidasanzwe vyatanzwe ku bw’abari bacumuye.​—1 Samweli 14:34, 35.

Vyemere, Yehova yiteze ko tugamburuka amategeko yiwe uko ibintu vyoba vyifashe kwose. Intumwa Yohani agira ati: “Kuk’ugukunda Imana ar’uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo”.​—1 Yohana 5:3.

[Ifoto ku rup. 30]

Imitsima mishasha yo gushikana yarashirwa mw’ihema uko Isabato imwimwe yose ibaye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika